• All e-books and audiobooks on The New Life Mission website are free
  • Explore multilingual sermons in global languages
  • Two new revised editions in English have been released
  • Check out our website translated into 27 languages
Search

Sermons

Icigwa ca 1 : Icaha

[1-1] Dutegerezwa kubanza kumenya ibijanye n’ivyaha vyacu kugira ngo ducungurwe (Mariko 7:8-9, 20-23)

Dutegerezwa kubanza kumenya ibijanye n’ivyaha vyacu kugira ngo ducungurwe (Mariko 7:8-9, 20-23)
(Mariko 7:8-9) 
“‘Ico Imana yageze murakireka ngo mwumire ku migenzo mwābwirijwe n’abantu. Kand’ati Nka ko mwagize neza gukēngēra icagezwe c’Imana, ngo muziririze iyo migenzo yanyu!’” 
 
(Mariko 7:20-23)
“Kand’aravuga, at’Ibiva imbere mu muntu, ni vyo bimuhumanya: kukw’imbere mu mitima y’abantu havamw’ivyiyumviro bibi, ubushakanyi, ubgivyi ubgicanyi, ubasambanyi, ukwifuza, kugira nabi, ubugunge, ivy’isoni nke, ijisho ribi, ibitutsi, ubgibone, ubupfu: ivyo bibi vyose biva imbere ni vyo bihumanya umuntu.’” 
 
 
Ubwa mbere, nashaka gusigura ico ari co Icaha. Hari uburyo abantu bisigura ivyaha n`uburyo Imana isigura ivyaha. Ijambo icaha, mu Kigiriki, risigura ‘Guta inzira’ Risigura kutayitahura neza. Iyo tudakurikije ivyagezwe vy’Imana neza ni icaha. Reka tubanze turabe ukwo umuntu asigura icaha.
 
Icaha ni iki?
Ni ukutumvira ivyagezwe vy’Imana.
 
Dupima icaha bivanye n’agatima nama kacu. Muyandi majambo, ntabwo ari igikorwa kibi kiri kubiri n’amabwirizwa y’Imana ahubwo nico dupima turabiye kuri kahise k’umuntu, ku mutima, no kugatima nama. 
Gipimwa na buri muntu. Kubw’ivyo, igikorwa kimwe kirashobora gufatwa nk’icaha canke ntigifatwe nk’icaha bivanye n’imfatiro bwite za buri umwe wese. Nico gituma Imana yaduhaye ingingo 613 z’ivyagezwe kugira ngo zikoreshwe nk’urufatiro rw’urubanza.
Igishushanyo kiri musi kirerekana ivyaha vy’abantu.
 
Amategeko y’Igihugu, amategeko y’abantu
Agatima nama k’umuntu
Ivyagezwe vy’Imana
Indero runtu, amategeko yo mukibano
 
Kubw’ivyo, ntidukwiye nagato kugira imfatiro zishingiye kugatima nama kacu.
Ivyaha tubwirwa n’agatima nama ntabwo bihwanye nivyo Imana yita ivyaha. Niyo mpamvu tudakwiye kwumviriza agatima nama kacu ahubwo tukisunga urufatiro rw’icaha kuvyagezwe vy’Imana. 
Umwe wese muri twebwe arafise iciyumviro c’ico arico icaha. Bamwe bagifata nk’ubushobozi bwabo buke, abandi bakagifata nk’inyifato zidatomoye. 
Nk’akarorero, muri Korea, abana bifatwa ko bafise igikorwa co gupfukisha ivyatsi imva z’abavyeyi babo, bakazibagarira bakongera bakazitaho gushika nabo nyene bapfuye. Ariko mu bwoko bwaho hambere muri Papua muri Guine nshasha, bubaha imivyimba y’abavyeyi babo mukugabura umuvyimba mubagize umuryanga maze bakawurya. (Sinzi neza ko bawuteka canke ko batawuteka imbere yuko bawurya.) Bigaragara ko bakingira umuvyimba ngo nturibwe n’inyo. Iyi migenzo irerekana ko ivyiyumviro vy’abantu kubijanye no gutahura icaha bishobora gutandukana cane.
Niko bimeze no kucitwa iciza hamwe no kucitwa icaha. Yamara, Bibiliya yoyo itubwira ko icaha ari kutumvira amategeko yayo. “Ico Imana yageze murakireka ngo mwumire ku migenzo mwābirijwe n’abantu. Kand’ati Nka ko mwagize neza gukēngēra icagezwe c’Imana, ngo muziririze iyo migenzo yanyu.” (Mariko 7:8-9). Imana ntiyitaho ukuntu tugaragara hanze. Iraba imbwina mu mitima yacu. 
 
 
Ico Umuntu arabirako ni icaha imbere y’Imana 
 
Ni ikihe caha gikomeye cane?
Ni ukwirengagiza ijambo ry’Imana.
 
Reka ndabambwire ico arico icaha imbere y’Imana. Ni ukunanirwa kubeshwaho n’ubugombe bwayo. Ni ukutizera ijambo ryayo. Imana yavuze ko ari icaha kubaho nk’abafarisayo banse amabwirizwa y’Imana baha agaciro kanini inyigisho z’imigenzo yabo. Kandi Yesu yafata Abafarisayo ko ari indyarya.
“Ni iyihe Mana wizera? Uranogera ukanshira hejuru vy’ukuri? Urishimira izina ryanje, hoho uranyubaha vy’ukuri?” Abantu baraba ukwo bagaragara hanze gusa hama bakirengagiza ijambo ryayo. Kandi ico ni icaha imbere yayo. Icaha gikomeye cane ni ukwirengagiza ijambo ryayo. Urabizi? Iki nico caha gikomeye mu vyaha vyose.
Ubunyantege nke bwacu ni amakosha gusa, n’ibigabitanyo. Ukwihenda dukora, n’ibibi dukora bivuye kukudatungana kwacu ntabwo ari vyo vyaha nyamukuru, ariko ni amakosha. Imana iratandukanya ivyaha hamwe n’amakosha. Abirengagiza ijambo ryayo ni abanyavyaha, n’ubwo atamakosha baba bafise. Ni abanyavyaha bagahebuza imbere y’Imana. Niyo mpamvu Yesu yanegura Abafarisayo. 
Mu Bitabo bitanu vya Mose uhereye mw’Itanguriro gushika mu Gusubira mu vyagezwe, hari amabwirizwa atubwira ico gukora n’ico kudakora. Ni amajambo y’Imana, ni amabwirizwa yayo. Ntidushobora namba kuyakurikiza ijana kw’ijana, ariko turakwiye kuyamenya nk’amabwirizwa yayo. Yayaduhaye kuva ubwa mbere na mbere, kandi dutegerezwa kuyakira ukwo ari.
“Ubga mbere na mbere Jambo yariho, kandi Jambo yahoranye n’Imana, kand’uwo Jambo yar’Imana” (Yohana 1:1). Imana iravuga, “iti Ni habeh’umuco: umuco ubaho” (Itanguriro 1:3). Yararemye vyose. Yongera ishinga ivyagezwe. 
“Kand’uwo jambo yihaye umubiri, abana natwe, kand’uwo Jambo yar’Imana” (Yohana 1:1, 14). Gute, none, Imana itwiyereka? Itwiyereka biciye mu mabwirizwa yayo. Itwiyereka biciye mu mabwirizwa yayo. Imana ni Mpwemu. Nkako Bibiliya tuyita iki? Tuyita Ijambo ry’Imana. 
Hano havuga, ngo, “Ico Imana yageze murakireka ngo mwumire ku migenzo mwābirijwe n’abantu.” Hari ingingo z’ivyagezwe 613. Kora ibi ariko ntukore biriya; wubahe abavyeyi n’ibindi. Mu Gitabo c’Abalewi, havuga ngo, abagore bategerezwa gukora uku n’abagabo bakwiye gukora uku hakongera hakavuga ico gukora igihe igikoko c’igitungano kiguye mu manga, n’ibindi. Hari ingingo 613 zimeze zityo, muvyagezwe vyayo. 
Kubera ko atari amajambo y’abantu, dukwiye kuyiyumvirako rwose cane. Dukwiye kwumvira Imana kandi n’ubwo tudashobora gukurikiza ivyagezwe vyayo vyose, dukwiye n’imiburiburi kubimenya.
Hari ijambo na rimwe ry’Imana ryoba atari ukuri? Abafarisayo bashize kuruhande amabwirizwa y’Imana. Bumiye kumigenzo y’abantu bayirutisha amabwirizwa yayo. Amajambo y’abasokuru babo yagize agaciro kanini kurusha amajambo y’Imana. Niko vyari bimeze igihe Yesu yavuka. Igihe abantu batitaho ijambo ry’Imana Yesu yaravyanka cane. 
Imana yaduhaye ingingo 613 z’ivyagezwe kugira ngo itwigishe ko ari iy’ukuri, ko ari Imana yacu, ico ivyaha vyacu birico imbere yayo, no kugira ngo itwereke ukwera kwayo. Kubw’ivyo, kubera ko twese turi abanyavyaha imbere yayo, dukwiye kwizera Yesu twarungikiwe avuye kumana kubw’urukundo idufitiye vyongeye dukwiye kubeshwaho n’ukwizera.
Abirengagiza ijambo ryayo, n’abatizera ni abanyavyaha. Abadashoboye gukurikiza ijambo ryayo ni abanyavyaha nabo nyene, ariko icaha gikomeye ni kwirengagiza ijambo ryayo. Abo nibo bazoherera mu muriro. Kutizera ni ugucumura imbere y’Imana. 
 
 

Impamvu Imana yaraduhaye ivyagezwe 

 
Kubera iki Imana yaduhaye ivyagezwe?
Kugira ngo idutahuze ivyaha vyacu n’igihano cavyo
 
Kubera iki Imana yaduhaye ivyagezwe? Ni kugira ngo dutahure ivyaha vyacu hama tugaruke mu biganza vyayo. Yaduhaye ingingo 613 z’ivyagezwe kugira ngo dushobore gutahura ivyaha vyacu hama ducungurwe biciye muri Yesu. Iyi niyo mpamvu Imana yaduhaye ivyagezwe. 
Abaroma 3:20 havuga, ngo, “Kukw’ivyagezwe ari vyo bimenyekanisha icaha.” Rero, tumenye ko igituma Imana yaduhaye ivyagezwe atari kugira ngo idusunikire kubeshwaho na vyo. 
None, ni iki dutahura biciye mu vyagezwe? Dutahura ko turi abanyantege nke cane bogukurikiza ivyagezwe vyose nkuko biri kandi ko turi abanyavyaha imbere yayo. None ni igiki dutahura biciye mu ngingo 613 z’ivyagezwe vyayo? Dutahura intege nke zacu, nuko tudashobora kubaho dukurikiza ivyagezwe vyayo. Dutahura ko twebwe, ibiremwa vy’Imana, ko turi abanyantege nke. Dutahura ko turi abanyavyaha imbere yayo, kandi ko dukwiye twese guherera mu muriro bivanye n’ivyagezwe vyayo.
Igihe tumenye ivyaha vyacu hamwe n’ubunyantege nke bwacu, none duca dukora iki? Duca tugerageza gucika abantu bameze neza? Oya. Ico dutegerezwa gukora ni ukwemera ko turi abanyavyaha, maze tukizera Yesu, kugira ngo ducungurwe biciye mu gakiza kiwe kabonekera mu mazi na Mpwemu, tukongera tukayishimira. 
Impamvu yaraduhaye ivyagezwe ni kugira ngo idutahuze ivyaha vyacu hamwe n’ibihano vy’ivyo vyaha kugira ngo tumenye ko tudashobora gukira umuriro atari Yesu adufashije. Twizeye Yesu nk’umukiza wacu, tuzocungurwa. Yaduhaye ivyagezwe kugira ngo idukize. 
Yaduhaye ivyagezwe kugira ngo idutahuze ukuntu twuzuye icaha no kugira ngo ikize imishaha yacu icaha. Yaduhaye ivyagezwe yongera iturungikira Yesu adukize. Yarungitse Umwana wiwe bwite kugira ngo yikorere ivyaha vyacu biciye mu mubatizo wiwe. Maze dushobore gukizwa biciye mu kumwizera.
Dutegerezwa gutahura ko turi abanyavyaha batagira ivyizigiro kandi ko dutegerezwa kwizera Yesu kugira ngo dushobore kubohoka icaha, ducike abana bayo twongere dushimire Imana. 
Turakwiye gutahura ijambo ryayo. Amatanguriro yose akomoka kuri Yo Natwe dukwiye gutangurana ijambo ryayo tukongera tugatahura ukuri kwo gucungurwa biciye mw’ijambo ryayo. Dukwiye kwiyumvira no guca urubanza biciye mw’ijambo ryayo. Iki nico gikwiriye kandi niko kwizera nyakuri. 
 
 
N’iki kiri mu mutima w’umuntu? 
 
N’iki dukwiye gukora Imbere y’Imana?
Turakwiye kwemera ivyaha vyacu hama tugasaba Imana idukize.
 
Ukwizera gukwiye gutanguzwa n’ijambo ry’Imana kandi turakwiye kuyizera biciye mw’ijambo ryayo. Atari ukwo, tuzogwa mu kinyoma. Bizoba ari makosha hamwe n’ukwizera kutari ukw’ukuri. 
Igihe abafarisayo n’abanyabwenge b’ivyanditwe babona abigishwa ba Yesu bariko bafungura badakaravye intoke, ntibari kubatuma urutoke iyo babirabira mw’ijambo ry’Imana. Ijambo ritubwira ko ivyinjira mu muntu vyose bivuye hanze ko bidashobora kumuhumanya kuko bigenda mu mushishito wiwe, ntibije mu mutima wiwe, maze bigasohoka. 
Nkuko vyanditwe muri Mariko 7:20-23, “Kand’aravuga, ‘at’Ibiva imbere mu muntu, ni vyo bimuhumanya: kukw’imbere mu mitima y’abantu havamw’ ivyiyumviro bibi, ubushakanyi, ubgivyi, ubgicanyi, ubasambanyi, ukwifuza, kugira nabi, ubugunge, ivy’isoni nke, ijisho ribi, ibitutsi, ubgibone, ubupfu: ivyo bibi vyose biva imbere nivyo bihumanya umuntu.” Yesu yavuze ko abantu ari abanyavyaha kuko bavukana icaha. 
Uratahura ico bisigura? Tuvuka turi abanyavyaha kuko twese turi uruvyaro rwa Adamu. Ariko ntidushobora kubona ukuri kuko tutemera kandi tutizera amajambo yayo yose. none, ni iki kiri mu mutima w’umuntu? 
Reka turabe muri Mariko 7:21-22. “kukw’imbere mu mitima y’abantu havamw’ ivyiyumviro bibi, ubushakanyi, ubgivyi, ubgicanyi, ubasambanyi, ukwifuza, kugira nabi, ubugunge, ivy’isoni nke, ijisho ribi, ibitutsi, ubgibone, ubupfu.” Ivyo vyose biva mu mutima w’umuntu kandi biramuhumanya cokimwe n’abandi.
Haranditswe muri Zaburi, hati, “Iyo nitegereje ijuru ryawe, igikorwa c’intoke zawe N’ukwezi n’inyenyeri, ivyo waremye; umuntu n’iki ah’umwibuka, Cank’umwana w’umuntu ah’umugendera?” (Zaburi 8:3-4) 
Kubera iki itugendera? Itugendera kubera ko idukunda. Yaraturemye, iradukunda, kandi igirira impuhwe twebwe abanyavyaha. Yahanaguye ivyaha vyacu itugira abantu bayo. “Uhoraho, mwami wacu, Ereg’izina ryawe ni ryiza mw’isi yose! Washize icubahiro cawe hejuru y’amajuru.” (Zaburi 8:1) Umwami Dawidi yaririmvye iyi Zaburi mw’Isezerano rya Kera igihe yatahura ko Imana izocika umukiza w’abanyavyaha. 
Mw’isezerano Rishasha, intumwa Paulo yaravuze ibisa n’ivyo. Ni ikintu gitangaje rwose kubona twebwe, ibiremwa vy’Imana, dushobora gucika abana bayo. Ivyo bishoboka biciye mu mpuhwe zayo gusa. Uru ni urukundo rw’Imana. 
Kugerageza kubaho ukurikiza ivyagezwe vy’Imana mu buryo bwuzuye ni inzira yo guhangana nayo Kandi ni iciyumviro kiva mu kutamenya kwacu. Ntibibereye kuba hanze y’urukundo rwayo mu gihe uba uriko uharanira gukurikiza ivyagezwe wongera usenga. Ni ubugombe bw’Imana ko dutahura ko turi abanyavyaha biciye mu vyagezwe maze tukizera ugucungurwa kubonekera mu mazi no mu maraso (no mu Mpwemu). 
Ijambo ryayo riranditswe muri Mariko 7:20-23, riti, “Ibiva imbere mu muntu, ni vyo bimuhumanya: kukw’imbere mu mitima y’abantu havamw’ ivyiyumviro bibi, ubushakanyi, ubgivyi, ubgicanyi, ubasambanyi, ukwifuza, kugira nabi, ubugunge, ivy’isoni nke, ijisho ribi, ibitutsi, ubgibone, ubupfu: ivyo bibi vyose biva imbere nivyo bihumanya umuntu.” 
Yesu yavuze ko ibiva imbere mu bantu, ivyaha biri imbere, ni vyo bibahumanya. Ibifungurwa Imana iduha ntibishobora guhumanya abantu. Ivyaremwe vyose ntivyanduye, kiretse ibiva imbere mu muntu gusa, ivyo navyo akaba ari ivyaha vyiwe, nivyo bimuhumanya. Twese tuvuka turi uruvyaro rwa Adamu. Tuvukana ubwoko cumi na bubiri bw’ivyaha. 
None, turashobora kubaho atacaha dufise? Tuzoguma ducumura, kuko tuvukana icaha. Turashobora guhagarika gucumura kubera ko gusa tuzi ivyagezwe? Turashobora kubeshwaho n’ivyagezwe? Oya. 
Ukwo tugerageza, niko birushiriza kuguma. Turakwiye gutahura aho ubushobozi bwacu bugarukira maze tukamanika amaboko. Maze, hamwe n’umutima uciye bugufi, tukakira umubatizo n’amaraso vya Yesu, vyo bidukiza. 
Ingingo z’ivyagezwe 613 ziratunganye kandi ziragororotse. Ariko abantu ni abanyavyaha uhereye bakiri munda z’abanyina babo. Igihe dutahuye ko ivyagezwe vy’Imana bigororotse, ariko ko twebwe tuvuka turi abanyavyaha tudashobora kuba abagororotsi ubwacu, duca dutahura ko dukeneye impuhwe z’Imana hamwe n’ugukizwa n’ugucungurwa kwa Yesu kubonekera mu mazi, amaraso na Mpwemu. Igihe dutahuye aho ubushobozi bwacu bugarukira, ko tudashobra kuba abagororotsi ubwacu kandi ko tuzoja mu muriro kubw’ivyaha vyacu, ntidusubira gukora ikindi atari kwisunga ugucungurwa kubonekera muri Yesu. 
Turakwiye kumenya ko tudashoboye kuba abagororotsi canke beza ubwacu imbere y’Imana. Niyo mpamvu, dukwiye kwemera imbere y’Imana ko turi abanyavyaha babikiwe kuja mu muriro, hama tugasaba impuhwe zayo, “Mana, ndakwinginze unkize ivyaha vyanje kandi ungirire impuhwe.” Hama, Imana atakabuza izoca ihura natwe mw’ijambo ryayo. Muri buno buryo, turashobora gukizwa. 
Tuje kuraba isengesho rya Dawidi nkuko vyanditswe mw’ijambo ry’Imana “Vyabaye birtyo kugira ng’uboneke k’ugororotse ni wavuga, kand’uboneke k’uroranye ni waca urubanza.” (Zaburi 51:4). 
Dawidi yarazi ko yari yuzuye icaha mubi bikwiriye wo gutabwa mu muriro, ariko yaravyemeye imbere y’Imana. “Unyise umunyavyaha, ndi umunyavyaha; unyise umugororotsi, ndi umgororotsi; unkijije, ndakizwa; kandi undungitse mu muriro, mpererayo.”
Uku nikwo kwizera kw’ukuri. Uku nikwo dukizwa. Uku nikwo dukwiye kumera nimba twiteguye kwizera ugucungurwa kubonekera muri Yesu.
 
 

Turakwiye kumenya neza na neza ivyaha vyacu ivyo ari vyo

 
Kuva twese turi uruvyaro rwa adamu, twese turafise ivyipfuzo vy’ubusambanyi mu mitima yacu. Imana yoyo itubwira iki? Itubwira ntidukore ubusambanyi. Urafise ubwicanyi mu mitima yacu, ariko Imana yo itubwira iki? Itubwira ntitwice. Twese turagambarariba abavyeyi bacu mu mitima yacu, ariko itubwira kwubaha abavyeyi bacu. Turakwiye gutahura ko amajambo yayo yose ko ari ukuri kandi ko ari meza, kandi ko twese dufise icaha mu mitima yacu. 
Ni ukuri canke si ukuri? Ni ukuri kwuzuye. None rero, n’iki dukwiye gukora imbere y’Imana? Dutegerezwa kwemera ko twuzuye icaha, abanyavyaha batagira ivyizigiro. Kwiyumvira ko twari abagororotsi ejo kubera ko twakoze ibikorwa vyiza kandi ko turi abanyavyaha uno munsi kubera ko twakoze ivyaha si ukuri. Tuvuka turi abanyayvyaha. Ivyo twokora vyose, tuguma turi abanyvyaha. Nico gituma dukwiye gucungurwa biciye mu mazi n’amaraso vya Yesu. 
Ntituba abanyavyaha tubitewe n’ibikorwa vyacu, nkibi vy’ubusambanyi, ubwicanyi, ubusuma, n’ibindi., yamara turi abanyavyaha kuko twavutse turi abanyavyaha. Twavukanye ubwoko cumi na bubiri bw’icaha. Kubera ko tuvuka turi abanyavyaha imbere y’inyonga z’Imana, ntidushobora gucika beza namba biciye mu nkomezi zacu bwite. Turashobora gusa kwigirisha ko turi beza. 
Tuvuka dufise ubwenge bwuzuye ivyaha nkibi vyo kwica, kwiba n’ibindi. None, ni gute twoca tuba abagororotsi kubera ko gusa tudakora ibi vyaha? Ntidushobora kuba abagororotsi imbere y’Imana ubwacu. Tuvuze ko turi abagororotsi, ni uburyarya. Yesu yise Abafarisayo n’abanyabwenge b’ivyanditswe ati, ‘Mwaryarya z’abafarisayo n’abanyabwenge b’ivyanditswe.’ Abantu bavuka ari abanyavyaha. Bacumura imbere y’Imana mubuzima bwabo bwose. 
Umuntu wese avuga ko atigeze yiba canke ngo akubite umuntu n’umwe canke ngo yibe n’urushinge rw’uwundi mu buzima bwiwe bwose arabesha kuko abantu bavuka ari abanyavyaha. Uwo muntu ni umubeshi, ni umunyavyaha, kandi ni indyarya.
Wavutse uri umunyavyaha. Nubwo atacaha nakimwe wokora, atakabuza uzoja mumuriro. Niyo woba usanzwe ukurikiza ivyagezwe n’amabwirizwa menshi, uguma uri umunyavyaha abikiwe kuja mu muriro. 
None, n’igiki twokora kubw’iryo herezo? Dutegerezwa gusaba impuhwe zayo tukongera tukayisunga kugira ngo dukizwe ivyaha vyacu. Ibaye Itadukijije, tukaja mu muriro. Na kare niryo ryari herezo ryacu. 
Abizera ijambo ryayo batako bakemera ko atakabuza ari abanyavyaha. Barazi kandi ko ari abagororotsi. Kubw’ivyo, barazi ko kwirengagiza ijambo ryayo udatahura ijambo ryayo ko ari icaha. Abakira ijambo ryayo ni abagororotsi, n’ubwo ubwa mbere bari abanyavyaha. Baravyawe ubwa kabiri n’ijambo ryayo bongera bakakira Ubuntu bwayo.
 
 
Abagerageza gukizwa biciye mu bikorwa vyabo baracari abanyavyaha 
 
Ni bande baguma ari abanyavyaha n’inyuma yaho bizeye Yesu?
Ni abagerageza gukizwa biciye mu bikorwa vyabo
 
Reka turabe mub’i Galatiya 3:10 na 11. “Abishimira ibikorwa vy’ivyagezwe bose bari n’umuvumo: kuko handitwe ngw’Azoba avumwe umuntu wese adashishikarira ivyanditswe vyose mu gitabo c’ivyagezwe, ngw’avyitondere. Biraseruka yukw’ata muntu atsindashirizwa n’ivyagezwe imbere y’Imana, kuko handitwe ng’Umugororotsi azobeshwaho n’ukwizera.’” 
Havuga ngo umuntu wese adashishikarira ivyanditswe vyose mu gitabo c’ivyagezwe ngo avyitondere aravumwe. Abizera Yesu, ariko bakagerageza gutsindanishirizwa n’ibikorwa vyabo baravumwe. Bari hehe abagerageza gutsindanishirizwa n’ibikorwa vyabo? Bari munsi y’umuvumo w’Imana. 
Kubera iki Imana yaduhaye ivyagezwe? Yaduhaye ivyagezwe kugira ngo dutahure ivyaha vyacu (Abaroma 3:20). Kugira ngo tumenya ko turi abanyavyaha buzuye kandi ko tubikiwe kuja mu muriro.
Niwizere umubatizo wa Yesu, Umwana w’Imana, hama uvyarwe ubwa kabiri n’amazi na Mpwemu. Aho ni ho uzokizwa ivyaha vyawe, ucike umugororotsi, ugire ubugingo budashira hama uje mw’ijuru. Gira ukwizera mu mitima wawe. 
 
 
Icaha ca mbere cigenza kw’isi
 
Ni icahe caha ca mbere cigenza kw’isi?
Kugerageza kubaho ukurikiza ivyagezwe
 
Ntakintu nakimwe c’igiciro gisumba kwizera Imana. Duhezagirwa biciye mu kwizera umugisha wiwe. Imana yafashe ingingo yo gukiza abizera ijambo ryayo.
Muri kino gihe, mubizera, hariho benshi bagerageza kubeshwaho n’ivyagezwe vyayo. Abakristo benshi bemeze batyo. Biravugwa ko bogerageza kubeshwaho n’ivyagezwe, ariko none ivyo vyoshoboka? 
Dutegerezwa gusobanukirwa uburyo ari ubupfapfa kugerageza kubaho dukurikiza ivyagezwe vyayo. Ukwo tugerageza, ni kwo birushiriza kutugora. Yagize, ati, “Nuk’ukwizera kuva ku kwumva, n’ukwumva kuzanwa n’ijambo rya Kristo” (Abaroma 10:17). Dutegerezwa kwikuramwo ubwibone kugira ngo dukizwe. 
 
 

Dutegerezwa kureka imfatiro zacu bwite kugira ngo dukizwe

 
N’iki dutegerezwa gukora Kugira ngo dukizwe?
Dutegerezwa kureka imfatiro zacu.
 
Umuntu yokizwa ate? Bishoboka mu gihe yitahuye ko ubwiwe ari umunyavyaha. Hari benshi batarakizwa kubera ko badaheba ukwizera kwabo kw’ikinyoma n’inkomezi zabo. 
Imana ivuga ko abibohera ku vyagezwe yuko bavumwe. Abizera ko bashobora gucika abagororotsi buhoro buhoro babandanije bizera Yesu bakongera bakabeshwaho n’ivyagezwe bari musi y’umuvumo wiwe. Barizera Imana, ariko baraciyumvira ko bakwiye kubaho bakurikiza ivyagezwe kugira ngo bakizwe. 
Ncuti nkunda, twoshobora kuba abagororotsi biciye mu bikorwa vyacu dukora tukiri bazima? Ducika abagororotsi biciye gusa mu kwizera ijambo rya Yesu; kandi aho honyene niho ducungurwa. Mu kwizera umubatizo wa Yesu, n’amaraso yiwe, n’Ubumana bwa Yesu vyonyene, niho dukizwa. 
Nico gituma Imana yaduteguriye icagezwe c’ukwizera nk’inzira yo gucika abagororotsi. Ugucungurwa kubonekera mu mazi no mu Mpwemu ntaho guhuriye n’ibikorwa vy’abantu, yamara ni mu kwizera ijambo ry’Imana. Kandi Imana yadukijije kubw’ukwo kwizera. Ukwo niko Imana yabiteguye kandi niko yavyujuje. 
Kubera iki abizera Yesu badakizwa? Ni kubera batakiriye ijambo ry’ugucungurwa ribonekera mu mazi na Mpwemu. Ariko twebwe, abari badatunganye nkuko bari, twakijijwe biciye mu kwizera ijambo ry’Imana. 
“Abagore babiri bazoba bariko barasēra hamwe ku rusyo, umwe azojanwa, uwundi arekwe” (Matayo 24:41). Usigaye inyuma ni uwutarakizwa. Kubera iki umwe azojanwa uwundi asigare?
Impamvu niko umwe yamvirije yongera yizera ijambo ry’Imana. Uwundi yakoze rwose kugira ngo akurikize ivyagezwe mu maherezo atererwa mu muriro. Yagerageje gukwegesha inda hasi kugira ngo ashike kumana, ariko Imana iramushibura nkakurya dushibura igihere igihe kiriko gikwegesha inda kiduga kukuguru kwacu. Umuntu agerageje kwikurura agenda kumana mu gukurikiza ivyagezwe vy’ukuri azotabwa mu muriro. 
Niyo mpamvu dutegerezwa gucungurwa biciye mu kwizera amazi na Mpwemu. 
“Abishimira ibikorwa vy’ivyagezwe bose bari n’umuvumo: kuko handitwe ‘ngw’azoba avumwe umuntu wese adashishikarira ivyanditswe vyose mu gitabo c’ivyagezwe, ngw’avyitondere.’ Biraseruka yukw’ata muntu atsindashirizwa n’ivyagezwe imbere y’Imana, kuko handitwe ng’umugororotsi azobeshwaho n’ukwizera’” (Ab’i Galatiya 3:10-11, Abaroma 1:17). 
Ukutizera ijambo ry’Imana ni icaha imbere y’Imana. Vyongeye, ni icaha kwirengagiza ijambo ry’Imana bivanye n’urufatiro rwawe. Twebwe abantu ntidushobora kubashwaho n’ivyagezwe vyayo twavutse turi abanyavyaha. Kandi tuguma ducumura ubuzima bwacu bwose. Ducumura gato ngaha, gato hariya, mbere aho tuja hose. Dutegerezwa gutahura ko umubiri wacu atakindi woshobora atari gucumura.
Ikiremwa muntu kimeze nk’indobo nini y’amase. Igihe tugerageje kuyisohora, tukisanga turiko dusesa ibiyirimwo munzira. Tumeze nkuko. Tuguma dusuka icaha aho tugeze hose. Urabibona? 
Woba ucigirisha ko wari umugororotsi? Iyoba wokwibona neza, woca uhagarika kugeragereza ubusa kuba uwera hama ukizera amazi n’amaraso ya Yesu. 
Dutegerezwa gukuraho ugukomantaza imitima kwacu maze tukemera ko turi abanyavyaha imbere y’Imana. Hama, tukagaruka kw’ijambo ryayo tukabona ukuntu yadukirishije amazi na Mpwemu.
 
Iyi nsiguro iraboneka kandi mu buryo bw’igitabu c’ubuhinga bwa none. Fyonda ku gipfukisho c’igitabu kiri aha hepfo.
WOBA WARAVYAWE UBWA KABIRI VY’UKURI N’AMAZI NA MPWEMU? [Igisomwa gishasha casubiwemwo]