• All e-books and audiobooks on The New Life Mission website are free
  • Explore multilingual sermons in global languages
  • Two new revised editions in English have been released
  • Check out our website translated into 27 languages
Search

Sermons

Icigwa ca 3 : Ubutumwa bwiza buva mu Mazi na Mpwemu

[3-1] Ugucungurwa kw’ibihe bidashira (Yohana 8:1-12)

Urukiza ruzokwamaho
(Yohana 8:1-12) 
“Yesu aja ku musozi wa Elayono. Mu gaturuturu asubira mu rusengero, abantu bose baza ah’ari, aricara arabigisha. Abanyabgenge b’ivyanditswe bo n’Abafarisayo bamuzanira umugore, afashwe asambana, bamushira hagati, baramubgira bati, ‘Mwigisha, uyu mugore bamuturumbukiyeko, arikw arasambana. Kandi Mose mu vyagezwe yatugeze kwicisha amabuye ben’abo. None weho uvuga iki?’ Arikw ivyo bābivuga ar’ukumugeza, ngo bamukūrek’ urwitwazo rwo kumurega. Ariko Yesu arunama, yandikisha urutoke hasi. Maze bakobeje kumubaza, arunamuka, arababgira, at’Ūtagira icaha muri mwebge n’abe ari we abanza kumutera ibuye.’ Asubira kwunama yandika hasi. Na bo bavyumvise basohoka isorōsoro uhereye k’ūkuze ugashitsa ku muto, Yesu asigara wenyene, bo na wa mugore yar’ahagaze hagati. Yesu yunamutse aramubaza ati, yewe mugore, bamwe bakureze bari hehe? Nta n’umwe aguciriye urubanza? Nawe ati Nta n’umwe, Mugenzi. Yesu aramubgira, ati Nanje singucira urubanza. Ni wigire, guhēra ubu ntuz’usubire gukora icaha. Yesu yongera kubabgira, ati Jewe nd’umuco w’isi, ūnkurikira nta ho azogenda mu mwiza, arikw azogira umuco w’ubugingo.’”
 
 
Yesu yahanaguye ivyaha Bingana iki?
Ivyaha vyose vy’abari mw’isi
 
Yesu yaduhaye ugucungurwa kw’ibihe bidashira. Ntan’umwe muri iyi isi atocungurwa yizeye Yesu ko ari Umukiza wiwe. Yaraducunguye twese. Nimba hariho abanyavyaha bababajwe n’ivyaha vyabo, ni kubera ko badatahura ukuntu Yesu yabacunguje umubatizo wiwe ivyaha vyose.
Turakwiye twese kumenya ibanga ry’agakiza kandi tukaryizera. Yesu yarikoreye ivyaha vyacu vyose biciye mu mubatizo wiwe kandi ahabwa urubanza rw’ivyaha vyacu biciye mu gupfira ku Musaraba. 
Urakwiye kwizera agakiza kaboneka biciye mu mazi na Mpwemu; ugucungurwa ivyaha vyose ibihe bidashira. Urakwiye kwizera urukundo rwiwe ruhebuje rwamaze kukugira umugororotsi. Niwizere ico yakoze kubw’agakiza kawe ku ruzi Yorodani no ku Musaraba.
Yesu yarazi n’ivyaha vyacu vyose twanyegeje. Abantu bamwe bamwe batahura nabi ivy’icaha. Bibaza ko hariho ivyaha bimwe bimwe bidashobora gucungurwa. Yesu yaraducunguye ivyaha vyose, buri kimwe cose. 
Ntacaha na kimwe kuri iyi isi atatwaye. Kuko yacunguye ivyaha vyose vyo kuri iyi isi, ntabanyavyaha bakiriho. Urazi ubutumwa bwiza bwacunguye ivyaha vyawe vyose, mbere n’ivyaha vyawe vyo muri kazoza? Bwizere urakizwa. Maze Imana uyihe icubahiro.
 
 
Umugore yafashwe ariko arasambana
 
Ni bangahe bakora ubusambanyi kw’isi?
Bose 
 
Muri Yohana 8, havugwayo umugore yafashwe ariko arasambana. Kandi turabona ukuntu yakijijwe na Yesu. Twashaka dusangire ubuntu yakiriye. Ntibikabije kuvuga ko abantu bose bakora ubusambanyi mu buzima bwabo bwose. Buri muntu wese arakora ubusambanyi.
Nimba atari uko biri, ni kubera ko tubukora kenshi cane gushika naho bigaragara nk’aho tutabukora. Kubera iki? Ni kubera ko tugira ubusambanyi bwinshi cane mu buzima bwacu. 
Ndavye uyu mugore nca nibaza ko nimba hoba hariho umuntu muri twebwe atasambanye. Ntan’umwe atasambanye nk’uyu mugore yafashwe. Twese turigirisha gusa ko tutabikoze.
Wibaza ko nibeshe? Oya, sinibeshe. Raba neza i bwina. Buri muntu wese kw’isi yarabikoze. Barakora ubusambanyi mu kwitegereza abagore mw’ibarabara, mu vyiyumviro vyabo no mu bikorwa vyabo, mu mwanya uwo ari wo wose, aho ariho hose. 
Ntibanatahura ko bariko barabukora. Hari abantu benshi batobitahura gushika bapfuye yuko bakoze ubusambanyi butonaharurika mu buzima bwabo bwose. Atari abafashwe gusa, ariko ni twese n’abatafashwe. Abantu bose barabikora mu vyiyumviro vyabo, no mu bikorwa vyabo. Iki si igice c’ubuzima bwacu? 
Uciye ushavura? Ni ukuri. Turabihora gusa kuko dufise isoni. Nizera ko abantu kino gihe bakora ubusambanyi umwanya wose ariko ntibatahure ko bariko barabukora. 
Abantu barakorera ubusambanyi mu mishaha yabo, naho nyene. Twebwe, abaremwe n’Imana, tuba kuri iyi isi tutazi ko turiko turakorera ubusambanyi mu mishaha yacu. Kwambaza izindi mana ni ubusambanyi bwo mu buryo bw’impwemu kuko Uhoraho wenyene niwe mugabo w’abantu bose.
Umugore yafashwe ariko arasambana yari umuntu co kimwe natwe, kandi yakiriye ubuntu bw’Imana, nk’uko natwe abacunguwe twabwakiriye. Ariko abafarisayo b’indyarya bamuhagaritse hagati yabo bamutuma intoke nk’aho umengo bari abacamanza, kandi bari mukumutera amabuye. Bari mu kumushinyagurira no kumucira urubanza nk’aho umengo bobo bari agahore, nk’aho umengo bobo ntibigeze bakora ubusambanyi namba. 
Bakristo bakundwa, abiyizi ubwabo ko bameze nk’ikirundo c’icaha ntibacira urubanza abandi imbere y’Imana. Ahubwo, kubera ko bazi ko nabo bakora ubusambanyi mu buzima bwabo bwose, bakira ubuntu bw’Imana bwaducunguye twese. Abemera ko ari abanyavyaha basambanye mu buzima bwabo bwose ni bo bashobora gucungurwa imbere y’Imana.
 
 

Ninde yakira Ubuntu bw’Imana?

 
Ubayeho ari agahore adakora ubusambanyi niwe yakira ubuntu bwayo, canke ni uwutabikwiriye yemera ko ubwiwe ko ari umunyavyaha? Uwemera ubwiwe ko ari umunyavyaha niwe yakira ubuntu bw’umusesekara bwo gucungurwa kubonekera muri We. Abo ataco bokwishoboza, abanyantege nke n’abatagira gitabara, nibo bakira ugucungurwa. Nibo bari mu buntu bwayo.
 
Ninde yokwakira ubuntu bw’Imana?
Uwutabikwiriye
 
Abiyumvira ko batagira icaha ntibashobora gukizwa. Bokwakira ubuntu bwayo bwo gucungurwa kubonekera muri We bate mu gihe ataco bafise co gucungura?
Abanyabwenge b’ivyanditswe n’abafarisayo bakweze umugore yari yafashwe ariko arasambana bamuzana imbere ya Yesu baramwicarika hagati yabo baca baramubaza, bati, “Mose mu vyagezwe yatugeze kwicisha amabuye ben’abo. None weho uvuga iki?” Kubera iki bazanye umugore hama bakamugerageza? 
Nabo nyene ubwabo bari barakoze ubusambanyi kenshi, ariko bariko baragerageza kumucira urubanza no kumwica biciye kuri Yesu maze baheze bate umwikomo kuri We. 
Yesu yarazi ibiri mu vyiyumviro vyabo, kandi yarazi ibijanye n’uyo mugore. Rero aca ababwira, “at’ūtagira icaha muri mwebge n’aba ari we abanza kumutera ibuye.” Hama abanyabwenge b’ivyanditswe n’abafarisayo, baca batangura kugenda isorosoro uhereye k’ūkuze ugashitsa ku muto, hagenda umwe umwe Yesu wenyene na wa mugore ni bo basigaye. 
Abagiye bari abanyabwenge b’ivyanditswe n’abafarisayo, abarongozi b’idini. Bari mu gucira urubanza umugore yari yafashwe ariko arasambana, nk’aho umengo bobo ntibari abanyavyaha. 
Yesu yarerekanye urukundo rwiwe kuri iyi isi. Yesu yari nyene urukundo. Yesu yarahaye abantu ibifungurwa, arazura abapfuye, agarukana ubuzima bw’umuhungu w’umupfakazi, azura Lazaro, akiza abanyamibembe, kandi akorera ibitangaza abakene. Kandi yarakuyeho ivyaha vy’abanyavyaha maze abaha agakiza. 
Yesu aradukunda. Niwe mushobora vyose ashobora gukora ico arico cose, ariko abafarisayo n’abanyabwenge b’ivyanditswe biyumvira ko ari umwansi wabo. Ni yo mpamvu bazanye umugore imbere yiwe maze baramugeza. 
Babajije bati, “Mwigisha, Mose, mu vyagezwe yatugeze kwicisha amabuye ben’abo. None weho uvuga iki?” Bibaza ko aza kubabwira bamutere amabuye. Kubera iki? Nimba twarabo guca urubanza nk’uko vyanditswe mu vyagezwe vy’Imana, abantu bose bakoze ubusamanyi bokwicishwa amabuye atawuvuyemwo. 
Bose bategerezwa kwicishwa amabuye kandi bakabikirwa kuja mu muriro. Ingero y’icaha ni urupfu. Yamara, Yesu ntiyababwiye bamutere amabuye, ahubwo, yavuze, “at’ūtagira icaha muri mwebge n’aba ari we abanza kumutera ibuye.” 
 
Kubera iki Imana yaduhaye ivyagezwe bigizwe n’ingingo 613?
Kugira ngo dutahure ko turi abanyavyaha
 
Ivyagezwe bizana uburake. Imana irera n’ivyagezwe vyayo niko biri. Ibi vyagezwe vyera twabihawe ari ingingo 613. Impamvu Imana yaduhaye ivyagezwe 613 ni kugira ngo tumenye ko turi abanyavyaha; tumenye ko turi ibiremwa bituzuye. Bitwigisha ko dutegerezwa kuhanga amaso ku Mana kugira ngo ducungurwe. Nimba ico tutari tukizi tukavyiyumvira nk’uko vyanditswe gusa, twokwicishwa amabuye, nk’urya mugore yafashwe ariko arasambana. 
Abanyabwenge b‘ivyanditswe n’abafarisayo ntibaribazi ukuri kw’ivyagezwe vyayo bashobora kuba bariyumviriye ko bashobora gutera amabuye uyo mugore cabure, natwe nyene. Ninde yotera amabuye umugore atagira gitabara? N’ubwo yari yafatiwe mu gikorwa, ntan’umwe muri iyi isi yomutera amabuye.
Hamwe uyo mugore hamwe n’umwe umwe wese muri twebwe twocirwa urubanza nk’uko ivyagezwe bivuga, twebwe kimwe n’uyo mugore, twohabwa urubanza rukomeye. Ariko Yesu yaradukijije, twebwe abanyavyaha, adukiza ivyaha vyacu aducira urubanza rugororotse. Tuzanye ivyaha vyacu vyose, hama ivyagezwe vy’Imana bigashirwa mu ngiro neza nk’uko inyuguti zavyo ziri, ninde muri twebwe yoguma ari muzima? Buri umwe wese muri twebwe yoherera mu muriro.
Ariko Abanyabwenge b’ivyanditswe n’Abafarisayo baribazi ivyagezwe nk’uko vyari vyanditswe gusa. Iyo ivyagezwe vy’Imana bishirwa mu ngiro neza, vyari kubica neza na neza nk’uwaciriwe urubanza na vyo. Mu vyukuri, ivyagezwe vy’Imana vyahawe abantu kugira ngo babashe gutahura ivyaha vyabo, ariko baratamye kuko babitahuye nabi babikoresha nabi. 
Abafarisayo b’iki gihe, co kimwe n’abafarisayo bavugwa muri Bibiliya, bazi ivyagezwe nk’uko vyanditswe gusa. Barakwiye gutahura ubuntu, ukugororoka n’ukuri vy’Imana. Barakwiye kwigishwa ubutumwa bwiza bwo gucungurwa kugira ngo bakizwe. 
Abafarisayo bavuga, bati, “Ivyagezwe vyatugeze kwicisha amabuye ben’abo. None weho uvuga iki?” Baramubaza, bafise amabuye bashize amanga. Biyumvira vy’ukuri ko Yesu ataco yarafise yobivugako. Bari barindiriye Yesu kugira ngo bace bafata ivyambo vyabo.
Hamwe Yesu aca urubanza nk’uko ivyagezwe bivuga, yari guterwa amabuye nawe nyene. Intumbero yabo kwari gutera amabuye bose umugore hamwe na Yesu. Iyo Yesu akuvuga ngo ntibamutere amabuye, bari guca bavuga ko Yesu akengereye Ivyagezwe vy’Imana, bakamutera amabuye kuko arogose. Mbega ukuntu wari umutego ukomeye! 
Ariko Yesu yarunamye yandikisha hasi n’urutoke rwiwe, bakomeza kumubaza, “Weho uvuga iki? Uriko wandika iki hasi? Ishura gusa ikibazo cacu. Weho uvuga iki?” Baramutuma urutoke Yesu bakaguma bamutoteza.
Yesu yarahagurutse arababwira ko utagira icaha muri bo ko ariwe akwiye kubanza kumutera ibuye. Hama arunama abandanya yandika hasi. Abavyumvise, bemezwa n’agatima nama kabo, baca baragenda umwe umwe, uhereye k’ūkuze, ugashitsa ku muto. Yesu bamusiga wenyene, na wa mugore ahagaze imbere yiwe.
 
 
“Utagira icaha muri mwebge n’abe ari we abanza kumutera ibuye”
 
Ivyaha vyanditswe hehe?
Ku bisate bibiri vy’imitima yacu Hamwe no mu bitabo vy’ibikorwa
 
Yesu yababwiye, “At’Utagira icaha muri mwebge n’abe ari we abanza kumutera ibuye,” akomeza kwandika hasi. Hama baca batangura kugenda insorosoro, uhereye ku bakuze. Abatama babafarisayo, abari barakoze ivyaha vyinshi, bagiye ubwa mbere. N’abato nabo barakurikira. Reka tuvuge ko Yesu yari ahagaze muri twebwe, natwe tukaba duhagaze dukikuje uyo mugore. Hamwe Yesu yoca atubwira ati utagira icaha muri twebwe nabe ari we abanza kumutera ibuye, wari guca ukora iki? 
N’iki Yesu yariko arandika hasi? Imana, yaturemye, yandika ivyaha vyacu ahantu habiri hatandukanye. 
Ahambere yandika ivyaha vyacu ni ku bisate bibiri vy’imitima yacu.
“Icaha ca Yuda candikishijwe ikaramu y’icuma, n’akabuye gasongoye kitwa alimasi: canditwe ku bisate, ari vyo mitima yabo, canditswe no ku mahembe y’ibicaniro vyabo;” (Jeremiya 17:1). 
Imana ivugana natwe biciye muri Yuda. Ivyaha vy’abantu vyandikishijwe ikaramu y’icuma, n’akabuye gasongoye kitwa alimasi. Vyanditswe ku bisate vy’imitima yacu. Yesu yarunamye yandika hasi ko abantu ari abanyavyaha. 
Imana irazi ko ducumura kandi yandika ivyaha ku bisate vy’imitima yacu. Ibanza kwandika ibikorwa vyacu, ivyaha dukora kubera ko turi abanyantege nke imbere y’ivyagezwe. Ukwo ivyaha vyandikwa mu mitima yacu, dusobanukirwa ko turi abanyavyaha turavye ivyagezwe. Kubera ko ivyandika mu mitima yacu, mu gatima nama kacu, duca tumenya ko turi abanyavyaha imbere yayo. 
Yesu yarunamye irya kabiri yandika hasi. Ivyanditswe bivuga ko ivyaha vyacu vyose ko vyanditswe mu bitabo vy’ibikorwa imbere y’Imana (Ivyahishuriwe Yohana 20:12). Izina ry’umuntu n’ibicumuro vyiwe biranditswe mu gitabo. Biranditswe no ku bisate vy’umutima w’umuntu. Ivyaha vyacu vyanditswe hose habiri mu gitabo c’ibikorwa no ku bisate vy’imitima yacu.
Ivyaha vyanditswe ku bisate vy’umutima wa buri umwe wese, yaba umuto canke ukuze. Ni yo mpamvu ataco bari bafise bavuga kubijanje n’icaha cabo imbere ya Yesu. Bagerageza gutera amabuye umugore atagira gitabara Yesu ataravuga. 
 
Ni ryari Ivyaha vyacu, vyanditswe ahantu habiri, bihanagurwa?
Igihe twakiriye mu mitima yacu ugucungurwa kubonerwa mu mazi ya Yesu n’amaraso yiwe
 
Yamara, igihe wakiriye agakiza, ivyaha vyawe vyose vyanditswe mu gitabo c’ibikorwa birahanagurwa kandi izina ryawe rikinjizwa mu gitabo c’ubugingo. Abo amazina yabo agaragarira mu gitabo c’ubugingo baja mw’ijuru. Ibikorwa vyabo vyiza, ivyo bakoreye muri iyi isi kubw’ubwami bw’Imana n’ukugororoka kwayo navyo nyene birandikwa mu gitabo c’ubugingo. Baremerwa mw’ijuru. Abakijijwe ivyaha vyabo binjira mu gihugu c’ibihe bidashira. 
Ivyaha vya buri muntu wese vyanditwe ahantu habiri. Rero ntan’umwe ashobora guhenda Imana. Ntan’umwe atakoze icaha mu mutima wiwe canke atakoze ubusambanyi mu mutima wiwe. Twese turi abanyavyaha kandi twese ntidutunganye.
Abatarakira ugucungurwa kubonerwa muri Yesu mu mitima yabo ntaco bokora atari kubabazwa n’ivyaha vyabo. Ntibashize amanga. Baratinya Imana, baratinya imbere y’Imana, abandi nabo ni kubw’ivyaha vyabo. Ariko igihe bakiriye mu mitima yabo ubutumwa bwiza bwo gucungurwa bw’amazi na Mpwemu, ivyaha vyose vyanditswe ku bisate vy’imitima yabo no mu gitabo c’ibikorwa birahanagurwa. Bagaca bakizwa ivyaha vyabo vyose. 
Hariho igitabo c’ubugingo mw’ijuru. Amazina yabizera ugucungurwa kubonerwa mu mazi na Mpwemu yaranditswe muri ico gitabo, kandi bazokwinjira mw’ijuru. Binjira mw’ijuru, atari kubera ko batakoze icaha muri iyi isi, ariko nuko bakijijwe ivyaha vyabo biciye mu kwizera ugucungurwa kubonerwa mu mazi na Mpwemu. Ni ‘Icagezwe c’ukwizera’ (Abaroma 3:27).
Bakristo bakundwa, abanyabwenge b’ivyanditswe n’abafarisayo bari abanyavyaha, nk’umugore yafashwe asambana. 
Mu vy’ukuri, bari barakoze ivyaha vyinshi kuko barikakisha ubwabo bakongera bakihenda ubwabo ko batari abanyavyaha. Abarongozi b’idini bari abasuma bitwaje uburenganzira bwemewe. Bari abasuma b’imishaha, abasuma b’ubuzima. Barubahuka kwigisha abandi kubaho neza, n’ubwo ubwabo batari bwacungurwe. 
Ntan’umwe atagira icaha twisunze ivyagezwe. Yamara umuntu acika umugororotsi, atari kubera ko atakoze icaha, ariko kubera ko yacunguwe ivyaha vyose, kandi izina ryiwe rikaba ryanditswe mu gitabo c’ubugingo. Ikintu nyamukuru ni ukuraba ko izina ry’umuntu ryanditswe mu gitabo c’ubugingo. Kubera ko abantu badashobora kubohoka icaha, bategerezwa gucungurwa.
Kuzokwakirwa mw’ijuru bivana n’ukwizera canke no kutizera. Kwakira Ubuntu bw’Imana no kutabwakira bivana n’ukwemera agakiza kabonekera muri Yesu. N’iki cabaye kuri wa mugore yafashwe? Yarahagaze yugaye amaso kuko yarazi ko yari uwo gupfa. Ashobora kuba yararirana ubwoba yihana. Abantu bacika abanyakuri igihe bahuye n’urupfu.
“Oh, Mana, birakwiye ko mpfa. Ndakwinginze wakire umushaha wanje mu biganza vyawe, kandi ungirire impuhwe. Ndakwinginze ungirire impuhwe, Yesu.” Yaringinze Yesu kugira akunde amucungure. “Mana, unciriye urubanza, ndarucibwa, kandi niwavuga ko atacaha mfise, ivyaha vyanje birahanagurwa. Ni wewe bivako.” Ashobora kuba yarariko aravuga ibintu nk’ivyo vyose. Ibintu vyose vyashizwe kuri Yesu.
Umugore yazanywe imbere ya Yesu ntiyavuze, ati, “Narakoze amakosha, ndakwinginze umbabarire ubusambanyi bwanje.” Yavuze, ati, “Ndakwinginze unkize ivyaha vyanje. Niwacungura ivyaha vyanje, Ndakizwa. Nutabikora naho, nzoja mu muriro. Ndakeneye ugucungurwa kuvuye iwawe. Ndakeneye urukundo rw’Imana, kandi ndayikeneye ngo ingirire impuhwe.” Yarugaye amaso yatura ivyaha vyiwe.
Maze Yesu aca aramubaza, ati, “Bamwe bakureze bari hehe? Nta n’umwe aguciriye urubanza?” Na we ati, “Nta n’umwe, Mugenzi.” 
Yesu aca amubwira ati, “Nanje singuciriye urubanza.” Yesu ntiyamuciriye urubanza kuko yari yamaze kwikorera ivyaha vyiwe biciye mu mubatizo ku ruzi Yorodani, kandi nawe yari yamaze gucungurwa. Hano, Yesu, mu gishingo c’umugore, niwe yategerezwa gucirwa urubanza kubw’ivyaha vy’umugore. 
 
 
Aramubwira, “Ati nanje singuciriye urubanza.” 
 
Yaraciriwe urubanza na Yesu?
Oya 
 
Uyu mugore yarahezagijwe agakiza muri Yesu. Yacunguwe ivyaha vyiwe vyose. Umwami wacu Yesu atubwira ko yaducunguye ivyaha vyacu vyose kandi ko turi abagororotsi twese. 
Atubwira atyo muri Bibiliya. Yesu yakujeho ivyaha vyacu umubatizo wiwe ku ruzi Yorodani, maze apfira ku Musaraba kugira ngo arihe ivyaha vyacu. Atubwira abipfoboye ko yacunguye abizera bose ugucungurwa kubonerwa mu mubatizo wiwe n’urubanza rwo ku Musaraba. Twese dukeneye ivyanditswe vya Yesu maze tuvyumeko. Hama twese tuzoca duhezagirwa n’ugucungurwa. 
“Mana, ntagaciro mfise imbere yawe. Ntabumenyi mfise. Ntaco mfise nokwereka atari ivyaha vyanje. Ariko ndizera ko Yesu ari umwami wo gucungurwa kwanje. Yikoreye ivyaha vyanje vyose ku ruzi Yorodani maze arabihongera ku Musaraba. Yakujeho ivyaha vyanje vyose umubatizo wiwe n’amaraso yiwe. Ndakwizera vy’ukuri, Mwami.”
Uku niko ukizwa. Yesu ntabwo ‘aducira urubanza.’ Yaraduhaye uburenganzira bwo kuba abana b’Imana bagororotse: kubizera ugucungurwa kubonerwa mu mazi na Mpwemu. 
Ncuti nkunda! umugore yaracunguwe. Umugore yafatiwe mu busambanyi yarahezagijwe ugucungurwa imbere ya Yesu. Natwe turashobora guhezagirwa nk’uko nyene. Uwariwe wese azi ivyaha vyiwe maze agasaba Imana imugirire impuhwe, uwariwe wese yizera ugucungurwa kubonekera mu mazi na Mpwemu muri Yesu yakira umugisha wo gucungurwa uvuye ku Mana. Abemera ubunyavyaha bwabo imbere y’Imana barashobora gucungurwa. Uwucumura ntasobanukirwe ivyaha vyiwe bwite ntashobora guhezagirwa n’ugucungurwa.
Yesu yakuyeho ivyaha vy’abari mw’isi (Yohana 1:29). Umunyavyaha wese ari mw’isi arashobora gucungurwa igihe yizeye Yesu. Yesu yabwiye umugore, ati, “Nanje singucira urubanza.” Yavuze ko atamuciriye urubanza kuko ivyaha vyiwe vyose vyari vyimuriwe kuri We, yishizeko ivyaha vyacu vyose, kandi yabaye uwo gucibwa urubanza mu gishingo cacu. 
 
 
Dutegerezwa natwe gucungurwa imbere ya Yesu
 
N’iki gihambaye, urukundo rw’Imana canke urubanza rw’Imana?
Urukundo rw’Imana
 
Abafarisayo, abari bafise amabuye mu maboko yabo, kimwe n’abarongozi b’idini ba kino gihe, basigura ivyagezwe uko vyanditswe. Bizera ko nimba ivyagezwe bitumbwira ngo ntidusambane, uwucumuye azokwicishwa amabuye. Bararaba abagore bakabipfuza bagaca bigirisha ko badakoze ubusambanyi. Ntibashobora gucungurwa canke ngo bakizwe. Abafarisayo n’abanyabwenge b’ivyanditswe bari abanyandero runtu muri iyi isi. Ntibari abo Yesu yahamagaye. Abo bantu ntibigeze bamwumva, avuga, ati, “Singuciriye urubanza.”
Umugore wenyene yafashwe asambana ni we yumvise ayo majambo y’umunezero. “Mana, nkora ubusambanyi ubuzima bwanje bwose. Bigaragara nk’aho ntabukora kubera ko ndabukora kenshi. Icaha nk’ico ndagikora kenshi buri musi.” 
Igihe duhagaze imbere y’ivyagezwe tukemera ukuri kw’uko turi abanyavyaha bakwiye gupfa maze tugahanga amaso Imana mu kuri kandi tukimenya ubwacu nk’uko turi, tukavuga, duti, “Mana, iki nico ndico. Ndakwinginze nkiza.” Imana izoca iduhezagiza ugucungurwa. 
Urukundo rwa Yesu, rw’amazi na Mpwemu rwaratsinze urubanza rw’Imana. “Nanje singuciriye urubanza.” Ntaducira urubanza ahubwo avuga, “Uracunguwe.” Umwami wacu Yesu Kristo ni Imana y’impuhwe. Yadukijije ivyaha vyose vy’isi. 
Imana yacu ni Imana y’ubutungane kandi ni Imana y’urukundo. Urukundo rw’amazi na Mpwemu rurahambaye gusumba urubanza rwayo. 
 
 

Urukundo rwayo rurahambaye gusumba urubanza rwayo 

 
Kubera iki yaducunguye twese?
Kubera ko urukundo rwayo ruhambaye gusumba urubanza rwayo. 
 
Iyo Imana ishimangira ku rubanza rwayo kugira ishitse ubutungane bwayo, yari gucira urubanza abanyavyaha bose ikabarungika mu muriro. Ariko kubera urukundo rwa Yesu, rudukiza urubanza ruhambaye, Imana yarungitse umwana wayo w’ikinege, Yesu. Yesu yikoreye ivyaha vyacu maze yakira urubanza rwacu twese. Ubu, uwariwe wese yizera Yesu nk’umucunguzi wiwe acika umwana wiwe kandi agororotse. Kuko urukundo rwiwe ruhambaye gusumba urubanza rwiwe, Yaraducunguye twese. 
Dutegerezwa gushimira Imana kuba itaducira urubanza biciye mu butungane bwayo gusa. Nk’uko Yesu yabwiye abanyabwenge b’ivyanditswe, abafarisayo, n’intumwa zabo, Imana igomba imbabazi n’ubwenge bw’Imana, ntikeneye ibimazi vyacu. Abantu bamwe bamwe barica inka canke impene imisi yose kandi bakabishikana imbere y’Imana bagasenga, bati, “Mana, babarira ivyaha vyanje vya misi yose.” Imana ntikeneye ibimazi vyacu, ahubwo, ikeneye ko twizera ugucungurwa kubonerwa mu mazi na Mpwemu. Ishaka twebwe ko ducungurwa kandi ko dukizwe. Ishaka kuduha urukundo rwayo kandi ishaka kwakira ukwizera kwacu. Murabitahura mwese? Yesu yaraduhaye agakiza. 
Yesu aranka icaha, ariko afise urukundo rududubiza rwo gukunda abantu, baremwe mw’ishusho y’Imana. Yari yarafashe ingingo uhereye ubwa mbere na mbere kutugira abana b’Imana, kandi yahanaguje ivyaha vyacu vyose umubatizo wiwe n’amaraso. Imana yaraturemye kugira ngo iducungure, itwambike muri Yesu, yongere itugire abana bayo. Uru nirwo rukundo idufitiye, ibiremwa vyayo.
Iyo Imana iducira urubanza nk’uko ivyagezwe vyayo bigororotse biri, twebwe, abanyavyaha, twari gupfa twese. Ariko yaradukijije biciye mu mubatizo n’urubanza rwaciriwe umwana wayo ku Musaraba. Uravyizera? Reka tubirabe mw’Isezerano rya Kera. 
 
 
Aroni yarambika ibiganza vyiwe ku mpene yo gusendwa 
 
Ninde yarungika ivyaha vy’Abisirayeli ku mpene idora akabikora nk’umuserukizi wabo?
Umuherezi Mukuru
 
Ivyaha vyose vyo mw’isi vyakurwaho n’ukurambika ibiganza mw’Isezerano rya Kera hamwe n’umubatizo mw’Isezerano Rishasha. Mw’Isezerano rya Kera, ivyaha vy’umwaka wose vy’Abisirayeli vyahongerwa biciye ku muherezi mukuru, niwe yarambika ibiganza vyiwe ku mutwe w’impene itagira agasembwa. 
“Uwo Aroni aheze arambike ibiganza vyiwe vyompi mu ruhanga rw’iyo mpene idora, ayaturirekw ibigabitanyo vy’abisirayeli vyose, n’ibicumuro vyabo vyose, n’ivyaha vyabo vyose; abiremeke mu ruhanga rw’iyo mpene, ayihe umuntu yari yibangikanije, ayijane mu bugaragwa” (Abalewi 16:21). 
Uko niko bahongerwa mu gihe co mw’Isezerano rya Kera. Kugira ngo umuntu ahongerwe ivyaha vya misi yose, yazana umwagazi canke impene itagira agasembwa mw’ihema akayitangira ku gicaniro. Yararambika ibiganza vyiwe ku mutwe w’ico kimazi, maze ivyaha vyiwe bikarungikwa ku kimazi. Hama ikimazi kikicwa maze amaraso yaco agashirwa ku mahembe y’igicaniro n’umuherezi.
Hari amahembe ku mfuruka zine z’igicaniro. Ayo mahembe ahagarariye ibitabo vy’ibikorwa vyanditswe mu Vyahishuriwe Yohana 20:12. Kandi amaraso yaco asigaye nayo yacucagizwa hasi kw’isi. Hasi kw’isi hahagarariye umutima w’umuntu kuko umuntu aremwa mu mukungugu. Abantu bahongerwa ivyaha vyabo vya misi yose mu buryo nk’ubwo.
Yamara, ntibashobora gutanga ibimazi vy’ivyaha vya misi yose. Rero, Imana yaciye ibemerera guhongerwa ivyaha vy’umwaka wose rimwe mu mwaka. Ivyo vyaba ku musi w’icumi w’ukwezi kw’indwi, umusi wo guhongerwako. Kuri uwo musi, umuserukizi w’Abisirayeli bose, umuherezi mukuru, yarazana impene zibiri akazirambikako ibiganza kugira ngo arungike ivyaha vy’abantu kuri vyo akongera akabishikana imbere y’Imana kugira ngo bibe impongano y’abisirayeli.
“Uwo Aroni aheze arambike ibiganza vyiwe vyompi mu ruhanga rw’iyo mpene idora, ayaturireko ibigabitanyo vy’abisirayeli vyose, n’ibicumuro vyabo vyose, n’ivyaha vyabo vyose; abiremeke mu ruhanga rw’iyo mpene” (Abalewi 16:21).
Imana yari yaragenye Aroni, nk’Umuherezi Mukuru w’Abisirayeli. Hako bose borambika ibiganza kubimazi umwe kuwundi, umuherezi mukuru, nk’umuserukizi w’abisirayeli bose, niwe yarambika ibiganza vyiwe ku mpene idora kubw’imbabazi z’ivyaha vy’umwaka wose (Yakuraho icaha). 
Yaca adondagura ivyaha vyose vy’Abisirayeli imbere y’Imana, “O Mana, abana bawe babisirayeli baracumuye. Twarambaje ibigirwamana, turarenga ingingo zose z’ivyagezwe vyawe, twaravuze izina ryawe kubw’ubusābusa, twiremera ibigirwamana turabikunda turabikurutisha. Ntitwaziririje umusi w’isabato, ntitwubashe abavyeyi bacu, twarishe, dukora ubusambanyi n’ubusuma.... twishora mw’ishari n’imitongano.” 
Yaradondagura ivyaha vyose. “Mana, haba Abisirayeli canke jewe ntitwashoboye gukurikiza na kimwe co mu vyagezwe vyawe. Kugira ngo ducungurwe ibi vyaha vyose, ndarambitse ibiganza vyanje kuri iyi mpene ndungika kuri yo ivyo vyaha vyose.” Umuherezi mukuru yaca arambika ibiganza vyiwe ku kimazi mu gishingo c’abisirayeli bose agaca arungika ivyaha vyose ku mutwe w’ikimazi. Ukurambika ibiganza bisigura ‘kurungika’ (Abalewi 1:1-4, 16:20-21).
 
Uguhongerwa kwashirwa mu ngiro ate mu gihe co mw’Isezerano rya Kera?
Biciye mu kurambika ibiganza ku mutwe w’ikimazi c’icaha 
 
Imana yari yarahaye Abisirayeli umugirwa wo gutanga ikimazi kugira ngo barungike ivyaha vyabo vyose maze bacungurwe. Yarerekanye ko hakwiye kuba ikimazi c’icaha kitagira agasembwa, ukurambika ibiganza ku mutwe w’ikimazi c’icaha kubw’ivyaha vy’abisirayeli vyose, kandi ko ikimazi c’icaha gikwiye gupfa mugishingo c’umuntu. 
Ku musi wo guhongerwako, ikimazi c’icaha caricwa maze amaraso yaco akajanwa Ahera Cane agacucagizwa ku ntebe y’imbabazi incuro indwi. Kubw’ivyo, Abisirayeli bahongera icaha c’umwaka umwe wose ku musi ugira cumi w’ukwezi kw’indwi.
Umuherezi mukuru yinjira Ahera Cane ari umwe gushikana ikimazi, ariko abantu bo bakoranira hanze bumviriza ijwi ry’inzogera ikozwe mu nzahabu yari kubuyonga bw’umwambaro w’umuherezi mukuru witwa efodi, ryavuga incuro indwi ukwo amaraso yacucagizwa ku ntebe y’imbabazi. Hama abisirayeli baca banezerwa ko ivyaha vyabo vyahongewe. Ijwi ry’inzogera ryari ijwi ry’ubutumwa bwiza bw’umunezero.
Ntikwoba ari ukuri hamwe twovuga ko Yesu akunda abantu bamwe akaba ari bo acungura bonyene. Yesu yikoreye ivyaha vyose vy’abari mw’isi kubw’ibihe vyose biciye mu mubatizo wiwe. Yashaka kudukiza rimwe kubw’ibihe bidashira. Ivyaha vyacu ntivyari kwama biracungurwa imisi yose, twabikijijwe vyose rimwe gusa. 
Mw’Isezerano rya Kera, impongano yatangwa biciye mu kurambika ibiganza biciye no mu kimazi c’icaha. Aroni yararambika ibiganza vyiwe ku mutwe w’impene idora imbere y’abisirayeli bose agaca adondagura ivyaha vyose abantu baba barakoze mu kiringo c’umwaka. Yararungika ivyaha ku mpene ari imbere y’abantu bose. Ni hehe ivyaha vy’abantu vyaca bigenda none? Vyarungikwa vyose ku mpene. 
Hama impene yaca itwarwa kure ‘n’umuntu yabigenewe.’ Impene, ifise ivyaha vy’Abisirayeli vyose, yatwarwa mu bugaragwa ahatagira amazi n’ivyatsi. Impene, yarayerera mu bugaragwa kuzuba rimena agahanga mu nyuma igapfa. Impene yapfira ivyaha vy’Abisirayeli. 
Uru ni urukundo rw’Imana, urukundo rwo gucungura. Uko nikwo bahongera ivyaha vy’umwaka wose muri iyo misi. Ariko turi mu gihe c’Isezerano Rishasha. Haraheze imyaka nka 2000 kuva Yesu aje kw’isi yacu. Yaraje ashitsa isezerano yari yarasezeranye mw’Isezerano rya Kera. Yaraje maze acungura ivyaha vyacu vyose. 
 
 
Gucungura twese
 
Bisigura iki ‘YESU’?
Umukiza azokiza abantu biwe ivyaha vyabo 
 
Reka dusome Matayo 1. 
“Akivyiyumvira, umumarayika w’umwami Imana amwiyerekera mu nzozi, aramubarira, ‘ati Yosefu, mwana wa Dawidi, ntutinye kurongora Mariya umugeni wawe, kukw atwaye inda ya Mpwemu Yera. Azovyara umwana w’umuhungu, nawe uz’umwite YESU, kukw ariwe azokiza abantu biwe ivyaha vyabo.’” (Matayo 1:20-21). 
Data wo mw’ijuru yitijije umubiri w’inkumi Mariya kugira ngo arungike umwana wiwe kuri iyi isi yoze ivyaha vyose vy’abari mw’isi. Yarungikiye umumarayika Mariya aramubwira, ati, “Umve, uzosama inda, uvyare umuhungu, kand’uz’umwite YESU.” Vyasigura ko Umwana, avuye muri Mariya, yari uwo kuba Umukiza. Yesu Kristo risigura uwuzokiza abantu biwe, muyandi majambo, Umukiza.
Ukuntu Yesu yakuyeho ivyaha vy’abari mw’isi vyaciye mu mubatizo wiwe ku ruzi Yorodani. Yabatijwe na Yohana Umubatizi maze ivyaha vyose vy’abari mw’isi birungikwa kuri We. Reka dusome Matayo 3:13-17.
“Ico gihe Yesu ava i Galilaya, aja kuri Yorodani aje kuri Yohana, azanywe no kubatizwa na we. Ariko Yohana agomba kumwankira, ati Kw ari jewe nkwiye kubatizwa nawe: non’uje kuri jewe? Yesu aramwishura, ati Bikunde: kukw ari vyo bidukwiye, ngo dushitse ukugororoka kwose. Bun’aramukundira; Yesu amaze kubatizwa, aca ava mu mazi: maz’ijuru riruguruka, abona Mpwemu w’Imana, amanuka asa n’inuma, amugwako. Buno rer’ijwi riva mw’ijuru, rit’Uyu ni we Mwana wanje nkunda, akampimbara.”
Yesu yagiye kuri Yohana Umubatizi kuducungura twese ivyaha vyacu.
Yatambukiye mu mazi yunamika umutwe imbere ya Yohana. “Yohana, mbatiza nonaha. Biradukwiye ko dushitsa ukugororoka kwose. Nk’uko nsanzwe ndi uwo gukuraho ivyaha vy’abari mw’isi, nkakiza abanyavyaha bose ivyaha vyabo, Ntegerezwa gukuzaho ivyaha vyabo umubatizo. Mbatiza nonaha! Vyemere!”
Ivyo, vyari bikwiye gushitsa ukugororoka kwose. Yesu yarabatijwe na Yohana Umubatizi. Kandi ico gihe nyene, ukugororoka kwose kw’Imana kwacungura ivyaha vyacu vyose niho kwuzuzwa. 
Uku niko yakuyeho ivyaha vyacu vyose. Ivyaha vyawe vyose navyo nyene vyarungitswe kuri Yesu. Urabitahura? 
Izera ugucungurwa kubonerwa mu mubatizo wa Yesu na Mpwemu maze ukizwe.
 
Ukugororoka kwose kwujujwe gute?
Biciye mu mubatizo wa Yesu
 
Imana yari yarabanje gusezeranira Isirayeli ko ivyaha vyose vy’abisirayeli bizokozwa n’ukurambika ibiganza hamwe n’ishikanwa ry’ikimazi c’icaha. Yamara, nk’uko vyari ibidashoboka ko bose barambika ibiganza ku mutwe w’impene umwe umwe, Imana yaciye itoranya Aroni kuba Umuherezi mukuru kugira ngo ashikane ikimazi mu gishingo c’abisirayeli bose. Kubw’ivyo, yarungikira rimwe ivyaha vyabo vyose vy’umwaka wose ku mutwe w’ikimazi c’icaha. Ubu ni ubwenge bwayo n’ubushobozi bwo gucungura. Imana ni bwenge kandi ni igitangaza.
Yarungitse umwana wayo Yesu gukiza isi yacu. Rero ikimazi c’icaha cari citeguye. Hategerezwa kuba umuserukizi w’abantu, uwo kurambika ibiganza vyiwe ku mutwe wa Yesu maze akarungika ivyaha vy’abari mw’isi kuri We. Uwo muserukizi yari Yohana Umubatizi. Muri Matayo 11:11, Imana yarungitse umuserukizi w’abantu bose imbere ya Yesu. 
Yohana Umubatizi, niwe yari umuherezi mukuru wanyuma aserukira w’abantu. Nk’uko vyanditswe muri Matayo 11:11, “Mu bāvyawe n’abagore ntihigeze kuboneka umuntu aruta Yohana Umubatizi.” Niwe wenyene muserukizi w’abantu. Yarungitse Yohana nk’umuserukizi wa buri icaremwe cose kugira ngo abatize Yesu maze arungike ivyaha vyose vy’abari mw’isi kuri We. 
Hamwe imiriyaridi zitandatu z’abantu bo mw’isi bogenda kuri Yesu ubu nyene hama umwe umwe akarambika ibiganza vyiwe kuri Yesu kugira ngo arungike ivyaha vyiwe kuri We, n’iki coba ku mutwe wiwe? Hamwe abarenga imiriyaridi zitandatu bo mw’isi borambika ibiganza vyabo kuri Yesu, ntivyosa neza. Abashishikaye bashobora kurambika bashimika rwose gushika naho umushatsi wiwe umuvako. Imana, mu bwenge bwayo, yagenye Yohana kuba umuserukizi wacu maze arungikire rimwe rizima ivyaha vyose vy’abari mw’isi kuri Yesu. 
Biranditswe muri Matayo 3:13, “Ico gihe Yesu ava i Galilaya, aja kuri Yorodani aje kuri Yohana, azanywe no kubatizwa na we.” Aha hari igihe Yesu yari afise imyaka 30. Yesu yakebwe haciye imisi 8 avutse. Kandi hari ivyanditswe bike vyerekeye We uhereye ico gihe gushitsa ageze mu myaka 30. 
Impamvu Yesu yategerezwa kurindira gushika akwize imyaka 30 kugira ngo acike umuherezi mukuru wo mw’ijuru kwari kugira ngo yuzuze Isezerano rya Kera. Mugitabo co Gusubira mu Vyagezwe, Imana yabwiye Mose ko umuherezi mukuru akwiye kugira n’imiburiburi imyaka 30 imbere yuko akora ibango ry’ubuherezi bukuru. Yesu yari umuherezi mukuru wo mw’ijuru. Uravyizera?
Mw’Isezerano Rishasha, muri Matayo 3:13-14, havuga ngo, “Ico gihe Yesu ava i Galilaya, aja kuri Yorodani aje kuri Yohana, azanywe no kubatizwa na we. Ariko Yohana agomba kumwankira, ati Kw ari jewe nkwiye kubatizwa nawe:” Ninde muserukizi w’abantu none? Yohana Umubatizi. Hama ninde muserukizi w’ijuru? Ni Yesu Kristo. Abaserukizi barahuye. Ninde yaruta uwundi? Birumvika, ko ari umuserukizi w’ijuru yasumba uwundi. 
Rero Yohana Umubatizi, uwari afise ubushizi bw’ubwoba asemerera abwira abarongozi b’idini b’ico gihe, “Mwa bana b’inzoka! Nimwihane!” bukwi na bukwi yicishije bugufi imbere ya Yesu. “Kw ari jewe nkwiye kubatizwa nawe: non’uje kuri jewe?” 
Kuri iyo ngingo, Yesu yaciye avuga, “Bikunde: kukw ari vyo bidukwiye, ngo dushitse ukugororoka kwose.” Yesu yaje kuri iyi isi gushitsa ukugororoka kw’Imana, kandi kwashitse igihe Yohana yamubatiza. 
“Bun’aramukundira; Yesu amaze kubatizwa, aca ava mu mazi: maz’ijuru riruguruka, abona Mpwemu w’Imana, amanuka asa n’inuma, amugwako. Buno rer’ijwi riva mw’ijuru, ‘rit’Uyu ni we Mwana wanje nkunda, akampimbara.’” 
Ibi nivyo vyabaye igihe yabatizwa. Imiryango yo mw’ijuru yarugurutse igihe yabatizwa na Yohana Umubatizi agakuraho ivyaha vy’abari mw’isi. 
“Uhereye mu gihe ca Yohana Umubatizi ugashitsa n’ubu barabandanira ubgami bgo mw ijuru, ababandana babunyakurisha ubuhizi” (Matayo 11:12). 
Ubuvugishwa bwose hamwe n’ivyagezwe vy’Imana vyabayeho gushitsa igihe ca Yohana Umubatizi. “Uhereye mu gihe ca Yohana Umubatizi ugashitsa n’ubu barabandanira ubgami bgo mw ijuru, ababandana babunyakurisha ubuhizi.” Umuntu wese yizera umubatizo wiwe arashobora kwinjira mu bwami bwo mw’ijuru atakinubwe.
 
 
“Nanje singucira urubanza”
 
Kubera iki Yesu yaciriwe urubanza ku Musaraba?
Kubera ko yari yikoreye ivyaha vyacu vyose. 
 
Yesu yabatijwe na Yohana Umubatizi maze akuraho ivyaha vyose vy’abari mw’isi. Munyuma, yabwiye umugore, ati, “Nanje singucira urubanza.” Ntiyaciriye urubanza uyo mugore kuko yari yikoreye ivyaha vyose vy’abari mw’isi kuri Yorodani kandi ni Yesu, yategerezwa gucirwa urubanza kubw’ivyo vyaha, si umugore. 
Yesu yahanaguye ivyaha vyose vy’abari mw’isi. Turashobora kubona ukuntu yagize ubwoba bw’umubabaro yabwirizwa kwihanganira ku Musaraba kuko ‘ingero y’icaha ari urupfu’ (Abaroma 6:23). Yarasenze Imana incuro zitatu ku musozi wa Elayono kugira ngo imukurureko urwo rubanza. Yesu yarafise umubiri w’umuntu, rero biratahuritse kuba yaragize ubwoba bw’umubabaro. Yesu yategerezwa kuva amaraso kugira ngo ashitse urubanza. 
Nk’uko ibimazi vy’icaha mw’Isezerano rya Kera vyategerezwa kuva amaraso kugira ngo birihe ivyaha, nawe yategerezwa gutangwa ku Musaraba. Yari yamaze kwikorera ivyaha vy’abari mw’isi rero hari hageze aho yategerezwa gutanga ubuzima bwiwe kubw’ugucungurwa kwacu. Yarazi ko yategerezwa gucirwa urubanza imbere y’Imana. 
Yesu ntiyarafise icaha na kimwe mu mutima wiwe. Ariko nk’uko ivyaha vyose vyari vyarungitswe kuri We biciye mu mubatizo wiwe, Imana yategerezwa gucira urubanza Umwana wayo bwite. Kubw’ivyo, ubwa mbere, ukugororoka kw’Imana kwarujujwe maze ubwa kabiri, ituronsa urukundo rwayo kubw’agakiza kacu. Ni yo mpamvu, Yesu yategerezwa gucirwa urubanza ku Musaraba. 
“Nanje sindakwagiriza ikibi, nanje sindagucira urubanza.” Ivyaha vyacu vyose, twabishaka canke tutabishaka, twabimenya canke tutabimenya, vyategerezwa gucirwa urubanza n’Imana. 
Yamara, Imana ntiyaduciriye urubanza, ariko yaciriye urubanza Yesu, uwari yishizeko ivyaha vyacu vyose biciye mu mubatizo wiwe. Kubw’urukundo rwayo n’impuhwe zayo Imana ntiyashatse gucira urubanza abanyavyaha. Umubatizo n’amaraso ku Musaraba vyari urukundo rwiwe rwo kuducungura. “Kuk’urukundo Imana yakunze abari mw’isi ari rwo rwatumye itanga umwana wayo w’ikinege, ng’ūmwizera wese ntaz’apfe rubi, arikw ahabge ubugingo budashira” (Yohana 3:16).
Uko niko tuzi ivy’urukundo rwayo. Yesu ntiyaciriye urubanza umugore yafatiwe mu busambanyi. 
Yarazi ko yari umunyavyaha kuko yari yafashwe asambana. Ntiyarafise icaha mu mutima wiwe gusa, ariko yaragitwara no mu mubiri. Ntanzira yari afise yo guhakana icaha ciwe. Yamara, kuko yizeye ko Yesu yakuyeho ivyaha vyiwe vyose, yarakijijwe. Twizeye ugucungura kubonerwa muri Yesu, tuzokizwa. Tuvyizere! Ni kubw’ineza yacu bwite. 
 
Ni bande bahirwe rwose?
Ni abatagira icaha
 
Abantu bose baracumura. Abantu bose barakora ubusambanyi. Ariko si bose bacirwa urubanza kubw’ivyaha vyabo. Twese twaracumuye, ariko abizera ugucungura kubonerwa muri Yesu Kristo ntibagira icaha mu mitima yabo. Uwizera agakiza ka Yesu ni we muntu anezerewe mubandi. Abahirwe ni abakijijwe ivyaha vyabo, ubu ni abagororotsi muri Yesu. 
Imana iratubwira kubijanye n’umunezero mu Baroma 4:7, ati, “Hahirwa abahariwe ibigabitanyo vyabo, kand’ivyaha vyabo bigatwikirwa.” Twese turacumura gushika dupfuye. Ntitwubaha imbere y’Imana kandi ntidukwiriye. Tuguma dukora ivyaha n’igihe tuba tuzi ivyagezwe vyayo. Turi abanyantege nke rwose. 
Ariko Imana yadukirishije umubatizo n’amaraso vy’Umwana wayo w’ikinege kandi itubwira, wewe nanje, ko tutakiri abanyavyaha, ko ubu turi abagororotsi imbere yayo. Itubwira ko turi abana bayo. 
Ubutumwa bwiza bw’amazi na Mpwemu ni ubutumwa bwiza bwo gucungurwa. Uravyizera? Kubavyizera, ibita abagororotsi, abakijijwe canke abana bayo. Ninde muntu anezerewe gusumba abandi kuri iyi isi? Ni uwizera kandi yakijijwe. Warakijijwe?
Yesu yarasimvye ivyaha vyawe? Oya, Yakujeho ivyaha vyawe vyose umubatizo wiwe. Vyizere. Vyizere hama ucungurwe ivyaha vyawe vyose. 
 
 
Nk’aho Vyakuburiwe kure n’umukubuzo 
 
N’ivyaha bingana iki Yesu Yakuyeho?
Ivyaha vyose vy’abari mw’isi
 
Reka dusome muri Yohana 1:29. “Bukeye bg’aho abona Yesu aza kuri we, aravuga, ‘ati Nguyu umwagazi w’intama w’Imana ukūrah’icaha c’abari mw’isi’” (Yohana 1:29)
“Nguyu umwagazi w’intama w’Imana ukūrah’icaha c’abari mw’isi”
Yohana Umubatizi yarungitse ivyaha vyose vy’abari mw’isi kuri Yesu kuri Yorodani. Bukeye bwaho, yarashinze intahe ko Yesu yari umwagazi w’intama w’Imana ukuraho ivyaha vy’abari mw’isi. Yashize kubitugu vyiwe ivyaha vyose vy’abari mw’isi. 
Ivyaha vyose vy’abari mw’isi bisigura ivyaha vyose abantu bakorera muri iyi isi, uhereye mw’irema ry’isi ugashitsa irangiye. Nk’imyaka 2000 iheze, Yesu yakuyeho ivyaha vyose vy’abari mw’isi maze araducungura. Nk’umwagazi w’intama w’Imana, Yakuyeho ivyaha vyacu vyose kandi acirwa urubanza kubwacu. 
Icaha cose twebwe abantu dukora cararungitswe kuri Yesu. Yacitse Umwagazi w’intama w’Imana ukuraho ivyaha vyose vy’abari mw’isi.
Yesu yaje kuri iyi isi ari umukiza, uwari uwo gukiza abanyavyaha bose bo kw’isi. Turakora icaha kubera ko turi abanyantege nke, kubera ko turi babi, kubera ko turi imburabwenge, kubera ko turi banyamuja irya n’ino, kubera ko tudakwiriye. Ivyo vyaha vyose vyarungitswe ku mutwe wa Yesu biciye mu mubatizo wiwe kuri Yorodani. Kandi yabirangije vyose mu rupfu rw’umubiri wiwe ku Musaraba. Yarahambwe ariko arazuka nyuma y’imisi itatu.
Nk’Umukiza w’abanyavyaha bose, nk’uwanesheje, nk’umucamanza, ubu yicaye i buryo bw’Imana. Ntabwo agikeneye kwongera kuducungura kandi, ico dutegerezwa gusa gukora ni kumwizera kugira ngo dukizwe. Ubuzima budashira burindiriye abizera, uguhona na kwo kurindiriye abatizera. Ntayandi mahitamwo ahari. 
Yesu yakijije mwese. Uri umuntu wa mbere anezerewe kw’isi. Ivyaha vyose uzokora muri kazoza ubitewe n’ubunyentege nke bwawe, yarabitwaye vyose.
Hari icaha kigisigaye mu mutima wawe? —Oya.— 
Yesu yarabitwaye vyose? —Ego! Yarabitwaye.—
Abantu bose bameze cokimwe. Ntan’umwe ari agahore gusumba mugenzi we. Ariko kuko benshi ari indyarya, bibaza ko atari abanyavyaha. Yamara ni abanyavyaha nabo. Iyi isi ni icibare gifumbirwa n’icaha.
Igihe abagore basohotse mu mazu yabo, barisiga ibitukura ku munwa, bikisiga mu maso habo, bakagorora imishatsi yabo, bakambara impuzu nziza, hamwe n’ibirato birebire (haut talon). Abagabo nabo bakagenda ku muntu amwa kugira ngo bimoshe, bakifata neza, bakambara amashati meza na makaruvati agezweho, bakanahanagura ibirato vyabo bigasayangana. 
Ariko n’ubwo baba bagaragara nk’ibikomangoma canke nk’ibikomangomakazi hanze, indani muri bo bameze nk’amase.
Amafaranga yotuma abantu banezerwa? Amagara meza yoyo yotuma abantu banezerwa? Oya. Ugucungurwa kwonyene nikwo gutuma abantu banezerwa vy’ukuri. N’ubwo umuntu yoba agaragara nk’unezerewe hanze, ni umugorwa nimba afise icaha mu mutima wiwe. Abameze batyo babaho bafise ubwoba bw’urubanza. 
Uwacunguwe ashize amanga nk’intare naho yoba ari mu mwanda. Ntacaha kiri mu mutima wiwe. “Ndagushimira, Mwami, kuba warakijije umunyavyaha nkanje, wahanaguye ivyaha vyanje vyose. Ndazi ko ntari uwo kurabwa, ariko ndaguhimbaza kuba warankijije. Naracunguwe ivyaha vyanje ibihe bidashira. Ishimwe ni iry’Imana!”
Umuntu yakijijwe aranezerewe vy’ukuri. Umuntu yahezagijwe Ubuntu bwayo bwo gucungurwa aranezerewe vy’ukuri. 
Yesu, ‘Nk’umwagazi w’intama w’Imana ukūrah’icaha c’abari mw’isi,’ yakuyeho ivyaha vyacu vyose, Ntacaha tugira. ‘Yararangije’ agakiza kubwacu ku Musaraba. Ivyaha vyacu vyose, harimwo ivy’iwawe n’ivy’iwanje, birimwo ‘mu vyaha vy’abari mw’isi,’ niyo mpamvu, twese twakijijwe. 
 
 

Biciye mu bugombe bw’Imana 

 
Turagira icaha mu mitima yacu iyo turi muri Yesu Kristo?
Oya, ntaco tugira.
 
Ncuti nkunda, umugore yafashwe asambana yizeye amajambo ya Yesu maze arakizwa. Inkuru yiwe iranditswe muri Bibiliya kuko yahezagijwe ugucungurwa. Yamara indyarya z’abanyabwenge b’ivyanditswe n’abafarisayo baramuhunze Yesu. 
Wizeye Yesu, ni mw’ijuru, ariko uretse Yesu, ni mu muriro. Wizeye ibikorwa vyiwe, bimeze nk’Ijuru, ariko utizeye ibikorwa vyiwe, bimeze nk’ukuzimu. Ugucungurwa ntabwo kuvana n’ibikorwa vy’inkomezi vy’umuntu, ariko kuvana n’agakiza kabonerwa muri Yesu. 
Reka dusome mu Baheburayo 10. “Ivyagezwe ko bifise igitūtu c’ivyiza bizoza, bidafise ishusho bgite y’ivyo vyiza, nta ho bishobora guhingura abēgēra igicaniro, bibahingurisha ivyo bimazi nyene bahora batanga imyaka n’imyaka. Iyo bibishobora, mbega ntibaba barashizeho kubitanga? Kukw abavyitangira bamaze guhumanurwa rwose rimwe, bataba bakigira imitima irimw’ijwi ribāgiriza ivyaha. Ariko mur’ivyo bimazi har’icibukiriza ivyaha uk’umwaka utashe. Kuko bitashoboka kw’ amaraso y’amapfizi n’ay’impene akūrah’ivyaha. Ni co catumye hamwe yaza mw’isi, avuga, At’Ibimazi n’amashikanwa ntiwabigomvye, Ariko wanteguriye umubiri. Ibimazi vyoshejwe bidasonōye, n’ibimazi vy’ivyaha ntivyaguhimbaye: Mperako ndavuga, nt’Ehe ndaje, (mu muzingo w’igitabo ni ko vyanditswe kuri jewe) Nzanywe no gukora ivy’ugomba, Mana. Ahejeje kuvuga haruguru, at’Ibimazi n’amashikanwa, n’ibimazi vyoshejwe bidasōnoye n’ibimazi vy’ivyaha, ntiwabigomvye kandi ntivyaguhimbaye (ni vyo bitangwa nk’uko bibgirijwe n’ivyagezwe), aherakw aravuga, at’Ehe nzanywe no gukora ivy’ugomba. Akūrah’ivya mbere ngw ashinge ivya kabiri. Ukwo kugomba kwayo ni kwo kwatumye twezwa, tubiheshwa n’uk’umubiri wa Yesu watanzwe rimwe gusa.” (Abaheburayo 10:1-10).
“Biciye mu bugombe bw’Imana” Yesu yatanze ubuzima bwiwe kugira ngo akureho ivyaha vyacu rimwe kubw’ibihe bidashira, yongera acirirwa urubanza rimwe kubw’ibihe bidashira maze arazuka. 
Niyo mpamvu, Twejejwe. “Kwatumye twezwa” (Abaheburayo 10:10) vyanditswe mu mwanya kahise kakoretse. Bisigura yuko ugucungurwa kudakenewe gukorwa kandi. Warejejwe.
“Kand’umuherezi wese ahagarara uko bukeye akora ivy’ubuherezi, atanga kenshi ivyo bimazi nyene, ata ho vyoshobora gukūrah’ivyaha na mba. Arik’uwo we, amaze gutanga ikimazi kimwe c’ivyaha c’intahava, avyagira i buryo bg’Imana, ahēraho, arorēra igihe abansi biwe bazohindurwa indava yo musi y’ibirenge vyiwe. Kukw ikimazi kimwe ari co yatunganishije rwose abezwa, ukazoshitsa ibihe bidashira.” (Abaheburayo 10:11-14).
Mwese mwarejejwe. Ukoze icaha ejo, uzoca uba umunyavyaha kandi? Yesu ntiyatwaye n’ivyo vyaha navyo? Yarabitwaye. Yaratwaye ivyaha vyo muri kazoza, navyo nyene. 
“Kandi na Mpwemu Yera ni we cabona kidushingira intahe y’ivyo. Amaze kuvuga, at’Iri ni ryo sezerano nzosezerana na bo Hanyuma y’iyo misi, ni jewe Uhoraho mbivuze; Nzoshira ivyagezwe vyanje mu mitima yabo, No mu bgenge bgabo kandi ni ho nzovyandika: arongera ati kand’ivyaha vyabo n’ukugabitanya kwabo sinzovyibuka ukundi. Ariko, ah’ivyo bihariwe, ntihaba hakiriho gutanga ikimazi c’ivyaha.” (Abaheburayo 10:15-18).
Iryungane rivuga, ngo, ‘Aho ivyo bihariwe’ risigura ko yahanaguye ivyaha vyose vy’abari mw’isi (Yakuyeho icaha). Yesu ni Umukiza wacu. Ni Umukiza wanje kandi ni Umukiza wawe. Twarakijijwe biciye mu kwizera Yesu. Uku ni ugucungurwa kubonekera muri Yesu kandi ni ubuntu bukomeye hamwe n’ingabire iva ku Mana. Wewe nanje, twaracunguwe ivyaha vyose, turi abanyamugisha mubandi bose! 
 
Iyi nsiguro iraboneka kandi mu buryo bw’igitabu c’ubuhinga bwa none. Fyonda ku gipfukisho c’igitabu kiri aha hepfo.
WOBA WARAVYAWE UBWA KABIRI VY’UKURI N’AMAZI NA MPWEMU? [Igisomwa gishasha casubiwemwo]