• All e-books and audiobooks on The New Life Mission website are free
  • Explore multilingual sermons in global languages
  • Two new revised editions in English have been released
  • Check out our website translated into 27 languages
Search

Sermons

Icigwa ca 3 : Ubutumwa bwiza buva mu Mazi na Mpwemu

[3-2] Umubatizo wa Yesu n’uguhongerwa kw’ ivyaha (Matayo 3:13-17)

Umubatizo wa Yesu n’uguhongerwa kw’ ivyaha (Matayo 3:13-17)
(Matayo 3:13-17) 
“Ico gihe Yesu ava i Galilaya, aja kuri Yorodani aje kuri Yohana, azanywe no kubatizwa na we. Ariko Yohana agomba kumwankira, ati kw ari jewe nkwiye kubatizwa nawe: non’uje kuri jewe? Yesu aramwishura, ati bikunde: kukw arivyo bidukwiye, ngo dushitse ukugororoka kwose. Bun’aramukundira; Yesu amaze kubatizwa, aca ava mu mazi: maz’ijuru riruguruka, abona Mpwemu w’Imana, amanuka asa n’inuma, amugwako. Buno rer’ijwi riva mw’ijuru, rit’Uyu niwe Mwana wanje nkunda, akampimbara.” 
 
 
Hari ukibabazwa n’icaha? 
 
Mbega ubuja bwacu bw’icaha bwararangijwe?
Ego.
 
Uhoraho Imana yacu yaraciriye iminyororo y’icaha abantu bose. Abakorera bose musi y’icaha ni abaja. Yakuyeho ivyaha vyacu vyose. Hari ukibabazwa n’icaha? 
Dutegerezwa gutahura ko intambara zacu zo kurwanya icaha ko zarangiye. Ntituzongera kubabanzwa n’icaha ukundi. Ubuja bwacu bw’icaha bwararangiye igihe Yesu yaducungura; ivyaha vyose vyarangiye ico gihe. Ivyaha vyacu vyose vyahanaguwe n’Umwana wayo. Imana yarishe ivyaha vyacu vyose biciye muri Yesu, uwatugize abidegemvya, ibihe bidashira. 
Urazi urugero abantu bababazwa n’ivyaha vyabo? Vyahereye igihe ca Adamu na Eva. Umuntu ababazwa n’ivyaha yarazwe na Adamu. 
Yamara Imana yacu yashizeho isezerano ryanditswe mw’Itanguriro 3:15, kandi iryo sezerano kwari ukwo izokiza abanyavyaha bose. Yavuze ko abantu bazocungurwa ivyaha vyabo biciye mu kwitanga kwa Yesu Kristo aciye mu mazi na Mpwemu. Igihe kigeze, yarungitse Umukiza wacu, Yesu, kuba muri twebwe. 
Yarongeye irasezerana kurungika Yohana Umubatizi imbere ya Yesu kandi yarakurikije isezerano ryayo. 
Mariko 1:1-8 havuga, ngo, “Itanguriro ry’ubutumwa bwiza bwa Yesu Kristo, Umwana w’Imana. Nk’uko vyanditswe na Yesaya yavugishwa n’Imana, Ng’umve, ngira ntume integuza yanje imbere y’amaso yawe, Ikuroranirize inzira. Ijwi ry’ūsemerera mu bugaragwa, Ati ni mutegure inzira y’Uhoraho, Mugorore iz’ibihamo ziwe. Ni ko Yohana yaje, abatiriza mu bugaragwa, yigisha ukubatizwa kwo kwihana, ngo babohorwe ivyaha. Igihugu c’i Yudaya cose n’ab’i Yerusalemu bose bava i wabo, baza kuri we: ababatiriza mu ruzi Yorodani, bātuye ivyaha vyabo. Kandi Yohana yambara ubwoya bw’ingamiya, akabukenyeza umukanda w’urusato mu rukenyerero, kandi yarya inzige n’ubūki bwo mw’ishamba. Yaravuga, at’Ūndusha ubushobozi azoza inyuma yanje, ntibimbereye no kwunama ngo mpfundurure utugozi tw’inkweto ziwe. Jeho ndababatirishije amazi, ariko we azobabatirisha Mpwemu Yera.”
 
 

Yohana Umubatizi, ni icabona n’integuza y’Ubutumwa bwiza

 
Yohana Umubatizi ninde?
Ni Umuherezi Mukuru wa nyuma akongera akaba Umuserukizi w’abantu bose
 
Abizera Yesu barabatijwe. Ijambo Umubatizo risigura; ‘kwozwa, guhambwa, kwibizwa, kurungika.’ Igihe Yesu yabatizwa, ukugororoka kw’Imana kwarujujwe. ‘Ukugororoka’ ni ‘Δικαιοσύνη (Dikaiosynē)’ mu kigiriki risobanura ngo ‘kuba intungane,’ rirasobanura kandi ‘vyiza rwose,’ ‘bikwiriye rwose.’
Kuba Yesu yarabatijwe kwari kugira ngo acike Umukiza mu buryo bukwiye rwose kandi bwiza. Ni yo mpamvu, abizera Yesu bakira ingabire yo gucungurwa iva ku Mana biciye mu kwizera amazi y’umubatizo wa Yesu, umusaraba, na Mpwemu.
Mw’Isezerano Rishasha, Yohana Umubatizi ni umuherezi mukuru wa nyuma w’Isezerano rya Kera. Reka turabe muri Matayo 11:10-11. Ivyanditswe bivuga Yohana Umubatizi ko ari Umuserukizi w’abantu. Kandi we nk’umuherezi mukuru w’Isezerano Rishasha, yarungitse ivyaha vyose vy’abari mw’isi kuri Yesu; kubw’ivyo, yakoze igikorwa c’ubuhezi bukuru bwo mw’Isezerano rya Kera. 
Yesu yari yarashingiye intahe Yohana mu buryo butaziguye. Yavuze, muri Matayo 11:13-14, ati, “Kukw abavugishwa n’Imana bose bavūgishijwe, bo n’ivyagezwe, gushitsa igihe ca Yohana, kandi ni mwaba mugomba kuvyemera, uwo ni we Eliya yavuzwe kw azoza.” Ni yo mpamvu, Yohana Umubatizi, umwe yabatiza Yesu, yari uruvyaro rw’umuherezi mukuru Aroni kandi narwo rukaba umuherezi mukuru wanyuma. Bibiliya nayo nyene irashingira intahe Yohana ko ari uruvyaro rwa Aroni mw’Isezerano rya Kera (Luka 1:5, 1 Ingoma 24:10).
None ni kubera iki Yohana yaba mu bugaragwa wenyene, akambara impuzu ikozwe mu bwoya bw’ingamiya? Kwari kugira ngo yakire ubuherezi bukuru. Kandi Yohana Umubatizi nk’umuserukizi w’abantu, ntiyashobora kuba mu bantu. Yarasemerera akabwira abantu, ati, “Mwihane, mw’abana b’inzoka!” kandi akababatiza nk’ivyamwa vyo kwihana, bigarukana abantu kuri Yesu, uwari uwo kuzobakurako ivyaha vyabo vyose. Yohana Umubatizi yarungitse ivyaha vy’abari mw’isi kuri Yesu kubw’agakiza kacu.
 
 
Ubwoko bubiri bw’umubatizo 
 
Kubera iki Yohana Umubatizi yabatiza abantu?
Kwari ukurongorera abantu ku kwihana Ivyaha vyabo vyose no kwizera umubatizo wa Yesu kugira ngo baronke agakiza
 
Yohana Umubatizi yarabatije abantu yongera abatiza na Yesu. Uwambere wari ‘umubatizo wo kwihana,’ wahamagarira abanyavyaha kugaruka ku Mana. Abantu benshi barumva ijambo ry’Imana biciye muri Yohana bagaheba ibigirwamana vyabo maze bakagaruka ku Mana. 
Umubatizo wakabiri wari umubatizo wa Yesu, ni umubatizo warungika ivyaha vy’abari mw’isi kuri Yesu. Yohana Umubatizi yabatije Yesu kugira ngo ashitse ukugororoka kw’Imana. Yesu yabatijwe na Yohana Umubatizi kugira ngo akize abantu bose ivyaha vyabo (Matayo 3:15). 
Kubera iki yohana yategerezwa kubatiza Yesu? Kugira ngo ahanagure ivyaha vy’abari mw’isi, Imana yategerezwa kureka Yohana ngo arungike ivyaha vyose kuri Yesu kugira ngo abantu bizeye Yesu babone gukizwa. 
Yohana Umubatizi yari umukozi w’Imana igikorwa ciwe cari ico gufasha abantu bose ngo bozwe ivyaha vyabo kandi yari umuserukizi w’abantu yashingiye intahe ubutumwa bwiza bwo gucungurwa. Ni yo mpamvu, Yohana yategerezwa kubaho wenyene mu bugaragwa. Mugihe ca Yohana Umubatizi, Abisirayeli bari barononekaye bose kandi bari bimonogoje. 
Imana yari yaravuze mw’Isezerano rya Kera, Muri Malaki 4:5-6, iti, “Umve nzobarungikira Eliya uwavugishwa nanje, uwo musi w’Uhoraho uhambaye kand’uteye ubwoba utarashika. Uwo ni we gisāngānya azosāngānya imitima ya ba se n’iy’abana, kugira ngo noye kuzoza ngatera isi umuvumo.”
Mu nyonga z’Imana, Abisirayeli bose bahimbaza Yehova bari bononekaye. Ntan’umwe yari umugororotsi imbere yayo. Abarongozi b’idini bo mu ngoro, nk’akarorero, abaherezi, abigisha b’ivyagezwe n’abanyabwenge b’ivyanditswe nibo cane cane bari bimonogoje. Abisirayeli n’Abaherezi ntibari bagishikana ibimazi nk’uko ivyagezwe vy’Imana vyavuga. 
Abaherezi bari barahevye ukurambika ibiganza hamwe n’umugenzo wo gutanga ibimazi vy’amaraso, uwo Imana yari yarabigishije kubw’umwuhagiro w’ivyaha vyabo. Biranditswe ko abaherezi mugihe ca Malaki bari barahevye ibimazi, ukurambika ibiganza, n’ugushikana amaraso mu mugirwa bari barahawe. 
Ni yo mpamvu, Yohana Umubatizi atashobora kubana nabo. Yohana Umubatizi yaciye agenda mu bugaragwa arasemerera. Yavuga iki? 
Biranditswe muri Mariko 1:2-3, mu majambo y’umuvugishwa Yesaya, “Ng’umve, ngira ntume integuza yanje imbere y’amaso yawe, Ikuroranirize inzira. Ijwi ry’ūsemerera mu bugaragwa, Ati ni mutegure inzira y’Uhoraho, Mugorore iz’ibihamo ziwe.”
Ijwi rivuye mu bugaragwa ryarasemerera ribwira abantu kubatizwa umubatizo wo kwihana. Ni uwahe ‘mubatizo wo kwihana’ Bibiliya ivuga? Ni umubatizo Yohana Umubatizi yasemerera avuga; umubatizo wahamagarira abantu kugaruka kuri Yesu kugira ngo bizere Yesu yakuraho ivyaha vyabo vyose maze bagakizwa. Umubatizo wo kwihana wari uwo kubarongorera kugakiza.
“Mwihane mubatizwe, Yesu azobatizwa muri ubwo buryo nyene kugira ngo akureho ivyaha vyanyu vyose.” Ugusemerera kwa Yohana Umubatizi kwavuga yuko Yesu azokuraho ivyaha vyose vy’abari mw’isi agacibwa urubanza ku Musaraba kugira ngo akize abantu bose maze bashobore kugaruka ku Mana. 
“Jeho ndababatirishije amazi, ariko we azobabatirisha Mpwemu Yera” (Mariko 1:8). ‘Azobabatirisha Mpwemu Yera’ iryo jambo risigura kwoza ivyaha vyawe vyose. Kubatiza bisigura ‘kwoza.’ Umubatizo wa Yesu ku ruzi Yorodani utubwira ko Umwana w’Imana yabatijwe bityo agakuraho ivyaha vyacu vyose kugira ngo adukize. 
Ni yo mpamvu, turi abo kugaruka tukava mu caha kandi tukamwizera. Ni umwagazi w’intama ukuraho ivyaha vy’abantu bose. Kandi Ubu nibwo butumwa bwiza bwo gucungurwa ubwo Yohana Umubatizi yashingira intahe. 
 
 
Igikorwa c’Umuherezi Mukuru kubw’umwuhagiro w’ivyaha 
 
Ninde yateguye inzira y’agakiza?
Yohana Umubatizi
 
Umuvugishwa n’Imana Yesaya yari yaravugishijwe avuga, ati, “Muremēshe imitima y’ab’i Yerusalemu, mubabgire musemerera yukw intambara zaho zabangurukanye, k’umwenda w’igicumuro cabo ushize, kukw ivyaha vyabo vyose bihariwe kabiri n’ukuboko kw’Uhoraho” (Yesaya 40:2). 
Yesu Kristo yatwaye ivyaha vyawe n’ivyanje n’ivy’uwariwe wese atawuvuyemwo; icaha c’inyanduruko, ivyaha vya kubu, mbere n’ivyaha vyo muri kazoza vyarogejwe biciye mu mubatizo wiwe. Yaraducunguye twese. Turakwiye twese kumenya ibijanye n’ugucungurwa. 
Kugira ngo dukizwe ivyaha vyacu vyose, dutegerezwa kwizera ubutumwa bwiza buvuga ko Yohana Umubatizi yarungitse ivyaha vyose kuri Yesu biciye munsiguro y’umubatizo. 
Ni ugutahura nabi kwibwira ko “kubera Imana ari urukundo, dushobora kwinjira mu bwami bwo mw’ijuru biciye gusa mu kwizera Yesu, n’ubwo dufise icaha mu mitima yacu.” 
Kugira ngo ducungurwe ivyaha vyacu vyose, dutegerezwa kwizera umubatizo wiwe, muri wo Yohana Umubatizi yarungitse ivyaha vyose vy’abari mw’isi kuri Yesu. Biciye mu ‘mazi’ Yohana Umubatizi yarungitse ivyaha vy’abantu kuri Yesu. 
Ikintu ca mbere Imana yakoze kugira ngo idukize kwari ukurungika Yohana kuri iyi isi. Integuza y’Imana, Yohana Umubatizi yarungitswe nk’umuserukizi w’Umwami, yarungitse ivyaha vyose vy’abari mw’isi kuri Yesu biciye mu mubatizo. Yakoreye igikorwa c’ubuherezi bukuru abantu bose. 
Imana yatubwiye ko iturungikiye integuza yayo, Yohana Umubatizi. “Ngira ntume integuza yanje imbere y’amaso yawe.” Imbere y’amaso yawe bisobanura imbere ya Yesu. Kubera iki Imana yarungitse Yohana imbere ya Yesu? Kwari kugira ngo arungike ivyaha vyose vy’abari mw’isi kuri Yesu, Umwana w’Imana, biciye mu mubatizo. “Ikuroranirize inzira.” Iki nico yashaka kuvuga.
Ninde yateguye inzira kugira ngo dushobore gucungurwa maze tuje mw’ijuru? Ni Yohana Umubatizi. ‘Yawe’ bisigura Yesu ‘Yanje’ risigura Imana Ubwayo. Kubw’ivyo, igihe yavuga, “Ngira ntume integuza yanje imbere y’amaso yawe, Ikuroranirize inzira” vyasigura iki? 
Ninde yaduteguriye inzira kugira ngo dushobore kugenda mw’ijuru? Ni Yohana Umubatizi yarungitse ivyaha vyacu vyose kuri Yesu kugira ngo twizere ko Yesu yatwogeje ivyaha vyacu vyose; igikorwa ciwe cari ico kurungika ivyaha biciye mu kubatiza Yesu Kristo. Ni Yesu na Yohana batumye dushobora kwizera ukuri maze tugacungurwa. 
Agakiza kacu kavana n’iki? Kavana nuko twizera ibikorwa vya Yesu, Umwana w’Imana, hamwe nuko integuza y’Imana, yarungitse ivyaha vyose vy’abari mw’isi kuri We. Turakwiye twese kumenya ubutumwa bwiza bwo guharirwa ivyaha (Yakuyeho icaha). Imana Data yabanje kurungika integuza yayo, izobatiza Umwana wayo, ihindura iyo nteguza umuserukizi w’abantu. Kubw’ivyo, Yuzuje igikorwa co gucungurwa kubwacu. 
Imana yarungitse umukozi wayo Yohana Umubatizi kubatiza Umwana wayo, kugira ngo ategurire inzira y’agakiza abizera Umwana wayo. Iyo niyo ntego y’umubatizo wa Yesu. Umubatizo Yesu yabatijwe na Yohana Umubatizi kwari ugucungurwa biciye muri wo ivyaha vyose vy’abantu vyarungitswe kuri Yesu kugira ngo abantu bose bizere Yesu maze baje mw’ijuru. 
N’ivyaha vy’abantu vyo muri kazoza vyarungitswe kuri Yesu biciye mu mubatizo wiwe. Yesu na Yohana Umubatizi bompi baduteguriye inzira ija mw’ijuru. Muri iyo nzira, Imana yerekanye ibanga ryo gucungurwa biciye muri Yohana Umubatizi.
Nk’Umuserukizi wa buri umwe wese muri twebwe, Yohana Umubatizi yabatije Yesu kugira ngo twizere ugucungurwa kwacu maze tuje mw’ijuru. Yarungitse icaha cose kuri Yesu biciye mu mubatizo. Aya ni amakuru ahimbaye yo gucungurwa, ubu nibwo butumwa bwiza.
 
 
Kubera iki Yohana Umubatizi yavutse? 
 
Twizera Yesu biciye muri nde?
Yohana Umubatizi
 
Muri Malaki 3:1, handitswe, ngo, “Umve ngira ntume integuza yanje, indoranirize inzira imbere yanje.” Urakwiye gusoma Bibiliya witonze. Kubera iki Imana yarungitse integuza yayo imbere ya Yesu? Kubera iki Yohana Umubatizi yavutse imbere ya Yesu amazi 6? 
Dutegerezwa gutahura ivyo Bibiliya ivuga vyose. Hari igice mw’Isezerano rya Kera kivuga kugikorwa c’umuherezi mukuru Aroni. Aroni yari mukuru wa Mose. We hamwe n’abahungu biwe bari barasizwe amavuta n’Imana kuba abaherezi. Abandi Balewi bakorera musi yabo, bakabazanira ibikoresho bitandukanye, bakavanga ubufu bwo gukora umutsima n’ibindi, mugihe abahungu ba Aroni bobo batanga ibimazi mw’ihema ryera. 
Abahungu ba Aroni basizwe amavuta kugira ngo bakore ibikorwa bingana hagati yabo, ariko ku musi wo guhongerwako, ku musi w’icumi w’ukwezi kw’indwi, umuherezi mukuru yashikana ikimazi co guhongerwako ari wenyene kubw’ivyaha vy’abantu biwe. 
Muri Luka 1:5, hari inkuru ivuga ku gisekuruza ca Yohana Umubatizi. Dutegerezwa gutahura neza ivy’iyi nteguza y’Imana kugira ngo dutahure Yesu mu buryo bubereye. Dukunze kwiyumvira rwose kubijanye na Yesu, ariko tukirengagiza vyinshi vyerekeye Yohana Umubatizi, uwaje imbere yiwe. Nashaka ndabafashe gutahura. 
“Itanguriro ry’ubutumwa bgiza bga Yesu kristo, Umwana w’Imana. Nk’uko vyanditswe na Yesaya yavugishwa n’Imana, Ng’Umve, ngira ntume integuza yanje imbere y’amaso yawe, Ikuroranirize inzira.” (Mariko 1:1-2). Ubutumwa bwiza bwo mw’ijuru imisi yose butangurana na Yohana Umubatizi. 
Igihe twize bikwiye kubijanye na Yohana Umubatizi, turashobora gutahura neza kandi tukizera ubutumwa bwiza bwo gucungurwa kubonerwa muri Yesu. Ni co kimwe no kwumviriza Abaserukizi b’ibihugu (Ambassadeurs) tuba twararungitse kw’isi yose kugira ngo dutahure ibihe ukwo vyifashe mubindi bihugu vyose. Igihe tumenye ibijanye na Yohana Umubatizi, turashobora gutahura ugucungura kuva ku Mana neza cane. 
Ese ukuntu bibabaje; yamara, uko nikwo biri ku bakristo benshi b’iki gihe ntibabona akamaro ka Yohana. Imana ntiyarungitse Yohana Umubatizi kubera ko yari irambiwe canke kubera ko atakindi yari ifise yokora. Ibitabo bine vy’ubutumwa bwiza vyo mw’Isezerano Rishasha bivuga Yohana Umubatizi imbere yuko bivuga ivy’ugucungurwa kubonerwa muri Yesu. 
Ariko abigisha bubutumwa bwiza b’iki gihe barirengagiza Yohana Umubatizi burundu maze bakabwira abantu ko kwizera Yesu gusa bikwiye kugira ngo bakizwe. Bariko vy’ukuri barongorera abantu kubaho nk’abanyavyaha ubuzima bwabo bwose hama baze barangirize mu muriro. Wizeye Yesu udatahura igikorwa ca Yohana Umubatizi, Ubukristo kuri wewe buca bucika nk’izindi dini zose. Wocungurwa ivyaha vyawe ute nimba utazi ukuri? Ntibishoboka.
Ubutumwa bwiza bwo gucungurwa ntibworoshe kandi ntibusanzwe. Abantu benshi rero bibaza ko ugucungurwa kuvana n’ukwizera dufitiye Umusaraba kubera ko Yesu yadupfiriye ku Musaraba. Yamara, wizeye ukubambwa kwiwe gusa utazi ukuri kwo kurungika ivyaha, ntakwizera na guto kumeze atyo gushobora kukurongorera kugucungurwa burundu.
Ni co gituma, Imana yarungitse Yohana Umubatizi kugira ngo irongorere isi kukumenya ukuntu ugucungurwa kwari ukwo gushirwa mungiro n’ukuntu Yesu yari uwo gutwara ivyaha vy’abari kw’isi. Tumenye ukuri niho honyene tuzotahura ko Yesu ari Umwana w’Imana yishizeko ivyaha vyacu vyose. 
Yohana Umubatizi aratubwira ukuri kwo gucungurwa. Atubwira ukuntu yaje gushingira intahe ubumana bwa Yesu, n’ukuntu abantu batamwakiriye igihe Umuco yaza kuri iyi isi. Ni muri Yohana igice ca 1 nyene herekana ko Yohana Umubatizi ariwe yateguye ubutumwa bwiza bwo gucungurwa mu kubatiza Yesu Kristo. 
Nimba tudafise intahe ya Yohana Umubatizi ijanye n’ugucungurwa, twokwizera Yesu dute? Ntitwigeze tubona Yesu, kandi dufise imico itandukanye n’amadini atandukanye, vyoshoboka bite ko twizera Yehova? 
Dufise amadini atandukanye kw’isi yose, twokwizera Yesu Kristo dute? Twamenye vy’ukuri ko Yesu ari Umwana w’Imana, yaducunguye mu kwishirako ivyaha vy’abari mw’isi gute? 
Ni co gituma, dutegerezwa kuraba mw’Isezerano rya Kera kugira ngo turondere uhereye ubwa mbere na mbere amajambo yo gucungurwa no kugira ngo tumenye ko Yesu ari umukiza wacu. Dutegerezwa kugira ubumenyi nyakuri kugira ngo twizere mu buryo bw’ukuri. Nta na kimwe twokora tudafise ubumenyi nyakuri. Kugira ngo twizere Yesu dukizwe, dutegerezwa kumenya ubutumwa bwiza bwo gucungurwa ubwo Yohana Umubatizi yashingiye intahe n’igikorwa ciwe muri bwo. Kugira ngo tugire ukwizera gushitse muri Kristo, dutegerezwa kumenya ukuri kubijanye no gucungurwa. 
Ni yo mpamvu, Yesu yavuze, ngo, “Kandi muzomenya ukuri, kand’ukuri kuzobaha kwidegemvya.” (Yohana 8:32), dutegerezwa kumenya ukuri kw’ugucungurwa kubonekera muri Yesu. 
 
 
Ivyemezo vyo muri Bibiliya 
 
Ibitabo bine vy’ubutumwa bwiza bihera kuki?
Bihera kumuzo wa Yohana Umubatizi
 
Reka tubandanye gusuzuma ivyemezo vyose vy’ugucungurwa muri Bibiliya. Reka tunyegurure ico ibitabo bine vy’ubutumwa bwiza bivuga kuvyerekeye Yohana Umubatizi, uwo yari ari we, kubera iki yiswe ‘Umuserukizi w’abantu’ akitwa ‘umuherezi mukuru wa nyuma,’ ukuntu ivyaha vyose vy’abari mw’isi vyarungitswe kuri Yesu biciye kuri we, twongere turabe nimba Yesu yaratwaye ivyaha vyacu vyose canke atabitwaye.
Ibitabo bine vy’ubutumwa bwiza bitangurana Yohana Umubatizi. Yohana 1:6 hatubwira ikintu nyamukuru mu butumwa bwiza. Hatubwira uwakoze igikorwa co kurungika ivyaha vyose vy’abari mw’isi kuri Yesu. “Haje umuntu yatumwe n’Imana, izina ryiwe ni Yohana; uwo yazanywe no kuba igishingantahe, ngw ashingire intahe umuco, kugira ngo bose bizere kubgiwe.” (Yohana 1:6-7). 
Havuga ngo, ‘bose bizere kubgiwe,’ kandi ko ‘yazanywe no kuba igishingantahe, ngw ashingire intahe umuco.’ Umuco ni Yesu Kristo. Bisigura ko Yohana yashingira intahe Yesu kugira ngo bose bizere kubwiwe. Ubu, reka turabe gato muri Matayo. 
Muri Matayo 3:13-17, “Ico gihe Yesu ava i Galilaya, aja kuri Yorodani aje kuri Yohana, azanywe no kubatizwa na we. Ariko Yohana agomba kumwankira, ati kw ari jewe nkwiye kubatizwa nawe: non’uje kuri jewe? Yesu aramwishura, ati bikunde: kukw arivyo bidukwiye, ngo dushitse ukugororoka kwose. Bun’aramukundira; Yesu amaze kubatizwa, aca ava mu mazi: maz’ijuru riruguruka, abona Mpwemu w’Imana, amanuka asa n’inuma, amugwako. Buno rer’ijwi riva mw’ijuru, rit’Uyu niwe mwana wanje nkunda, akampimbara.’” 
 
Kubera iki dukwiye gutahura igisekuruza ca Yohana?
Kubera ko Bibiliya itubwira ko Yohana ari umuherezi mukuru aserukira abantu bose.
 
Yohana Umubatizi yabatije Yesu. Ni Yohana Umubatizi yahaye ivyaha vyose vy’abari mw’isi Yesu Kristo. Muri Luka igice ca 1, Luka avuga ivy’igisekuruza ca Yohana Umubatizi. Reka turabe.
Muri Luka 1:1-14, “Abantu benshi bāgerageje kwandika amajambo adonda ivyābaye muri twebge, nk’uko twabirazwe n’abāhereye ubga mbere ari ivyabona vyavyo n’abasuku b’Ijambo ry’Imana. Nuko nanje, mpejeje gukurikiranya vyose neza mpereye ku vya mbere, nabonye kw’ ari vyiza kubikwandikira uko bikurikirana, wewe Teyofilo umwubahwa, kugira ng’umenye neza yukw amajambo wigishijwe ari ay’ukuri adakekeranywa. Ku ngoma ya Herode umwami w’i Yudaya, hārih’ umuherezi yitwa Zakariya, wo mu mutigiri wa Abiya, kandi yar’afise umugore wo mu nzu ya Aroni, yitwa Elizabeti. Bompi bāgororoka imbere y’Imana, bāgendera mu vyagezwe n’amabgirizwa vy’Umwami Imana vyose, batagawa. Ariko ntibagira umwana, kuko Elizabeti yari ingumba, kandi bompi bāri bageze mu zabukuru. Maze yarikw arakora igikorwa c’ubuherezi imbere y’Imana, ukw imbu zabo zikurikirana; kandi nk’uku umugenzo w’abaherezi wari uri, ni we yari yatoranijwe n’ubupfindo kwinjira ahēra h’urusengero rw’Umwami Imana, kwosa imibavu: kand’ ishengero ryose ry’ubgo bgoko ryariko rirasengera hanze mu gihe co kwosa. Maz’umumarayika w’Umwami Imana aramwiyereka, ahagaze i buryo bw’igicaniro boserezakw imibavu. Zakariya amubonye ahagarika umutima, aterwa n’ubgoba. Umumarayika aramubgira, ati Nta co utinya, Zakariya, kukw’ivyo wasavye vyumviswe, umugore wawe Elizabeti azokuvyarira umuhungu, uz’umwite Yohana: uzonezerwa, uzohimbarwa, kandi benshi bazonezererwa ukuvuka kwiwe.”
Luka atubwira idonido ry’igisekuruza ca Yohana. Luka, intumwa ya Yesu, asigura igisekuruza ca Yohana uhereye mu ntango. Luka yari yarigishije ubutumwa bwiza umuntu yitwa Teyofilo, yava mu bundi bwoko ntiyarazi ibijanye n’Umwami. 
Rero, kugira amwigishe ivya Yesu, Umukiza w’abanyavyaha, Luka yiyumviriye ko akwiye kubanza kumusigurira igisekuruza ca Yohana Umubatizi mu buryo buramvuye. 
Muri Luka 1:5-9, yanditse, avuga, ati, “Ku ngoma ya Herode umwami w’i Yudaya, hārih’ umuherezi yitwa Zakariya, wo mu mutigiri wa Abiya, kandi yar’afise umugore wo mu nzu ya Aroni, yitwa Elizabeti. Bompi bāgororoka imbere y’Imana, bāgendera mu vyagezwe n’amabwirizwa vy’Umwami Imana vyose, batagawa. Ariko ntibagira umwana, kuko Elizabeti yari ingumba, kandi bompi bāri bageze mu zabukuru. Maze yarikw arakora igikorwa c’ubuherezi imbere y’Imana, ukw imbu zabo zikurikirana; kandi nk’uku umugenzo w’abaherezi wari uri.” 
Hano, icabaye cabaye igihe Zakariya yariko arashikanira Imana, nk’uko umugenzo w’abaherezi wari uri. Luka arashinga intahe abifoboye ko Zakariya yari uruvyaro rwa Aroni. None, Zakariya yava mu muce wuhe? Iki ni ikintu ngirakamaro rwose.
Yasiguye avuga, ati, “Maze yarikw arakora igikorwa c’ubuherezi imbere y’Imana, ukw imbu zabo zikurikirana.” Turashobora kubona ko Luka yarazi ivya Zakariya neza cane kuburyo yasiguye ubutumwa bwiza bwo gucungurwa biciye muri Zakariya na Elizabeti.
Nk’uko natwe turi abanyamahanga b’ubwoko butandukanye, ntidushobora gutahura agakiza kabonekera muri Yesu mugihe kadasiguwe idonido, intambwe kuyindi. Reka turabe idonido ukwo riri. Yohana Umubatizi yavutse kuri Zakariya n’umugore wiwe Elizabeti, umwe mu bakobwa ba Aroni. Ubu, reka turabe igisekuruza ca Zakariya na Yohana. 
 
 
Igisekuruza ca Yohana Umubatizi 
 
Yohana Umubatizi yari uruvyaro rwande?
Aroni, umuherezi mukuru
 
Kugira ngo dutahure igisekuruza ca Yohana Umubatizi, dutegerezwa gusoma Isezerano rya Kera, 1 Ingoma 24:1-19.
“Imice aba Aroni bāgizwemwo n’iyi: bene Aroni bāri Nadabu na Abihu na Eleyazari na Itamari. Ariko Nadabu na Abihu batanze se gupfa, kandi ntabana bāsize; nuko Eleyazari na Itamari ni bo bahawe igikorwa c’ubuherezi. Dawidi afatanya na Sadoki wo mu bākomōtse kuri Eleyazari na Ahimeleki wo mu bākomōtse kuri Itamari, agabanganya aba Aroni mu mice, nk’ukw’ibikorwa bahawe gukora bingana. Mu bākomōtse kuri Eleyazari, amazu ya ba sekuruza yari menshi kuruta ayo mu ba Itamari, nuko babashira kubiri ben’uku: mu ba Eleyazari abakuru bo mu mazu ya ba sekuruza baba icumi na batandatu, mu ba Itamari baba umunani. Nuko babagabanganisha ubupfindo, ata gusumbanya, kuko, ari mu ba Eleyazari, ari mu ba Itamari, hāgenda habamw’abakuru bakorera Ahēra, n’abakuru bakorera Imana. Nuko Shemaya umukarani, mwene Netaneli, Umulewi, abandikira imbere y’umwami n’abakuru, n’imbere y’umuherezi Sadoki na Ahimeleki mwene Abiyatari, n’imbere y’abakuru b’amazu ya ba sekuruza b’abaherezi nab’abalewi: ubupfindo bgagenda butanisha imbu kwerekana inzu imwe-imwe mu ba Eleyazari, n’imwe-imwe mu ba Itamari, birtyo birtyo. Ubupfindo bga mbere bgerekana Yehoyaribu, ubga kabiri Yedaya; ubga gatatu Harimu, ubga kane Seyorimu; ubga gatanu Malukiya, ubga gatandatu Miyamini; ubg’indwi Hekosi, ubg’umunani Abiya; ubg’icenda Yeshuwa, ubg’icumi Shekaniya; ubg’icumi na rimwe Eliyashibu, ubg’icumi na kabiri Yakimu; Ubg’icumi na gatatu Hupa, ubg’icumi na kane Yeshebeyabu; ubg’icumi na gatanu Biluga, ubg’icumi na gatandatu Imeri; ubg’icumi n’indwi Heziri, ubg’icumi n’umunani Hepisesi; ubg’icumi n’icenda Petahiya, ubga mirongwibiri Yehezekeli; ubga mirongwibiri na rimwe Yakini, ubga mirongwibiri na kabiri Gamuli; ubga mirongwibiri na gatatu Delaya, ubga mirongwibiri na kane Mahaziya. Uko ni kw imbu zabo zākurikirana zo gukora, uko bāgenda baja mu ngoro y’Uhoraho, nk’ukw icagezwe bāhawe na Aroni sekuruza wabo cāshinze, nk’uk’Uhoraho Imana y’Abisirayeli yari yaramugeze.” 
Reka dusome umurongo w’icumi kandi. “ubg’indwi Hekosi, ubg’umunani Abiya.” Hano, Dawidi, yakoreye ubupfindo buri zina muhungu wa Aroni kugira ngo ibimazi bishikanwe ku rutonde. (Nk’uko mwese mubizi, Aroni yari mukuru wa Mose. Imana yagenye Mose nk’umukozi wayo, na Aroni nk’umuherezi mukuru w’ihema ryera imbere y’Abisirayeli.) 
Abandi Balewi bashirwa musi y’abaherezi kandi Aroni n’abahungu biwe nibo bafata inshingano z’ibimazi vyose imbere y’Imana. Imbere yuko Dawidi ashinga ubupfindo, abaherezi, abari uruvyaro rwa Aroni, bari bakoze ubupfindo kenshi bugateza kuzazanirwa kwinshi. 
Ni co catumye Dawidi ategura ubuhinga bwo gushira ku rutonde buri muce. Hari imice 24 iri ku rutonde abari muri iyo mice bakomoka kubuzukuru ba Aroni, kandi uw’umunani yari Abiya. Ni yo mpamvu handitswe, ngo, “hārih’ umuherezi yitwa Zakariya, wo mu mutigiri wa Abiya.” Rero Zakariya n’umugore wiwe Elizabeti bose babiri bari uruvyaro rwa Aroni umuherezi mukuru. 
Zakariya, umuherezi wo mu mutigiri wa Abiya, niwe yari se wa Yohana Umubatizi. Turazi ko muri Bibiliya batwarana mu miryango yabo nyene. 
Nk’uko mubizi, Yakobo nawe yatwaye umukobwa wa inarume wo mu muryango wa nyina. Iyi niyo nsobanuro y’igisekuruza cakoze ibihambaye. Havuga ngo, “hārih’ umuherezi yitwa Zakariya, wo mu mutigiri wa Abiya.”
Ni yo mpamvu atankeka yari uruvyaro rwa Aroni. Inde? Zakariya, se wa Yohana Umubatizi. Iki ni ikintu ngirakamaro mu nsiguro y’ugucungurwa kubonerwa muri Yesu, mu gikorwa ca Yohana Umubatizi, mu kurungika ivyaha vy’abari mw’isi kuri Yesu. 
 
 
Abahungu ba Aroni bonyene nibo bakora nk’Abaherezi 
 
Nibande bakora nk’abaherezi bakuru mugihe co mw’Isezerano rya Kera?
Ni Aroni n’uruvyaro rwiwe 
 
None ni hehe muri Bibiliya herekana ko abana ba Aroni bari bakwiye gukora nk’abaherezi? Reka tubirabe.
Mu gitabo co Guharura 20:22-29, “Bava i Kadeshi, baragenda; ishengero ryose ry’Abisirayeli rishika ku musozi Hori. Uhoraho abarira Mose na Aroni ku musozi Hori, ku rubibe rw’igihugu ca Edomu, ati Aroni agiye gutāmbūra ahamvye ababo; ntakigiye mu gihugu nemeye guha Abisirayeli, kuko mwanse kwumvira ijambo ryanje, muri ku mazi y’i Meriba. Jana Aroni na Eleyazali umwana wiwe, ubadūgane umusozi Hori: uheze wambure Aroni imyambaro yiwe, uyambike Eleyazeri umwana wiwe; aho ni ho Aroni aja gupfira, ahamvye ababo. Nuko Mose abigenza nk’uk’Uhoraho yamubariye: badūga uwo musozi Hori, ishengero ryose rirorēra. Mose yambura Aroni imyambaro yiwe, ayambika Eleyazari umwana wiwe; maze Aroni apfira ngaho, ku mpinga y’uwo musozi. Mose na Eleyazari baramanuka. Ishengero ryose ribonye ko Aroni apfuye, iyo nzu yose ya Isirayeli bamara imisi mirongwitatu bamuririra.” 
Mu gitabo co Kuvayo, Ivyagezwe vy’Imana biranditsweyo, bivuga ko abana babahungu b’umuherezi mukuru ko bakwiye gutorana igikorwa c’ubuherezi bukuru, nk’uko ba se babigenjeje mugihe cabo. 
Kuvayo 28:1-5, “Kand’uze wigize hafi yawe Aroni mukurwawe n’abana biwe, ubarobanure mu Bisirayeli, kugira ngo bankorere igikorwa c’ubuherezi: Aroni nyene, na Nadabu na Abihu, na Eleyazari na Itamari, abana biwe. Uz’ujishishirize Aroni mukurwawe imyambaro, iz’ibe iyejejwe, yo kumutera icubahiro, no kumushariza. Kand’uz’ubwire abahinga bose, abo n’ujuje impwemu y’ubwenge, ngo bajishe imyambaro ya Aroni yo kumurobanura, kugira ngw’ankorere igikorwa c’ubuherezi. Iyi abe ari yo myambaro bazojisha: umupfuko wo kwambara mu gikiriza, n’umwambaro witwa efodi, n’umwinjiro, n’ikanzo y’insobane, n’igitambara co kuzingira mu mutwe, n’umukanda: nuko baze bajishire Aroni mukurwawe n’abana biwe imyambaro iz’ibe iyejejwe, kugira ngo bankorere igikorwa c’ubuherezi. Baze bakoreshe intahe z’izahabu, n’inyuzi z’amasufe n’iz’amashigisha n’izisa n’agahama, n’izera derere.”
Mu buryo bugaragara Imana yararobanuriye Aroni, mukuru wa Mose, ubuherezi. Ubuherezi ntibwahawe uwundi muntu wundi. Ni co gituma, Imana yategetse Mose kurobanura Aroni nk’umuherezi mukuru, no kumukoreshereza ikanzo nk’uko yari yayerekanye. Ntidukwiye kwibagira amajambo y’Imana namba.
No muri Kuvayo 29:1-9 naho nyene harabivuga, “Uku abe ari k’uzobagenza mu kubarobanura, ngo bankorere igikorwa c’ubuherezi. Wābire imasa y’umukangara n’impfizi z’intama zibiri zitagira agasembga, n’imitsima itambiwe, n’udutsima tutambiwe twacumbanywe n’amavuta ya elayo, n’utundi dutsima tutambiwe nyene tubēhūye, dusutwekw amavuta ya elayo, uyicumvye mw’ifu y’ingano igogōretse. Uyishire mu ndumane imwe, uyizanane na ya masa na za mpfizi z’intama zompi. Kandi Aroni n’abana biwe uz’ubazane ku muryango w’ihema ry’ibonaniro, ubūhagirireho. Wābire ya myambaro, uheze wambike Aroni ya kanzo, na wa mwinjiro wo kwambarirwako efodi, umwambike na efodi nyene, na wa mupfuko wo kwambarwa mu gikiriza, umukenyeze na wa musipi wa efodi ujishwe n’abahinga; umwambike na ca gitambara mu mutwe, ugishireko na ca gitsibo cera. Maze wābire amavuta yo kurobanuza abahabga ibango, uyamusuke mu mutwe, uyamurobanuze. Uheze uzane n’abana biwe, ubambike ya makanzo. Aroni n’abana biwe ubakenyeze imikanda, ubambike na twa dukofero: maze bazoba begukiye ubuherezi, kibe icagezwe c’intahava: ushikirize Aroni n’abana biwe iryo bango.” 
“Ubambike ya makanzo. Aroni n’abana biwe ubakenyeze imikanda, ubambike na twa dukofero: maze bazoba begukiye ubuherezi, kibe icagezwe c’intahava: ushikirize Aroni n’abana biwe iryo bango.” Imana yarerekanye ko Aroni n’abana biwe ko aribo bonyene bari abo gushikirizwa ibango ry’ubuherezi ibihe vyose. Igihe yabitomora avuga, ngo, “kibe icagezwe c’intahava,” vyagumye ari ukuri n’inyuma yaho Yesu yaza kuri iyi isi.
Ni co gituma Luka asigura vy’imbitse ko Zakariya yari uruvyaro rwa Aroni umuherezi mukuru. Igihe Zakariya yariko arakora nk’umuherezi imbere y’Imana mu ngoro y’Umwami, umumarayika yaramubonekeye amubwira ko amasengesho yiwe yumviswe; kandi ko umugore wiwe Elizabeti azomuvyarira umuhungu. 
Zakariya ntiyavyizeye aca avuga, ati, “Umugore wanje ageze mu zabukuru, yovyara umwana ate?” Kubw’ugukekeranya kwiwe, Imana yaciye imugira ikiragi igihe gito kugira ngo imwereke ko ijambo ryayo ryari ukuri.
Igihe kigeze, umugore wiwe asama inda mu nyuma, inkumi Mariya, nayo isama inda. Ivyo bikorwa vyose bibiri vyari vyateguwe n’Imana kubw’agakiza kacu. Kugira ngo ikize abantu bononekaye, yategerezwa kurungika umukozi wayo Yohana n’Umwana wayo w’ikinege Yesu kuvukira muri iyi isi.
Ni yo mpamvu, Imana yageze ko Umwana wayo abatizwa na Yohana kugira ngo arungike ivyaha vy’abari mw’isi maze abamwizera bakizwe.
 
 
Inkomezi z’Imana zihambaye! 
 
Ninde Imana yari yateguye ko yari uwo kuza imbere ya Yesu kubw’igikorwa co gucungura?
Yohana Umubatizi
 
Imana yateguye Yohana kuvukira kuri iyi isi imbere ya Yesu. Yohana yavutse kugira ngo abashe kubatiza Yesu yongere akurungike ivyaha vyose vy’abari mw’isi kuri We. Uruvyaro rw’umuherezi mukuru rwategerezwa gushikana ikimazi co guhongerwako kugira ngo isezerano ry’Imana rishike ryakozwe mw’Isezerano rya Kera no mw’Isezerano Rishasha; maze ubutumwa bwiza bwo gucungurwa bubonekera muri Yesu bwizerwe kandi bukorwe neza. 
Mu gitabo co Kuvayo, Imana yahaye Abisirayeli ivyagezwe vyayo n’amasezerano yayo; ivyagezwe vy’Imana hamwe n’ivyagezwe bigenga ibango ryo gushikana ibimazi mw’ihema, ukabandanya no kubijanye n’imyambaro y’abaherezi, idonido ry’ibimazi, n’ugukurakuranwa kw’abana babaherezi mu gikorwa c’ubuherezi. Imana yagenye Aroni n’abahungu biwe gukora igikorwa c’ubuherezi bukuru ibihe vyose. 
Ni yo mpamvu, uruvyaro rwose rwa Aroni rwabayeho rushikana ibimazi kandi abaherezi bakuru bava munzu ya Aroni gusa. Urabona ukuntu vyari bimeze? 
Ariko mu ruvyaro rwinshi rwa Aroni, Imana yatoranije umuherezi yitwa Zakariya hamwe n’umugore wiwe yitwa Elizabeti. Yari yaravuze, ati, “Ng’umve, ngira ntume integuza yanje imbere y’amaso yawe.” Igihe Imana yabwira Zakariya ko izoshoboza umugore wiwe kuvyara umuhungu, kandi ko azomwita Yohana, yaratangaye rwose gushika naho aba ikiragi nk’uko yari yabitegetse gushika umwana avutse agahabwa izina. 
Vy’ukuri, uwo mwana yari uwo munzu yiwe. Igihe kigeze co kumwita izina nk’uko umugenzo w’Abisirayeli wari uri, Umwana yitiranwa na se. 
“Igihe co kuvyara kwa Elizabeti kirashika, avyara umuhungu. Ababanyi biwe n’incuti ziwe bumva yuk’Umwami Imana yamugiriye Imbabazi nyinshi, banezeranwa na we. Ku musi ugira umunani baza gukeba uwo mwana, bagomba kumwitiranya na se Zakariya. Nyina arabambwira, at’Oya, ni yitwe Yohana. Baramubgira, bati mu muryango wanyu kw’ ata witwa iryo zina. Bagereraniriza se, bamubaza ukw agomba ko yitwa. Yaka ico kwandikako, arandika, at’izina ryiwe ni Yohana. Bose baratangara. Uwo mwanya akanwa kiwe karazibūka, n’ururimi rwiwe ruragobodoka, aravuga, ashima Imana. Ababanyi babo bose baterwa n’ubwoba: ayo majambo yose akwira mu mugamba wose w’i Yudaya. Abavyumvise bose babishira mu mitima yabo, bati non’uyo mwana azoba umuntu ki? Kuk’ukuboko kw’umwami Imana kwari kumwe na we.” (Luka 1:57-66). 
Zakariya yari ikiragi ico gihe. Igihe hari hageze kwita umwana izina, abo mu muryango barasavye ko umwana yokwitwa Zakariya. Ariko nyina wiwe ashimangira ko izina ryiwe ryoba Yohana. Ivyo bavyumvise, abaryango baca bavuga ko atan’umwe afise iryo zina mu muryango kandi ko umwana akwiye kwitiranwa na se. 
Elizabeti akomeje gushimangira kuri rya zina nyene, abo mu muryango baca bagenda aho Zakariya yari baramubaza izina umwana akwiye kwitwa. Zakariya, kuko atashobora kuvuga, yaka ico kwandikako maze yandika ‘Yohana’. Abaryango bose bariyumviriye rwose kuri ayo mahitamwo y’izina ritamenyerewe. 
Nyuma yo kumwita izina, akanwa ka Zakariya karazibuka ubwo nyene. Ahimbaza Imana kandi yari yuzuye Mpwemu Yera maze aravugishwa.
Luka avuga ukuvuka kwa Yohana Umubatizi mu rugo kwa Zakariya. “Hārih’Umuherezi yitwa Zakariya, wo mu mutigiri wa Abiya.” Mu nkomezi z’Imana zigenga ibihe, Yohana Umubatizi, umuserukizi w’abantu yavukiye kwa Zakariya, uruvyaro rwa Aroni.
Biciye muri Yohana Umubatizi na Yesu Kristo, Imana yujuje agakiza yari ifitiye abantu. Dukizwa ivyaha vyacu vyose biciye mu kwizera igikorwa co gucungurwa cakozwe na Yohana hamwe na Yesu Kristo. 
 
 

Umubatizo wa Yesu 

 
Kubera iki Yesu yabatijwe na Yohana?
Kugira ngo akureho ivyaha vy’abari mw’isi 
 
Yohana Umubatizi yarashingiye intahe Yesu ko yari Umwana w’Imana kandi ko yakuyeho ivyaha vyacu vyose. Ni Yohana Umubatizi, umukozi w’Imana yashingiye intahe agakiza kacu. Ntibisigura ko Imana itatubwira ubwayo ko ari Umukiza wacu. Imana irakora biciye mu bakozi bayo mw’ishengero, biciye no mu kanwa k’abantu bayo bose bakijijwe. 
Imana ivuga, iti, “Muremēshe imitima y’ab’i Yerusalemu, mubabgire musemerera yukw intambara zaho zabangurukanye, k’umwenda w’igicumuro cabo ushize, kukw ivyaha vyabo vyose babihariwe kabiri n’ukuboko kw’Uhoraho. Ivyatsi birūma, amashurwe agakabirana, arik’ijambo ry’Imana yacu rizobah’ibihe bidashira.” (Yesaya 40:2, 8). 
“Ntumukiri abanyavyaha ukundi. Narahariye ivyaha vyanyu vyose kandi intambara zanyu narazirangije.” Ukwo niko Ijwi ry’ubutumwa bwiza bwo gucungurwa ribandanya risemerera ritubwira. Ubu ni bwo bita ubutumwa bwiza buroranye. 
Igihe dutahuye ibikorwa vya Yohana Umubatizi, igihe dutahuye vy’ukuri ko ivyaha vyose vy’abari mw’isi ko vyarungitswe kuri Yesu biciye kuri Yohana Umubatizi, turashobora twese kubohoka ivyaha vyacu.
Ibitabo bine vyose vy’ubutumwa bwiza bitubwira ivya Yohana Umubatizi, umuvugishwa wanyuma w’Isezerano rya Kera bikongera bigashingira intahe Yohana Umubatizi, umukozi w’Imana. Isezerano Rishasha ritangurana ukuvuka kwa Yohana Umubatizi hamwe n’ukurungika ivyaha biciye kuri we. 
Hama ni kubera iki tumwita Yohana Umubatizi? Ni kubera ko yabatije Yesu. Umubatizo usigura iki? Usigura ‘kurungika, guhambwa, kwozwa’—ufise insiguro imwe no ‘kurambika ibiganza’ bimwe vyakorwa mw’Isezerano rya Kera. 
Mw’isezerano rya Kera, iyo umuntu acumuye, yarungika ivyaha vyiwe ku mutwe w’ikimazi c’icaha, ikimazi kitagira agasembwa, mu kurambikako ibiganza vyiwe kuri ico kimazi, maze ikimazi kigapfana ivyo vyaha. ‘Kurambika ibiganza’ bisobanura ‘kurungika.’ Ni yo mpamvu, ‘kurambika ibiganza’ hamwe ‘n’umubatizo’ bifise ihangiro imwe, bikagira amazina atandukanye.
None ni iyahe nsiguro y’umubatizo wa Yesu? Umubatizo wiwe niyo yari inzira yonyene yo kugira ngo habe uguhongerwa mukwatirwa n’Imana. 
Mw’Isezerano rya Kera, abanyavyaha bategerezwa kurambika ibiganza vyabo ku mutwe w’ikimazi kugira ngo barungike ivyaha vyabo ku mutwe waco. Bategerezwa rero guca izosi ryaco hama abaherezi bagafata amaraso bakayashira ku mahembe y’igicaniro co kwoserezako ibimazi. Iyi niyo yari inzira yo guhongera ivyaha vya misi yose.
Hama, ivyaha vy’umwaka wose babihongera bate?
Aroni, umuherezi mukuru niwe yashikana ikimazi kubw’Abisirayeli bose. Kubera ko Yohana Umubatizi yavutse ava mu ruvyaro rwo mu nzu ya Aroni, vyari bikwiye ko nawe yitwa umuherezi mukuru, kandi Imana yari yarasezeranye ko ari we muherezi mukuru wa nyuma nk’ukw’Isezerano ryayo ryo gucungura ryari.
Yohana Umubatizi yari umuserukizi w’abantu bose akongera akaba umuherezi mukuru wa nyuma w’abantu bose kuko Isezerano rya Kera ryarangiye igihe Yesu yavuka. Ninde wundi atari Yohana Umubatizi yarungitse ivyaha vyose vy’abari mw’isi kuri Yesu mw’Isezerano Rishasha, nk’uko Aroni yahongera ivyaha vy’abantu biwe mw’Isezerano rya Kera? Yohana Umubatizi, nk’umuherezi mukuru wa nyuma w’Isezerano rya Kera akongera akaba umuserukizi w’abantu bose, yarungitse ivyaha vyose vy’abari mw’isi kuri Yesu igihe yamubatiza.
Kubera ko Yohana yarungitse ivyaha vyose kuri Yesu, turashobora gucungurwa biciye mu kwizera ubutumwa bwiza bw’amazi na Mpwemu. Yesu yacitse Umwagazi w’intama kugira ngo akize abanyavyaha bose, maze akora igikorwa co gucungura nk’uko Imana yari yarabiteguye. Yesu atubwira Yohana Umubatizi ko yari intumwa ya nyuma, umuherezi mukuru wa nyuma yarungitse ivyaha vyose vy’abari mw’isi kuri We.
Kubera iki Yesu atavyikoreye ubwiwe? Kubera iki yari akeneye Yohana Umubatizi? Hariho impamvu Yohana Umubatizi yatumye aza imbere ya Yesu amezi atandatu. Kwari kugira ngo ashitse ivyagezwe vy’Isezerano rya Kera, atunganye Isezerano rya Kera.
Yesu yavyawe n’inkumi Mariya, Yohana Umubatizi nawe avyarwa n’umugore ashaje yitwa Elizabeti.
Ibi vyari ibikorwa vy’Imana, kandi yabateguye kugira ngo bakize abanyavyaha bose. Kugira ngo idukize intambara y’urudaca yo kurwanya icaha, hamwe n’imibabaro yose y’ubunyavyaha bw’umuntu, yarungitse umukozi wayo Yohana, irungika kandi n’Umwana wayo bwite Yesu. Yohana Umubatizi yarungitswe nk’umuserukizi w’abantu bose, umuherezi mukuru wa nyuma. 
 
 
Umuntu ahambaye mu bavyawe n’abagore 
 
Ninde muntu yari ahambaye kw’isi?
Yohana Umubatizi 
 
Reka turabe muri Matayo 11:7-14. “Abo bagiye, Yesu atangura kubgira ishengero ivya Yohana, ati Mwagiye mu bugaragwa kurāba iki? Mbega n’irenga rihungabanywa n’umuyaga? Ariko Mwagiye kurāba iki? Mbega n’umuntu yambaye impuzu ziremvye? Ereg’abambaye impuzu ziremvye baba mu ngo z’abami. Ariko mwajanywe n’iki? Mbega kwar’ ukurāba umuntu avugishwa n’Imana? Ego me n’ico; kandi ndababgire, Aruta ūvugishwa n’Imana cane. Uyo ni we yanditswe ng’Umve ngira ntume integuza yanje imbere y’amaso yawe, Ikuroranirize inzira imbere yawe. Ndababgire ukuri: Mu bāvyawe n’umugore ntihigeze kuboneka uruta Yohana Umubatizi. Arik’umutoya mu bgami bgo mw’ijuru aramuruta. Uhereye mu gihe ca Yohana gushitsa n’ubu barabandanira ubgami bgo mw’Ijuru ababandana babunyakurisha ubuhizi. Kukw’abavugishwa n’Imana bose bāvugishijwe, bo n’ivyagezwe, gushitsa igihe ca Yohana, kandi ni mwaba mugomba kuvyemera, uwo niwe Eliya yavuzwe kw’azoza.”
Abantu bagiye mu bugaragwa kuraba Yohana Umubatizi, yasemerera, avuga, ati “Mwihane, mwa bana b’inzoka!” Yesu nawe hano yavuze, ati, “Ariko Mwagiye kurāba iki? Mbega n’umuntu yambaye impuzu ziremvye? Ereg’abambaye impuzu ziremvye baba mu ngo z’abami.” 
Yesu ubwiwe yarashingiye intahe ubukuru bwa Yohana. Mwagiye kurāba iki? Umupagani yambaye impuzu zikozwe mu bwoya bw’ingamiya avuga n’ijwi rirenga? Ategerezwa kuba yari yambaye impuzu ikozwe mu bwoya bw’ingamiya. Mwagiye kurāba iki? Mbega n’umuntu yambaye impuzu ziremvye? Erega abambaye impuzu ziremvye baba mu ngo z’abami. Ariko arahambaye gusumba n’umwami,” Ukwo niko Yesu yashinze intahe. “Ereg’abambaye impuzu ziremvye baba mu ngo z’abami. Ariko mwajanywe n’iki? Mbega kwar’ ukurāba umuntu avugishwa n’Imana? Ego me n’ico; kandi ndababgire, Aruta ūvugishwa n’Imana cane.”
Mugihe co hambere, abavugishwa bari bahambaye gusumba abami. Yohana Umubatizi yasumba umwami, agasumba n’intumwa. Yasumba intumwa zose zo mw’Isezerano rya Kera. Mu vy’ukuri, Yohana, umuherezi mukuru wa nyuma akongera akaba umuserukizi w’abantu, yasumba Aroni umuherezi mukuru wa mbere. Yesu ubwiwe arashingira intahe Yohana.
Ninde muserukizi w’abantu? Hambavu ya Kristo ubwiwe, ninde wundi muntu ahambaye kw’isi? Yohana Umubatizi. “Kandi ndababgire, Aruta ūvugishwa n’Imana cane. Uyo ni we yanditswe ‘ng’Umve ngira ntume integuza yanje imbere y’amaso yawe, Ikuroranirize inzira imbere yawe.’”
Yohana Umubatizi yarashinze intahe ko intambara zo kurwana n’icaha ko zarangiye. “Ng’uyu, Umwagazi w’intama w’Imana ukūrah’icaha c’abari mw’isi!” Ni Yohana Umubatizi yashinze intahe ko Yesu ari we akuraho icaha c’abari mw’isi. 
Muri Matayo 11:11, “Ndababgire ukuri: mu bāvyawe n’abagore ntihigeze kuboneka umuntu aruta Yohana Umubatizi.” Hoba hariho uwuruta Yohana Umubatizi mu bāvyawe n’abagore? 
Bisigura iki ‘mu bāvyawe n’abagore?’ Bisigura abantu bose. Ukuyemwo Adamu, abantu bose bavyawe n’abagore. Ego, mu bāvyawe n’abagore, ntan’umwe yagaragaye ko asumba Yohana Umubatizi. Ni yo mpamvu, ari umuherezi mukuru wa nyuma akongera akaba umuserukizi w’abantu. Yohana Umubatizi yari umuherezi mukuru, intumwa akongera akaba umuserukizi wacu.
Mw’Isezerano rya Kera, Aroni n’abahungu biwe bari baratoranijwe n’Imana ngo bayikorere imisi y’ukubaho kwabo kwose. Ivyaha vyose vyategerezwa kwozwa biciye muri Aroni n’abahungu biwe. Niko Imana yari yarabigeze. 
Iyo uwundi muntu wese mu Balewi yubahutse akinjira, atakabuza yaca apfa. Ivyo abandi balewi bakora kwari ukwegeranya inkwi z’umuriro wo mu gicaniro, bagakurako urushato ku bikoko, bakwoza amara, bagakuramwo ibinure. Iyo bagira ingeso bakagerageza uburyo ubwo aribwo bwose bagakora igikorwa c’abaherezi, bari gupfa. Cari icagezwe c’Imana. Ntibashobora kurenga umurongo. 
Kw’isi, ntan’umwe yagaragaye ko asumba Yohana Umubatizi. Yari ahambaye mu bari n’ubuzima bose. “Uhereye mu gihe ca Yohana gushika n’ubu barabandanira ubgami bgo mw’Ijuru ababandana babunyakurisha ubuhizi.” (Matayo 11:12) 
Ugucungurwa kw’abantu kwujujwe igihe Yohana Umubatizi yabatiza Yesu, kandi abizera Yesu barashobora kwinjira mu Bwami bwo mw’Ijuru. Bacika abagororotsi. Reka turabe ingene se wa Yohana yashingiye intahe umuhungu wiwe. 
 
 
Intahe ya Zakariya, Se wa Yohana 
 
N’iki Zakariya yavugishijwe ku vyerekeye umuhungu wiwe?
Yohana azotegura inzira y’Umwami mu kumenyesha abantu biwe agakiza.
 
Reka dusome Luka 1:67-80. “Se Zakariya yuzuzwa Mpwemu Yera, avugishwa n’Imana, at’Umwami ashimwe, Imana y’Abisirayeli, Kukw igenendeye abantu bayo, ikabacungura; Kand’iduhagurukije ihembe ry’agakiza Mu nzu ya Dawidi umusavyi wayo, Nk’uko yavugiye mu kanwa k’abera yavugisha, bāhereye mbere na mbere, Ngw idukize abansi bacu n’amaboko y’abatwanka bose: kand’igirire ba sogokuruza imbabazi, Yibuke isezerano ryayo ryera, Indahiro yarahiye sogokuruza Aburahamu, Kw izoduha gukizwa amaboko y’abansi bacu, Tukayisenga ata bgoba, Tur’abera tugororoka mu nyonga zayo imisi yacu yose. Kandi nawe, mwana, uzokwitwa umuntu avugishwa n’Isumba vyose, Kuk’uzokwitangira imbere y’Umwami Imana gutegūra inzira ziwe: Kumenyesha abantu biwe agakiza, kw’ar’uguharirwa ivyaha vyabo, Kubg’umutima w’imbabazi w’Imana yacu, Ni wo uzotuma umutwenzi utugendera, uvuye mw’ijuru, Ng’utambikire abicaye mu mwiza no mu gitūtu c’urupfu, Urōngōrere ibirenge vyacu mu nzira y’amahoro. Nya mwana arakura, agwiza inkomezi z’umutima, aba mu bugaragwa kugeza umusi yerekewekw Abisirayeli.” 
Zakariya yavugishijwe ibintu bibiri. Yavugishijwe ko Umwami w’abantu bose ko yaje. Uhereye ku murongo wa 68 gushika kuwa 73, yavugishijwe anezewe avuga ko Imana itibagiye amasezerano yayo kandi ko Yesu, nkukw’Imana yari yarasezeraniye Aburahamu, yavyawe n’inkumi Mariya kugira ngo akize aruvyaro rwiwe mu maboko y’abansi babo. 
Ku murongo 74, “Kw izoduha gukizwa amaboko y’abansi bacu, Tukayisenga ata bgoba.” Iki ni icibutso c’isezerano Imana yari yarahaye Aburahamu hamwe n’Abisirayeli, yarakivugishijwe. “Tukayisenga ata bgoba.”
Uhereye ku murongo wa 76, yashingiye intahe umuhungu wiwe. “Kandi nawe, mwana, uzokwitwa umuntu avugishwa n’Isumba vyose, Kuk’uzokwitangira imbere y’Umwami Imana gutegūra inzira ziwe: Kumenyesha abantu biwe agakiza, kw ar’uguharirwa ivyaha vyabo, Kubg’umutima w’imbabazi w’Imana yacu, Ni wo uzotuma umutwenzi utugendera, uvuye mw’ijuru, Ng’utambikire abicaye mu mwiza no mu gitūtu c’urupfu, Urōngōrere ibirenge vyacu mu nzira y’amahoro.” 
Hano yavuze, ati, “Kumenyesha abantu biwe agakiza, kw ar’uguharirwa (Gukuraho icaha) ivyaha vyabo.” Yavuze ko biciye muri nde tumenyeshwa agakiza? Biciye muri Yohana Umubatizi. Twese turabitahura? Yohana Umubatizi, biciye mu majambo y’Imana, yari uwo kutumenyesha ko Yesu ari Umwana w’Imana, akuraho ivyaha vy’abari mw’isi. 
Ubu, reka turabe muri Mariko 1. “Itanguriro ry’ubutumwa bgiza bga Yesu Kristo, Umwana w’Imana. Nk’uko vyanditswe na Yesaya yavugishwa n’Imana, Ng’umve ngira ntume integuza imbere y’amaso yawe, Ikuroranirize inzira. Ijwi ry’ūsemerera mu bugaragwa, Ati ni mutegure inzira y’Uhoraho, Mugorore izibihamo ziwe. Ni ko Yohana yaje, abatiriza mu bugaragwa, yigisha ukubatizwa kwo kwihana, ngo babohorwe ivyaha. Igihugu c’i Yudaya cose n’ab’i Yerusalemu bava i wabo baza kuri we: ababatiriza mu ruzi Yorodani, bātuye ivyaha vyabo.” (Mariko 1:1-5). 
Igihe Abisirayeli bumva Yohana Umubatizi, baciye bahindukira bareka kwambaza ibigirwamana vy’abanyamahanga maze babatizwa na Yohana Umubatizi. Ariko Yohana we yashinze intahe avuga, ati “Jewe Ndababatirisha amazi kugira ngo mugaruke ku Mana. Umwana w’Imana azoza abatizwe nanje kugira ngo ivyaha vyanyu birungikwe kuri We. Kandi ni mwizera umubatizo wiwe nk’uko mubatijwe nanje, ivyaha vyanyu vyose bizokwimukira kuri we, nk’uko ivyaha vyarungikwa biciye mu kurambika ibiganza mw’Isezerano rya Kera.” Ico n’ico Yohana yashingira intahe. 
Ivy’uko Yesu yabatirijwe mu ruzi Yorodani bisigura ko yabatirijwe mu ruzi rw’urupfu. Turaririmba ku maziko, ngo, “♪Aheza mw’ijuru, tuzohurirayo bagenzi, Aheza mw’ijuru, tuzohurirayo bagenzi.♪” Ni twapfa, tuzojabuka uruzi Yorodani. Uruzi Yorodani ni uruzi rw’urupfu. Yesu yabatijwe mu ruzi rw’urupfu.
 
 
Umubatizo urungika ivyaha vyacu 
 
Kurambikako ibiganza n’iki mw’Isezerano Rishasha?
Umubatizo wa Yesu
 
Muri Matayo 3:13-17, twasomye havuga, ngo, “Ico gihe Yesu ava i Galilaya, aja kuri Yorodani aje kuri Yohana, azanywe no kubatizwa na we. Ariko Yohana agomba kumwankira, ati kw ari jewe nkwiye kubatizwa nawe: non’uje kuri jewe? Yesu aramwishura, ati bikunde: kukw ari vyo bidukwiye, ngo dushitse ukugororoka kwose. Bun’aramukundira; Yesu amaze kubatizwa, aca ava mu mazi: maz’ijuru riruguruka, abona Mpwemu w’Imana, amanuka asa n’inuma, amugwako. Buno rer’ijwi riva mw’ijuru, rit’Uyu niwe mwana wanje nkunda, akampimbara.’” 
Yesu yaje kuri Yorodani abatizwa na Yohana Umubatizi. “Mbatiza.” Yohana aca yishura, ati, “ko ari jewe nkwiye kubatizwa nawe: none uje kuri jewe?” umuherezi mukuru wo mw’ijuru n’uwo mw’isi barahuye. 
Nk’uko vyanditswe mu Baheburayo, Yesu Kristo ni Umuherezi Mukuru w’ibihe bidashira mu buryo bwa Melekisedeki. Ntagisekuruza afise. Ntabwo ari uruvyaro rwa Aroni, canke rw’umuntu n’umwe kw’isi. Ni Umwana w’Imana, Umuremyi wacu. Ni yo mpamvu, atagira igisekuruza. Ariko yasize ubwiza bwo mw’ijuru aza kw’isi gukiza abantu biwe.
Impamvu yamanutse akaza kuri iyi isi kwari ukugira ngo akize abanyavyaha bose bababazwa n’uruhendo rwa Satani. Vyongeye, Yakuyeho ivyaha vyose vy’abari mw’isi mu kubatizwa na Yohana Umubatizi. “Yesu aramwishura, ati Bikunde: kukw ari vyo bidukwiye, ngo dushitse ukugororoka kwose.’ Bun’aramukundira.” 
“Bikunde.” Bikunde! Yesu yarategetse umuserukizi w’abantu bose maze yunamika umutwe wiwe. Mw’Isezerano rya Kera, igihe ikimazi gishikanywe ku Mana, umunyavyaha canke umuherezi mukuru umwe muri bo yararambikako ibiganza ku mutwe waco akakirungikako ivyaha. ‘Kurambikako ibiganza’ bisobanura ‘kurungika.’
Yesu yabatijwe na Yohana Umubatizi. Vyasigura kimwe no kurambika ibiganza vyo mw’Isezerano rya Kera. ‘Kurungika,’ ‘guhambwa,’ ‘kwozwa,’ hamwe no ‘gutanga ikimazi’ navyo nyene nico kimwe. Isezerano Rishasha ni ishusho nyakuri mugihe Isezerano rya Kera ryoryo ari igitutu cavyo.
Igihe umunyavyaha arambitse ibiganza vyiwe ku mwagazi w’intama mw’Isezerano rya Kera, icaha ciwe carungikwa kuri uwo mwagazi w’intama maze uwo mwagazi ugaheza ugapfa. Igihe umwagazi w’intama, upfuye, warahambwa. Icaha c’uw’arambitseko ibiganza vyiwe ku mwagazi w’intama carungikwa kuri uwo mwagazi w’intama kugira ngo uwo mwagazi upfire icaha! Igihe icaha kirungitswe ku mwagazi w’intama, uwazanye uwo mwagazi yaca acika uwutagira icaha ? 
Reka tuvuge ko aka gatambara ari icaha hama iki kinyamajwi ko ari umwagazi w’intama. Igihe ndambitse ibiganza vyanje kuri iki kinyamajwi, iki caha gica cimukira kuri iki kinyamajwi, ari co mwagazi w’intama. Imana ubwayo yahisemwo ko vyokorwa ukwo. “Rambikako ibiganza vyawe.” Kugira ngo umuntu acungurwe ivyaha, ategerezwa kurambikako ibiganza vyiwe. Nyuma y’ivyo, ntacaha aba agifise. Umubatizo wa Yesu ni uwo kwoza, guhamba n’ukurungika ivyaha vy’abari mw’isi kuri We. Iki ni co usigura neza na neza. 
 
Bisigura iki gushitsa ukugororoka kwose?
Ni ukwoza ivyaha vyose mu kubirungika kuri Yesu.
 
None, igihe Yesu yabatizwa kugira ngo akureho ivyaha vyose vy’abari mw’isi, vyoba vy’ukuri vyararungitswe vyose kuri We? Ivyaha vyose vy’abari mw’isi vyarungitswe kuri Yesu maze abantu bose baca baracungurwa. Ibi nico kimwe no kurungika ivyaha ku bimazi bimwe vyakorwa mw’Isezerano rya Kera. Yesu yaje kuri iyi isi no kuri Yorodani, aca avuga, ati, “Bikunde kukw ari vyo bidukwiye, ngo dushitse ukugororoka kwose” (Matayo 3:15). 
Hama, Yohana aca abatiza Yesu. Yesu yabwiye Yohana ko vyari bibakwiye kugira ngo bashitse ukugororka kwose biciye mu mubatizo wiwe. ‘Ukugororoka kwose’ bisigura ‘vyiza rwose kandi bikwiriye.’ ‘Kuko ari vyo,’ vyari bibakwiye kugira ngo bashitse ukugororoka kwose. Ibi bisigura ko vyari bibereye ko Yohana abatiza Yesu, na Yesu akabatizwa na Yohana, kugira ngo arungike ivyaha vyose vy’abari mw’isi kuri Yesu. 
Imana itanga ugucungurwa ifatiye ku mushinge w’umubatizo wa Yesu, ukwitanga kwiwe hamwe n’ukwizera kwacu. “Abantu bose barababazwa n’icaha kandi bagafatwa bunyamaswa n’umurwanizi kubw’ivyaha vyabo. Ni yo mpamvu, kugira ngo bakizwe maze baje mw’ijuru, wewe, nk’Umuserukizi w’abantu ukongera ukaba uruvyaro rwa Aroni, ukwiye kumbatiza kubw’abantu bose. Nkwiye kubatizwa na we. Hama igikorwa co gucungura kizoba cujujwe.” 
Maze aramukundira.
Rero Yohana aca abatiza Yesu. Yarambitse ibiganza vyiwe ku mutwe wa Yesu kandi arungika ivyaha vyose vy’abari mw’isi kuri Yesu. Yesu yari umukiza yogeje ivyaha vyacu vyose. Twarakijijwe biciye mu kwizera ugucungurwa kubonekera muri We. Uravyizera? 
Nyuma y’umubatizo wiwe, arico gikorwa ciwe ca mbere mw’ibango ryiwe kuri Yorodani biciye mu biganza vy’umuserukizi w’abantu bose, yagendagenze yigisha ubutumwa bwiza imyaka itatu n’igice afise ivyaha vyose vy’abari mw’isi ku mutwe wiwe.
Yabwiye umugore yafashwe asambana, ati, “Nanje sindaguciriye urubanza.” Ntiyashobora kumucira urubanza kuko yari yatwaye ivyaha vyiwe vyose muri we kandi yari yegereje kubipfira ku Musaraba. Igihe yariko arasengera i Getsemani, Yasenze incuro zitatu yinginga Data ngo igikombe kimurengane, ariko ubwo nyene yaciye abiheba acavuga, ati, “Ntibibe nk’uko ngomba, ariko bibe nk’uko ugomba.” (Luka 22:42). 
 
 
“Nguyu Umwagazi w’intama w’Imana ukūrah’icaha c’abari mw’isi!”
 
Yesu yakuyeho icaha kingana iki?
Ivyaha vyose vy’abari mw’isi
 
Yohana 1:29 handitswe, ngo, “Bukeye bg’aho abona Yesu aza kuri we, aravuga, ‘ati Nguyu Umwagazi w’intama w’Imana ukūrah’icaha c’abari mw’isi.’” Yohana Umubatizi yarabatije Yesu. Bukeye bw’aho, Yohana Umubatizi yabonye Yesu aje kuri we, aca arasemerera, ashinga intahe abwira abantu. “Nguyu Umwagazi w’intama w’Imana ukūrah’icaha c’abari mw’isi!”.
Umwana w’Imana yaje kuri iyi isi akuraho ivyaha vyabo vyose. Yohana Umubatizi yarashinze intahe kandi. Muri Yohana 1:35-36, yavuze, ati, “Bukeye bg’aho, Yohana yongeye guhagararana na babiri mu bigishwa biwe, yitegereza Yesu agendagenda, aravuga, ati Nguyu Umwagazi w’Intama w’Imana.’” 
Umwagazi w’intama w’Imana bisigura ko yari ishusho nyakuri y’ikimazi catangwa mw’Isezerano rya Kera, capfira ivyaha vy’Abisirayeli. Kubwawe nanje, Umwana w’Imana, Umuremyi wacu, yaje kuri iyi isi gukuraho ivyaha vyacu vyose; ivyaha vyose uhereye ku kuremwa kw’isi gushika ku musi w’umuhero wayo, uhereye ku caha c’inyanduruko gushika ku bigabitanyo vyacu, uhereye ku bunyantege nke bwacu gushika ku makosha yacu. Yaraducunguje twese umubatizo wiwe n’amaraso yiwe ku Musaraba. 
Yesu yakuyeho ivyaha vyacu vyose maze aduha ugucungurwa. Urabitahura? “Umwagazi w’intama w’Imana ukūrah’icaha c’abari mw’isi.” 
Haciye nk’imyaka irenga 2000. Bisigura ko nk’imyaka 2000 iraheze kuva aje kuri iyi isi. Kandi mu mwaka wa 30 nyuma y’ivuka ryiwe, yaratwaye ivyaha vyose vy’abari mw’isi. Umwaka wa 1 niwo mwaka Yesu yavuka. Igihe c’imbere y’umuzo wa Kristo tucita B.C. (Before Christ) rero nk’imyaka 2000 iraheze uhereye igihe Yesu yaza kuri iyi isi. 
Mu mwaka wa 30 amaze kuvuka, Yesu yabatijwe na Yohana Umubatizi. Bukeye bw’aho, Yohana niho yasemerera abwira abantu, ati “Nguyu Umwagazi w’intama w’Imana ukūrah’icaha c’abari mw’isi” “Nguyu!” Yabwira abantu kwizera Yesu, akuraho ivyaha vyabo vyose. Yashingira intahe Yesu ko ari umwagazi w’intama w’Imana, udukiza ivyaha vyacu vyose. 
Yesu yakuyeho ivyaha vyacu vyose arangiza intambara zacu z’urutavanako zo kurwanya icaha. Ubu ntacaha dufise kuva Umwana w’Imana akuyeho ivyaha vyacu vyose. Yohana Umubatizi yashinze intahe ko yakuyeho ivyaha vyacu vyose, ivy’iwawe n’ivy’iwanje. “Uwo yazanywe no kuba igishingantahe, ngw’ashingire intahe umuco, kugira ngo bose bizere kubgiwe” (Yohana 1:7). 
Atantahe ya Yohana, twari kumenya dute ko Yesu yakuyeho ivyaha vyacu vyose? Bibiliya iratubwira kenshi ko yadupfiriye, ariko kino gihe, ni Yohana Umubatizi wenyene yashinze intahe ko yakuyeho ivyaha vyacu vyose. 
 
Kingana iki icaha c’abari mw’isi?
Ni ivyaha vyose vy’abantu uhereye kuntango y’isi ugashika kumpera yayo
 
Benshi barashinze intahe nyuma y’urupfu rwa Yesu, ariko Yohana wenyene niwe yamushingiye intahe akiriho. Nivyo, n’abagishwa ba Yesu barashingiye intahe ugucungurwa kubonekera muri Yesu. Bashinze intahe ko Yesu yakuyeho ivyaha vyacu, ko ari Umukiza wacu. 
Yesu yakuyeho ivyaha vy’abari mw’isi. Ubu, nturakwiza imyaka 100, siko? Yesu yatwaye ivyaha vy’abari mw’isi igihe yari afise imyaka 30. Iyumvire kuri kino gicapo.
 
“Nguyu Umwagazi w’intama w’Imana ukūrah’icaha c’abari mw’isi!”
 
Reka tuvuge ko hari imyaka 4000 mbere yuko Yesu aza. Kandi hakaba haciye imyaka irenga 2000 Yesu aje. Ntituzi imyaka isi izomara, ariko umuhero ni ngombwa uzoba. Yavuze, ati, “Ndi Alufa na Omega, uwa mbere n’uwa nyuma, itanguriro n’iherezo.” (Ivyahishuriwe Yohana 22:13).
Rero iherezo ni ngombwa rizoba. Ubu turi ku karongo kerekanwa n’umwaka wa 2024. Kristo yakuyeho ivyaha vyacu mu mwaka wa 30, kandi hari imyaka 3 imbere yuko apfira ku Musaraba.
“Nguyu Umwagazi w’intama w’Imana ukūrah’icaha c’abari mw’isi.” Yakuyeho ivyaha vy’abari mw’isi, ivyaha vyawe n’ivyanje. Nk’imyaka 2000 iraheze kuva Yesu avutse. Ubu tubayeho nk’imyaka 2000 nyuma yaho Yesu akuyeho ivyaha vyacu. Kandi turabayeho ducumura muri kino gihe no muri iyi myaka. Yesu ni Umwagazi w’intama w’Imana ukuraho icaha c’abari mw’isi. Dutangura kuba kuri iyi isi uhereye igihe tuvutse. 
Mbega twese ducumura uhereye tukivuka, canke s’uko biri? —Ego ducumura uhereye tukivuka.— Reka turabe mu ntambwe zose. Kuva tuvutse gushika ku myaka 10, turacumura, canke ntiducumura? —Turacumura.— None, ivyo vyaha vyararungitswe kuri Yesu canke ntivyarungitswe? —Vyararungitswe.— Kubera ko ivyaha vyose vyarungitswe kuri Yesu, ni Umukiza wacu. Nimba atari uko biri, yari kuba umukiza wacu ate? Ivyaha vyose vyararungitswe kuri Yesu. 
Kuva ku myaka 11 gushika ku myaka 20, turacumura, canke ntiducumura? Turacumura mu mitima yacu, no mu bikorwa vyacu. Turi abahinga muri ivyo. Twarigishijwe kudacumura, ariko turagikora vyoroshe cane. 
Imana yo itubwira ko ivyo vyaha vyose ko vyarungitswe kuri Yesu. Yarizi ico turico, rero ica ibanza gukuraho ivyo vyaha vyose mbere.
Tumara igihe kingana iki turi muri iyi isi? Reka tuvuge ko ari nk’imyaka 70. Twongeyeko ivyaha vyose dukora muri iyo myaka 70, vyoremera ku rugero rungana iki? Tubipakiye mu mabeni 8 y’amatoni, tworangiza dusanga twapakiye mu yarenga 100. 
Gerageza wiyumvire ivyaha tuzokora mu buzima bwacu bwose. Ivyo vyaha ni ivy’abari mw’isi, canke si ivy’abari mw’isi? Ni ivyaha vy’abari mw’isi. Ducumura uhereye tukivuka, gushika ku myaka 10, uhereye ku myaka 10 gushika 20, uhereye ku myaka 20 gushika 30... gushika ku musi dupfuye, ivyo vyaha vyose biri mu vyaha vy’abari mw’isi vyamaze kurungikwa kuri Yesu biciye mu mubatizo wiwe.
 
 
Umukiza w’abantu, Yesu Kristo 
 
Yesu yakuyeho icaha kingana iki?
Ivyaha vyose vya basokuru bacu, ivyaha vyacu n’ivy’uruvyaro rwacu gushika kuvy’umuntu wo kw’iherezo y’isi
 
Yesu atubwira ko yogeje ivyo vyaha vyose. Kuko Yesu atari gushobora kwibatiza, Imana yaciye ibanza kurungika umukozi wayo, umuserukizi w’abantu bose yatoranijwe. ‘Azokwitwa Igitangaza, Umujanama, Imana y’ubushobozi’ (Yesaya 9:6). Ubwayo, mu bwenge bwayo, no mu bujanama bwayo, yabanje kurungika umuserukizi w’abantu, maze ubwiwe, Umwana w’Imana, aza ari mu mubiri akuraho ivyaha vyose vy’abari mw’isi biciye mu mubatizo yahawe na Yohana Umubatizi. Mbega kano si agakiza gatangaje?
Ni igitangaza, sivyo? Rimwe gusa, biciye mu kubatizwa na Yohana Umubatizi, yarogeje ivyaha vyose vy’abari mw’isi yose kandi abakiza icaha biciye mu kubambwa. Yaradukijije twese. Vyiyumvireko. Ivyaha vyawe vyose uhereye ku myaka 20 gushika ku myaka 30, ku myaka 30 gushika ku myaka 40, ku myaka 40 gushika ku myaka 60, ku myaka 70, gushika ku myaka 100, hamwe n’ivyaha vy’abwana bawe. Yarabihanaguye ivyo vyaha vyose, canke ntavyo yahanaguye? Ego, Yarabihanaguye. Yesu Kristo, Umukiza w’abantu.
Kubera ko Yohana Umubatizi yarungitse ivyaha vyacu vyose kuri Yesu, kandi Imana ikaba yari yarabiteguye atyo, turashobora gukizwa biciye mu kwizera Yesu. Wewe nanje turi abanyavyaha? Ivyaha vyacu vyose vyararungitswe kuri Yesu canke ntivyarungitswe? ―Ntitukiri abanyavyaha kandi, kuko ivyaha vyacu vyamaze kurungikwa kuri Yesu.— 
Ninde yokwubahuka kuvuga ko hariho icaha muri iyi isi? Yesu yakuyeho ivyaha vyose vy’abari mw’isi. Yarazi ko tuzokora icaha, maze akuraho n’ivyaha vyose vyo muri kazoza. Bamwe muri twebwe babarenza imyaka 50 abandi ntibaranabaho n’igice c’imyaka yacu, yamara turivuga, nanje ndimwo, nk’aho twabayeho ibihe bidashira. 
Hari benshi muri twebwe babayeho ubuzima bw’akajagari. Reka ndabisigure muri ubu buryo. Igice c’ubuzima bw’insazi yo mu kwagatanu kingana iki? Kingana n’amasaha 12. 
“Mana yanje! Nahuye n’umuntu araho ancishako akantu bakoresha mu kwamira isazi! urazi habuze gato ngo mpfe.” Iba imaze amasaha 12 ibayeho ariko ntihagarike kwirarira. Yamara ico kiba ari igice c’ubuzima bwayo carangiye. 
Isaha imwe canke zibiri z’ijoro, iba ishaje, hama mu kanya gato, igaca ipfa. Insazi zo mu kwagatanu zimwe zimwe zibaho amasaha 20, iyindi amasaha 21, iyindi na yo yaramvye rwose ikabaho amasaha 24. Ishobora kuvuga ivyo yaciyemwo mu buzima bwayo, mbega ivyo biba bimeze bite imbere yacu? Twe nk’uko dusanzwe tubaho imyaka 70, canke 80, dushobora kuyibwira, duti, “Reka kuntwenza.” Ivyo yaciyemwo ntaco biba bivuze imbere y’amaso yacu. 
Imana ni ihoraho. Ibaho ibihe bidashira. Ni iy’itanguriro n’iherezo. Nk’uko ari ihoraho, ibaho mu rwego rw’ibihe bidashira. Ituraba iri mu rwego rw’ibihe vyayo bidashira.
Umusi umwe, Yakuyeho ivyaha vyose vy’abari mw’isi, ipfira ku Musaraba, ica ivuga, iti, “Birarangiye.” Yarazutse ku musi ugira gatatu maze ija mw’ijuru. Ubu iri mu bihe bidashira. Ubu, iriko iraba umwe wese muri twebwe.
Umuntu ashobora kuvuga, ati, “Ooh, mukunzi, naracumuye rwose. N’ubwo mbayeho imyaka 20 gusa, ndamaze gucumura rwose.” “Maze kubaho imyaka 30 kandi ndamaze gucumura rwose. Ni rwose gusa. Nobabarirwa nte?” 
Ariko Umwami wacu ari mu kibanza ciwe c’ibihe bidashira aca avuga, ati, “Reka kuntwenza. Sinacunguye ivyaha vyawe vyo gushika mu gihe ca none gusa, yamara nacunguye n’ivyaha vya basogokuru bawe utaravuka, n’ivyaha vy’urunganwe rwose rw’uruvyaro rwawe ruzobaho nyuma y’urupfu rwawe.” Abikubwira ari mu kibanza c’ibihe bidashira. Uravyizera? Vyizere. Urakira ingabire y’agakiza uhabwa ku buntu. Maze winjire mu bwami bwo mw’Ijuru. 
Ntiwizere ivyiyumviro vyawe, ariko wizere amajambo y’Imana. ‘Kukw ari vyo bidukwiye, ngo dushitse ukugororoka kwose.’ Ukugororoka kwose kwaramaze kwuzuzwa n’Umwagazi w’intama w’Imana, ukuraho icaha c’abari mw’isi. Yesu yakuyeho ivyaha vyose vy’abari mw’isi. yarabikuyeho, canke ntiyabikuyeho? yarabikuyeho.
 
N’iki Yesu yavuze mu mpera ari ku Musaraba?
“Birarangiye.”
 
Yesu Kristo yakuyeho ivyaha vyose vy’abari mw’isi, acibwa urubanza rwo gupfa mu rukinja rwa Pontiyo Pilato, kandi abambwa ku Musaraba. 
“Avayo, yiyikorereye Umusaraba, ashika ahantu hitwa Nyagihanga, mu Giheburayo hitwa Gologota, bamubambaho, hamwe n’abandi babiri, umwe hirya, uwundi hino, Yesu yari hagati. Pilato yandika icandiko, agishira ku Musaraba; canditwe ngo YESU UMUNYANAZARETI UMWAMI W’ABAYUDA. Benshi mu bayuda bāsoma ico candiko, kukw aho hantu Yesu yabambwe hari hafi y’igisagara; kandi cari canditswe mu Giheburayo no mu Kiroma no mu Kigiriki.” (Yohana 19:17-20). 
Reka turabe ivyabaye amaze kubambwa ku Musaraba. “Hanyuma y’ivyo Yesu amenye yuko noneho vyose birangiye, kugira ng’icanditswe gishike.” Yari yaramaze kwishirako ivyaha vyacu vyose nkukw’ivyanditswe biri. “‘aravuga, ati Mfise inyota.’ Aho hantu hari hateretse inkono yuzuye inkarisha, nuko bashira sipongo yuzuyekw’inkarisha kw’irenga, bayirungika ku munwa wiwe. Yesu amaze kuyihabga, aravuga, ati Birarangiye. Araheza ajondamika umutwe, umutima uraca.” (Yohana 19:28-30).
Amaze guhabwa inkarisha, yaciye avuga, ati, “Birarangiye!” ajondamika umutwe umutima uraca. Yaciye apfa. Yesu Kristo yazutse nyuma y’imisi 3 maze aduga mw’ijuru.
Reka tuje mu Baheburayo 10:1-9. ‘Ivyagezwe ko bifise igitūtu c’ivyiza bizoza, bidafise ishusho bgite y’ivyo vyiza, ntaho vyoshobora guhīngūra abēgēra igicaniro, bibahingurisha ivyo bimazi nyene bahora batanga imyaka n’imyaka. Iyo bibishobora, mbega ntibaba barasizeho kubitanga? Kukw abavyitangira bamaze guhumanurwa rwose rimwe, bataba bakigira imitima irimw’ijwi ribāgiriza ivyaha. Ariko muri ivyo bimazi har’icibukiriza ivyaha uk’umwaka utashe. Kuko bitashoboka kw’amaraso y’amapfizi n’ay’impene akūrah’ivyaha. Ni co catumye, hamwe yaza mw’isi, avuga, At’ibimazi n’amashikanwa ntiwabigomvye, Ariko wanteguriye umubiri. Ibimazi vyoshejwe bidasonōye, n’ibimazi vy’ivyaha ntivyaguhimbaye: Mperako ndavuga, nt’Ehe ndaje, (Mu muzingo w’igitabo ni ko vyanditswe kuri jewe) Nzanywe no gukora ivy’ugomba, Mana. Ahejeje kuvuga haruguru, at’Ibimazi n’amashikanwa, n’ibimazi vyoshejwe bidasonōye n’ibimazi vy’ivyaha, ntiwabigomvye kandi ntivyaguhimbaye (ni vyo bitangwa nk’uko bibgirijwe n’ivyagezwe), aherakw aravuga, at’Ehe nzanywe no gukora ivy’ugomba. Akūraho ivya mbere ngw ashinge ivya kabiri.’
 
 
Ugucungurwa kw’ibihe bidashira 
 
Twotorera umuti dute ingorane y’icaha dukora imisi yose tumaze kwizera Yesu?
Biciye mu kwemera ko Yesu yamaze guhanagura icaha cose mu mubatizo wiwe
 
Ivyagezwe vyari igitutu c’ivyiza vyari bigiye kuza. Ibimazi vyo mw’Isezerano rya Kera, intama n’impene, vyatwereka Yesu Kristo ko yari agiye kuzoza akishirako ivyaha vyacu muri ubwo buryo nyene kugira ngo abihanagure ivyaha vyacu vyose. 
Abantu bose bo mw’Isezerano rya Kera, Dawidi, Aburahamu, n’abandi bose bizera ico ubwo buryo bwo gutanga ikimazi busobanura kuri bo. Bwerekana Mesiya, Kristo (Kristo risobanura Umukiza) yari agiye kuza umusi umwe kandi akwoza ivyaha vyabo vyose. Bizera ugucungurwa kwabo kandi barakijijwe biciye mu kwizera kwabo.
Ivyagezwe vyari igitutu c’ivyiza vyari bigiye kuza. Ugushikana ibimazi vy’ivyaha vyabo vy’umusi ku musi, umwaka kuwundi, ntikwashoboye kubacungura burundu. Niyo mpamvu, uwukwiriye kandi w’ibihe bidashira, atagira agasembwa, Umwana w’Imana, yategerezwa kuza kw’isi. 
Kandi yavuze ko yaje gukora ubugombe bwa Se nk’uko vyanditswe mu gitabo canditswe kivuga We. ‘Aherakw aravuga, at’Ehe nzanywe no gukora ivy’ugomba. Akūraho ivya mbere ngw ashinge ivya kabiri.’ Ducungurwa ivyaha vyacu kubera ko Yesu Kristo yakuyeho ivyaha vyacu nk’uko vyanditswe mw’Isezerano rya Kera, kandi turamwizera.
Reka dusome mu Baheburayo 10:10. “Ukwo kugomba kwayo ni kwo kwatumye twezwa, tubiheshwa n’uk’umubiri wa Yesu Kristo watanzwe rimwe gusa.” Biciye muri ukwo kugomba twarejejwe mu kimazi c’umubiri wa Yesu Kristo catanzwe rimwe gusa. Twarejejwe canke ntitwejejwe? —Twarejejwe.—
Imana Data yarungitse Umwana wayo maze ivyaha vyacu vyose birungikwa kuri We biciye mu mubatizo kandi acirwa urubanza rimwe gusa ku Musaraba. Kubw’ivyo, Yaraducunguye twese abababazwa n’icaha. Ubwo bwari ubugombe bw’Imana.
Kugira ngo aducungure, Yesu yaritanze ubwiwe, rimwe rizima, kugira ngo twezwe. Yesu yaritanze ubwiwe kubw’ivyaha vyacu vyose yongera arapfa mu gishingo cacu kuburyo tutagiciriwe urubanza kandi. 
Ikimazi co mw’Isezerano rya Kera catangwa imisi yose kuko ivyaha bishasha vyose vyakenera ikindi kimazi kugira ngo vyozwe. 
 
 

Insiguro y’impwemu ya Yesu yoza ibirenge vya Petero 

 
Muri Yohana 13, hariho inkuru ya Yesu yoza Petero ibirenge. Yogeje Petero ibirenge kugira ngo amwereke ko azokora ivyaha muri kazoza no kugira ngo amwigishe ko yamaze gucungura n’ivyo vyaha vyose. Yesu yarazi ko Petero azokora ivyaha muri kazoza, rero aca akura amazi mu mpange amwoza ibirenge. 
Petero yaragerageje kwanka, Yesu aca amubwira, “at’ico jewe ndiko ndakora, wewe nturibukimenye ubu: arik’uzobimenya hanyuma.” Ico uyu murongo usobanura, ngo, ‘Uzocumura kandi nyuma y’ibi. Uzonyihakana wongere ucumure kandi nyuma yuko nogeje ivyaha vyawe vyose. Uzocumura n’inyuma yiduzwa ryanje mw’ijuru. Ni yo mpamvu, ndakwogeje ibirenge kugira ngabishe Satani ntakugerageze kuko namaze gukuraho ivyaha vyawe vyo muri kazoza.’ 
Wibaza ko yogeje ibirenge vyiwe kugira ngo atubwire ko dukwiye kwihana imisi yose? Oya. Nimba dukeneye kwihana imisi yose kugira ngo ducungurwe, Yesu ntiyari gukuriraho rimwe ivyaha vyacu vyose. 
Yamara Yesu yavuze ko yatwejeje rimwe gusa. Nimba twari abo kwihana imisi yose, twoca dusubira mw’Isezerano rya Kera. Ninde none yoca acika umugororotsi? Ninde yoca ashobora gucungurwa burundu? N’ubwo twizera Imana, ninde yoca ashobora kubaho atacaha afise? 
Ninde yokwezwa biciye mu kwihana? Ducumura ubudahesha buri musi, none twosaba dute ngo buri caha gikurweho? Twomaramara dute tumugoye imisi yose tumusaba ugucungurwa? Turibagira n’ivyaha vyacu tuba twakoze mu gitondo iyo hageze ku mugoroba, n’ivyaha vyo ku mugoroba iyo bukeye. Ntivyodukundira ko twihana burundu ivyaha vyacu vyose.
Ni yo mpamvu, Yesu yabatijwe rimwe yitanga ubwiwe ku Musaraba rimwe kugira ngo twese twezwe rimwe gusa. Urabitahura? Twacunguwe ivyaha vyacu vyose rimwe gusa. Ntiducungurwa imisi yose ukwo twihanye.
 
Hari icaha coba kigihari dutegerezwa kwihana?
Oya
 
Twarakijijwe ivyaha vyacu biciye mu kwizera ko Yesu yakuyeho ivyaha vyacu vyose, ivyaha vyawe n’ivy’iwanje. 
“Kand’umuherezi wese ahagarara uko bukeye akora ivy’ubuherezi, atanga kenshi ivyo bimazi nyene, ata ho vyoshobora gukūraho ivyaha na mba. Arik’uwo we, amaze gutanga ikimazi kimwe c’ivyaha c’intahava, avyagira i buryo bg’Imana, ahēraho, arorēra igihe abansi biwe bazohindurirwa indava yo musi y’ibirenge vyiwe. Kukw ikimazi kimwe ari co yatunganishije rwose abezwa, ukazoshitsa ibihe bidashira. Kandi na Mpwemu Yera niwe cabona kidushingira intahe y’ivyo. Amaze kuvuga, at’Iri ni ryo sezerano nzosezerana na bo Hanyuma y’iyo misi, ni jewe Uhoraho mbivuze; nzoshira ivyagezwe vyanje mu mitima yabo, No mu bgenge bgabo kandi ni ho nzovyandika: arongera ati Kand’ivyaha vyabo n’ukugabitanya kwabo sinzovyibuka ukundi. Ariko, ah’ivyo bihariwe, ntihaba hakiriho gutanga ikimazi c’ivyaha” (Abaheburayo 10:11-18). 
Bisobanura iki, “ah’ivyo bihariwe”? Mugice ca 10:18 harasigura ko icaha ubwaco, icaha ico arico cose, ko cahanaguwe ibihe bidashira, atakivuyemwo. Imana yarahanaguye ivyaha vyose vy’abari mw’isi. Uravyizera? “Ariko, ah’ivyo bihariwe, ntihaba hakiriho gutanga ikimazi c’ivyaha.”
Reka tubivuge mu ncamake vyose gushika hano nk’uku gukurikira. Iyo Yohana Umubatizi atarambika ibiganza kuri Yesu, muyandi majambo, iyo atabatiza Yesu, twari gucungurwa? Ntitwari gucungurwa. Reka dusubire inyuma gato. Iyo Yesu adatoranya Yohana Umubatizi nk’umuserukizi w’abantu bose kugira ngo akureho icaha cose biciye kuri we, yari kwoza ivyaha vyacu vyose? Ntiyari kuvyoza.
Ivyagezwe vy’Imana biragororotse. Biratunganye. Ntiyopfa kuvuga ko yari Umukiza wacu, ko yakuyeho ivyaha vyacu vyose. Yategerezwa gukuraho ivyaha vyacu mu buryo bugaragara. Kubera iki Yesu, Imana, yaje muri twebwe ari mu mubiri? Kubera ko yarazi ivyaha vyose vy’abantu, ivyaha vy’umutima n’ivy’umubiri, kugira ngo rero akureho ivyaha vyose vy’abantu, We, Umwana w’Imana, yategerezwa kuza muri twebwe ari mu mubiri.
Iyo Yesu Kristo atabatizwa, ivyaha vyacu vyari kugumaho. Iyo abambwa atabanje gukuraho ivyaha vyacu, Urupfu rwiwe rwari kuba ari urw’imburakimazi. Ntaho rwari kuba ruhuriye natwe. Rwari kuba ari urw’imburakimazi burundu.
Rero, igihe yatangura kumugaragaro igikorwa c’ibango ryiwe ageze kumyaka 30, yagiye kwa Yohana Umubatizi kuri Yorodani kubatizwa. Ugukora igikorwa c’ibango ryiwe kumugaragaro kwatanguye afise imyaka 30 guhera afise imyaka 33. Igihe yari afise imyaka 30, yaje kwa Yohana Umubatizi kubatizwa. “Bikunde, kuko ari vyo bidukwiye kugira ngo abantu bose bakizwe kandi bacike abagororotsi. Birakwiye ko tubikora. Ubu nyene, mbatiza.” Ego, Yesu Kristo yarabatijwe kubw’ugucungurwa kw’abantu bose. 
Kubera ko Yesu yabatijwe agakuraho ivyaha vyacu vyose, kubera ko ivyaha vyacu vyari vyarungitswe kuri We biciye mu biganza vya Yohana Umubatizi, Imana ubwayo yaciye iraba hirya igihe yariko arapfira ku Musaraba. N’ubwo Yesu yari Umwana wayo w’ikinege, yategerezwa kureka Umwana wayo agapfa. 
Imana ni urukundo, ariko yategerezwa kureka Umwana wayo agapfa. Mu kiringo c’amasaha atatu, haba umwijima mu gihugu cose. Yesu yararize imbere yuko apfa, “Eli, Eli, lama sabakatani?” risobanurwa ngo, “Mana yanje, Mana yanje, n’iki kikumpebesheje?” (Matayo 27:46). Yesu yikoreye ivyaha vyacu vyose kandi acirwa urubanza rwo ku Musaraba. Kubw’ivyo, Yaradukijije twese. Iyo hataba umubatizo wa Yesu, urupfu rwiwe rwari kuba urw’imburakimazi. 
 
Uri umunyavyaha canke umugororotsi?
Ndi umugororotsi ntacaha na kimwe mfise mu mutima wanje.
 
Iyo Yesu apfa ku Musaraba adakuyeho ivyaha vyacu vyose, atabatijwe, urupfu rwiwe ntirwari gushitsa ugucungura. Kugira ngo aducungure mu buryo butunganye, Yesu yabatijwe na Yohana, umuserukizi w’abantu bose, yakira igihano ku Musaraba kugira ngo abamwizera bose babashe gukizwa. 
Ni yo mpamvu, uhereye mu gihe ca Yohana gushika n’ubu, babandanira ubwami bwo mw’Ijuru. Kubera ko Yohana Umubatizi yarungitse ivyaha vyose vy’abari mw’isi kuri Yesu, ivyaha vyawe n’ivyanje vyarahongewe. Ni yo mpamvu, wewe nanje ubu dushobora guhamagara Imana duti Data kandi tukinjira mw’ijuru dufise n’ubushizi bw’ubwoba.
Mu Baheburayo 10:18, “Ariko, ah’ivyo bihariwe, ntihaba hakiriho gutanga ikimazi c’ivyaha.” Uri umunyavyaha? Ubu ko Yesu yamaze kuriha amadeni yawe yose, uracakeneye kuriha amadeni kandi? 
Hariho umugabo umwe yakunda kunywa rwose bimutera kugirira amadeni abantu benshi. Hama, umusi umwe, umuhungu wiwe arondera ubutunzi ariha amadeni ya se yose. Se ntiyaba akigira ideni n’ubwo yari yaranyoye cane.
Ibi nivyo Yesu yadukoreye. Yarishe umurengera awuriha imbere yuko dukora ivyaha vyacu vyose. Ntabwo ari ivyaha gusa vy’imisi tuzomara, ariko ni ivyaha vyose vy’abari mw’isi. Vyarungitswe vyose kuri Yesu igihe yabatizwa. None muri abanyavyaha? Oya, ntimuri abanyavyaha. 
Iyo tuba twaramenye ubu butumwa bwiza bwo gucungurwa kuva kera, Ese ukuntu vyari kutworohera kwizera Yesu. Ariko uko buri, bwumvikana nka bushasha rwose kuburyo abantu benshi babwiyumvirako cane. 
Ariko ubu si bushasha. Bwabayeho uhereye ubwa mbere na mbere. Gusa ntitwabumenye mbere. Ubutumwa bwiza bw’amazi na Mpwemu bwamye buri mu vyanditswe kandi bwamye bukurikizwa. Bwariho igihe cose. Bwariho imbere yuko wewe nanje tuvuka. Bwariho uhereye ku kuremwa kw’isi. 
 
 
Ubutumwa bwiza bwo gucungurwa kw’ibihe bidashira
 
N’iki twokora imbere y’Imana?
Dutegerezwa kwizera ubutumwa bwiza bwo gucungurwa kw’ibihe bidashira.
 
Yesu Kristo, yogeje ivyaha vyacu vyose kubwacu, yabikoze imbere yuko wewe nanje tuvuka. Yarabikuyeho vyose. Uracafise icaha? —Oya.— Hama ivyaha uzokora ejo hoho bimeze bite? Navyo nyene biri mu vyaha vy’abari mw’isi. 
Tureke kwiganyira kuvyaha vy’ejo hazoza. Ivyaha twakoze gushika ubu vyarimwo navyo nyene mu vyaha vy’abari mw’isi, sivyo? Vyoba vyovyo vyararungitswe kuri Yesu canke ntivyarungitswe? Ego, vyararungitswe. 
Hama ivyaha vy’ejo hazoza vyovyo vyararungitswe kuri We? Ego, Yarabitwaye vyose, atakivuyemwo. Ntacaha na kimwe yasize inyuma. Ubutumwa bwiza butubwira kwizere n’umutima wacu wose ko Yesu yakuyeho ivyaha vyacu vyose, rimwe gusa, kandi akabiriha vyose. 
‘Itanguriro ry’ubutumwa bgiza bga Yesu Kristo, Umwana w’Imana’ (Mariko 1:1). Ubutumwa bwiza bwo mw’ijuru ni amakuru ahimbaye. Atubaza, ati “Narakuyeho ivyaha vyanyu vyose. Ndi Umukiza wanyu. Muranyizera?” Hagati mw’isinzi ry’abantu, bake gusa akaba ari bo bishura, “Ego, Ndizera. Ndizera nk’uko wabitubwiye. Birasanzwe kuburyo nashoboye kubitahura bukwi na bukwi.” Abavuga batyo bacika abagororotsi nka Aburahamu.
Ariko abavuga, bati, “Sinshobora kuvyizera. Numva umengo ni bishasha rwose kandi birayobeye.”
Aca ababaza, “Mbwira, narakuyeho ivyaha vyawe vyose canke sinabikuyeho?” 
“Narinzi ko wakuyeho icaha c’inyanduruko gusa, ariko atari ivyaha vyanje vya misi yose.” 
“Ndabona uri umunyabwenge rwose kuburyo utizera ico mvuga. Kuva atakindi mfise ndakubwira, utegerezwa kuja mu muriro.” 
Twakijijwe biciye mu kwizera ugucungura burundu kubonekera muri We. Abashimangira bose ko bafise icaha bategerezwa kuja mu muriro. Ni amahitamwo yabo.
Ubutumwa bwiza bwo gucungurwa butangurana n’intahe ya Yohana Umubatizi. Kubera ko Yesu yogeje ivyaha vyacu vyose biciye mu kubatizwa na Yohana Umubatizi, twarejejwe igihe twizera. 
Intumwa Paulo yaravuze vyinshi kuvyerekeye umubatizo wa Yesu mu vyete vyiwe. Mub’i Galatiya 3:27, “Kuko mwese ababatirijwe kuba aba Kristo mwambaye Kristo.” Kubatirizwa muri Kristo’ bisigura ko turi muri Kristo. Igihe Yesu yabatizwa, ivyaha vyacu vyose vyarungitswe kuri We biciye kuri Yohana Umubatizi, maze ivyaha vyacu vyose birozwa. 
Muri 1 Petero 3:21, “Ayo ni yo abakiza namwe abakiza ubu, mu buryo bg’ikigereranyo c’ukubatizwa, s’ugukūrah’imvyiro zo ku mubiri, ariko n’isezerano ry’umutima utāgiriza ikibi usezeranye ku Mana, abakirisha ukuzuka kwa Yesu Kristo.” 
Abizera intahe ya Yohana Umubatizi, umubatizo wa Yesu, n’amaraso yo ku Musaraba, nibo bonyene bafise ubuntu bwo gucungurwa muri bo. 
Akira mu mutima wawe umubatizo wa Yesu, ikigereranyo c’agakiza, hama ukizwe.
 
Iyi nsiguro iraboneka kandi mu buryo bw’igitabu c’ubuhinga bwa none. Fyonda ku gipfukisho c’igitabu kiri aha hepfo.
WOBA WARAVYAWE UBWA KABIRI VY’UKURI N’AMAZI NA MPWEMU? [Igisomwa gishasha casubiwemwo]