(Mariko 7:20-23)
“Kand’aravuga, at’ibiva imbere mu muntu, ni vyo bimuhumanya: kukw’imbere mu mitima y’abantu havamw’ivyiyumviro bibi, ubushakanyi, ubgivyi ubgicanyi, ubasambanyi, ukwifuza, kugira nabi, ubugunge, ivy’isoni nke, ijisho ribi, ibitutsi, ubgibone, ubupfu: ivyo bibi vyose biva imbere ni vyo bihumanya umuntu.’”
Abantu barazazanirwa hama bakaba mu vyijiji
| Ninde afise amahirwe menshi yo gukizwa? |
| Ni uwiyumvira ko ari umunyavyaha w’agahebuza kw’isi |
Imbere yuko mbandanya, nashaka ndakubaze ikibazo. Wibona ute? Wibaza ko uri mwiza cane canke ko uri mubi cane? Wibaza iki?
Abantu bose baraba munsi y’ivyijiji vyabo. Ushobora kuba utari mubi cane nk’uko uvyibaza, canke mwiza cane nk’uko uvyibaza.
Ni bande, none, wiyumvira ko bashobora kubaho ubuzima bwiza bw’impwemu? Boba ari abibaza ubwabo ko ari beza canke ni abibaza ubwabo ko ari babi?
Ni abo bahereza. None, ni bande bafise amahirwe menshi yo gukizwa: Ni abakoze ivyaha vyinshi canke ni abakoze ivyaha bike? Abafise ivyaha vyinshi nibo bafise amahirwe menshi yo gukizwa kuko bariyizi ubwabo ko ari abanyavyaha. Barashobora kwakira neza ugucungurwa kwateguwe na Yesu.
Twiravye vy’ukuri, turashobora kubona ko ataco turico atari ukwo twuzuye icaha. Umuntu n’iki? Umuntu ni ‘umwana w’inkozi y’ikibi’. Muri Yesaya 59, havuga ko ubwoko bwose bw’ibigabitanyo ko biri mu mitima y’abantu. Ni co gituma, umuntu yuzuye icaha. Yamara, hamwe twovuga ko umuntu yuzuye icaha, benshi bobihakana. Ariko insiguro yuko, umuntu ari ‘umwana w’inkozi y’ikibi’ ni insiguro itomoye. Hamwe twokwiraba neza vy’ukuri, tugera ku ndunduro yuko turi babi. Abiyumvira ko ari abanyakuri ubwabo bategerezwa na bo nyene gushika kuri ino ndunduro nyene.
Ntibigaragara ko hari abantu benshi bokwemera vy’ukuri ko buzuye icaha. Benshi babayeho batekaniwe kubera ko batibona ubwabo ko ari abanyavyaha. Kubera ko turi inkozi z’ikibi, twararemye imico y’ivyaha. Iyoba hariho abantu bazi ubunyavyaha bwabo, bomaramajwe cane no gucumura. Yamara, kubera ko hari abantu benshi batazi ubunyavyaha bwabo, ntibumva bamaramajwe n’icaha cabo.
Uko biri kwose, agatima nama kabo karabizi. Buri umwe wese arafise agatima nama kamubwira, ati, “Biramaramaje.” Adamu na Eva barinyegeje mu biti bamaze gucumura. Kino gihe, abanyavyaha benshi binyegeza mu mico yacu mibi—imico yacu y’icaha. Binyegeza mu bagenzi babo babanyavyaha kugira ngo bazibukire urubanza rw’Imana.
Abantu barahendwa n’ivyijiji vyabo bwite. Bibaza ubwabo ko ari abera gusumba abandi. Baraboroga cane, bati, “Umuntu yokora ibintu nk’ivyo ate? Umuntu yizera yokora ivyo ate? Umwana yokorera ate ivyo abavyeyi biwe bwite?” Bo ubwabo bibaza ko batokora ibimeze bityo.
Ncuti nkunda, biragoye cane kumenya kamere y’umuntu. Nimba vy’ukuri dushaka gukizwa, dutegerezwa kubanza kwimenya nk’uko turi vy’ukuri. Birafata igihe, kandi hariho benshi cane muri twebwe batazokwigera bimenye gushika dupfuye.
Niwimenye
| Abatiyizi babayeho bate? |
| Babayeho bagerageza kwinyegeza. |
Rimwe na rimwe turahura n’abantu nk’abo vy’ukuri batiyizi. Socrates yarigeze kuvuga, ati, “Niwimenye.” Yamara, benshi muri twebwe ntituzi ibiri mu mitima yacu: ubwicavyi, ubusuma, ukwipfuza, ubwibone, ubugunge, ivy’isoni nke, ijisho ribi, n’ibindi.
Uwutiyizi ubwiwe asa n’uwufise ubumara bw’inzoka mu mutima wiwe ariko akavuga ivyiza. Ikibitera nuko aba atazi ko yavutse ari umunyavyaha.
Hari abantu benshi cane kuri iyi isi batazi ukuntu biraba. Barihenze ubwabo bongera babohera ubuzima bwabo muri urwo ruhendo rwabo bwite. Biterera ubwabo mu muriro. Bariko baragenda mu muriro babitewe n’uruhendo rwabo bwite.
Abantu baguma basuka icaha mu buzima bwabo bwose
| Kubera iki bariko bagenda mu muriro? |
| Ni kubera ko batiyizi. |
Reka turabe muri Mariko 7:21-23. “kukw’imbere mu mitima y’abantu havamw’ivyiyumviro bibi, ubushakanyi, ubgivyi ubgicanyi, ubasambanyi, ukwifuza, kugira nabi, ubugunge, ivy’isoni nke, ijisho ribi, ibitutsi, ubgibone, ubupfu: ivyo bibi vyose biva imbere ni vyo bihumanya umuntu.” Imitima y’abantu yuzuye ivyiyumviro bibi uhereye bakiri munda.
Reka dufate ko umutima w’umuntu ukozwe mu kirahuri kikaba cuzuye gushika kumbiga amazi mabi, ari yo, vyaha vyacu. Hoba iki hamwe uyo muntu yagenda agaruka? Atakabuza, y’amazi mabi (icaha) yoca aseseka ahantu hose. Ukwo yogendagenda, icaha coca kiguma giseseka rwose.
Twebwe, ataco turi atari ubwuzure bw’icaha, ukwo niko tuba mu buzima bwacu. Dusuka icaha aho tuja hose. Tuzocumura mu buzima bwacu bwose kuko twuzuye icaha.
Ingorane nuko tudatahura ko twuzuye icaha kandi ko turi imbuto z’icaha. Twuzuye icaha kandi dufise icaha mu mitima yacu. Iki nico abantu barico vy’ukuri.
Kuno kwuzura kw’icaha kuriteguye guseseka. Icaha c’abantu nuko cane cane batizera ko vy’ukuri barazwe kamere y’icaha, bavuga ko ari abandi babarongoreye mu caha, ko atari bo ubwabo banyamakosha vy’ukuri.
Ni co gituma, n’igihe bakoze ivyaha, biyumvira ko igikenewe ari kwiyeza ubwabo kugira ngo icaha gihanagurwe. Baguma biyeza, igihe cose bacumuye, bakibwira ko atari amakosha yabo bwite. Kubera ko twama tuceza, ntidusubira kugisuka? Twoguma twiyeza incuro nyinshi kandi nyinshi cane.
Igihe ikirahuri cuzuye icaha, kiguma gisesa. Ntaco bimaze kuceza hanze. Yamara kenshi tweza hanze dukoresheje indero runtu yacu, ntaco bimaze tugifise ikirahuri cuzuye icaha.
Tuvuka twuzuye icaha rwose kugeza naho imitima yacu itazigera ibaho igaragara, n’ubwo twosuka ivyaha vyinshi mu nzira. Ni co gituma, tuguma dukora ivyaha mu buzima bwacu bwose.
Igihe abantu badatahuye ko vy’ukuri buzuye icaha gusa, baguma bagerageza kwinyegeza. Icaha kiri mu mitima y’abantu bose kandi ntigikurwaho no kweza hanze. Igihe dusutse icaha gito, duca tugihanagura dukoresheje agahanaguzo k’ivyombo, dusutse icaha kandi, tukagihanaguza isume, igikoropesho hama ishuka. Tuguma twibaza ko tugumye duhanagura kenshi, kizokwera kandi. Yamara, kirasubira kikisuka kandi vyoroshe.
Wibaza ko ibi bimara igihe kingana iki? Birabandanya gushika umuntu apfuye. Iyi ni yo mpamvu dutegerezwa kwizera Yesu kugira ngo ducungurwe. Kandi kugira ngo ducungurwe, dutegerezwa kwimenya.
| Ni bande bashobora kwakirana amashimwe urukundo rwa Yesu? |
| Ni abanyavyaha bemera ko bakoze amakosha menshi |
Reka tuvuge ko hari abagabo babiri twogereranya n’ibirahuri bibiri vyuzuye amazi yanduye. Ibirahuri vyompi tuvuge ko vyuzuye icaha. Umwe akiraba akavuga, ati, “Oh, Ndi umunyavyaha nk’uyu.” Hama agata ivyizigiro akaja kurondera umuntu yomufasha.
Ariko uwundi akiyumvira ko atari mubi rwose. Ntabone ko yuzuye icaha muri we akiyumvira ko atari mubi cane. Mu buzima bwiwe bwose, aguma ahanagura ivyisutse. Ahanagura uruhande rumwe, agasubira urundi, ubwo nyene agaca aja kurundi kandi.
Hari abantu benshi babayeho mu buzima bwabo bwose birinda icaha mu mitima yabo kugira ngo bagerageze kuzibira nticisuke. Yamara bagifise icaha mu mitima yabo, ivyo bimaze iki? Ukwirinda ntikuzigera kubarongorera hafi y’ijuru. Ahubwo ‘ukwirinda’ kugushira mw’irembo rija i kuzimu.
Ncuti nkunda, ‘ukwirinda’ kurongorera i kuzimu gusa. Igihe abantu birinda, ivyaha vyabo bishobora kutisuka ari vyinshi. Yamara baracari abanyavyaha bihisha.
N’iki kiri mu mutima w’umuntu? Icaha? Ingeso mbi? Ego! Ivyiyumviro bibi? Ego! Hoba hariyo ubusuma? Ego! Ubwibone? Ego!
Tumenya ko twuzuye icaha iyo twibonye dukora bunyavyaha no mu buryo bw’ubunyantege nke kandi tutigishijwe gukora atyo. Bishobora kutagaragara iyo tukiri bato.
Ubu hoho bimeze bite, iyo dukuze? Uko tuja mu mashure yisumbuye, kaminuza, mbere n’ayandi, haragera aho dutahura ko ivyo dufise muri twebwe ko ari icaha. Uku si ukuri? Kuri runo rwego, ntibikunda ko ukinyegeza. Nivyo? Tuguma tugisuka. Hama tukihana. “sinarinkwiye kubikora.” Yamara, dusanga bidashoboka ko vy’ukuri tubihindura. Kubera iki bimeze bityo? Ni kubera ko buri umwe wese muri twebwe avuka yuzuye icaha.
Ntituba abera biciye mu kwirinda. Kugira ngo dukizwe burundu ico dutegerezwa kumenya nuko tuvuka twuzuye icaha. Abanyavyaha bakirana amashimwe ugucungurwa gutegurwa na Yesu nibo bonyene bashobora gukizwa.
Abiyumvira, bati, “Nta makosha menshi nakoze kandi sinacumuye rwose,” abo ntibizera ko Yesu yakuyeho ivyaha vyabo vyose kandi babikiwe kuja mu muriro. Dutegerezwa kumenya yuko dufise buno bwuzure bw’icaha muri twebwe. Twarakivukanye twese.
Hamwe umuntu yokwiyumvira, ati, “Sinakoze amakosha menshi, icompa nkacungurwa iki caha gito gusa,” none yoca abohoka icaha? Ivyo ntivyoshoboka.
Abashobora gukizwa ni abiyizi neza ko buzuye icaha. Barizera vy’ukuri ko Yesu yatwaye ivyaha vyabo mu kubatizwa mu ruzi Yorodani maze arabirangiza igihe yabipfira.
Twakizwa canke tutakizwa, twese turaba mu vyijiji. Turi ubwuzure bw’icaha. Ico nico turi. Dushobora gucungurwa mu gihe honyene twizeye ko Yesu yatwaye ivyaha vyacu.
Imana ntiyacunguye abafise ‘icaha gito’
| Ninde muntu ahenda Uhoraho? |
| Ni uwusaba imbabazi z’ivyaha vya misi yose |
Imana ntiyacunguye abafise ‘icaha gito.’ Imana ntinatera akajisho kubavuga, bati, “Mana, mfise kino caha gito.” Abo iraba ni abavuga, bati, “Mana, nuzuye icaha. Ngiye mu muriro. Ndakwingize unkize.” Abanyavyaha basa bavuga, bati, “Mana, ndashobora gukizwa hamwe ari wewe gusa unkijije. Sinshobora gusenga nsaba imbabazi kandi kuko ndazi ko nzocumura kandi. Ndakwinginze nkiza.”
Imana ikiza abayisunga burundu. Nanje narasenga amasengesho ya misi yose yo kwihana. Ariko amasengesho yo kwihana ntiyigera atubohora icaha. “Mana, ndakwinginze ungirire impuhwe unkize icaha.” Abasenga nk’uku bazokizwa. Barizera ugucungurwa kubonerwa mu Mana, Umubatizo wa Yesu yabatijwe na Yohana Umubatizi. Bazokizwa.
Imana ikiza abiyizi ubwabo ko buzuye icaha, ko ari ibivyarwa vy’icaha. Abavuga ngo, “Nakoze gusa kino caha gito. Ndakwinginze ukimbabarire,” baracari abanyavyaha Imana ntishobora kubakiza. Imana ikiza gusa abiyizi ubwabo ko ataco bari atari ubwuzure bw’icaha.
Muri Yesaya 59:1-2, handitwe, ngo, “Ehe, ukuboko kw’Uhoraho ntikubaye kugufi ngo kunanirwe gukiza, n’ugutwi kwiwe ntikwamfuye ngo kunanirwe kwumva : arikw ibigabitanyo vyanyu ni vyo vyabatandukanije n’Imana yanyu, kandi ivyaha vyanyu ni vyo vyabakingiriye mu nyonga hayo, bituma yanka no kwumva.”
Kubera ko twavutse twuzuye icaha, Imana ntishobora kuturaba ryiza. Si kubera ko ukuboko kwayo kwabaye kugufi, canke ngo ugutwi kwayo gupfe ngo ntitwumve tuyisaba imbabazi.
Imana itubwira, iti, “Ibigabitanyo vyanyu ni vyo vyabatandukanije n’Imana yanyu; kand’ivyaha vyanyu ni vyo vyabakingiriye mu nyonga hayo, bituma yanka no kwumva.” Kubera ko dufise icaha cinshi mu mitima yacu, ntidushobora kwinjira mw’ijuru, n’ubwo imiryango yuguruye.
Nimba twebwe, ataco barico atari ubwuzure bw’icaha, twosaba ikigogwe igihe cose ducumuye, Imana yari kwama yica umwana wayo. Imana ntishaka gukora atyo. Ni co gituma, ivuga, iti, “Ntimunzeko imisi yose mufise ivyaha vyanyu. Narungitse umwana wanje kubacungura ivyaha vyanyu vyose. Ico mukwiye gukora ni ugutahura ukuntu Yesu yakuyeko ivyaha vyanyu maze murabe ko vyoba ari ukuri. Hama, muce mwizera ubutumwa bwiza bwo gucungurwa kugira ngo mukizwe. Uru ni urukundo rw’agahebuza ndabafitiye, biremwa vyanje.”
Iki nico itubwira. “Mwizere umwana wanje maze mucungurwe. Jewe, Imana yanyu, narungitse umwana wanje bwite kugira ngo ahongere ivyaha vyanyu vyose n’ibigabitanyo. Mwizere Umwana wanje hama mukizwe.”
Abatiyizi ubwabo ko buzuye icaha basaba imbabazi zayo ku vyaha vyose bito bito bakoze. Baza imbere yayo batazi uburemere buhebuje n’ubwinshi buhebuje bw’ivyaha vyabo hama bagaca basenga, bati, “Ndakwinginze mbabarira kino caha gito. Sinzogikora kandi.”
Baranagerageza kuyihenda. Ntidukora icaha rimwe gusa, yamara tuguma tugikora gushika dupfuye. Twasabwa rero kubandanya dusaba imbabazi gushika ku musi wanyuma w’ubuzima bwacu.
Ukubabarirwa icaha gito ntigushobora gukemura ikintu na kimwe kubera ko dukora ivyaha imisi yose y’ubuzima bwacu gushika dupfuye. Rero inzira yonyene yotuma tubohoka icaha ni kurungika ivyaha vyacu vyose kuri Yesu.
| Umuntu n’iki? |
| Ubwuzure bw’ivyaha |
Bibiliya iravuga ivyaha vy’abantu. Muri Yesaya 59:3-8 havuga, ngo, “Kukw’amaboko yanyu yandujwe n’amaraso, n’intoke zanyu zandujwe n’ibigabitanyo; iminwa yanyu yama ivuga ibinyoma, n’ururimi rwanyu ruvugira ibibi mu ntamatama. Nta witwararika uwundi mu buryo buroranya, nta n’ūbūrana ivy’ukuri; bizigira ibitagira ikimazi, bakavuga ibinyoma; basama inda z’ukugira nabi, bakavyara ibigabitanyo. Baberagura amagi y’imvyuvyi, bajisha butangurirwa: ūriye amagi yabo agapfa; wamena irigi hagaturumbukamw’imamba. Ivyo bajishe butangurirwa ntibizovamw’imyambaro, kandi ntibazoshobora kwipfuka ibikorwa vyabo; ibikorwa vyabo n’ibikorwa vy’ubugāba, ibikorwa vy’umuryano biri mu maboko yabo. Ibirenge vyabo vyirukira gukora ikibi, kandi bihutira kuvisha amaraso y’abatācumuye; ivyiyumviro vyabo n’ivyiyumviro vy’ubugāba; kugeseza no guhonnya biri mu nzira zabo. Inzira y’amahoro ntibayizi; mu ngendo zabo ntihabamw’ibiroranye: bitoboreye inzira z’ibigoramange; ūzicamwo wese ntamenya amahoro.”
Intoke z’abantu zanduzwa n’ibigabitanyo kandi bakora ikibi mu buzima bwabo bwose. Ivyo bakora vyose ni ibibi. Kandi akanwa kacu ‘kavuga ibinyoma.’ Ibiva mu kanwa kacu vyose ni ibinyoma.
“Iyo (umurwanizi) avuga ibinyoma, avuga ivyiwe” (Yohana 8:44). Abataravuka ubwa kabiri bakunda kuvuga ngo, “Ndiko ndakubwira ukuri. Vy’ukuri nikwo ndiko ndakubwira. Ivyo ndiko ndavuga ni ukuri.” Yamara, ivyo bavuga vyose ni ibinyoma gusa. Nk’uko vyanditwe. “Igihe (umurwanizi) avuga ibinyoma, avuga ivyiwe.”
Abantu bashira icizere cabo ku majambo y’ubusabusa kandi bakavuga ibinyoma. Basama inda z’ukugira nabi, bakavyara ibigabitanyo. Baberagura amagi y’imvuvyi’ bajisha butangurirwa. Imana ivuga, ngo, “Uriye amagi yabo agapfa, wamena irigi, hagatumburukiramw’imamba.” Ivuga ko hari amagi y’imamba mu mutima wawe. Amagi y’imamba! Hariyo ikibi mu mitima wawe. Ni co gituma dukwiye gucungurwa biciye mu kwizera ubutumwa bwiza bw’amazi n’amaraso.
Igihe cose ntanguye kuvuga ivy’Imana, hari abavuga, bati, “Oh, Mugenzi. Ndakwinginze ntunganirize ivy’Imana. Igihe cose ngerageje kugira ico nkora, icaha ni co nkinsohokamwo. Sinshobora no gutera intambuko ntarasuka icaha ahantu hose. Ntaco nokora atari co. Nuzuye icaha cane. Rero ntunanganirize ivy’Imana.”
Uyu muntu arazi neza ko yuzuye icaha gusa, ariko ntazi ubutumwa bwiza bushobora kumukiza. Abiyizi ubwabo ko buzuye icaha barashobora gukizwa.
Mu vy’ukuri, buri umwe wese niko ameze. Buri umwe wese aguma asuka icaha aho agenda hose. Kiratemba kuko abantu twese twuzuye icaha. Inzira yo gukiza umuntu atyo ibonekera mu bushobozi bw’Imana. ntibitangaje? Kubona abasuka icaha igihe cose bashavuye, banezerewe, canke banaguwe neza bashobora gukizwa biciye mu mwami wacu Yesu gusa. Yesu yaraje gukiza abo bantu.
Yarahongewe kubw’icaha cawe burundu. Niwimenye nk’uwuzuye icaha hama ukizwe.
Iyi nsiguro iraboneka kandi mu buryo bw’igitabu c’ubuhinga bwa none. Fyonda ku gipfukisho c’igitabu kiri aha hepfo.