• All e-books and audiobooks on The New Life Mission website are free
  • Explore multilingual sermons in global languages
  • Two new revised editions in English have been released
  • Check out our website translated into 27 languages
Search

Sermons

Icigwa ca 3 : Ubutumwa bwiza buva mu Mazi na Mpwemu

[3-3] Yesu Kristo yaraje aca mu mazi, mu maraso, na Mpwemu (1 Yohana 5:1-12)

Yesu Kristo yaraje aca mu mazi, mu maraso, na Mpwemu (1 Yohana 5:1-12)
(1 Yohana 5:1-12) 
“Uwemera wese yuko Yesu ari Kristo, ni we yavyawe n’Imana; kand’umuntu wese akunda uwo Muvyeyi, akunda n’uwamuvyaye na we. Iki ni co kitumenyesha yuko dukunda abana b’Imana, ni twakunda Imana tugakora ivyagezwe vyayo. Kuk’ugukunda Imana ar’uku, n’uko twitondera ivyagezwe vyayo: kand’ivyagezwe vyayo ntibigora. Kukw’icavyawe n’Imana cose kinesha isi; iyi ni yo ntsinzi yacu yatsinze isi, n’ukwizera kwacu. Ni nde atsinda isi, atar’uwizera yuko Yesu ar’umwana w’Imana? Ni we Yesu Kristo yaje agaca mu mazi no mu maraso: si mu mazi yonyene, ariko ni mu mazi no mu maraso. Kandi Mpwemu ni we abishingira intahe, kuko Mpwemu ar’ukuri. Kukw ibishingira intahe ari bitatu, Mpwemu n’amazi n’amaraso: kandi ivyo bitatu bihurira hamwe. Ko twemera intahe inshinzwe n’abatatu, intahe y’Imana yo n’agaheta: kukw’intahe y’Imana ar’iyi, ar’ukwo yashingiye intahe ivy’umwana wayo. Uwizera umwana w’Imana ni we afise iyo ntahe muri we; ūtizera Imana aba ayigize umubeshi, kukw atemeye intahe Imana yashingiye Umwana wayo. Kand’iyo ntahe n’iyi: n’ukw’Imana yaduhaye Ubugingo budashira kandi ubgo bugingo ko buri mu Mwana wayo. Ūfise Umwana wayo ni we afise ubgo bugingo; ūdafise Umwana w’Imana ntafise ubgo bugingo.” 
 
 
Yesu yaje aca mu ki?
Mu mazi, mu maraso, no mu Mpwemu
 
Yesu yaraje aca mu mazi? Ego, Yarayaciyemwo. Yaraje aca mu mubatizo wiwe. Amazi ni umubatizo wa Yesu yabatijwe na Yohana Umubatizi ku ruzi Yorodani. Wari umubatizo wo gucungurwa biciye muri wo yatwaye ivyaha vyose vy’abari mw’isi. 
Yesu yaraje aca mu maraso? Ego, Yarayaciyemwo. Yaraje ari mu mubiri w’umuntu arabatizwa kugira ngo akureho ivyaha vyose vy’abari mw’isi, hama ariha ingero y’icaha biciye mu gusesa amaraso ku Musaraba. Yesu yaraje aca mu maraso. 
Yesu yaraje aca mu Mpwemu? Ego, yarayiciyemwo. Yesu yari Imana, ariko yaraje nka Mpwemu iri mu mubiri kugira ngo abe Umukiza w’abanyavyaha.
Abantu benshi ntibizera ko Yesu yaje aciye mu mazi, mu maraso na Mpwemu. Bake gusa nibo bizera ko Yesu vy’ukuri ari Umwami w’abami Imana irengeye izindi imana. Abantu isinzi baracibaza bati, ‘Yesu ni Umwana w’Imana koko, canke ni Umwana w’umuntu?’ Abantu benshi, harimwo abahinga b’ivy’indoramana n’abungere, bizera Yesu nk’umuntu hakumwizera nk’Imana, Umukiza canke nk’ikibirengeye. 
Yamara Imana yavuze uwizera wese ko Yesu ari Umwami w’abami, Imana nyakuri, n’umukiza nyakuri ko yovyarwa na Yo. Abakunda Imana bakunda na Yesu, kandi abizera Imana koko batako bakanakunda na Yesu. 
Abantu ntibashobora kunesha isi. Intumwa Yohana atubwira ko abakristo bukuri bonyene ko aribo bashobora kunesha isi. Impamvu abizera bashobora kunesha isi nuko bababizera amazi, amaraso, na Mpwemu vya Yesu. Ubushobozi bwo kunesha isi ntibushobora kududubiza buva mu bugombe bw’umuntu, mu bikorwa vy’inkomezi ziwe, canke mw’ishaka ryiwe. 
“Naho novuga indimi z’abantu n’iz’abamarayika, ariko ntagira urukundo, noba ncitse umuringa uvuga, cank’icuma kivuzwa kigasāma. Kandi naho nogira ingabire yo kuvugishwa n’Imana, nkamenya amabanga yose, n’ubgenge bgose, kandi naho nogira ukwizera kwose, ngashobora gukūrah’imisozi, ariko ntagira urukundo, noba nd’ubusa. Kandi naho notanga ivyanje vyose, ngo ngaburire aboro, kandi naho notanga umubiri wanje ngo nturirwe, ariko ntagira urukundo nta co vyommarira.” (1 Ab’i Korinto 13:1-3). ‘Urukundo’ twisunze ngaha rusigura Yesu, yaje agaca mu mazi, mu maraso no mu Mpwemu.
 
 
Uwizera Amazi n’Amaraso niwe wenyene ashobora gutsinda isi 
 
Ninde ashobora gutsinda isi?
Ni uwizera ugucungurwa Kubonekera mu mubatizo wa Yesu, mu maraso yiwe no mu Mpwemu
 
Muri 1 Yohana 5:5-6 handitswe, ngo, “Ninde atsinda isi, atar’uwizera yuko Yesu ar’Umwana w’Imana? Ni we Yesu Kristo.” 
Bakristo bakundwa, uwatsinze isi, uwatsinze Satani, ni Yesu Kristo. Uwizera ijambo ribonekera mu mazi, mu maraso, na Mpwemu vya Yesu nawe azotsinda isi. Yesu yatsinze isi ate? Biciye mu gucungurwa kubonekera mu mazi, mu maraso na Mpwemu.
Muri Bibiliya, ‘amazi’ ahagarariye ‘umubatizo wa Yesu’ (1 Petero 3:21). Yesu yaje kuri iyi isi ari mu mubiri. Yaje gukiza abanyavyaha bo kw’isi; yarabatijwe kugira ngo akureho ivyaha vy’abanyavyaha bose kandi apfira ku Musaraba kugira ngo ahongerwe ivyo vyaha. 
Amaraso yo ku Musaraba yerekana ukuri kw’uko yaje kuri iyi isi ari mu mubiri w’umuntu. Yaraje ari mu mubiri w’umuntu kugira ngo akize abanyavyaha kandi yarabatijwe n’amazi. Ni yo mpamvu, Yesu yaje muri twebwe biciye muri vyose bibiri amazi n’amaraso. Muyandi majambo, Yakujeho ivyaha vy’abari mw’isi amazi y’umubatizo wiwe n’amaraso y’urupfu rwiwe. 
Satani yarongoye isi ate? Satani atuma abantu bakekeranya ijambo ry’Imana kandi agatera imbuto z’ukutumvira mu mitima yabo. Muyandi majambo, Satani ahindura abantu abakozi biwe biciye mu kubahenda ngo ntibumvire ijambo ry’Imana. 
Yamara, Yesu yaje kuri iyi isi kandi ahanaguza ivyaha vyose vy’abantu amazi y’umubatizo wiwe n’amaraso yiwe yo ku Musaraba: Yatsinze Satani yongera ahanagura ivyaha vyose vy’abari mw’isi.
Ivyo vyabaye kubera ko Yesu Kristo yari Umukiza w’abanyavyaha. Yacitse Umukiza wacu kubera ko yaje agaca mu mazi no mu maraso. 
 
 

Yesu yakujeho ivyaha vyose vy’abari mw’isi umubatizo wiwe wo gucungura 

 
Bisigura iki kuba ‘Yesu yaranesheje isi’?
Bisigura ko yakuyeho ivyaha vyose vy’abari mw’isi.
 
Kuva Yesu yarabatijwe kugira ngo akureho ivyaha vyose vy’abari mw’isi akongera akabiharira, yarashoboye kudukiza ivyaha vyose. Kubera ko Yesu yabatijwe mu ruzi Yorodani na Yohana Umubatizi, umuserukizi w’abantu bose, ivyaha vyose vy’abari mw’isi vyarungitswe kuri We. Yatanze ubuzima bwiwe ku Musaraba kubw’ingero y’icaha. Kubera ko yapfuye akongera akazuka avuye mu bapfuye, yatsinze inkomezi za Satani. Yarishe ingero y’icaha akoresheje urupfu rwiwe.
 
 

Yesu yaje mu banyavyaha aciye mu mazi y’umubatizo wiwe no mu maraso yo ku Musaraba

 
Intumwa Yohana yavuze ko ugucungurwa atari ukw’amazi gusa, ariko ko ari ukw’amazi n’amaraso. Ni yo mpamvu, nk’uko Yesu yategerezwa kurungika ivyaha vyose akongera agakuraho ivyaha vyacu ibihe bidashira, abanyavyaha bose barakijijwe icaha biciye mu kumwizera, kandi baba abizigirwa kw’ijambo ryayo.
 
Yanesheje ubushobozi bwa Satani ate?
Biciye mu mubatizo wiwe, mu maraso na Mpwemu
 
Igihe Yesu yamanuka kw’isi, yakuyeho ivyaha vyose vy’abari mw’isi. Yakujeho ivyaha vyacu vyose umubatizo wiwe muri Yorodani yongera ariha ingero y’ivyo vyaha ku Musaraba; yarishe ivyaha vyacu akoresheje urupfu rwiwe. Kandi ubuvugishwa bw’icagezwe kigororotse c’Imana kivuga ko ‘ingero y’icaha ko ari urupfu’ (Abaroma 6:23) bwarujujwe. 
Yesu yashatse kuvuga iki igihe yavuga gutsinda isi? Ukwizera gutsinda isi ni ukwizera ubutumwa bwiza bwo gucungurwa, ubwo Yesu yatuzaniye biciye mu mazi n’amaraso. Yaraje ari mu mubiri kandi ashingira intahe agakiza biciye mu mubatizo wiwe w’amazi n’urupfu rwiwe rwo ku Musaraba. 
Yesu yatsinze isi, yitwa Satani. Intumwa z’ishengero rya mbere barahagarara bemye n’imbere y’ubumaratiri ntibatinya ubwami bw’Abaroma canke ibigeragezo na bimwe vyo muri iyi isi. 
Vyose vyari ingaruka y’ukwizera kwabo kw’uko Yesu yaje agaca mu mazi (Yabatijwe kugira ngo akureho ivyaha vyacu vyose), akongera agaca mu maraso yiwe ku Musaraba (Yarishe ingero y’ivyaha vyacu vyose mu rupfu rwiwe). 
Yesu yaje mu Mpwemu (Yaje ari mu mubiri w’umuntu), yongera akuraho ivyaha vy’abanyavyaha akoresheje umubatizo wiwe n’amaraso yiwe yo ku Musaraba kugira ngo twese abo gucungurwa dushobore gutsinda isi.
 
 
Ayo ni yo abakiza namwe ubu, mu buryo bg’ikigereranyo c’ukubatizwa, abakirisha ukuzuka kwa Yesu Kristo <1 Petero 3:21> 
 
Ni icahe kigereranyo c’agakiza?
Umubatizo wa Yesu
 
Muri 1 Petero 3:21, havuga, ngo, “Ayo ni yo abakiza namwe ubu, mu buryo bw’ikigereranyo c’ukubatizwa, s’ugukūraho imvyiro zo ku mubiri, ariko n’isezerano ry’umutima utāgiriza ikibi usezeranye ku Mana, abakirisha ukuzuka kwa Yesu Kristo.” Intumwa Petero yashinze intahe ko Yesu yari Umukiza kandi ko yaje agaca mu mazi y’umubatizo n’amaraso. 
Nk’inyishu, turakwiye kwizera Yesu yaje agaca mu mazi no mu maraso. Kandi turakwiye kumenya ko amazi y’umubatizo ko ari ikigereranyo kidukiza. Intumwa Petero yatubwiye ko ‘amazi’ y’umubatizo, ‘amaraso,’ na ‘Mpwemu’ ko ari vyo ‘bintu nyamuku’ mu gucungurwa.
Ntan’umwe mu bigishwa yigeze yizera amaraso yo ku Musaraba ngo ntiyizere umubatizo wa Yesu. Kwizera amaraso gusa ni ukuronka igice c’ukwizera nyakuri. Ukwizera kw’igice canke ukwizera kutuzuye kugenda kurakamangana uko igihe kigenda. Ariko ukwizera kw’abizera ubutumwa bwiza bw’amazi, amaraso na Mpwemu kurakura kugakomera uko igihe kigenda. 
Yamara, ijwi ry’ubutumwa buvuga amaraso gusa niryo ryonyene ririko rirakomera rwose kandi rwose kw’isi muri iyi misi. Kubera iki bimeze atyo? Abantu ntibazi ijambo ry’ukuri, ugucungurwa kubonekera mu mazi na Mpwemu, ni yo mpamvu badashobora kuvuka ubwa kabiri. 
Igihe kimwe, amashengero yo mu burengero bw’isi yari yaguye mu kwizera kw’imiziro. Yagaragara nkayariko aratera imbere, ariko abakozi ba Satani baca baramufasha guhindukiza ukwizera bafata ukwizera kw’imiziro.
Ukwizera kw’imiziro ni ukwizera ko umurwanizi azohunga ngo nuko umuntu ashushanije umusaraba ku rupapuro canke ngo nuko akoze umusaraba mu rukwi, canke ngo Satani azokwirukanwa nuko umuntu yizera amaraso ya Yesu. Biciye muri ibi no mu bindi vyizerwa vy’imiziro, Satani yarahenze abantu ababwira ko bategerezwa kwizera amaraso ya Yesu yonyene. Satani arigirisha nkaho atinya amaraso, akavuga ko Yesu yaviriye amaraso abanyavyaha. 
Yamara, Petero n’izindi ntumwa barashingiye intahe ubutumwa bwiza nyakuri bw’umubatizo wa Yesu n’amaraso yo ku Musaraba. Ariko, n’iki abakristo b’iki gihe bashingira intahe? Bashingira intahe amaraso ya Yesu yonyene. 
Turakwiye kwizera amajambo yanditswe muri Bibiliya kandi tukizera agakiza ka Mpwemu, k’umubatizo wa Yesu, n’ak’amaraso. Twirengagije umubatizo wa Yesu maze tugashingira intahe ivy’uko Yesu yadupfiriye ku Musaraba gusa, agakiza kacu ntigashobora kwuzura. 
 
 
Ijambo rishingira intahe agakiza k’Imana
 
Ni iki cerekana ko Imana yadukijije?
Amazi, amaraso, na Mpwemu
 
Muri 1 Yohana 5:8, Umwami avuga, ati, “Kukw’ibishinga intahe ari bitatu”. Ica mbere ni Mpwemu, ica kabiri ni amazi y’umubatizo wa Yesu, ica gatatu ni amaraso yo ku Musaraba wiwe. Ivyo vyose bitatu bihurira hamwe. Yesu yaje kuri iyi isi kugira ngo akize twese ivyo vyaha. We wenyene yarabikoze vyose bitatu, umubatizo, amaraso, na Mpwemu.
‘Kukw’ibishinga intahe ari bitatu’. Hari ibintu bitatu vyerekana ko Imana yadukijije. Ivyo bintu bitatu bivyerekana ni amazi y’umubatizo wa Yesu, amaraso yiwe, na Mpwemu. Ivyo bintu bitatu nivyo Yesu yadukoreye kuri iyi isi.
Hamwe kimwe muri ivyo bitatu cokurwamwo, agakiza ntikwokuzura. Hari bitatu bishinga intahe: Mpwemu, amazi, n’amaraso. 
Yesu Kristo umwe yaza muri twebwe ari mu mubiri ni Imana, Mpwemu, n’Umwana. Yaraje muri iyi isi ari Impwemu iri mu mubiri w’umuntu kandi abatizwa mu mazi kugira ngo akureho ivyaha vyose vy’abari mw’isi. Kandi yatwaye ivyaha vyose mu mubiri wiwe yongera aradukiza twebwe abanyavyaha mu gusesa amaraso gushika ku rupfu rwo ku Musaraba. Yarihiye ivyaha vyose hamwe. Ubu ni ubutumwa bwiza bwo gucungurwa burundu biciye mu mazi, mu maraso, na Mpwemu. 
Hamwe kimwe muri ivyo bitatu cokurwamwo, kwoba ari uguhakana agakiza k’Imana kw’uko yadukijije icaha cose. Yamara, kino gihe, isinzi ry’abizera bashingira intahe kandi bakizera ubutumwa bw’amaraso na Mpwemu gusa.
Ariko Intumwa Yohana yavuze ko hari ibintu bitatu bishinga intahe: amazi y’umubatizo wa Yesu, amaraso yo ku Musaraba, na Mpwemu. Intumwa Yohana yarabitomoye neza mu ntahe yiwe.
Ukwizera gucungura umunyavyaha ni ukwizera Mpwemu, amazi n’amaraso. Kuri hehe ukwizera gushoboza umuntu gutsinda isi? Kuri ngaha nyene. Ni ukwizera Yesu yaje agaca mu mazi, mu maraso, na Mpwemu. Vyizere maze wakire agakiza n’ubuzima budashira. 
 
Agakiza k’Imana kotungana umubatizo wa Yesu utarimwo?
Oya
 
Kera, imbere yuko mvuka ubwa kabiri, Nanje, nari umukristo yizera amaraso yo ku Musaraba na Mpwemu gusa. Nizera ko yaje kw’isi nk’Impwemu yongera arampfira ku Musaraba maze arankiza ivyaha vyose. Nizera bino bibiri gusa kandi vyari bihajije ukuri bikwiriye n’ubwo nashaka kuvyigisha abantu. 
Nari nateguye kwiga ishure ndoramana ngo mbe umumisiyonari kugira ngo nkore kandi mpfire abantu nkuko Yesu yabikoze. Nari nateguye ubwoko bwose bw’ibintu bikomeye. 
Ariko, ncizera ibintu bibiri gusa, hari hakiriyo icaha mu mutima wanje. Ingaruka yavyo nuko, ntashobora gutsinda isi. Sinashobora kubohoka icaha. Igihe nizera amaraso na Mpwemu gusa, nari ngifise icaha mu mutima wanje. 
Impamvu nari ngifise icaha mu mutima wanje nubwo nizera Yesu nuko ntarinzi ibijanye n’amazi, umubatizo wa Yesu. Ugukizwa kwanje ntikwari bwuzure gushika aho nacungurwa n’ukwizera amazi y’umubatizo, amaraso, na Mpwemu. 
Impamvu ntashobora gutsinda ivyaha vy’umubiri nuko ntarinzi insiguro y’umubatizo wa Yesu. N’ubu abantu benshi barizera Yesu ariko baracakora ivyaha vy’umubiri. Baracafise icaha mu mitima yabo ariko bakagerageza ibintu vyose kugira ngo bagarukane urukundo rwa mbere bari bafitiye Yesu. 
Ntibashobora gukangura ishaka ryabo ry’umururumbo rya mbere kuko batigeze boza ivyaha vyabo burundu n’amazi. Kubera ko badatahura ko ivyaha vyabo vyose ko vyarungitswe kuri Yesu igihe yabatizwa, ntibashora kugarukana ukwizera kwabo nyuma y’ukugwa.
Nashaka kubatomorera iki kintu mwese. Turashobora kubaho mu kwizera kandi tugatsinda isi mu gihe twizeye Yesu. Nubwo duhajije, nubwo dukora ivyaha vyinshi muri iyi isi, mugihe twizeye Yesu nk’Umukiza wacu yatubohoye burundu icaha akoresheje umubatizo wiwe, turashobora guhagarara nk’abanesha. 
Yamara, twizeye Yesu ntitwizere amazi y’umubatizo, ntidushobora gukizwa burundu. Intumwa Yohana itubwira ko ukwizera gutsinda isi ko ari ukwizera Yesu Kristo yaje agaca mu mazi y’umubatizo, mu maraso no mu Mpwemu.
Imana yaturungikiye Umwana wayo w’ikinege kugira ngo acungure abizera umubatizo n’amaraso yiwe. Yesu yakujeho ivyaha vyacu vyose umubatizo wiwe. Yesu, Umwana w’Imana w’ikinege, yaje muri twebwe ari mu Mpwemu (iri mu mubiri w’umuntu). Kandi yarasheshe amaraso ku Musaraba kugira ngo arihe ingero z’icaha. Kubw’ivyo Yesu yakijije abantu bose icaha. 
Ukwizera kuturongorera kugutsinda isi kuva mu kwizera ukuri kw’uko Yesu yaje muri twebwe agaca mu mazi, mu maraso no mu Mpwemu maze akatubohora ivyaha vyose burundu. 
Iyo hataba amazi y’umubatizo n’amaraso yo ku Musaraba, ntagakiza nyakuri kwobaho. Habuze iki canke kiriya, ntagakiza nyakuri twogira. Agakiza nyakuri ntigashobora kuronkeka atamazi n’amaraso na Mpwemu. Ni yo mpamvu, dutegerezwa kwizera amazi, amaraso na Mpwemu. Menya ivyo, uzoca uronka ukwizera nyakuri. 
 
 
Ndakubwiye ko atari agakiza nyakuri nimba hatarimwo igishingantahe c’amazi, amaraso na Mpwemu
 
Ni ibihe bintu bitatu nyamukuru bishingira intahe agakiza?
Amazi, amaraso na Mpwemu
 
Umuntu ashobora kwiyumvira kuri iki kibazo, ati, “Yesu ni Umukiza wanje. Ndizera amaraso yo ku Musaraba kandi nshaka gupfa nk’umumaratiri. Ndizera Yesu n’ubwo mfise icaha mu mutima wanje. Narihanye n’umwete mwinshi kandi narakoresheje inkomezi nyinshi mu gukora ibikorwa vyiza, mu nzira igororotse kandi iberereye imisi yose. Natanze ubuzima bwanje n’ivyo ntunze vyose kubwawe. Sinubatse n’urwanje. Gute Imana yoba itanzi? Yesu yampfiriye ku Musaraba. Imana yacu yera yaraje kw’isi nk’umuntu kandi idupfira ku Musaraba. Narakwizeye, nditanga kubwawe, kandi nkorana ibikorwana ubwizigirwa kubwawe. Nubwo noba ntakwiriye kandi nkaba nkifise icaha mu mutima wanje, ivyo vyotuma Yesu andungika mu muriro? Oya, Ntazondungikayo.” 
Hari abantu benshi rwose bameze nk’uko. Nibo batizera ko Yesu yabatijwe kugira ngo akureho ivyaha vyose vy’abari mw’isi. Bano bakristo bizera Yesu ariko bagifise icaha, baja hehe?. Baja mu muriro. Ni abanyavyaha!
Bo, biyumvira uko bagomvye bakibaza ko ari ngombwa n’Imana yiyumvire uko nyene, bazoja mu muriro. Vyongeye, bamwe bavuga ko kubera Yesu yakuyeho icaha cose igihe yapfa ku Musaraba, ko atacaha kiri mw’isi. Yamara, uku kuba ari ukuvuga ivy’amaraso na Mpwemu gusa. Ukwo ntabwo ari ukwizera kurongorera abantu ku gucungurwa burundu.
Turakwiye kwizera ko Yesu yakujeho ivyaha vyacu umubatizo wiwe, acirwa urubanza, adupfira ku Musaraba, kandi azuka ku musi ugira gatatu avuye mu rupfu. 
Tudafise ukwizera nk’ukwo, ugucungurwa burundu ntikwoshoboka. Yesu Kristo yarabatijwe, apfira ku Musaraba, yongera arazuka. Yesu Kristo yaje aca mu mazi, mu maraso, no mu Mpwemu. Yakuyeho ivyaha vyose vy’abari mw’isi.
Hari ibintu bitatu vy’ingenzi bishinga intahe: Mpwemu, amazi n’amaraso. 
Ica mbere, ni Mpwemu Yera ashingira intahe Yesu ko ari Imana kandi ko yamanutse mu mubiri w’umuntu. 
Ica kabiri ni intahe ya ‘amazi.’ Amazi ni umubatizo wa Yesu muri Yorodani yabatijwe na Yohana Umubatizi, biciye muri wo ivyaha vyacu vyarungitswe kuri Yesu. Ivyaha vyacu vyose vyarungitswe kuri Yesu igihe yabatizwa (Matayo 3:15). 
Ica gatatu ni intahe ya ‘amaraso’ ahagarariye ubuzima bushasha hamwe n’ukwakira inshingano kwa Yesu y’urubanza rw’ivyaha vyacu mugishingo cacu. Yesu yaradupfiriye yakira urubanza rwa Se kubwacu yongera azuka nyuma y’imisi 3.
Imana Data irungika Mpwemu mu mitima y’abizera umubatizo n’amaraso vy’Umwana wayo kugira ngo ishingire intahe ugucungurwa kwacu. 
Abavutse ubwa kabiri bafise ijambo muri ryo bagatsinda isi. Abacunguwe bazotsinda Satani, ububeshi bw’abavugishwa b’ibinyoma, n’inzitizi, canke ivyipfuzo bibatera ubudahumeka. Impamvu dufise izo nkomezi nuko dufise ibintu bitatu mu mitima yacu: amazi ya Yesu, amaraso yiwe, na Mpwemu.
 
Dutsinda isi na Satani dute?
Biciye mu kwizera intahe zitatu
 
Dutsinda Satani n’isi kubera ko twizera Mpwemu, amazi n’amaraso. Abizera umubatizo n’amaraso vya Yesu barashobora gutsinda inzira zose z’abavugishwa bibinyoma. Ukwizera kwacu, gufise izi nkomezi zo gutsinda, kuri mu mazi, mu maraso, no mu Mpwemu. Uravyizera?
Ntushobora kuvuka ubwa kabiri canke ngo utsinde isi utizera ugucungurwa kuboneka biciye mu mubatizo wa Yesu, amaraso yiwe, no mu kwizera ko Yesu ari Umwana w’Imana n’umukiza wacu. Uragufise mu mutima wawe? 
Urafise Mpwemu n’amazi mu mutima wawe? Urizera ko ivyaha vyawe vyose ko vyarungitswe kuri Yesu? Urafise amaraso yo ku Musaraba mu mutima wawe? 
Uzotsinda isi niwagira umubatizo, amazi ya Yesu mu mutima wawe, ukizera ko Yesu yagupfiriye ku Musaraba agahanwa mu gishingo cawe. 
Intumwa Yohana yatsinze isi kuko yarafise ivyo bintu vyose bitatu nyamukuru mu mutima wiwe. Yaranabwiye ivy’ugucungurwa bene se bose mu kwizera bariko bihanganira inzitizi n’ibibatera ubwoba mu gikorwa cabo. Yashinze intahe, avuga ati, “Uku niko namwe mushobora gutsinda isi. Yesu yaje aca mu Mpwemu, mu mazi, no mu maraso. Nk’uko yatsinze isi, abizera Mpwemu, amazi, n’amaraso barashobora nabo gutsinda isi. Iyi niyo nzira yonyene abizera batsindiramwo isi.”
Muri 1 Yohana 5:8, handitswe, ngo “Kukw’ibishinga intahe ari bitatu, Mpwemu n’amazi n’amaraso: kandi ivyo bitatu bihurira hamwe.” Benshi baracavuga ivy’amaraso na Mpwemu, ariko bagakuramwo amazi y’umubatizo wa Yesu. Nimba bakuramwo ‘amazi,’ baracahendwa na Satani. Barakwiye kuva inyuma y’uruhendo rwabo bwite kandi bakihana; barakwiye kwizera ‘amazi’ y’umubatizo wa Yesu, wo kuvuka ubwa kabiri.
Ntan’umwe ashobora gutsinda isi atizera amazi n’amaraso. Ndabikubwiye kandi, ntan’umwe! Dutegerezwa kurwana dukoresheje amazi n’amaraso vya Yesu nk’ibirwanisho vyacu. Ijambo ryayo ni inkota y’Impwemu, ni Umuco. 
Haracariho benshi cane batizera umubatizo wa Yesu wogeje ivyaha vyabo vyose. Haracariho benshi cane bizera ibintu bibiri gusa. Igihe Yesu ababwiye ati ‘haguruka ukayangane,’ ntibashobora gukayangana. Baracafise icaha mu mitima yabo. N’ubwo bizera Yesu baracari abo kuja mu muriro.
 
 
Ubutumwa bwiza bw’umubatizo n’amaraso vya Yesu burakwiye gushingirwa intahe vy’ukuri kugira ngo abantu bikunde babwumve, Babwizera, maze bakizwe
 
Ukwizera umubatizo wiwe kwoba ari ukwizera kw’ibihimbano?
Oya, si ibihimbano. Ni ukuri. 
 
Igihe dushingiye intahe ubutumwa bwiza, burakwiye gusigurwa neza. Yesu yaraje aca mu Mpwemu, mu mubatizo (ukuraho ivyaha vyacu vyose), no mu maraso (ariha ivyaha vyacu vyose). Dutegerezwa kwizera ivyo vyose bitatu.
Bitagenze ukwo, ntituzoba turiko turigisha ubutumwa bwiza ahubwo rizoba ari idini risanzwe. Abakristo muri iyi isi bita ubukristo ko ari idini. Ubukristo ntibushobora gufatwa nk’idini. Ni ukwizera kwo gucungurwa kwubakiye kw’ukuri, ukwizera kwo guhanga amaso ku Mana. Ntabwo ari idini.
Idini ni ikintu cashizweho n’umuntu, mu gihe ukwizera kwo ari ukuraba kugakiza Imana yaduhaye. Iryo niryo tandukaniro. Wirengagije kuno kuri, uba ufashe ubukristo nk’idini rindi ryose hama ugaca wigisha uvuga indero runtu n’inyifato nziza.
Yesu Kristo ntiyaje gushinga idini kuri iyi isi. Ntiyigeze ashinga idini ryitwa Ubukristo. Kubera iki wizera ko ari idini? Nimba vyose ari co kimwe, kubera iki utizera idini rya Buda? Wibaza ko nihenze kuvuga atyo?
Abantu bizera Yesu nk’idini birangira bavuga, bati, “Itandukaniro ni irihe? Ijuru, Nirvana paradizo.... Vyose nico kimwe, bifise gusa amazina atandukanye. Tuzoherera twese mu kibanza kimwe ukwo biri kwose.” 
Bakristo bakundwa, turakwiye kuraba ukuri. Kandi turakwiye ‘guhaguruka tugakayangana.’ Turakwiye kuba abashobora kuvuga ukuri ataguhigimanga. 
Igihe umuntu avuze, ati, “Iyo ntishobora kuba ariyo nzira yonyene,” urakwiye kumubwira n’ijwi ritomoye, uti, “Oya! Niyo nzira yonyene: ushobora kuja mw’ijuru igihe honyene wizeye Yesu Kristo yaje agaca mu mazi, mu maraso, na Mpwemu.” Urakwiye gukayangana rwose kugira ngo iyindi mishaha yumve ijambo ry’ugucungurwa, ivuke ubwa kabiri, kandi igende mw’ijuru. 
 
 
Gira ukwizera kw’ukuri: Abakunzi ba Yesu batiyumva kumwe na We batazi ugucungurwa kubonekera mu mubatizo wa Yesu n’amaraso yiwe bazohona 
 
Ninde azohona n’ubwo yizera Yesu?
Ni abatizera umubatizo wa Yesu
 
Kwizera Yesu uko ugomvye ni urukundo rudahuje inyiyumvo kuri We kandi bikugarukana kugufata ukuri nk’idini rindi ryose. 
Ubwato bwari bujabutse ibahari Pasifike buribira maze bake barokotse basigara bareremba ku mazi bari mu twato duto duto. Baciye batabaza, yamara kubera ko umuyaga wari mwinshi mu kiyaga, vyatumye ayandi mato ataza kubatabara. Haciye haza indege hama itera umugozi.
Hamwe umwe muri abo yofata uwo mugozi mu gishingo co kuwiboherako, yomera nk’umuntu agiriye urukundo Yesu mu buryo We adakunda, akizera Imana uko abigomvye. Aba atarakira, ariko akaguma avuga, ati “Ndizera. Nkiza. Ndizera, ndibaza, ko nzagukizwa.” 
Uwudatahura ukuri kw’umubatizo wa Yesu n’amaraso yiwe yizera ko azokizwa kubera ko gusa yafashe umugozi. 
Ariko uko bamukwegera hejuru, amaboko yiwe atakaza inkomezi zo kuguma afashe umugozi. Igihe izo nkomezi zirangiye, abura ubushobozi bwo kuguma afashe agaca arwa mw’ibahari. 
Iki nico bita kugiranira urukundo rudahuje inyiyumvo na Yesu. Benshi bashobora kuvuga ko bizera Imana na Yesu; ko bizera Yesu yaje agaca muri Mpwemu, ariko ico kiba ari igice c’ukuri kwose. Ntibashobora kwizera ubutumwa bwiza butunganye vy’ukuri canke ngo babubemwo, rero baca bihata ubwabo bakavuga kenshi cane ko bizera.
Kwizera no kugerageza kwizera sico kimwe. Bavuga ko bazokurikira Yesu gushika kw’iherezo yamara bazokwirukanwa ku musi wanyuma kubw’icaha kikiri mu mitima yabo. Barakunda Yesu batazi ko Yesu yaje agaca mu mubatizo wiwe, amaraso, na Mpwemu. Nimba bamukundira amaraso yiwe gusa, bazoja mu muriro. 
Bohesha umushaha wawe n’amazi y’umubatizo, n’ijambo ry’amaraso yo ku Musaraba. Igihe Yesu arekuye umugozi w’agakiza, abibohesheje n’amazi, amaraso, na Mpwemu bazokizwa. 
Uwariko abarokora ari mu ndege yarasemereye akoresheje ikinyamajwi, “Ndabinginze munyumvirize neza. Ndungitse umugozi, uwubohere mugikiriza musi y’amaboko yawe. Hama uce uguma uko uri. Ntiwenene ku mugozi ufatishije amaboko. We gusa ubohere mu gikiriza hama utekane. Hama urakizwa.”
Amaze kuvuga ibisabwa, uwakurikije ibisabwa akibohesha umugozi yarakijijwe. Ariko uwundi avuga, ati, “Ntugire ikibazo. Ndakomeye cane. Mpora nimenyereza mu mugwi w’imyimenyerezo ngororamubiri. Urabona inguvu zanje? Ndashobora kugenda ibirometero ndiko ndenena.” Hama agaca yenena kumugozi akoresheje amaboko yiwe ukwo umugozi ukwegwa. 
Bose babiri barakwezwe muntango. Ariko hariho itandukaniro. Uwumvirije ibisabwa yibohesha umugozi yakwezwe atankomazi. Yaranatakaje ubwenge bariko baramukwega, ariko yaradugijwe uko biri kwose. 
Uwishimiye inkomezi ziwe bwite munyuma yabuze ubushobozi bwo kuguma afashe kuko inkomezi ziwe zari zaheze. Maze arapfa kuko yanse kwumviriza kandi akirengagiza ibisabwa. 
Kugira ngo umuntu acungurwa burundu, ategerezwa kwizera ugucungurwa kubonekera mu mazi y’umubatizo wiwe n’amaraso bikiza icaha imishaha yose. Agakiza kabonekera ku bizeresha umutima wose ijambo rivuga, riti, “Naragukijije burundu nkoresheje umubatizo nahawe na Yohana Umubatizi n’amaraso nasheshe ku Musaraba kugeza kurupfu.”
Abizera amaraso gusa bavuga, bati, “Ntugire ikibazo, Ndizera. Nzoshima gushika kw’iherezo ry’ubuzima bwanje kubw’amaraso ya Yesu. Nzokurikira Yesu gushika kw’iherezo kandi ukwizera kwanje nizera amaraso kuzorushiriza guntsinda isi n’ivyaha vyose mu buzima nsigaje.”
Yamara, ivyo ntibikwiye. Abo Imana ishingira intahe ko ari abantu bayo ni abizera ibintu bitatu vyose: ic’uko Yesu yaje aciye mu Mpwemu, akabatizwa (Yesu yakujeho ivyaha vyose umubatizo wiwe kuri Yorodani), ic’uko yapfiriye ku Musaraba kugira ngo arihe ingero y’ivyaha vyose, n’ic’uko yazutse avuye mu bapfuye. 
Mpwemu aza kubizera vyose bitatu bakongera bakabishingira intahe. “Ego, Ndi umukiza wawe. Nagukirishije amazi n’amaraso. Ndi Imana yawe.”
Ariko abatizera vyose bitatu, Imana ntibaha agakiza. Naho kimwe gusa cokurwamwo, Imana ica ivuga, iti, “Oya, ntukijijwe.” Intumwa zayo zose zarizera vyose bitatu. Yesu avuga ko umubatizo wiwe ari igishingantahe c’agakiza, kandi ko amaraso yiwe ari urubanza. 
 
 
Intumwa Paulo na Petero nabo nyene barashingiye intahe umubatizo n’amaraso vya Yesu 
 
N’iki intumwa za Yesu zashingira intahe?
Umubatizo wa Yesu n’amaraso yiwe
 
Intumwa Paulo yoba yaravuze ivy’umubatizo wa Yesu? Reka turabe incuro yavuze ivy’umubatizo wa Yesu. Yavuze mu Baroma 6:3, ati, “Canke ntimuzi yuko twese abābatirijwe kuba muri Kristo Yesu, twabatirijwe kuba mu rupfu rwiwe?” No mu Baroma 6:5, yavuze, ati, “Ko twakoranijwe na we n’igishushanyo c’urupfu rwiwe, tuzokoranywa na we n’ic’ukuzuka kwiwe na co.” 
Arongera no mu B’i Galatiya 3:27, ati, “Kuko Mwese ababatirijwe kuba aba kristo mwambaye Kristo.” Intumwa za Yesu zarashingiye intahe ‘amazi,’ umubatizo wa Yesu. “Ayo ni yo abakiza namwe ubu, mu buryo bw’ikigereranyo c’ukubatizwa” (1 Petero 3:21). 
 
 

Agakiza ko gucungurwa kabonekera mu Mwami kaje gaciye mu mazi n’amaraso vya Yesu 

 
Nibande Imana yita abagororotsi?
Abadafise Icaha na kimwe mu mitima yabo
 
Ugucungurwa Yesu yahaye umuntu kubonekera mu mazi y’umubatizo wiwe n’amaraso yiwe yo ku Musaraba. Biciye muri ukwo gucungurwa turakwiye guhaguruka tugakayangana. Gute? Mu gushingira intahe ivyo bintu bitatu. 
“Haguruka ukayangane, kuk’umuco wawe ushitse, kandi ubgiza bg’Uhoraho bukaba bukurasiye” (Yesaya 60:1). Imana yaraturasiye umuco wayo yongera itubwira ngo dukayangane natwe. Turakwiye kwumvira iryo tegeko.
Dutegerezwa kwigisha ubutumwa bwiza n’inkomezi zose. Yamara, abantu benshi ntibumviriza. Izera Yesu uzocungurwa. Uzoba umugororotsi. Nimba hakiriyo icaha mu mutima wawe, nturaba umugororotsi. Nturatsinda ivyaha n’isi. 
Ntushobora namba gukuraho icaha mu mutima wawe utizera amazi ya Yesu (Umubatizo wa Yesu). Ntushobora namba kuzibukira urubanza utizera amaraso ya Yesu. Ntushobora gukizwa namba utizera Yesu Kristo yaje aciye mu Mpwemu. Ntushobora namba kuba umugororotsi burundu kiretse wizeye ibishingantahe bitatu. 
Ukugororoka kutuzuye kuturongorera ‘kubugororotsi bwo kw’izina gusa.’ Iyo uwari we wese avuze ko agifise icaha ariko akibaza ubwiwe ko ari umugororotsi, ntaba araba muri Yesu. Abantu bamwe bamwe muri iyi misi bagerageza kugaragaza ugucungurwa ‘kubugororotsi bwo kw’izina.’ Baranditse amatoni y’ivyirwa vy’imburakimazi. 
Imana yoba yita umuntu ko atari umunyavyaha kandi hariho icaha mu mutima wiwe? Ntikora atyo. Icita atyo ikibonye. Ni mushobora vyose ariko ntishobora kubesha namba. Abantu ntibatahura insiguro nyakuri y’ukugororoka. Twita ikintu ko ‘cera’ mugihe cera gusa. Ntituvuga ko ‘cera’ mugihe hariho icaha.
Ushobora kwibaza ko witwa umugororotsi na Yesu n’ubwo ufise icaha mu mutima wawe. Ico si ukuri.
Yesu atwita abagororotsi mu gihe twizeye Yesu nk’uwaje agaca mu Mpwemu, nk’uwaje agaca mu mazi (ko yatwaye ivyaha vyacu vyose igihe yabatizwa), nk’uwaje agaca no mu maraso (Yaje mu mubiri kandi aradupfira). 
Bakristo bakundwa, ‘ubugororotsi bwo kw’izina’ ntaho bihuruye n’ubutumwa bwiza bubonekera mu mazi n’amaraso. ‘Umugororotsi wo kw’izina,’ canke ‘uwiyita umugororotsi’ ni inyigisho mpimbano zakozwe n’abantu. Imana yoba ikwita umugororotsi ufise icaha mu mutima wawe? Imana ntiyita umuntu umugororotsi mu gihe afise icaha mu mutima wiwe, n’ubwo yoba yizera Yesu n’umwete mwinshi. Yesu ntashobora kubesha. 
N’ubu, uraciyumvira ko yita umuntu umugororotsi afise icaha mu mutima wiwe? Ivyo nivyo abantu biyumvira, si Imana. Imana iranka ububeshi. Yokwita umugororotsi mu gihe wizera gusa ‘Mpwemu’ na ‘amaraso?’ Oya namba. 
Hari ubwoko bumwe gusa bw’abantu Imana yita abagororotsi. Ni abantu batagira icaha na kimwe mu mitima yabo. Izi gusa abizera ibintu vyose bitatu: ic’uko Yesu, ari we Mana, yaje kw’isi ari mu mubiri, ic’uko yabatijwe muri Yorodani, n’ic’uko yasheshe amaraso ku Musaraba kugira ngo ahanagure ivyaha vyacu vyose. 
Abizera bonyene inkuru nziza yo gucungurwa nibo bazwi n’Imana. Nibo bizera mu buryo butomoye. Barizera bishitse vyose yadukoreye. Barizera ko Yesu yaje kandi akabatizwa kugira ngo akureho ivyaha vyabo vyose akongera akaduhanirwa mu gupfira ku Musaraba, kandi akazuka avuye mu bapfuye. 
Ivyo vyose vyakozwe bivuye mu rukundo rw’Imana. Yesu yaraje avuye mw’ijuru avuga, ati, “Ni muze kuri jewe mwese abananiwe n’abaremerewe, ndabaruhura” (Matayo 11:28). Yabikoze mu gutwara ivyaha vyacu.
Imana ntizi abizera amaraso ya Yesu gusa. Abizera amaraso ya Yesu gusa baracafise icaha mu mitima yabo. 
Nibande Yesu azi nk’abacunguwe? “Nakuyeho ivyaha vyawe vyose igihe naza kuri iyi isi nkabatizwa na Yohana Umubatizi. Ndabishingiye intahe ko ivyaha vyose vy’abari mw’isi ko vyarungitswe kuri jewe. Nararishe ivyaha ku Musaraba. Kubw’ivyo naragukijije.” Izera umubatizo wa Yesu, amaraso yiwe, nuko ari Imana. Vyose ni ngirakamaro ku gakiza. 
Kubizera vyose bitatu, Yesu ababwira, ati, “Ego, mwarakijijwe. Muri abagororotsi abana b’Imana.” Urakijijwe nimba wizera umubatizo wa Yesu, amaraso yiwe, na Mpwemu vyose hamwe. Abizera amaraso na Mpwemu gusa baracafise icaha mu mitima yabo. 
Mu bwami bw’Imana, hariyo ukuri kumwe gusa. Hariyo ukugororoka, ukuri, urukundo, n’ukugira neza. Ntabubeshi na bukeya buriyo. Ububeshi n’ukwosha ntibiriyo mw’ijuru. 
 
Ninde akora ibizira?
Ni uwutizera umubatizo wa Yesu
 
“Benshi bazombgira kuri wa musi, ‘ngo Mwami, Mwami, ntitwavugishwa n’Imana mw’izina ryawe, ntitwasenda abadayimoni mw’izina ryawe, ntitwakora ibitangaza vyinshi mw’izina ryawe?’” (Matayo 7:22) 
Imana ntiyigera ifatira kuri ivyo bikorwa vy’umuntu. “Ni ho nzobajinjiburira nti Nta ho nigeze mbamenya; mviraho, mwa bakora ibizira mwe!” (Matayo 7:23) 
“Nagushikaniye inzu zibiri. Natanze n’ubuzima bwanje kubwawe. Ntiwambonye? Sinigeze ndakwihakana gushika kumusi wanje wanyuma. Ntiwambonye?” 
“None urafise icaha mu mutima wawe?” 
“Ego, Mwami. Ndafise gato.” 
“Mviraho rero! Nta munyavyaha yemerewe kwinjira ngaha.” 
“Ariko nabaye umumaratiri” 
“Ushatse kuvuga iki, wabaye umumaratiri? Wapfiriye ububegito bwawe gusa. Warigeze umenya umubatizo wanje n’amaraso? Narigeze nshinga intahe ko uri uwanje? Narashinze intahe mu mutima wawe ko uri umuntu wanje? Ntiwizera umubatizo wanje kandi sinigeze nshinga intahe ko uri umuntu wanje, ahubwo washimangiye ukwizera kwawe wongera uragupfira. Ni ryari nigeze kugushingira intahe? Warakwizaniye ubwawe. Waragukunze wongera ugerageza ubwawe wenyene kwicungura. Urabitahura? Ubunyene, mva mu maso.” 
Yesu yatubwiye guhaguruka dukayangane. Abacunguwe barihisha imbere ya bantukamazina babakristo n’imbere y’abavugishwa benshi bibinyoma, bakananirwa gukayangana! Ariko urubeya ruto rurashobora kwatsa umuriro ukomeye. Iyo umwe ahagaze ashize amanga agashinga intahe, isi yose izokayangana. 
Muri Yesaya 60:1-2, havuga, ngo, “Haguruka ukayangane, kuk’umuco wawe ushitse, kandi ubgiza bg’Uhoraho bukaba bukurasiye. Kuko rāba, umwiza uzotwikira isi, umwiza w’umuzitanya uzotwikira amahanga: arik’Uhoraho azokurasira, kandi ubgiza bgiwe buzokubonekako.” 
Ridutegeka guhaguruka tugakayangana kuko umwiza w’ikinyoma n’ubutumwa bw’ikinyoma vyatwikiriye isi. Abizera Yesu bonyene nibo bashobora kumukunda. Abatacunguwe ntibashobora gukunda Yesu namba. Bobishobora bate? Baravuga gusa urukundo ariko ntibashobora kumukunda vy’ukuri kiretse bizeye.
 
 
Hari ibintu bitatu bishingira intahe agakiza k’abanyavyaha
 
N’icahe gishingantahe c’agakiza mu mutima wacu?
Umubatizo wa Yesu
 
“Kukw ibishingira intahe ari bitatu, Mpwemu n’amazi n’amaraso: kandi ivyo bitatu bihurira hamwe.” Yesu yaraje kw’isi akora igikorwa ciwe akoresheje amazi n’amaraso. Yarabikoze aradukiza. 
“Ko twemera intahe inshinzwe n’abatatu, intahe y’Imana yo n’agaheta: kukw’intahe y’Imana ar’iyi, ar’ukwo yashingiye intahe ivy’Umwana wayo. Uwizera umwana w’Imana ni we afise iyo ntahe muri we; ūtizera Imana aba ayigize umubeshi, kukw atemeye intahe yashingiye Umwana wayo. Kandi iyo ntahe n’iyi: n’ukw’Imana yaduhaye Ubugingo budashira kandi ubgo bugingo ko buri mu mwana wayo. Ūfise Umwana wayo ni we afise ubgo bugingo; ūdafise Umwana w’Imana ntafise ubgo bugingo” (1Yohana 5:9-12). 
Abavutse ubwa kabiri twemera intahe ya batatu. Tuzwi nk’abagororotsi. Igihe abavutse ubwa kabiri abacunguwe bavuze ukuri kuvy’ugucungurwa, abantu ntibasbobora kuguharirako. Barakwakira. Bavuga ko bizeye bibereye, ko turi mu kwizera kw’ukuri. Tubabwiye uburyo twavutse ubwa kabiri, ntan’umwe aharira ukuri kwavyo. Bavuga ko turi mu kuri. Kuko twemera intahe ya batatu. 
Uyu murongo nawo uvuga, ngo, “intahe y’Imana yo n’agaheta: kukw’intahe y’Imana ar’iyi.” Uvuga intahe y’Imana ishingira Umwana wayo. Nivyo? N’icahe gishingantahe ishingira umwana wayo? Icerekana ko Imana yadukijije nuko Yesu yaje agaca mu Mpwemu, yaje agaca mu mazi y’ugucungura, akongera agaca no mu maraso yo ku Musaraba. Kandi Imana ishinga intahe yuko ari yo nzira yadukirijemwo, kandi ko turi abantu bayo kuko tuvyizera. 
“Ūwizera Umwana w’Imana ni we afise iyo ntahe muri we; ūtizera Imana aba ayigize umubeshi, kukw atemeye intahe yashingiye Umwana wayo.” 
Uyu murongo uratubwira neza na neza abakijijwe abo ari bo. Uvuga ko uwizera umwana w’Imana ko ariwe afise intahe muri we. Urafise intahe mu mutima wawe? Iri muri wewe no muri jewe. Yesu yaje kw’isi kubwacu. (Yaje mu mubiri aciye mu mubiri wa Mariya kubwa Mpemu Yera.) Igihe yari afise imyaka 30, yarabatijwe kugira ngo yishireko ivyaha vyacu vyose. Afise ivyaha vyacu vyose, yaciriwe urubanza ku Musaraba. Yarazutse ku musi ugira gatatu aduha ubuzima budashira. Kubw’ivyo Yesu yaradukijije.
Hari kuba iki iyo atari kuzuka? Yari kunshingira intahe ate ari mu mva? Ni yo mpamvu ari Umukiza wacu. Iki nico twizera. 
Kandi nk’uko yavuze, yadukirishije umubatizo wiwe n’amaraso. Kandi kuko twizera, wewe nanje twarakijijwe. Igishingantahe kiri muri jewe no muri wewe. Abacunguwe ntibirengagiza namba ‘amazi’ y’umubatizo wiwe. Ntitwigera dukuraho ibintu yakoze kugira ngo adukize. 
“Kukw’ari vyo bidukwiye, ngo dushitse ukugororoka kwose” (Matayo 3:15). Ntitwigera duhakana ko Yesu yatwaye ivyaha vyacu vyose kuri Yorodani igihe yabatizwa na Yohana Umubatizi. Abacunguwe ntibashobora guhakana ‘amazi,’ umubatizo wa Yesu. 
 
 
Abizera ariko batacunguwe bahakana umubatizo wa Yesu gushika kw’iherezo
 
Ninde agira Imana umubeshi?
Uwutizera umubatizo wa Yesu
 
Ese ukuntu Intumwa Yohana yabivuze abitomoye, yavuze, ati, “ūtizera Imana aba ayigize umubeshi” iyo Intumwa Yohana abaho kino gihe, n’iki yotubwira, abakristo? Yotubaza ko nimba ‘Yesu yoba yaratwaye ivyaha vyacu vyose igihe yabatizwa.’ 
Yohana Umubatizi ntiyoba nawe yarashingiye intahe ubutumwa bwiza bw’uko Yesu yaducunguje umubatizo wiwe? “Ivyaha vyawe ntivyarungitswe ku mutwe wa Yesu kandi ntiyikoreye ivyaha vyawe igihe yabatizwa nanje?” Yarashinze intahe ko “Yesu yabatijwe kugira ngo agukize.” 
Abatizera Imana, abatizera ivyo yakoze vyose kugira ngo idukize, bayigira umubeshi. Igihe tuvuze ko Yesu yatwaye ivyaha vyacu vyose igihe yabatizwa, baca bavuga, “Oh, mugenzi wanje! Ntiyari gutwara ivyaha vyacu vyose! Yatwaye gusa icaha c’inyanduruko, rero ivyaha vyacu vyose vya misi yose biracahari.” 
Bashimangira ko bategerezwa kwihana imisi yose bakongera bakatura ivyaha vyose vya kubu kugira ngo bacungurwe. Ico nico bizera. Namwe mwese muvuga mutyo? Abatizera ko ivyaha vyacu vyogejwe n’umubatizo wa Yesu bariko bagira Imana umubeshi. 
 
 
Yesu yaducunguye rimwe gusa igihe yabatizwa akongera agasesa amaraso ku Musaraba 
 
Ninde abesha?
Ni umuntu atizera umubatizo wa Yesu
 
Yesu yarabatijwe yongera akuriraho ivyaha vyose rimwe gusa. Imana ikiza abizera umubatizo n’amaraso vya Yesu, ariko ikareka abatizera. Abo rero bagenda mu muriro. Ni yo mpamvu gukizwa n’ukudakizwa bivana n’ico twizera. Yesu yadukijije ivyaha vyose vy’isi. Abizera bazokizwa, abatarizera nabo ntibazokizwa kubera ko bagize Imana umubeshi. 
Abantu ntibaja mu muriro kubw’ubunyantege nke bwabo, ariko ni kubera ko batizera. “Utizera Imana aba ayigize umubeshi” (1 Yohana 5:10). Abatizera ko ivyaha vyabo vyose ko vyarungitswe kuri Yesu baracafise icaha mu mitima yabo. Ntibashobora kuvuga ko badafise icaha. 
Umusi umwe nahuye n’umudiyakoni ndamubaza, nti, “Diyakoni, ivyaha vyanje bizorangira nizeye Yesu?” 
“Neza rwose bizorangira.” 
“Hama, kuvaho Yesu atwaye ivyaha vyose vy’abari mw’isi agatako akavuga ‘birarangiye,’ waciye ukizwa. Siko?” 
“Ego, Naciye nkizwa.” 
“Rero utegerezwa kuba atacaha ufise.” 
“Ego, Ntaco mfise.” 
“None bica bigenda bite ucumuye kandi?” 
“Turi abantu buntu gusa. Tworeka gucumura kandi dute? Rero dutegerezwa kwihana kandi tukoza ivyaha vyacu imisi yose.” 
Uyo mudiyakoni aracafise icaha mu mutima wiwe kuko atazi ukuri kwuzuye kwo gucungurwa. 
Abameze co kimwe nawe ni abatera Imana agahemo kandi bakayigira umubeshi. Mbega Yesu, ari we Mana, yarananiwe gukuraho ivyaha vyose vy’abari mw’isi? Birababaje rwose. Nimba Yesu atakuyeho ivyaha vyose, gute yari kuba Imana y’agakiza? Yotubwira ate ngo tumwizere? Ugiye kuyigira umubeshi? Noguhanura ko utobikora! 
Bibiliya itubwira kutayishinyagurira. Ibi bisigura kutayigira umubeshi no kutagerageza kuyibesha. Ntimeze nkatwe.
Intumwa Yohana atubwira abipfoboye ivy’ubutumwa bwiza bwo gucungurwa. Abantu benshi ntibashaka kwizera ivy’Imana yadukoreye (ivy’uko Yesu Kristo yaje agaca mu mazi, mu maraso, na Mpwemu). 
Nimba hariho abatizera nk’uko babwiwe n’abizera vyose Imana yadukoreye (abavuga imbere y’Imana, bati, “Ndi umugororotsi” n’abavuga, bati, “Ndi umunyavyaha”), nibande bavuga ukuri?
Abatizera ivyo Imana Yakoze, igishingantahe c’amazi, amaraso na Mpwemu barabesha. Bafise ukwizera kw’ikinyoma. Abatizera bariko bagira Imana umubeshi. 
Ntuyigire umubeshi. Yesu yaje ku ruzi Yorodani maze (biciye mu kubatizwa) ashitsa ukugororoka (akuraho ivyaha vy’abari mw’isi). 
 
 
Umushaha w’ikinyoma uhakana umubatizo wa Yesu n’ukwera kwiwe 
 
N’iki Satani n’Umurwanizi bahakana?
Umubatizo wa Yesu n’ukwera kwiwe
 
Abizera Umwana wiwe bafise intahe muri bo. Abavutse ubwa kabiri barizera ivyaha vyabo ko vyarungitswe kuri Yesu igihe yabatizwa, kandi ko bakijijwe n’amazi n’amaraso vya Yesu. Barizera ko Yesu yavukiye kuri iyi isi biciye mu nkumi Mariya, arabatizwa muri Yorodani imbere yuko apfira ku Musaraba, arapfa arongera arazuka. 
Abagororotsi barafise intahe. Icemezo c’agakiza kacu kiri mu kwizera kwacu twizera Yesu, yaje agaca mu mazi, mu maraso, na Mpwemu. Intahe iri muri wewe. ‘Gira intahe muri wewe.’ Ndakubwiye, nti, ntabwo ari agakiza nimba atantahe ufise; icemezo c’agakiza muri wewe. 
Intumwa Yohana yagize, ati, “Uwizera umwana w’Imana ni we afise iyo ntahe muri we” (1 Yohana 5:10). Mbega ni ukugira intahe yo kwizera amaraso yo ku Musaraba gusa? Canke, ni ukwizera amazi ariko amaraso tukayareka? Ukwiye kwizera vyose bitatu kugira ngo Imana ikumenye. 
Aho honyene niho Yesu azogushingira intahe ko ‘wakijijwe.’ Uriko uravuga ko uzogira intahe niwizera bibiri gusa (amaraso, na Mpwemu)? Vyoba ari ukwizera Imana mu buryo bwawe bwite. Kwoba ari ukwishingira intahe ubwawe.’ 
Hari benshi cane bameze batyo. Hari benshi cane mw’isi bizera bibiri gusa muri bitatu. Barashinga intahe ko bakijijwe kandi bakandika ibitabo bibivuga. Ese ukuntu bavuga neza! Birababaje cane. Biyita ‘abavugabutumwa.’ Biyumva ko batari ‘abavugabutumwa,’gusa ariko ko ari ‘abanyedini.’ Ntibizera ‘amazi’ ariko baracishimira agakiza! Ese ukuntu bavuga ibitahuritse! Ariko ntantahe y’Imana bafise. Ni ivyiyumviro bidatomoye gusa. 
Gute wovyita agakiza? Abizera Yesu gusa, yaje aciye mu Mpwemu, mu mazi, no mu maraso, nibo bafise intahe y’Imana hamwe n’iya batatu. 
Intumwa Paulo yagize, ati, “Kuk’ubutumwa bgacu butābashitseko ar’amajambo yonyene ariko bgarimwo n’ubushobozi na Mpwemu Yera, no kumara amazinda rwose;” (1 Ab’i Tesalonike 1:5). Satani arahimbarwa iyo abantu bizera amaraso ya Yesu gusa. “Oh, mwa bigugu mwe, ndabahenze, ha-ha!” Hari benshi bizera ko iyo bashimagije amaraso ya Yesu, Satani ahunga. Biyumvira ko Satani atinya Umusaraba. Satani agira imyiyerekano gusa. Ntidukwiye guhendwa nayo.
Igihe umudayimoni yinjiye mu muntu ashobora gucika umusazi akabimba ifuro mu kanwa. Ico si ikigoye gukora ku murwanizi. Umurwanizi afise inkomezi zo kugira umuntu nk’ubusa. Umurwanizi akoresha ubwonko bwiwe gato gusa. Imana yahaye Umurwanizi inkomezi z’ubwoko bwose kiretse inkomezi zo kwica. Umurwanizi arashobora gutuma umuntu ajugumira nk’ikibabi, agakoma induru, kandi akabimba ifuro mu kanwa. 
Igihe ivyo bibaye, abizera barasemerera, bati, “Sohoka mw’izina rya Yesu! Sohoka!” Igihe uwo muntu asubiye kugira inyiyumvo ya kimuntu akongera akamera neza, baca bamubwira ko amaraso ya Yesu ko ari yo yarafise inkomezi. Ariko ubwo si ubushobozi bw’amaraso yiwe. Ni Umurwanizi gusa aba ariko aragira ‘imyiyerekano.’ 
Satani n’Umurwanizi baratinya rwose abizera Yesu, uwatwejeje turera akoresheje umubatizo wiwe, akongera agatwara urubanza kubwacu akoresheje amaraso yiwe, kandi akazuka ku musi ugira gatatu. Satani ntashobora kuguma iruhande y’igishingantahe c’umubatizo wa Yesu n’agakiza kabonekera mu maraso. 
Nk’uko ubizi, Abasaseredoti bo muri Gatorika rimwe rimwe barasenda Satani. Twarabibonye mu mareresi. Mw’ireresi yiswe ‘The Omen,’ umusaseredoti aba afise Umusaraba ukozwe mu giti akaza arawujugumiza ariko uwo musaseredoti agapfa. Uwavutse ubwa kabiri ntashobora gutsindwa atyo. 
Avuga ashize amanga ivy’amazi n’amaraso vya Yesu. Igihe Umurwanizi agerageje kumubabaza, aca abaza umurwanizi, ati, “Mbega urazi ko Yesu yatwaye ivyaha vyanje vyose?” Umurwanizi aca ahunga. Umurwanizi aranka kuba iruhande y’abavutse ubwa kabiri.’ Iyo uwavutse ubwa kabiri yicaye ahantu, umurwanizi agerageza guhunga. Haranditswe yuko abatizera Imana bayigira umubeshi. Ntibizera igishingantahe c’Umwana wiwe, igishingantahe c’amazi n’amaraso. 
 
N’icahe gishingantahe c’umwana w’Imana?
Umubatizo wiwe, Amaraso yiwe, na Mpwemu
 
N’icahe gishingantahe c’umwana w’Imana? Nuko yaje aciye mu Mpwemu kandi agakuzaho ivyaha vyacu amazi. Yishizeko ivyaha vyose vy’abari mw’isi kandi asesa amaraso yiwe ku Musaraba kubwacu. Si ukwo nyene ugucungurwa kubonekera mu mazi, mu maraso, na mu Mpwemu? 
Abantu bavuga ibinyoma imbere y’Imana kuko batizera ubutumwa bwiza bubonekera mu mazi n’amaraso, ubutumwa bwiza bwo gucungurwa. Ivyizerwa vyabo ni ibinyoma, kandi bakwiragiza ubwo bunyoma. 
Reka dusubire muri 1 Yohana 5. Umurongo wa 11 uvuga, ngo, “Kandi iyo ntahe n’iyi: n’ukw’Imana yaduhaye Ubugingo budashira kandi ubgo bugingo ko buri mu Mwana wayo.” Hatubwira ko Imana yaduhaye ubuzima budashira, kandi ubwo buzima buri mu wubwizera. Buri kandi no mu Mwana wayo.
Abakira ubugingo budashira ni abacunguwe biciye mu kwizera umubatizo wa Yesu n’amaraso yiwe. Abacunguwe bakira ubuzima budashira bakabaho ibihe bidashira. Warakiriye ubugingo budashira? 
Ku murongo wa 12, havuga, ngo, “Ūfise Umwana wayo ni we afise ubgo bugingo; ūdafise Umwana w’Imana ntafise ubgo bugingo.” Muyandi majambo, uwizera ibintu Umwana yakoze kuri iyi isi: Ukubatizwa kwiwe, n’ugupfira ku Musaraba, hamwe n’ukuzuka kwiwe, afise ubugingo budashira. Ariko uwukuraho na kimwe muri vyo ntazogira ubugingo, canke ngo acungurwe. 
Intumwa Yohana yaratandukanije abantu b’Imana afatiye ku kwizera kwabo bafitiye ibintu Yesu yabakoreye: amazi, amaraso, na Mpwemu. Ivyo bintu bitwereka nimba boba bafise ijambo muri bo. Arerekana abacunguwe afatiye ku kwizera kwabo bizera amazi y’umubatizo wa Yesu, amaraso yiwe, na Mpwemu. 
 
 
Abataravuka ubwa kabiri ntibashobora gutandukanya Intama n’Impene
 
Ninde ashobora gutandukanya abacunguwe n’abatacunguwe?
Ni uwavutse ubwa kabiri
 
Intumwa Yohana yarerekanye neza abagororotsi bacunguwe. Intumwa Paulo nawe nyene yaraberekanye. Abakozi b’Imana batandukanya intama n’impene bate? Batandukanya bate abakozi nyakuri b’Imana n’abigirisha? Abacunguwe biciye mu kwizera amazi n’amaraso vya Yesu bakira ubushobozi bwo kubona. 
Umuntu yaba ari umwungere, umuvugabutumwa, canke umutama w’ishengero, nimba adashobora kurobanura abacunguwe, canke nimba adashobora gutandukanya intama n’impene, ntarakizwa ubwiwe, kandi ntabugingo budashira afise muri we. Ariko abavutse ubwa kabiri vy’ukuri barashobora kubona itandukaniro. Abatagira ubugingo muri bo ntibashobora kubona itandukaniro canke ngo banarimenye. 
Ni nko gutandukanya amabara ari mu mwijima. Ibara ry’urwatsi rubisi riba ari iry’urwatsi rubisi n’iryera riba ryera. Ariko, wugaye amaso yawe, ntushobora kuyabona canke ngo uyamenye. 
Ariko abo amaso yabo yuguruye barashobora kubona ubutandukane n’ubwo bwoba buto buri mu mabara. Barashobora kuvuga iry’urwatsi rubisi n’iryera. Co kimwe, hariho ubutandukane bweruye hagati y’abacunguwe n’abatacunguwe. 
Dutegerezwa kwigisha ubutumwa bwiza bwo gucungurwa, ubutumwa bwiza bw’amazi, amaraso, na Mpwemu. Dutegerezwa guhaguruka tugakayangana. Igihe dukoranije abantu kugira ngo tubakwiragizemwo ukwizera, ntituvuga amajambo y’abantu. Muri Bibiliya, 1 Yohana 5 haravuga ubusobanuro bwavyo. Turakwiye kubusigura intambwe kuyindi kugira ngo ntihabe ukuzazanirwa. 
Ijambo twigisha, ni ijambo ribonekera mu mazi, amaraso, na Mpwemu vya Yesu, ni wo mu muco wo gucungurwa. Kumenyesha ‘amazi’ ya Yesu abantu niko gukayangana rwose. Kumenyesha ‘amaraso’ ya Yesu ni ko gukayangana rwose. Dutegerezwa kubusigura neza kugira ngo ntihabe hakiba umuntu n’umwe kw’isi atazi kuno kuri. 
Abavutse ubwa kabiri nibatahaguruka ngo bakayangane, abantu benshi bazopfa batarakira ugucungurwa, kandi Imana ntibizoyihimbara. Izotwita abakozi b’abanebwe. Dutegerezwa gukwiragiza ubutumwa bwiza bw’amazi n’amaraso vya Yesu. 
Impamvu nguma nsubiramwo ivyo navuze kenshi ni kubera ko umubatizo wa Yesu ari ngirakamaro rwose mu gukizwa kwacu. Igihe tubwira abana, dutegerezwa kubisigura kenshi rwose, tukabereka intambwe zose kugira ngo dushire amazinda ko batahuye. 
Igihe tugerageje kwigisha umuntu atazi gusoma no kwandika, twobanza kumwigisha indome. Hama tukabandanya buhoro buhoro tukamwigisha ukuntu ashobora kwandika amajambo akoresheje indome. Igihe ashoboye gufatanya amajambo akandika nk’ijambo ‘igihano,’ twoca dutangura gusigura insobanuro y’iryo jambo. Uku niko dukwiye kuganiriza abantu ivya Yesu kugira ngo dushire amazinda ko batahuye vy’ukuri. 
Turakwiye gusigura mu buryo butomoye umubatizo wa Yesu. Yaraje kuri iyi isi aca mu mazi, mu maraso, no mu Mpwemu. Ndasenga ngo wizere Yesu nk’Umukiza wawe maze ucungurwe. 
Ugucungurwa kubonekera mu mazi na Mpwemu kududubiza kuva mu kwizera umubatizo wa Yesu, amaraso yiwe yo ku Musaraba, hamwe no mu kwizera ko Yesu ari Imana, Umukiza wacu. 
 
Iyi nsiguro iraboneka kandi mu buryo bw’igitabu c’ubuhinga bwa none. Fyonda ku gipfukisho c’igitabu kiri aha hepfo.
WOBA WARAVYAWE UBWA KABIRI VY’UKURI N’AMAZI NA MPWEMU? [Igisomwa gishasha casubiwemwo]