(Luka 10:25-30)
“Maz’umwe mu bigisha ivyagezwe ava hasi, aramugeza, ati ‘Mwigisha, nkore iki, ngo nze ndagwe ubugingo budashira?’ Na we aramubaza, ati Vyanditswe bite mu vyagezwe? kandi usoma iki?’ Aramwishura ati ngo, ‘Mukundishe Uhoraho, Imana yanyu, imitima yanyu yose, n’ubugingo bganyu bgose, n’inkomezi zanyu zose, n’ubgenge bganyu bgose, kandi mukunde bagenzi banyu nk’uko mwikunda.’ Aramwishura ati, ‘Wishuye neza; gira urtyo, uzogira ubugingo.’ Maz’uwo agomvye kwiyerekana nk’ūgororotse, abaza Yesu, ati, ‘mbega mugenzanje ni nde?’ Yesu aramwishura, ati: ‘Hābaye umuntu yar’avuye i Yerusalemu, arik’aramanuka aja i Yeriko, agwa mu bambuzi, baramukoba, baramukubita, barigira, basiga asigaje gatoya agahwera.’”
| Ni iyahe ngorane nyamukuru abantu bafise? |
|
Bafise amakosha menshi atewe n’ivyijiji.
|
Luka 10:28, “Gira utyo uzogira ubugingo.”
Abantu bafise amakosha menshi atewe n’ivyijiji. Biragaragara ko ari inzirakarengane kuri ico kibazo. Bagaragara nk’abanyabwenge ariko mu buryo bworoshe barahendwa kandi bakaguma mu ruhande rwabo rubi batabizi. Tuvuka tutiyizi, ariko turacabaho nk’aho umengo turiyizi. Kuko abantu batiyizi, Bibiliya ica itubwira ko turi abanyavyaha.
Abantu baravuga ivy’ivyaha vyabo bwite kandi ko babikora. Bakongera bakavuga ko badashobora gukora iciza, yamara bizingiriye rwose mu kwigaragaza ko ubwabo ari beza. Bashaka kwishimira ibikorwa vyabo vyiza no kwiyerekana. Bavuga ko ari abanyavyaha ariko bagakora nk’aho ari abantu beza cane.
Barazi ko badafise iciza muri bo n’ubushobozi bwo kugikora yamara bagerageza guhenda abandi kandi rimwe rimwe bakanihenda ubwabo. “Geza aho, ntidushobora kuba babi gusa. Hategerezwa kuba hariho ivyiza muri twebwe.”
Ni co gituma, baraba abandi bagaca bibwira, bati, “Mana, icari kumpa ntabikore. Vyari kumubera vyiza iyo atabikora. Vyari kuba vyiza iyo yavuga nk’uku. Nibaza ko ari vyiza kwigisha ubutumwa bwiza nk’uku canke kuriya. Yakiriye agakiza imbere yanje, rero nibaza ko yarakwiye gukora cane nkuwakiriye agakiza. Mperuka kwakira agakiza, mbandanije niga vyinshi, nzobigira neza rwose kumusumvya.”
Bakarisha inkota mu mitima yabo. “We gusa rindira. Uzobona ko ntameze nkawe. Wiyumvira ko uri hejuru yanje ubu, siko? We rindira gusa. No muri Bibiliya haranditswe yuko abaza ubwa nyuma bazoba abambere. Ndazi ko ivyo ari vyo bimbayeko. Rindira, nzokwereka.” Abantu baribesha ubwabo.
Naho yari kuba ari we yabikoze atyo iyo yari kuba ari mukibanza ciwe, yari kuguma yamuciriye urubanza.
Igihe mbajije abantu ko bafise ubushobozi bwo gukora ivyiza, benshi bavuga ko atabwo bafise. Ariko bafise ivyijije vy’uko ubwabo bafise ubushobozi. Rero baragerageza rwose gushika bapfuye.
Biyumvira ko bafise ‘ivyiza’ mu mitima yabo, kandi ko bafise ubushobozi bwo gukora ivyiza. Kandi Bibaza ko nabo nyene ubwabo ko ari beza bikwiye. Tutitayeho igihe baba bamaze bavutse ubwa kabiri, mbere n’abamaze gushika ku ntera ikomeye mu gikorwa c’Imana, biyumvira, bati, ‘ndashobora gukora bino na biriya kubw’Uhoraho.’
Mbega dukuyemwo Uhoraho mu buzima bwacu, twoshobora gukora iciza vy’ukuri? Hari iciza kiba mu muntu? Umuntu yoshobora kubaho akora ibikorwa vyiza vy’ukuri? Abantu ntabushobozi bafise bwo gukora iciza. Igihe cose bagerageje kugira ivyo bakoze ubwabo, bakora icaha.
Bamwe barashira Yesu ku ruhande bamaze gucungurwa maze bakagerageza gukora neza ubwabo. Ntakintu nakimwe kiri muri twebwe twese atari ikibi. Dushobora gukora ikibi gusa. Ubwacu (mbere na babandi bakijijwe), dushoboye gucumura gusa. Ukwo niko kuri kw’umubiri wacu.
| Ni igiki dukora imisi yose, iciza canke ikibi? |
| Ikibi |
Mu gitabo cacu co guhimbaza, citwa, ‘Shima Umwami,’ hari indirimbo igenda nk’uku, “♪Ntari kumwe na Yesu ndi umubiri utagira agaciro ukora amakosha, wewe udahari meze nk’ubwato bwambuka ikiyaga budafise igihuzu kibugendesha♪.” Yesu adahari, turacumura vyonyene. Turi abagororotsi kubera ko gusa twakijijwe. Mubigaragara, turi babi.
Intumwa Paulo yavuze, ati, “Kukw iciza ngomba atari co nkora, arikw ikibi ntagomba akaba ari co nkora” (Abaroma 7:19). Iyo umuntu ari kumwe na Yesu, ivyo ntaco bitwaye. Ariko igihe ataho ahuriye na We, agerageza gukora neza imbere y’Imana. Yamara uko agerageza, niko arushiriza kwisanga akora ikibi.
N’umwami Dawidi yari afise kamere nk’iyo. Igihe igihugu ciwe cari amahoro kandi kiroraniwe, umugoroba umwe, yagendagenze hejuru y’ingoro. Yabonye amashusho amugerageza maze agwa mu vyipfuzo vy’ubusambanyi. Yari ameze ate igihe yari yibagiye Uhoraho ! Yari ikibi vy’ukuri. Yarishe Uriya yongera atwara umugore wiwe, ariko Dawidi ntiyigeze abona ikibi muri we. Yarafise ivyireguzo vy’ibikorwa vyiwe.
Maze umusi umwe, umuvugishwa Natani araza kuri we avuga, ati, “Hār’abantu babiri bāba mu gisagara kimwe, umwe w’umutunzi, uwundi w’umworo. Kand’uwo mutunzi yar’afise amasinzi y’intama n’inka. Ariko nya mworo ntaco yar’afise, atar’akāgazi k’intama kamwe yari yaraguze, akakarera, kagakura kari kumwe na we n’abana biwe, kakarya ku two kurya twiwe, kakanywera mu gikombe ciwe, kakāma karyama mu gikiriza ciwe, kakamumerera nk’umukobwa yivyariye. Bukeye haza umushitsi kwa nya mutunzi, na we yanka gutora mu ntama ziwe canke mu nka, ngw’azimane uwo mushitsi amugendeye, arikw’ahitana wa mwana w’intama wa nya mworo, ayibāgira umushitsi wiwe” (2 Samweli 12:1-4).
Ico Dawidi yavuze cari, “Uwakoze ivyo yar’akwiye gupfa!” Uburake bwiwe bwaraziririnze, hama avuga, ati “Yarafise nyinshi ziwe bwite; yari gutora imwe muri zo. Ariko yafashe akagazi kakamaramuziro k’umworo akazimana umushitsi wiwe. Arakwiye gupfa!” Maze, Natani aca amubwira, “Ereg’uwo muntu ni wewe nyene.” Tudakurikiye Yesu ngo tugumane na We, n’ubwo tuba twaravutse ubwa kabiri turashobora kumera atyo.
Nico kimwe ku bantu bose, mbere n’abizigirwa. Turatsitara imisi yose, tugakora ikibi mu gihe tutari kumwe na Yesu. Turafise amashimwe uno musi kuba Yesu yaradukijije, atitayeho ikibi kiri muri twebwe. “♪Nshaka kuruhukira munsi y’igitutu c’umusaraba♪” Imitima yacu iruhukira munsi y’igitutu c’ugucungurwa kubonerwa muri Kristo. Ariko turetse igitutu tukiraba, ntidushobora kuruhuka namba.
Imana Yaduhaye Ukugororoka kuzanwa n’ukwizera imbere yuko iduha Ivyagezwe
| Ni icahe catanguye imbere y’ikindi, Ukwizera canke ivyagezwe? |
| Ukwizera |
Intumwa Paulo yavuze ko Imana yabanje kuduha ukugororoka kuzanwa n’ukwizera. Ukugororoka kuzanwa n’ukwizera nikwo kwabanje kuza. Yaguhaye Adamu na Eva, Kayini na Abeli, hama Seti na Enoshi… ukabandanya no kuri Nowa, hama Aburahamu, ukabandanya kandi no kuri Isaka, hanyuma Yakobo n’abahungu biwe cumi na babiri. N’igihe atavyagezwe vyari bihari, baracitse abagororotsi imbere y’Imana biciye mu kwizera ijambo ryayo. Barahezagirwa kandi bakaronswa akaruhuko biciye mu kwizera ijambo ryayo.
Igihe caragiye uruvyaro rwa Yakobo ruba muri Egiputa nk’abaja mu kiringo c’imyaka 400 bivuye kuri Yozefu. Maze Imana ibakurayo ibicishije muri Mose ibajana mu gihugu c’ikanani. Yamara, muri iyo myaka 400 y’ubuja, bari baramaze kwibagira ukugororoka kuzanwa n’ukwizera.
Imana irabareka barajabuka ikiyaga gitukura kubw’ibitangaza vyayo inabacisha mu bugaragwa. Igihe bashika mu bugaragwa bw’icaha, niho yaciye ibaha Ivyagezwe ku musozi Sinayi. Yabahaye amabwirizwa cumi, ariyo agizwe n’ingingo ziramvuye 613 z’ivyagezwe. “Ndi Uhoraho Imana yanyu, Imana ya Aburahamu, Imana ya Isaka, Imana ya Yakobo. Mureke Mose aduge kumusozi sinayi, nanje ndaheza ndabahe ivyagezwe.” Ukwo niko Imana yahaye Isirayeli ivyagezwe.
Yabahaye Ivyagezwe kugira ngo ‘bamenye icaha’ (Abaroma 3:20). Kwari kugira ngo ibamenyeshe ivyo ikunda n’ivyo yanka hamwe no kubaserurira ukugororoka kwayo n’ukwera kwayo.
Abisirayeli bose bari mu buja bw’imyaka 400 muri Egiputa barajabutse ikiyaga gitukura. Ntibari bwigere bahura n’Imana ya Aburahamu, Imana ya Isaka, Imana ya Yakobo. Ntibari bayizi.
Igihe bari babayeho nk’abaja muri ico kiringo c’imyaka 400, bari baribagiye ukugororoka kuva ku Mana. Ico gihe, ntamurongozi bari bafise. Yakobo na Yozefu bari abarongozi babo, ariko bari barapfuye. Bigaragara ko Yozefu yananiwe kwigisha ukwizera abahungu biwe, Manase na Efurayimu.
Ni yo mpamvu, bategerezwa kurondera Imana yabo kandi bagahura na Yo kuko bari baribagiye ukugororoka kw’Imana. Rero Imana yabanje ibaha ukugororoka kuzanwa n’ukwizera mu nyuma ibaha ivyagezwe, igihe bari baramaze kwibagira ukwizera. Yabahaye ivyagezwe kugira ngo bibagarukane kuri Yo.
Kugira ngo ikize Abisirayeli, ibagire abantu bayo, ibagire aba Aburahamu, yababwiye ngo bakebwe.
Intumbero yayo mu kubahamagara ubwa mbere kwari kugira ngo ibanze ibamenyeshe ko hariho Imana biciye mu gushinga ivyagezwe hama ubwa kabiri kwari kugira ngo bamenye ko bari abanyavyaha imbere yayo. Yashaka ko baza imbere yayo maze bacike abantu bayo mu gucungurwa biciye mu kimazi co gucungurwa Imana yari yarabahaye. Kandi yarabagize abantu bayo.
Abisirayeli baracungurwa biciye mu cagezwe (c’uburyo bwo gutanga ikimazi) mu kwizera Mesiya yari agiye kuza. Ariko ivyo gutanga ibimazi uko igihe cagiye kiragenda harageze aho bihera. Reka turabe aho ivyo vyabereye.
Muri Luke 10:25, “Umwe mu bigisha ivyagezwe ava hasi, aramugeza.” Uyo mwigisha yari Umufarisayo. Abafarisayo bari abantu bibohera ku mico bagerageza gushitsa ijambo ryayo. Bari abantu babanza kugerageza gukingira igihugu hama bagaca babeshwaho n’ivyagezwe vyayo. Mbere, hariho abanyamwete mw’idini bahababuka rwose kandi bakitwaza akajagari kugira ngo bashike ku ntumbero zabo.
| Yesu yashaka guhura nabande? |
| Abanyavyaha batagira Umwungere |
Hariho abantu bameze nk’abo na bugingo n’ubu. Bararongora imihari n’ivyivugo nka ‘Tabara impahanzwa z’igihugu.’ Barizera ko Yesu yaje gukiza abakene n’impahanzwa. Bariga amashure ndora Mana (teworojiya) mu ma seminari, bagaca baja muri politike, hama bakagerageza ‘gutabara abagowe’ buri ahantu hose mu kibano.
Nibo uzosanga bashimangira bavuga ngo, “Reka tubeshweho n’ivyagezwe vyera vy’impuhwe. Nimushitse ivyagezwe, mw’ijambo ryayo.” Yamara ntibatahura insiguro nyakuri y’ivyagezwe. Baragerageza kubeshwaho n’inyuguti z’ivyagezwe ariko ntibazi insiguro y’impwemu y’ivyagezwe.
Ni yo mpamvu, tuvuga yuko ata ntumwa, umukozi w’Imana, yari ahari mu kiringo c’imyaka 400 imbere yuko Kristo aza. Ukwo niko bacitse umukuku w’intama zitagira Umwungere.
Nta vyagezwe bari bafise canke umurongozi. Imana ntiyiyerekanye biciye mu barongozi b’idini b’indyarya b’ico gihe. Igihugu cari mu bukoroni bw’ubwami bw’abaroma. Ico nico catumye Yesu abwira Abisirayeri bari bamukurikiye mu bugararwa ko atabarekura ngo bagende bashonje. Yagiriye impuhwe ibitugwa bitagira umwungere. Hari abantu benshi babaye ico gihe.
Cane cane abigisha b’ivyagezwe n’abandi bari bafise inzego nk’izo ni bo bari bafise ubushobozi nyamukuru; abafarisayo bava mu bisekuru vya Isirayeli, bo mw’idini ry’abayuda. Bari bavyishimiye rwose.
Kandi uyu mwigisha w’ivyagezwe yabajije Yesu muri Luka 10:25, “Nkore iki ngo nze ndagwe ubugingo budashira?” Bigaragara ko uyu mwigisha atawundi yari ameze neza kumusumba mu Bisirayeli. Rero uyu mwigisha w’ivyagezwe (umwe atari bwakizwe) yaramuhinyura, aca amubaza, ati, “Nkore iki ngo nze ndagwe ubugingo budashira?”
Uyu mwigisha w’ivyagezwe ntawundi ahagarariye atari twebwe. Yabajije Yesu, “Nkore iki ngo nze ndagwe ubugingo budashira?” Yesu amwishura, ati, “Vyanditswe bite mu vyagezwe, kandi usoma iki?”
Aramwishura, avuga, ati, “Mukundishe Uhoraho, Imana yanyu, imitima yanyu yose, n’ubugingo bganyu bgose, n’inkomezi zanyu zose, n’ubgenge bganyu bgose,” kandi “mukunde bagenzi banyu nk’uko mwikunda.”
Yesu yamubwiye, “Wishuye neza; gira urtyo uzogira ubugingo.”
Yahinyura Yesu atayizi ubwiwe ko ari mubi, ko ari igihute c’icaha kidashobora gukora ivyiza na mba. Yesu yamubajije, ati, “Vyanditswe bite mu vyagezwe? Kandi Usoma iki?”
| Usoma iki mu vyagezwe? |
| Turi abanyavyaha badashobora gukurikiza ivyagezwe na mba. |
“Na we aramubaza, ati, vyanditswe bite mu vyagezwe, kand’usoma iki? Aramwishura, ati ngo Mukundishe Uhoraho, Imana yanyu, imitima yanyu yose, n’ubugingo bganyu bgose; n’inkomezi zanyu zose, kandi mukunde bagenzi banyu nk’uko mwikunda. Aramubgira, ati Wishuye neza, gira urtyo, uzogira ubugingo” (Luka 10:26-28).
“Usoma iki?” rino jambo ribaza ukuntu uzi ivyagezwe n’ukuntu ubitahura.
Nk’uko abantu benshi muri kino gihe ariko biyumvira, n’uyu mwigisha w’ivyagezwe nawe yiyumvira ko Imana yamuhaye ivyagezwe kugira ngo abikurikize. Ni co catumye yishura, ati “Mukundishe Uhoraho, Imana yanyu, imitima yanyu yose, n’ubugingo bganyu bgose, n’inkomezi zanyu zose, n’ubgenge bganyu bgose; kandi mukunde bagenzi banyu nk’uko mwikunda.”
Ivyagezwe ntagasembwa vyari bifise. Yaduhaye ivyagezwe bitunganye. Yatubwiye ngo dukunde Uhoraho n’imitima yacu yose, n’ubugingo bwacu bwose, n’inkomezi zacu zose kandi ngo dukunde bagenzi bacu nk’uko twikunda. Ni vyiza ko dukunda Imana yacu n’imitima yacu yose n’inkomezi zacu zose, ariko iri ryari ijambo ryera umuntu adashobora gukurikiza namba.
“Usoma iki?” bisigura ko ivyagezwe bigororotse kandi ko ari ivy’ukuri, ariko none wewe ubitahura ute? Umwigisha w’ivyagezwe yibaza ko Imana yabitanze kugira ngo avyitondere. Yamara Ivyagezwe vy’Imana vyatanzwe kugira ngo tumenye ubunyantege nke bwacu twongere dushire ahabona ibigabitanyo vyacu mu buryo bweruye. Bigaragaza ivyaha vyacu, “Wacumuye. Wishe kandi narakubwiye ngo ntukice. Kubera iki wangambarariye?”
Ivyagezwe bishira ahabona ivyaha biri mu mitima y’abantu. Reka dufate ko mu nzira nza hano, nabonye amapasteke ahiye mu murima. Imana na yo ikaba yarangabishije mu vyagezwe ati, “Ntugasorome ayo mapasteke ngo uyarye. Bizonkoza isoni niwabikora.” “Ego, Data.” “Uyo murima wegukira Mutama kanaka, ni yo mpamvu, udakwiye kuyasoroma.” “Ego, Data.”
Igihe tubwiwe n’ivyagezwe ko tudakwiye kuyasoroma, tugira icipfuzo gikomeye rwose co kuyasoroma. Dusunitse iryo dudubirizo vy’ivyipfuzo, rigaca rigira intego yo kudusunikira kubikora. Ivyaha vy’abantu nuko nyene bimeze.
Imana yatubwiye ngo ntitugakore ikibi. Imana ivuga atyo kubera ko ari iyera, kubera ko ihagije, kubera ko ifise ubushobozi bwo gukora atyo. Kurundi ruhande, ntidushobora ‘namba’ kudacumura kandi ntidushobora ‘namba’ gukora ivyiza. Ntitwigera ‘namba’ tugira ivyiza mu mitima yacu. Ivyagezwe bivuga namba (vyerekanwa n’ijambo‘namba’). Kubera iki? Ni kubera ko abantu bagira ivyipfuzo vy’ubusambanyi mu mitima yabo. Dukora ibihwanye n’ivyipfuzo vyacu vy’ubusambanyi. Dukora ubusambanyi kubera ko dufise ubusambanyi mu mitima yacu.
Turakwiye gusoma Bibiliya twitonze. Ubwa mbere nizera Yesu, nizeye nk’uko ijambo rivuga. Nasomye ahanditse ko Yesu yampfiriye ku Musaraba ntivyakunda ko mpagarika amarira ngo ntatembe. Nari umuntu mubi nk’uyu maze arampfira ku Musaraba. Umutima wanje warababaye rwose kuburyo ndamwizera. Hama niyumvira, nti, ‘Nimba ngira nizere, nza kwizera nk’uko ijambo rivuga.’
Igihe nasoma muri Kuvayo 20, ahandiswe, hati, “Ntukagire izindi mana umbangikanya.” Narasenze nihana bivanye n’iryo jambo. Nararondeza mu vyiyumviro ngo nibuke ko ata zindi mana noba nigeze kuyibangikanye, ko ntambaje izina ryayo kubw’ubusa busa, canke ko ntigeze mfukamira izindi mana. Naratahura ko napfukamiye izindi mana kenshi igihe naba ndi mu migirwa yo kwubaha abakurambere. Naba nakoze icaha co kugira izindi mana.
Rero naca nsenga nihana, “Mwami, narambaje ibigirwamana. Ndakwiriye gucibwa urubanza Ndakwinginze umbabarire. Sinzosubira kubikora kandi” Kubw’ivyo, icaha kimwe caba gitorewe umuti.
Naragerageza rero ngo nibuke ko noba nigeze kuvuga izina ryayo kubw’ubusa busa. Hama naca nibuka ko nkitangura kwizera Imana ubwa mbere, nanywa itabi. Abagenzi banje barambwira, bati, “Nturiko uramaramaza Imana uriko uranywa itabi? umukristo anywa itabi ate?”
Kwari ukuvuga izina ryayo kubw’ubusa busa, sivyo? Rero naca nsubira nkansenga kandi, “Mwami, navuze izina ryawe kubw’ubusa busa. Ndakwinginze Umbabarira. Naragerageza guheba itabi ariko nkama nsanga nasubiye kuridomeka nongera nzimya mu kiringo c’umwaka. Vyari bigoye vy’ukuri, vyari nk’ibidashoboka guheba kunywa itabi. Ariko mu nyuma, vyarankundiye ndaheba kunywa itabi burundu. Numvise ikindi caha gitorewe umuti.
Ikindi cari “Wibuke kuziririza umusi w’isabato.” Iki casobanura yuko ata kindi kintu kwiye gukora ku misi ya mungu; haba gukora urudandanzwa canke gukorera amahera. N’ivyo na vyo narabihagaritse.
Haca haza “Wubahe so na nyoko.” Narabubaha mu gihe nari kure yabo, ariko bambera isoko ry’umubabaro mu mutima igihe naba ndabegereye. “Oh Mana yanje, Nacumuye imbere y’Imana. Ndakwinginze umbabarire, Mwami.” Narasenga nkihana.
Yamara ntivyari bigikunda ko ndabubaha kuko bari barapfuye bose ico gihe. N’iki nari gukora? “Mwami, ndakwinginze babarira uyu munyavyaha w’imburakimazi. Warampfiriye ku Musaraba.” Ese ukuntu nagira amashimwe!
Muri ubwo buryo, nibaza ko natoreye umuti ivyaha vyanje kimwe ku kindi. Hari n’ibindi vyagezwe nka ntukice, ntugasambane, ntukipfuze.... naratahuye ko ntakurikiza na kimwe. Narasenga ijoro ryose. Urazi, amasengesho yo kwihana ntaryoshe. Reka tubiganireko.
Igihe niyumvira ukubambwa kwa Yesu, narashoboye kwumva ukuntu vyari bibabaje. Kandi yaradupfiriye twebwe abatashobora gukurikiza Ijambo ryayo. Nararize ijoro ryose niyumvira ukuntu yankunze nongera ndamushimira kuba yarampaye akanyamuneza nyakuri.
Mu mwaka wanje wa mbere ngenda mw’ishengero muri rusangi vyaranyorohera rwose, ariko mu myaka ibiri ikurikira canke irenga vyacitse ibigoye rwose, kuko vyansaba kwiyumvira rwose kugira ngo amarira atembe kuva nari ndabikoze kenshi.
Igihe amarira atari akiza, kenshi naca ngenda gusengera mu misozi nkisonzesha imisi 3. Hama amarira akabona kwongera kugaruka. Naba nabombetswe n’amarira yanje, ngarutse mu kibano, narize mw’ishengero.
Abantu bankikuje bavuga, bati, “Wacitse uwera cane rwose kubw’amasengesho ugirira mu misozi.” Yamara mu buryo ntabanduka amarira yarasubiye gukama. Vyacitse ibigoye cane vy’ukuri mu mwaka wa gatatu. Nariyumvira ku makosha naba narakoreye abagenzi na Bene data babakristo bigacamwo nkarira kandi. Nyuma y’imyaka 4 ivyo biba, amarira yarasubiye arakama kandi. Hariho ibihimba bibika amarira mu maso, ariko ntivyari bigikora.
Nyuma y’imyaka 5 hoho, sinashobora kurira, n’ubwo nagerageza nte. Nyuma yiyindi myaka ibiri ivyo biba, nariyanka jewe ubwanje maze nsubira muri Bibiliya kandi.
Ivyagezwe nivyo kumenyekanisha icaha
| N’iki dukwiye gutahura kubijanye n’ivyagezwe? |
| Nuko tudashobora kubikuriza namba. |
Mu Baroma 3:20, dusome, “kuko ivyagezwe ari vyo bimenyekanisha icaha.” Nafata uyu murongo ko ari ubutumwa bwiharije bwandikiwe intumwa Paulo jewe nizera amajambo nitoranirije gusa. Ariko amarira amaze gukama, sinari nkishoboye kubandanya ubuzima bwo kwizera.
Rero, nagumye ncumura nsanga mfise icaha mu mutima wanje kandi ko bidashoboka ko mbaho nkurikiza ivyagezwe. Sinashobora kuvyihanganira. Ariko sinashobora kureka ivyagezwe kuko nizera ko vyatanzwe kugira ngo tubikurikize. Mu nyuma, nacitse umwigisha w’ivyagezwe nka barya bagaragarira mu vyanditswe. Vyabaye ibigoye cane kubandanya ubuzima bwo kwizera.
Rero, kugira ngo mve muri ivyo bihe bigoye, narasenze nongera ndondera Uhoraho ntahengeshanya. Mu nyuma, nahuye n’Ubutumwa bwiza bw’amazi na Mpwemu biciye mw’Ijambo, maze ndamenya kandi ndizera ko ivyaha vyanje vyose ko vyacunguwe (Yakuyeho icaha).
Igihe cose nabona amajambo ambwira ko atacaha mfise, vyari bimeze nk’umuyaga mushasha uhuhuta mu mutima wanje. Nari mfise ivyaha vyinshi kuburyo ndiko ndasoma ivyagezwe, naca ntangura gusobanukirwa ivyo vyaha. Nari nararenze amabwirizwa yose cumi mu mutima wanje. Gucumurira mu mutima navyo nyene ni icaha, nari naramaze gucika umuyoboke w’ivyagezwe ntabizi.
Igihe naba nakurikije ivyagezwe, Naranezerwa. Ariko vyaba vyananiye, naba umugorwa, nkashavura nkongera nkababara. Mu nyuma, nacitse goyi goyi muri vyose. Iyo nigishwa uhereye kera, nti, “Oya, oya. Hariho iyindi nsiguro y’ivyagezwe. Bikwereka ko uri igihute c’icaha; ko ukunda amahera, abo mudahuje igitsina, ugakunda n’ibintu vyiza bibereye ijisho. Urafise ivyo ukunda gusuma Imana. Ushaka gukurikira ivy’isi. Ivyagezwe ntiwabihawe, ngo ubikurikize, ariko ni kugira ngo witahure ko uri umunyavyaha afise ikibi mu mutima wiwe.”
Iyo haba umuntu anyigisha kirya gihe, Sinari kuba nararushe imyaka 10. Kubw’ivyo, nabaye musi y’ivyagezwe imyaka 10 gushika ndonse kuno gutahura.
Icagezwe ca kane kivuga, ngo, “Wibuke kuziririza umusi w’isabato.” Ivyo bisigura yuko tudakwiye gukora ku musi w’isabato. Bisigura ko dukwiye gutambuka, ko tudakwiye kunyonga ingendeshwa nimba dufashe urugendo rurerure. Niyumvira ko nkwiye gutambuka ngenda aho naba ngiye kwigisha kugira ngo nubahwe. Hambavu y’ivyo vyose, nari mu kwigisha ivyagezwe. Kubw’ivyo, numva noshitsa ivyo nigisha. Vyari bigoye rwose kuburyo numva ndimukubiheba.
Nk’uko vyanditswe hano, “Usoma iki?” Sinatahura kino kibazo bituma nduha imyaka 10. Umwigisha w’ivyagezwe yabitahura nabi nawe nyene. Yiyumvira ko akurikije ivyagezwe akabaho yirinda, ko yohezagirwa imbere y’Imana.
Yesu yamubwiye, ati, “Usoma iki?” Ego, wishuye neza; Ubifata nk’uko vyanditswe. Uzobaho niwabikurikiza, ariko nutabikurikiza uzopfa. Uzopfa nutabikurikiza.” (Igihushane c’ubuzima ni urupfu, sivyo?)
Ariko umwigisha w’ivyagezwe ntiyari bwabitahure. Uyu mwigisha w’ivyagezwe ni twebwe, wewe nanje. Narize amashure ndora Mana (tewolojiya) imyaka 10. Nagerageje vyose, nsoma vyose kandi nkora vyose: kwisonzesha, kugira ivyijiji, kuvuga mu zindi ndimi... nasomye Bibiliya imyaka 10 niteze gushitsa ikintu kanaka. Yamara mu buryo bw’impwemu, nari impumyi.
Ni yo mpamvu umunyavyaha akwiye guhura n’umuntu ashobora kumuhumura amaso akabona Umukiza ko ari Umwami Yesu. Hama ivyo amaze kubitahura, akagira, ati, “Aha! Ntidushobora gukurikiza ivyagezwe namba. N’ubwo twogerageza rwose dute, twogenda gusa mu muriro tukigerageza. Ariko Yesu yaraje kudukirisha amazi na Mpwemu! Halleluya!” turashobora gucungurwa biciye mu mazi na Mpwemu. Ni ubuntu, n’ingabire y’Imana. Rero duhimbaze Umwami.
Nagize amahirwe bikwiye yo kurangiza inzira itagira ivyizigiro, ariko bamwe bamara ubuzima bwabo bwose biga amashure ndora Mana (tewolojiya) bikaba ivy’impfagusa ntibigere batahura ukuri kugeza ku musi bapfiriye. Abantu barizera imyaka mirongo canke igisekuruza ku kindi, ariko ntibigere bavuka ubwa kabiri.
Turangiza kuba abanyavyaha igihe dutahuye ko tudashobora gukurikiza ivyagezwe, hama tugahagarara imbere ya Yesu tukumviriza ubutumwa bwiza bw’amazi na Mpwemu. Igihe duhuye na Yesu, dutsinda imanza zose n’imivumo yose. Turi abanyavyaha bagahebuza, yamara ducika abagororotsi kubera ko yadukijije biciye mu mazi no mu maraso.
Yesu yatubwiye ko tudashobora kuba mu bugombe bwiwe namba. Yabibwiye umwigisha w’ivyagezwe, ariko ntiyabitahuye. Yesu yaciye amutera inkuru kugira ngo abitahure.
| N’iki gituma abantu bagwa mu buzima bwo kwizera? |
| Icaha |
“Hābaye umuntu yar’avuye i Yerusalemu, arik’aramanuka aja i Yeriko, agwa mu bambuzi, baramukoba, baramukubita, barigira, basiga asigaje gatoya agahwera” (Luke 10:30). Yesu yariko aramubwira ko buri umwe wese atama mu buzima bwiwe bwose, nk’uyu muntu yakubiswe n’abambuzi bakamusiga asigaje gato agahwera.
Yaravuye i Yerusalemu amanuka agenda i Yeriko. Yeriko hahagarariye isi y’ivy’umubiri Yerusalemu hahagarariye isi y’ivy’idini; igisagara c’ukwizera, igisagara c’abishimira ivyagezwe. Iyi nkuru itubwira ko hamwe twokwizera Kristo mu nzira y’ikinyedini, tuzoranduka.
“Hābaye umuntu yar’avuye i Yerusalemu, arik’aramanuka aja i Yeriko, agwa mu bambuzi, baramukoba, baramukubita, barigira, basiga asigaje gatoya agahwera.” Yerusalemu cari igisagara kinini kirimwo abantu benshi. Hariyo umuherezi mukuru, abaherezi basanzwe, Abalewi n’abandi bagabo benshi bahagarariye idini. Hariyo benshi bazi ivyagezwe neza. Aho, ni ho bageragereza kugurikiza ivyagezwe, ariko amaherezo barananirwa bagaca bagenda batumbeye i Yeriko. Baguma bagwa mw’isi (Yeriko) maze bahura n’abambuzi.
Umuntu yahuye n’abambuzi amanuka ava i Yerusalemu agenda i Yeriko baramukovye (Baramwambuye impuzu). ‘Gukobwa’ (kwamburwa impuzu) bisigura ngo yatakaje ukugororoka kwiwe. Ntibishoboka ko tubaho dukurikiza ivyagezwe. Intumwa Paulo yavuze mu Baroma 7:19-20, ati, “Kukw iciza ngomba atari co nkora, arikw ikibi ntagomba akaba ari co nkora, Ariko ko nkora ico ntagomba, si jewe nkigikora ariko n’icaha kimbamwo.”
Ndipfuza gukora iciza no kuba mw’ijambo ryayo. Ariko “mu mutima w’umuntu havamwo ivyiyumviro bibi, ubushakanyi, ubgivyi, ubgicanyi, ubasambanyi, ukwifuza, kugira nabi, ubugunge, ivy’isoni nke, ijisho ribi, ibitutsi, ubgibone, ubupfu” (Mariko 7:21-22).
Kubera ko biri mu mitima yacu kandi bikaguma bisohoka, dukora ico tutipfuza gukora kandi ntidukora ico twipfuza gukora. Tuguma dusubiramwo vya bibi biri mu mitima yacu. Ico umurwanizi akora aduha akaryo gato gusa muri twebwe ko gucumura.
Ivyaha biri mu mitima y’abantu bose
| Turashobora kubeshwaho n’ivyagezwe? |
| Oya |
Muri Mariko 7 havuga, ngo, “Nta kintu kiri inyuma, iyo kigiye imbere mu muntu gishobora kumuhumanya, ariko ibivuye mu muntu ni vyo bimuhumanya.”
Yesu ariko atubwira yuko hari ivyiyumviro bibi, ubasambanyi, ubushakanyi, ubwicanyi, ubwivyi, ukwifuza, kugira nabi, ubugunge, ivy’isoni nke, ijisho ribi, ibitutsi, ubwibone, ubupfu mu mutima w’umuntu. Turafise twese ubwicanyi mu mitima yacu.
Nta n’umwe atica. Abavyeyi barakankamira abana babo, “Oya. ntubikore. Nakubwiye ntubikore, uravumwe. Navuze ntubikore.” Bakongera kandi, bati, “Ngwa hano. Nakubwiye nongera ndakubwira ngo ntubikore. Ngira ndakwicire ico.” N’ubwo ni ubwicanyi. Urashobora kwicisha abana bawe amajambo y’ivyiyumviro vyawe vy’ubupfapfa.
Yamara hamwe twobarekurirako ishavu ryacu ryose, abana bopfa. Tuzosanga twarabishe imbere y’Imana. Rimwe rimwe turanitinya. “Oh Mana yanje! Kubera iki nakoze bino?” Turaraba ibikomere tumaze gukubita abana bacu hama tukiyumvira ko twoba twari twasaze kugira tugere aho dukora atyo. Dukora atyo kuko dufise ubwicanyi mu mitima yacu.
‘Nkora ico ntagomba’ rino jambo risigura ko dukora bibi kuko turi babi. Kandi biroroha rwose Satani ko atugerageza ngo ducumure.
Reka tuvuge ko hari umuntu atarakizwa yicaye imyaka 10 mu kazu gato, araba igihome yongera arimbura nka Sungchol umumonke akomeye w’umukoreya. Ntangorane mu gihe yiyicariye araba uruhome, ariko reka tuvuge ko hariho umuntu ategerezwa kuza aramuzanira ibifungurwa akongera agakuraho n’umwanda.
Ategerezwa kugira imigenderanire n’umuntu kanaka. Ntangorane yoba mu gihe yoba ari umugabo, ariko reka tuvuge ko ari umugore mwiza. Bishitse akamubona, umwanya wose yoba amaze yicaye uzoba ubaye impfagusa. Ashobora kwiyumvira, ati, “Sinkwiye gukora ubusambanyi; ndabufise mu mutima wanje, ariko ntegerezwa kubuhanagura. Ntegerezwa kubwikuramwo. Oya! Mva mu vyiyumviro!”
Ariko ivyo yoba amaze gushikako vyotumuka amubonye. Uwo mugore amaze kugenda, ashobora kwiraba mu mutima. Imyaka 10 yoba amaze ariko yibabaza, yoba ibaye ipfagusa.
Biroroshe cane ko Satani akuraho ukugororoka kw’umuntu. Ico Satani akora aragusunika gato gusa. Igihe umuntu atama ataracungurwa, abandanya agwa mu caha. Umuntu nk’uyo yama atanga ikigira cumi buri wa mungu, akisonzesha imisi 40, imisi 100 y’amasengesho yo mu mutwenzi...n’ibindi vyinshi yamara Satani amugerageresha ivyiza vy’ubuzima.
“Nashaka kuguha urwego rukomeye mu ruganda, ariko uri umukristo ntushobora gukora mu misi ya mungu, nivyo? Ni urwego rukomeye cane. Nibaza ko woza urakora imisi ya mungu 3 hama ukaja gusenga rimwe mu kwezi gusa. Wonezerererwa ico cubahiro kinini woba uhawe n’umushahara munini uzoronka. Vyogenda bite?” Ngaha, nibaza ko 100 kw’100 ry’abantu ngaha bofatwa.
Ico kidakunze, hari abo usanga bagira ubunyantege nke kubagore. Satani aca ashira umugore imbere yiwe, nawe agaca ata umutwe mu rukundo, akibagira Imana mu kanya isase. Uko niko ukugororoka kw’umuntu kwamburwa.
Tugerageje kubeshwaho n’ivyagezwe, ico tugira mu nyuma ni ibikomere vy’icaha, umubabaro n’ubukene; tugatakaza ukugororoka kwose. “Yar’avuye i Yerusalemu, arik’aramanuka aja i Yeriko, agwa mu bambuzi, baramukoba, baramukubita, barigira, basiga asigaje gatoya agahwera.”
Ibi bisigura ngo naho twogerageza kuguma i Yerusalemu dukurikiza ubugombe bw’Imana Yera, turatsitara umwanya ku wundi kubw’ubunyantege nke bwacu hama tukazokwononekara.
Hama tugaca dusenga twihana imbere y’Imana. Mwami, nacumuye. Ndakwinginze umbabarire; sinzobikora kandi. Ndagusezeranije ko iri ribaye irya nyuma vy’ukuri. Ndagusavye kandi ndakwinginga umbabarire iri rimwe gusa.”
Ariko ntivyigera birama. Abantu ntiboshobora kuba muri iyi isi badacumura. Barashobora kubizibukira mu mwanya kanaka, ariko ntibishoboka ko badasubira gukora icaha kandi. Rero ivyaha birakorwa kandi. “Mwami, ndakwinginze mbabarira.” Ibi bibandanije, baca bava mw’ishengero (idini). Baca bava ku Mana bitewe n’ivyaha vyabo hama mu nyuma bagaherera mu muriro.
Kugenda i Yeriko bisobanura kugwa mw’isi y’umubiri; ukaba hafi y’isi ukaja kure y’i Yerusalemu. Muntango, Yerusalemu iba ikiri hafi. Ariko uko tuguma ducumura twongera twihana, twisanga duhagaze mu mabarabara y’i Yeriko; twaguye cane mw’isi.
| Ni bande bashobora gukizwa? |
| Ni abaheba kwigeragereza ubwabo |
Ni bande yahuye nabo ari mu nzira agenda i Yeriko? Yahuye n’abambuzi. Umuntu atanaba muvyagezwe acika mujeri. Aranywa, agasinzira aho ariho hose, agasoba aho ariho hose. Iyo mbwa iravyuka kandi ku musi ukurikira ikongera ikanywa. Mujeri yorya n’amavyi yayo bwite. Ni co gituma ari imbwa. Arazi ko adakwiye kunywa. Arihana bukeye mu gitondo ariko agasubira akanywa.
Ni co kimwe n’umuntu yaguye mu bambuzi agiye i Yeriko. Baramusize, yakubiswe asigaje gato agahwera. Hari icaha gusa mu mutima wiwe. Uku niko umuntu ari.
Abantu barizera Yesu bakongera bakabeshwaho n’ivyagezwe i Yerusalemu ariko basize icaha gusa mu mitima yabo. Ivyo bagaragaza mu buzima bwabo bw’idini ni ibiguma vy’icaha. Abafise icaha mu mitima yabo batererwa mu muriro. Barabizi ariko ntibazi ico bokora. Jewe nawe ntitwoba twarabaye ahantu nk’aho? Twese twari ico kimwe.
Umwigisha w’ivyagezwe yatahura nabi ivyagezwe vy’Imana atama ubuzima bwiwe bwose, agira inguma. Ni umwe muri twebwe, ni wewe kandi ni jewe.
Yesu wenyene ni we ashobora kudukiza. Hari abanyabwenge benshi cane badukikuje kandi buri gihe bama birata ivyo bazi. Barigirisha bose ko bakurikiza ivyagezwe vy’Imana. Si abanayakuri ubwabo. Ntibavuga batumbereza ukuri canke ikosha, bahora bashishikajwe no gutunganya uko bagaragara hanze kugira ngo bagaragare ko ari abizigirwa.
Muri bo harimwo abanyavyaha bari mu nzira igenda i Yeriko, bamwe barakubitwa n’abambuzi abandi baramaze gupfa. Dutegerezwa kumenya ukuntu turi abanyantege nke imbere y’Imana.
Turakwiye kwemera imbere yayo, duti, “Mwami, nzoja mu muriro nutankiza. Ndakwinginze unkize. Nzoja aho ushaka hose, urubura rwagwa canke umuyaga wahuhuta, numve gusa ubutumwa bwiza nyakuri. Niwandeka jenyene, ndaja mu muriro. Ndakwinginze unkize.”
Abazi ko bariko berekeza mu muriro, abaheba kwigeragereza ubwabo maze bakagumbira Umwami, nibo bashobora gukizwa. Ntiduhobora gukizwa biciye mu nkomezi zacu.
Dutegerezwa kumenya ko turi nkurya muntu yaguye mu bambuzi.
Iyi nsiguro iraboneka kandi mu buryo bw’igitabu c’ubuhinga bwa none. Fyonda ku gipfukisho c’igitabu kiri aha hepfo.