(Yohana 13:1-17)
“Umusi wa Pasika utarashika, Yesu amenye kw’igihe ciwe gishitse co kuva mw isi ngw aje kwa Se, uko yakunda abiwe bari mw isi, ni ko yabakunze gushitsa ku muhero. Bakiriko bararya ku mugoroba, wa murwanizi amaze kwinjiza ubuguranyi mu mutima wa Yuda Isikariyota, mwene Simoni, Yesu yar’azi ko Se yamuhaye vyose yabishize mu maboko yiwe, kandi ko yavuye ku Mana, kandi kw agira asubire ku Mana, ava hasi mw iriro, akūra umutamana, yābira icambazo, arakenyera; araheza asuka amazi mu mubehe, atangura kwoza ibirenge vy’abigishwa, no kubihanaguza icambazo akenyeje. Nukw ashika kuri Simoni Petero, na we aramubaza, ati mugenzi ni wewe unyoza ibirenge? Yesu aramwishura at’Ico jewe ndiko ndakora, wewe nturibukimenye ubu: arik’uzokimenya hanyuma. Petero aramubgira, ati nta ho uzokwigera unyoza ibirenge gushitsa ibihe vyose, Yesu aramwishura, ati Nintakwoza nta ho tuzoba duhūriye. Simoni Petero aramubgira, ati mugenzi, ntugarukize ku birenge gusa, arik’ushikane ku maboko no ku mutwe. Yesu aramubgira at’Uwari yiyuhagiye nta kindi agomba, atar’ukwoga ibirenge, kukw abakeye umubiri wose: namwe murakeye, ariko si mwese. Kuko yar’azi ūzomugura uw’ari we; ni co catumye avuga, ati Ntimukeye mwese. Nukw ahejeje kubōza ibirenge, yābira umutamana wiwe, yongera kwicara; arababaza, ati Mbega muramenye ico mbagiriye? Munyita mwigisha na shobuja, kandi mubivuga ko, kukw ari ko ndi. Nuko rero, ko jewe mbogeje ibirege, ndi Shobuja, n’Umwigisha, namwe mukwiye kwozanya ibirenge. Kuko mbahaye akarorero, kugira ngo nk’uko jewe mbagiriye, abe ari ko namwe mugira. N’ukuri, n’ukuri ndababgire: Umushumba ntaruta shebuja, kandi n’intumwa ntiruta uwayitumye. Ni mwamenya ivyo, muzoba muhiriwe ni mwabikora.’”
Kubera iki Yesu yogeje ibirenge vya Petero imbere y’umusi mukuru wa Pasika? Yesu ariko aroza ibirenge vyiwe, yavuze, ati, “wewe nturibukimenye ubu arik’uzokimenya hanyuma.” Simoni Petero yari uwa mbere mu bigishwa ba Yesu. Yarizera ko Yesu yari Umwana w’Imana kandi yarashinze intahe ko Yesu yari Kristo. Kandi nk’uko Yesu yogeje ibirenge vyiwe, atakabuza hariho impamvu yatumye abikora. Igihe Petero yatura ukwizera kwiwe ko Yesu ari Kristo, vyasigura ko yizera Yesu ko ari Umukiza wo kumukiza ivyaha vyiwe vyose.
| Kubera iki Yesu yogeje ibirenge vy’abigishwa imbere yuko abambwa? |
| Yashaka ko abigishwa biwe batahura agakiza gatunganye. |
Kubera iki yogeje ibirenge vya Petero? Yesu yarazi ko vuba Petero amwihakana gatatu kandi ko azokora ivyaha vyinshi muri kazoza.
Nimba, mu nyuma Yesu asubiye mw’ijuru, Petero yoba yarasigaranye icaha ico arico cose mu mutima wiwe, ntiyari gushobora kwunga ubumwe na Yesu. Ariko Yesu yarazi ubunyantege nke bwose bw’abigishwa biwe, kandi ntiyashaka ko ivyaha vyabo ko bija hagati yiwe n’abigishwa biwe. Ni yo mpamvu, yategerezwa kubigisha ko ibigabitanyo vyabo vyose vyamaze kwozwa. Iyo niyo yari impamvu yogeje ibirenge vy’abigishwa biwe. Yesu, imbere yuko apfa akabasiga, yabanje gushira amazinda ko batahuye ubutumwa bwiza bw’umubatizo wiwe, n’uguharirwa burundu kw’ivyaha vy’ubuzima bwabo bwose (Yakuyeho icaha).
Yohana 13 havuga agakiza gatunganye Yesu yari yujuje kubw’abigishwa biwe. Igihe yariko aroza ibirenge vyabo, Yesu yababwiye ivy’ubwenge bw’ubutumwa bwiza bw’umubatizo wiwe muri wo abantu bose babashije kwozwa ibigabitanyo vyabo vyose.
“Ntimugahendwe n’Umurwanizi muri kazoza. Narakujeho ivyaha vyanyu vyose umubatizo wanje ku ruzi Yorodani kandi nzohanirwa urubanza rwavyo ku Musaraba. Hama nzozuka mvuye mu bapfuye nuzuze agakiza ko kuvuka ubwa kabiri kubwanyu mwese. Kugira ngo ndabigishe ko namaze kwoza ivyaha vyanyu vyo muri kazoza, kugira ngo ndabigishe ubutumwa bwiza nyakuri bwo guharirwa (Yakuyeho icaha) ivyaha, Ndabogeje ibirenge vyanyu imbere yuko mbambwa. Iri niryo banga ry’ubutumwa bwiza bwo kuvuka ubwa kabiri. Murakwiye mwese kuvyizera.”
Turakwiye twese gutahura impamvu Yesu yogeje ibirenge vy’abigishwa kandi tukamenya impamvu yavuze, “at’Ico jewe ndiko ndakora, wewe nturibukimenye ubu: arik’uzokimenya hanyuma.” Aho honyene niho dushobora kwizera ubutumwa bwiza bwo kuvuka ubwa kabiri kandi natwe ubwacu tukavuka ubwa kabiri vy’ukuri.
Yaravuze muri Yohana 13
| Ibigabitanyo ni ibiki? |
| Ni ivyaha dukora buri musi kubera ko turi abanyantege nke. |
Imbere yuko apfa ku Musaraba, Yesu yagize umusi mukuru wa Pasika ari kumwe n’abigishwa biwe maze abemeza ubutumwa bwiza bwo guharirwa (kwozwa icaha) ivyaha biciye mu kwoza ibirenge vyabo akoresheje amaboko yiwe bwite.
“Yesu yar’azi ko Se yamuhaye vyose yabishize mu maboko yiwe, kandi ko yavuye ku Mana, kandi kw agira asubire ku Mana, ava hasi mw iriro, akūra umutamana, yābira icambazo, arakenyera; araheza asuka amazi mu mubehe, atangura kwoza ibirenge vy’abigishwa, no kubihanaguza icambazo akenyeje. Nukw ashitse kuri Simoni Petero, na we aramubaza, ati mugenzi ni wewe unyoza ibirenge? Yesu aramwishura at’Ico jewe ndiko ndakora, wewe nturibukimenye ubu: arik’uzokimenya hanyuma.” (Yohana 13:3-7).
Yigishije abigishwa biwe ubutumwa bwiza bw’umubatizo n’uguhongerwa kw’ivyaha biciye mu mazi y’umubatizo wiwe.
Ico gihe, Petero nk’umwizigirwa kuri Yesu, ntiyashoboye gutahura impamvu Yesu yogeje ibirenge vyiwe. Munyuma Yesu amaze kuvugana nawe, uburyo yizera Yesu bwaciye buhinduka. Yesu yashaka kumwigisha ibijanye no kubabarirwa ivyaha (kwoza icaha), ibijanye n’ubutumwa bwiza bw’amazi y’umubatizo wiwe.
Yariganyira ko Petero ashobora kutazomugarukako kubw’ivyaha vyiwe vyose yokora muri kazoza, na cane cane ivyaha vy’umubiri wiwe vyo muri kazoza. Yesu yarogeje ibirenge vyabo kugira ngo Umurwanizi ntaze ashobore gutwara ukwizera kw’abigishwa biwe. Mu nyuma, Petero yaratahuye impamvu.
Yesu yarateguye inzira kugira ngo uwizera wese amazi y’umubatizo wiwe, n’amaraso acungurwe ivyaha vyiwe ibihe bidashira.
Muri Yohana 13, amajambo yavuze ariko aroza ibirenge abigishwa biwe aranditswe. Ni amajambo ngirakamaro cane uwavutse ubwa kabiri wenyene niwe ashobora kuyatahura vy’ukuri.
Impamvu Yesu yogeje ibirenge vy’abigishwa biwe imbere y’umusi mukuru wa Pasika kwari kugira ngo abafashe gutahura ko yamaze kwoza ivyaha vyose vy’ubuzima bwabo bwose. Yesu yavuze, ati, “Impamvu ndiko ndakwoza ibirenge, wewe nturi buyimenye ubu: ariko uzoyimenya hanyuma y’ibi.” Ayo majambo yabwiwe Petero yarimwo ukuri kwo kuvuka ubwa kabiri.
Turakwiye twese kumenya kandi tukizera umubatizo wa Yesu, watwogeje ibigabitanyo vyacu vyose. Umubatizo wa Yesu kuri Yorodani bwari ubutumwa bwiza bwo ‘kurungika’ ivyaha vyose, biciye mu kurambika ibiganza. Turakwiye twese kwizera amajambo ya Yesu. Yatwaye ivyaha vyose vy’abari mw’isi biciye mu mubatizo wiwe yongera ashitsa imbabazi z’ivyaha (akuraho icaha) mu gucirwa urubanza akabambwa. Yesu yarabatijwe kugira ngo akureho ivyaha vyose vy’abantu bose.
Imbabazi z’ibigabitanyo vy’ubuzima bwacu bwose (yakuyeho icaha) zujujwe n’umubatizo n’amaraso vya Yesu
| Ni uwuhe ‘mutego’ Umurwanizi akoresha mu kurwanya abagororotsi? |
| Umurwanizi agerageza guhenda abagororotsi kugira ngo abagire abanyavyaha kandi. |
Yesu yarazi neza ko nyuma y’ukubambwa, ukuzuka, n’ukuduga mw’ijuru, umurwanizi hamwe n’abakwiragiza ukwizera kw’ikinyoma ko bazoza kandi bakagerageza guhenda abigishwa. Turabona mu ntahe ya Petero, avuga, ati, “Uri Kristo, umwana w’Imana nzima,” ko yizera Yesu. Ariko, Yesu yashaka kwibutsa Petero ubugira kandi ngo azirikane ubutumwa bwiza bw’uguharirwa ivyaha mu bwenge bwiwe. Ubwo butumwa bwiza bwari umubatizo wa Yesu, muri wo yatwaye ivyaha vyose vy’abari mw’isi. Yashaka kuvyigisha ubugira kandi Petero n’intumwa hamwe natwe, hamwe n’abari bagiye kuzoza munyuma. “Ico jewe ndiko ndakora, wewe nturibukimenye ubu: arik’uzokimenya hanyuma.”
Igihe cose abigishwa bacumuye, umurwanizi yarabagerageza kandi akabacira urubanza, mu kubabwira, ati, “Raba! Nimba ugikora ivyaha, wovuga ute ko atacaha ufise? Nturakizwa. Uri umunyavyaha gusa.” Kugira ngo Yesu abakingire, yaciye ababwira ko ukwizera kwabo bizera umubatizo wa Yesu ko kwamaze kuboza ivyaha vy’ubuzima bwabo bwose—ivya kahise, kubu, na kazoza.
“Mwese murazi ko nabatijwe! Impamvu nabatijwe kuri Yorodani kwari kugira ngo noze ivyaha vyanyu vyose vy’ubuzima bwanyu bwose, hamwe n’icaha c’inyanduruko. Muratahura rero ubu impamvu nabatijwe, n’igituma nkwiye kubambwa nkapfira ku Musaraba?” Yesu yarogeje ibirenge abigishwa biwe kugira ngo abereke ko yari yatwaye ivyaha vyabo vyose vya misi yose biciye mu mubatizo wiwe kandi ko azotwara urubanza rwavyo ku Musaraba.
Ubu, wewe nanje twaracunguwe ivyaha vyacu vyose biciye mu kwizera ubutumwa bwiza bw’umubatizo wa Yesu n’amaraso, aribwo mbabazi z’ivyaha vyacu vyose (Yogeje icaha). Yesu yarabatijwe yongera arabambwa kubwacu. Yogeje ivyaha vyacu vyose akoresheje umubatizo wiwe n’amaraso. Umuntu wese azi kandi akizera ubutumwa bwiza bwo guhongerwa ivyaha, umuntu wese yizera ukuri, acungurwa ivyaha vyiwe vyose.
Hama n’iki umuntu akwiye gukora amaze gukizwa? Ategerezwa kwemera ivyaha vyiwe imisi yose akongera akizera agakiza k’umubatizo n’amaraso vya Yesu, ubutumwa bwiza bw’uguhongerwa ivyaha vyose. Umuntu ategerezwa gushira mu mutima wiwe ubutumwa bwiza bw’uko Yesu yakujeho ivyaha vyose umubatizo wiwe n’amaraso yiwe.
Kubera ko wacumuye kandi, uca ucika umunyavyaha kandi? Oya. Ko twamenye ko Yesu yatwaye ivyaha vyacu vyose, twocika abanyavyaha kandi dute? Umubatizo wa Yesu n’amaraso yiwe ku Musaraba vyari ubutumwa bwiza bwo guhongera ivyaha vyacu vyose. Uwizera wese buno butumwa bwiza nyakuri bwo guharirwa (bwo guhanagurwa icaha) ivyaha avuka ubwa kabiri ‘nk’umugororotsi.’
Umugororotsi ntashobora namba gucika umunyavyaha kandi
| Kubera iki abagororotsi badashobora namba gucika abanyavyaha kandi? |
| Kubera ko Yesu yamaze guhongera ivyaha vyose vy’ubuzima bwabo bwose. |
Nimba wizera ubutumwa bwiza bwo kubabarirwa ivyaha (bwo guhanagurwa icaha), bw’amazi na Mpwemu, ariko ukaba uciyumva ko uri umunyavyaha kubw’ibigabitanyo vyawe vya misi yose, utegerezwa rero kugenda kuri Yorodani, aho Yesu yabatirijwe kugira ngo ukureho ivyaha vyawe vyose. Ucitse umunyavyaha kandi nyuma yo kwakira imbabazi z’ivyaha (yakuyeho icaha), Yesu yoca abatizwa kandi? Utegerezwa kugira ukwizera, ukizera imbabazi z’ivyaha vyawe (Yakuyeho icaha) mu butumwa bwiza bw’umubatizo wa Yesu. Utegerezwa kuzirikana mu mutima ko Yesu yakuriyeho ivyaha vyawe vyose rimwe biciye mu mubatizo wiwe. Utegerezwa kugira ukwizera kutajugumba muri Yesu Kristo nk’Umukiza wawe.
Kwizera Yesu nk’Umukiza wawe bisigura ko wizera umubatizo wa Yesu, wakuyeho ivyaha vyose vy’ubuzima bwawe bwose. Nimba vy’ukuri wizera umubatizo, Umusaraba, urupfu, n’ukuzuka vya Yesu, ntushobora namba gucika umunyavyaha kandi, n’ubwo woba wakoze icaha kimeze gite. Waracunguwe ivyaha vyose vy’ubuzima bwawe bwose biciye mu kwizera kwawe.
Yesu Kristo yaranogeje ivyaha vyo muri kazoza, mbere n’ivyaha dukoreshwa n’ubunyantege nke bwacu bwite yaravyogeje. Kandi kubera ko Yesu yategerezwa kwerekana agaciro k’umubatizo wiwe, yogeje ibirenge abigishwa biwe n’amazi kugira ngo yerekane ubutumwa bwiza bwo guharirwa (Yakuyeho icaha) ivyaha, umubatizo wiwe. Yesu Kristo yarabatijwe, arabambwa, arazuka, yongera araduga mw’ijuru kwuzuza isezerano ry’Imana ry’uguhongerwa kw’umusesekara kubw’ivyaha vyose vy’abari mw’isi no kugira ngo akize abantu bose. Nk’ingaruka, turabona ko abigishwa biwe bashoboye kwigisha ubutumwa bwiza bwo guhongerwa ivyaha, umubatizo wa Yesu, Umusaraba, n’ukuzuka, kuva ico gihe gushika barangije ubuzima bwabo.
Ubunyantege nke bw’umubiri wa Petero
| Kubera iki Petero yihakanye Yesu? |
| Kubera ko yari umunyantege nke |
Bibiliya iratubwira ko igihe Petero yahura n’abakozi ba Kayisari umuherezi mukuru bakamurega ko ari umwe mu bayoboke ba Yesu, yarabihakanye kabiri, avuga ngo, “Oya, sindamuzi.” ararahira arīsiba ubugira gatatu.
Reka dusome umurongo ngaha. Duhere muri Matayo 26:69 “Ariko Petero yari yicaye hanze mu rugo. Incoreke iza ah’ari, iti Nawe nyene mwari kumwe na Yesu Umunyagalilaya. Na we abihakanira mu maso ya bose, at’Ico uvuze sindakizi. Yungururije mu bikingi vy’irembo, iyindi ncoreke iramubona, ibararira abar’aho, iti N’uyu nyene yari kumwe na Yesu Umunyanazareti. Yongera kubihakana arahira, at’Uyu muntu sindanamuzi. Hahise akanya, abahagazeho baramwēgēra, babgira Petero, bati N’ivy’ukuri nawe ur’uwo muri bo; bitayeko n’imvugo yawe iraguhinyuza. Bun’atangura kurahira arīsiba, at’Uyo muntu sindamuzi. Uwo mwanya inkoko irabika; Petero yibuka ijambo Yesu yamubgiye, at’Inkoko itarabika uja kunyihakana gatatu. Arenga irembo, araturika ararira.” (Matayo 26:69-75).
Petero vy’ukuri yarizera Yesu kandi yamukurikiye n’ubwizigirwa. Yarizera Yesu ko yari “Kristo, Umwana w’Imana nzima”. Ariko igihe Yesu yarengukanwa mu rubanza kwa Kayisari, igihe gukorana na Yesu vyacika akaga, yaramwihakanye aramwisiba.
Petero ntiyarazi ko yomwihakana Yesu. Ariko Yesu yarazi ko yomwihakana. Yesu yarazi ubunyantege nke bwose bwa Petero neza. Ni yo mpamvu, Yesu yogeje ibirenge vya Petero yongera amwigisha ubutumwa bwiza bw’agakiza nk’uko bwanditswe muri Yohana 13, “Uzocumura muri kazoza, ariko namaze kwoza n’ivyaha vyawe vyose vyo muri kazoza.”
Petero vy’ukuri yarihakanye Yesu igihe ubuzima bwiwe bwari muyabira, ariko bwari ubunyantege nke bw’umubiri wiwe bwamuteye kubikora. Ni yo mpamvu, kugira ngo Yesu akize abigishwa biwe ibigabitanyo vyabo vyose vyo muri kazoza, yabanje kuboza ibirenge.
“Naramaze kubakiza ivyaha vyanyu vyo muri kazoza, navyo nyene. Ndi uwo kubambwa kuko narabatijwe ntwara ivyaha vyanyu, kandi nzobiriha vyose kugira ngo ndababere umukiza nyakuri. Ndi Imana yanyu, Umukiza wanyu. Nzorihira ikivunga ivyaha vyanyu vyose, maze ncike umwungere wanyu biciye mu mubatizo wanje n’amaraso. Ndi umwungere w’agakiza kanyu.”
Kugira Yesu atere kuno kuri gushikame mu mitima yabo, yogeje ibirenge vyabo imbere y’umusi mukuru wa Pasika. Uku niko kuri kw’ubutumwa bwiza.
Kubera ko umubiri wacu ari umunyantege nke n’inyuma yo kuvuka ubwa kabiri, tuzocumura kandi. Ni vyo koko, ntitwari dukwiye gucumura, ariko nk’uko Petero yahuye n’ingorane kanaka, zitewe n’icaha kitari ic’ibigirankana, natwe turashobora gucumura tutari tubigambiriye vy’ukuri. Kubera ko Turi mu mubiri, turarongorwa mu mahonero n’ivyaha vyacu. Umubiri uzocumura mugihe tukiri muri iyi isi y’umubiri, ariko Yesu yarahanaguye ivyo vyaha vyose biciye mu mubatizo wiwe n’amaraso yiwe yo ku Musaraba.
Ntiduhakanye ko Yesu ari Umukiza wacu, ariko igihe turi mu mubiri, tuguma dukora ivyaha turwanya ubugombe bw’Imana. Ni kubera ko tuvyarwa n’umubiri.
Yesu yarazi neza ko tuzokora ivyaha mu mubiri. Yesu yacitse umukiza wacu biciye mu kuriha ivyaha vyacu vyose akoresheje umubatizo wiwe n’amaraso. Yaratubohoye ivyaha vyose twese biciye mu kwizera agakiza kiwe n’ukuzuka kwiwe.
Ibitabo bine vy’ubutumwa bwiza vyose bitangurana n’umubatizo wa Yesu yabatijwe na Yohana Umubatizi. Intumbero y’ubuzima bwiwe kwari kugira ngo yuzuze ubutumwa bwiza bwo kuvuka ubwa kabiri, ubutumwa bwiza bw’agakiza.
| Ducumura igihe kingana iki muri uyu mubiri? |
| Ducumura ubuzima bwacu bwose gushika ku musi dupfuye. |
Igihe Petero yamwihakana atari incuro imwe, canke zibiri, ariko incuro zitatu imbere yuko inkoko ibika, vyamubabaje mu mutima wiwe kurugero rungana iki? Yumvise amaramaye kurugero rungana iki? Yari yarahiye imbere ya Yesu ko atomuhemukira namba. Yaracumuye kubw’ubunyantege nke bw’umubiri wiwe, yumvise ari umugorwa kurugero rungana iki igihe yananirwa kugenga ubunyantege nke bwiwe akihakana Yesu atari incuro imwe gusa, yamara akamwihana incuro zitatu? Yumvise amaramaye kurugero rungana iki igihe yaraba Yesu kandi?
Ariko Yesu yarazi ibi bintu vyose rwose. Ni yo mpamvu, Yavuze, ati, “Ndazi ko uzocumura kandi. Ariko naramaze gukuzaho ivyo vyaha vyose umubatizo wanje, kugira ngo ivyaha vyawe ntibigutsitaze kandi ntibigusubize kuba umunyavyaha, maze vyanke ko ungarukako. Nacitse umukiza yuzuye kubwawe biciye mu kubatizwa no mu gucirwa urubanza rw’ivyaha vyawe vyose. Nacitse Imana yawe, Umwungere wawe. Izera ubutumwa bwiza bwo kubabarirwa (Kwozwa icaha) ivyaha vyawe. Nzoguma ndagukunda n’ubwo ukora ivyaha vy’umubiri. Naramaze kwoza ibigabitanyo vyawe vyose. Ubutumwa bwiza bwo guharirwa (yakuyeho icaha) ivyaha vyawe vyose ni ubw’ibihe bidashira. Urukundo ndagufitiye narwo ni urw’ibihe bidashira.”
Yesu yabwiye Petero n’abigishwa biwe, ati, “Nintakwoza nta ho tuzoba duhūriye.” Impamvu yaravuze buno butumwa bwiza muri Yohana 13 nuko vyari ngirakamaro ku bantu kugira ngo bavyawe ubwa kabiri n’amazi na Mpwemu. Uravyizera?
Ku murongo 9-10, “Simoni Petero aramubgira, ati mugenzi, ntugarukize ku birenge gusa, arik’ushikane ku maboko no ku mutwe. Yesu aramubgira at’Uwari yiyuhagiye nta kindi agomba, atar’ukwoga ibirenge, kukw aba akeye umubiri wose.”
Ncuti nkunda, uzokora ivyaha ‘vy’umubiri’ muri kazoza, canke ntuzobikora? Atakabuza uzobikora. Ariko Yesu yavuze ko yamaze kwoza n’ivyaha vyo muri kazoza, ibigabitanyo vyose vy’umubiri wacu yaravyogeje n’umubatizo wiwe n’amaraso yongera abwira abigishwa biwe mu buryo butomoye ijambo ry’ukuri, ry’ubutumwa bwiza bwo guhongerwa, imbere yuko abambwa.
Kubera ko turi mu mubiri hamwe n’ubunyantege nke bwacu, ntaco twokora atari gucumura. Yesu yarogeje ivyaha vyose vy’abari mw’isi n’umubatizo wiwe. Ntiyogeje imitwe yacu n’imibiri gusa, ariko yogeje n’amaguru yacu nayo, ivyaha vyacu vyose vyo muri kazoza. Ubwo nibwo butumwa bwiza bwo kuvuka ubwa kabiri, bw’umubatizo wa Yesu.
Bukeye Yesu abatijwe, Yohana Umubatizi yarashinze intahe, ati, “Nguyu Umwagazi w’intama w’Imana ukūrah’icaha c’abari mw’isi!” (Yohana 1:29) dutegerezwa kwizera ko ivyaha vyose vy’abari mw’isi ko vyogejwe biciye mu kubirungika kuri Yesu igihe yabatizwa.
Tukiri muri iyi isi, abantu ntaco twokora atari gucumura. Dutegerezwa kuvyemera nk’ukuri kudateye amazi. Igihe cose ubunyantege nke bw’umubiri wacu bwigaragaje, dutegerezwa kwiyibutsa ko Yesu yogeje ivyaha vyacu vyose n’ivyaha vyose vy’abari mw’isi biciye mu butumwa bwiza bw’umubatizo yongera arabiriha akoresheje amaraso yiwe. Turakwiye kumushimira vy’imvamutima. Reka twaturane ukwizera ko Yesu ari Umukiza wacu n’Imana yacu. Umwami ashimwe.
Buri muntu wese muri iyi isi aracumura mu mubiri. Abantu bicwa n’ivyaha vy’umubiri vy’ubuzima bwabo bwose. Abantu bacumuza imibiri yabo ubudahesha.
Ivyiyumviro bibi mu mitima y’abantu
| N’iki gihumanya umuntu? |
| Ni ubwoko butandukanye bw’ivyaha hamwe n’ivyiyumviro bibi |
Yesu avuga muri Matayo 15:19-20 ati, “Kuko mu mutima havamw’ivyiyumviro bibi: ubgicanyi, ubusambanyi, ubushakanyi, ubgivyi, kwagiriza abandi ibinyoma, ibitutsi. Ivyo vyose ni vyo bihumanya umuntu. Ariko kurisha intoke zidakaravye si vyo bimuhumanya.” Kubera ubwoko butandukanye bw’ivyaha biri mu mitima y’abantu birabahumanya, ntibera.
Umuntu ategerezwa kumenya kamere yiwe mbi
| N’iki kiri mu mutima wa buri muntu? |
| Ni ubwoko cumi na bubiri bw’ivyaha (Mariko 7:21-23) |
Dutegerezwa kuba abashobora kuvuga bati, “Ubwo bwoko cumi na bubiri bw’ivyaha buri mu mitima y’abantu. Ndabufise bwose mu mutima wanje. Mfise ubwoko cumi na bubiri bw’ivyaha muri jewe bwanditswe muri Bibiliya.” Imbere yuko tuvyarwa ubwa kabiri n’amazi na Mpwemu, dutegerezwa kwemera ivyaha biri mu mitima yacu. Dutegerezwa gusobanukirwa ko turi abanyavyaha basa imbere y’Imana. Ariko kenshi ntitubisobanukirwa. Benshi muri twebwe bagira ivyireguzo vy’ivyaha vyabo, bavuga, bati, “Sinigeze ngira ivyo vyiyumviro mu mutima wanje, nagiye gusa akanya gato mu nzira itari nziza.”
N’iki Yesu yavuze kubijanye n’abantu buntu? Yarabitomoye neza ko ibiva imbere mu mitima y’abantu ko ari vyo ‘bibahumanya’. Yatubwiye ko abantu bafise ivyiyumviro bibi muri bo. Uvyiyumvirako iki? Uri mwiza canke mubi? Urazi ko buri muntu wese afise ivyiyumviro bibi? Ego, ivyiyumviro vya buri muntu wese ni bibi.
Mu myaka ya kera inzu nini y’ububiko muri Seoul yitwa Sampoong yarasambutse giturumbuka. Imiryango yari yabuze abakunzi babo yari mu gahinda kenshi. Ariko benshi bagiyeyo kuryoherererwa ibirori vy’urupfu.
Bamwe baribaza, bati, ‘Ni bangahe bapfuye? 200? Oya, abo ni bake cane. 300? Niko nibaza? Aho ni sawa, vyari kuba bishimishije cane kandi bitangaje iyo abapfuye baba nk’igihumbi basi.’ Imitima y’abantu ishobora kuba mibi nk’uko. Dutegerezwa kuvyemera. Ese ukuntu kari agasuzuguro ku bapfuye! Ese ukuntu yasenyuye imiryango! Bamwe yabateye ubukene.
Atakubesha, bamwe mu barorerezi ntibari bahimbawe rwose. ‘Ese ukuntu vyari kuba bishimishije rwose iyo hapfa benshi! Mbega ivyiza! Vyogenda bite hamwe ibisa n’ibi vyobera kukibuga c’umupira cuzuyemwo abantu ? Ibihumbi vy’abantu bohambwa n’uruhome rwasenyutse, siko? Oh, ego! Vyoba ari vyiza rwose gusumba ibi!’ Nibaza ko bamwe bari bafise ivyiyumviro nk’ibi.
Twese turazi ukuntu abantu bashobora kuba babi rimwe rimwe. Ni ukuri koko, ntibovuga ivyiyumviro nk’ivyo bibi ku mugaragaro. Bashobora kugobeka ururimi rwabo bakerekana ikibabarwe, ariko mu bwihisho, mu mitima yabo, baba bipfuza ko vyoba ibibereye ijisho rwose. Bashaka kuraba ibirori biyobeye, aho ibihumbi vy’abantu bishwe kuko biba bitarwanya inyungu zabo. Uku niko imitima y’abantu ikora. Benshi muri twebwe bari bameze nk’uko imbere yuko bavuka ubwa kabiri.
Ubwicanyi buri mu mutima wa buri muntu
| Kubera iki ducumura? |
| Ni kubera ko dufise ivyiyumviro bibi mu mitima yacu. |
Imana yatubwiye ko hari ubwicanyi imbere mu mutima wa buri muntu. Ariko benshi barabihakana. “Gute wovuga ibintu nk’ivyo? Ntavyiyumviro vy’ubwicanyi na bimwe mfise mu mutima wanje! Gute wanyiyumviriyeko ikintu nk’ico!” ntibigera bemera namba ko bafise ubwicanyi mu mitima yabo. Bibaza ko abicanyi ari abandi bantu batandukanye na bo.
Wa mwicanyi ruhebwa yavugwa mu makuru, ba bantu bica bakanaturirira abandi mu mazu yabo, nibo bafise ubwicanyi mu mitima yabo! Baremwe ukundi. Sinshobora kumera nkabo! Ni ibipfamutima! Abicanyi!” Barashavura bagasemerera, bati, “Abo bana b’inkozi z’ibibi bakwiye gufutwa muri iyi isi! Bakwiye bose gucirwa urwo gupfa!”
Ariko ikibabaje, nuko ivyiyumviro vy’ubwicanyi biri n’imbere mu mitima yabo bashavuye, hamwe no mu mitima y’abicanyi ruhebwa no mubatikiza. Imana itubwira ko mu mitima y’abantu bose, harimwo ubwicanyi. Dutegerezwa kwemera ijambo ry’Imana, yo ibona ukuri muri twebwe. Dutegerezwa kwemera, tukavuga, ngo, “Ndi umunyavyaha mfise ubwicanyi mu mutima wanje.”
Ego, Imana yatubwiye ko hari ivyiyumviro bibi, n’ubwicanyi, imbere mu mitima y’abantu bose. Reka twemere ijambo ry’Imana. Nk’uko urunganwe rw’abantu rwacitse rubi rwose, ibikoresho vyose vyo kwirinda vyabaye ivy’ubwicanyi. Iyo niyo ngaruka y’ubwicanyi buri mu mitima yacu. Urashobora kwica bivuye kw’ishavu, canke ku bwoba. Sinshatse kuvuga ngo twice abandi, nshatse kuvuga ko dufise ivyiyumviro vy’ubwicanyi mu mitima yacu.
Kubera ko abantu tuvukana ivyiyumviro bibi, twese turabifise mu mitima yacu. Bamwe vy’ukuri birangira bishe, atari kubera ko bavutse ari abicanyi, ariko nuko twese dushobora gucika abicanyi. Imana itubwira ko dufise ivyiyumviro bibi n’ubwicanyi mu mitima yacu. Ni ukuri. Ntan’umwe muri twebwe avuyemwo muri kuno kuri.
Ni yo mpamvu, inzira y’ukuri twofata ariyo kwemera ijambo ry’Imana no kuryumvira. Turacumura muri iyi isi kuko dufise ivyiyumviro bibi mu mitima yacu.
Ubusambanyi buri mu mitima yacu
Imana ivuga ko harimwo ubusambanyi mu mutima wa buri muntu. Uravyemera? Uremera ko ufise ubusambanyi mu mutima wawe? Ego, hariyo ubusambanyi mu mutima wa buri muntu.
Ni co gituma ubumaraya n’ibindi vyaha vy’ubusambanyi bigwiriye mu kibano cacu. Ni imwe mu nzira zizwi zo kurondera amahera muri buri kahise. Urundi rudandazwa rurashobora kutagenda neza ku mvo z’ubutunzi, ariko urwo rudandazwa rubi ntirwigera rugenda nabi na rirya harimwo ubusambanyi mu mitima y’abantu bose.
Icamwa c’abanyavyaha ni icaha
| Umwana w’umuntu agereranywa n’iki? |
| Agereranywa n’igiti cama icamwa c’icaha |
Nk’uko ibiti vy’amapome vyama amapome, imisukoni ikama insukoni, ibiti vy’inazi navyo bikama inazi, n’imizabibu bikama inzabibu, twebwe, abavukanye ubwoko cumi na bubiri bw’ivyaha mu mitima yacu, twama icamwa c’icaha.
Yesu avuga ko ibiva mu mutima w’umuntu ko ari vyo bimuhumanya. Uravyemera? Turashobora kwemeranya n’ijambo ry’Imana, maze tukavuga, duti, “Ego, turi abana b’abanyavyaha, inkozi z’ibibi. Ego, uri umunyakuri, Mwami.” Ego, dutegerezwa kwemera ububi bwacu. Dutegerezwa kwemera ukuri ubwacu imbere y’Imana.
Nk’uko Yesu yumviye ubugombe bw’Imana, dutegerezwa kwemera ijambo ry’Imana kandi tukayumvira. Ni yo nzira yonyene dushobora gukirizwamwo ivyaha vyacu vyose biciye mu mazi na Mpwemu. Izi nizo ngabire ziva ku Mana.
Igihugu canje carahezagijwe ibihe bine vyiza. Uko ibihe biza, ubwoko butandukanye bw’ibiti vyama ivyamwa vyavyo. Muri ubwo buryo nyene, ivyaha cumi na bibiri biri mu mitima yacu biradufata kandi bikaguma biturongorera kugucumura. Uno musi, bushobora kuba ari ubwicanyi bwafashe umutima wacu, ejo bukaba ubusambanyi.
Hama, ku musi ukurikira hakaza ivyiyumviro bibi, hama ubushakanyi, ubwivyi, kwagiriza abandi ibinyoma, n’ibindi. Tubandanya ducumura imyaka yose, amezi yose, imisi yose, amasaha yose. Nta musi urengana tudakoze ubwoko bw’ivyaha na bumwe. Tubandanya turahira ko tugiye kuja kure y’icaha, ariko ntaco twokora atari ugucumura kuko twavutse tumeze uko nyene.
Woba warigeze ubona igiti ca pome canka kwama amapome kuko kitabishatse? “Sinshaka kwama amapome!” N’ubwo cokwiyemeza mu mutima kikanka kwama ivyamwa, cokwanka kwama amapome gite? Uduturumbwe turashamika mu rushana, amapome agakura agahishira muci, hama akamurwa akaribwa mu mpeshi.
Niko bigaragara muri kamere, vyongeye n’ubuzima bw’abanyavyaha butegerezwa nabwo nyene gukurikira ingendo ya kamere. Abanyavyaha ntaco bokora atari kwama ivyamwa vy’icaha.
‘Umubatizo n’Umusaraba vya Yesu’ vyari kugira ngo bihongere ivyaha vyacu
| Bisigura iki uguhongerwa? |
| Ni ukuriha ingero y’icaha biciye mu mubatizo wa Yesu (kurambika ibiganza) no mu maraso yo ku Musaraba. |
Reka dusome umurongo muri Bibiliya turabe ingene abanyavyaha, abana b’inkozi z’ibibi, bashobora guhongerwa ivyaha vyabo imbere y’Imana kandi bakabaho mu buzima bwabo banezerewe. Ubu nibwo butumwa bwiza bwo guhongerwa kw’ivyaha.
Mu Balewi 4, havuga, hati, “Ni hagira umuntu mu banyagihugu akora icaha atabigize ibigirankana, mu vyo jewe Uhoraho nabuzanije, akikwegera gutsindwa n’urubanza; icaha yakoze amaze kukimenyeshwa, az’azane impene kw’ikimazi ciwe, y’ishashi itagira agasembga, yo gutangirwa icaha ciwe yakoze. Arambike ikiganza mu ruhanga rw’ico kimazi co gutangirwa ivyaha, agikererere aho bakererera ikimazi co kwosa. Umuherezi aheze yābirize urutoke ku maraso yaco, ayasīge ku mahembe y’igicaniro co kwoserezakw ibimazi, ayandi maraso yaco yose ayavyagize hasi hambavu y’igicaniro. Ibinure vyaco vyose az’abikūre, nk’uko bakūra ivy’ikimazi c’ishimwe: uwo muherezi aheze avyosereze ku gicaniro, bibe umubabge ummotera neza. Nuk’umuherezi azoba amuhongeye, na we azoharirwa.” (Abalewi 4:27-31).
Mugihe c’Isererano rya Kera, abantu bahongera ivyaha vyabo bate? Barambika ibiganza vyabo ku mutwe w’ikimazi co gutangirwako icaha, bakarungika ivyaha vyabo kuri co.
Biranditswe mu Balewi. “Ni haramuka hagize ūmuha ikimazi, muze mukūre ivyo bimazi mu vyo mutunze, ari mu masho canke mu mikuku. Ikimazi c’umuntu co kwoswa, ni caba ar’ico mu busho, az’atange imasa itagira agasembwa: ayitangire ku muryango w’ihema ry’ibonaniro, kugira ngo yemerwe imbere yanje. Maz’arambike ikiganza mu ruhanga rw’ico kimazi co kwoswa, ni ho kizokwemerwa, kumubera impongano.” (Abalewi 1:2-4).
Imana yari yarabategetse gutegura ibimazi vy’icaha vyakoreshwa mu guhongera ivyaha vy’Abisirayeli. Kandi yari yarababwiye ‘kurambika ibiganza’ vyabo ku mutwe w’ikimazi c’icaha, kugira ngo bakirungikeko ivyaha. Imbere mw’ihema ryera ry’ibonaniro, hari hariyo igicaniro co kwoserezako ibimazi. Cari kimeze nk’imeza niniya gato gusumba imeza yo kuri arutari, kandi cari gifise amahembe kuri buri mfuruka zine. Abisirayeli bahongera ivyaha vyabo mu kurungika ivyaha vyabo ku mutwe w’ikimazi c’icaha bakokereza inyama zaco ku gicaniro co kwoserezako ikimazi.
Imana mu gitabo c’Abalewi yabwiye abantu, iti “ayitangire ku muryango w’ihema ry’ibonaniro imbere y’Uhoraho.” Ivyaha vyabo vyarungikwa ku kimazi c’icaha igihe barambitse ibiganza vyabo ku mutwe waco, hama abanyavyaha baca bakerera izosi ry’ico kimazi bakacica. Abaherezi baca bashira amaraso yaco ku mahembe y’igicaniro co kwoserezako ikimazi.
Nyuma y’ivyo, ikimazi baragikuramwo ivy’imbere bakavyoza, hama inyama zaco bakazijanjaguramwo ibihimba bakazokerereza ku gicaniro co kwoserezako ikimazi gushika zibaye umunyota. Maze, umubavu umota neza w’inyama ukaba utanzwe ku Mana kubw’uguhongerwa kwabo. Ukwo niko bahongera ivyaha vyabo vya misi yose.
Hari hariho n’ikimazi c’uguhongerwa kubw’ivyaha vy’umwaka wose. Cari gitandukanye n’ikimazi co guhongerwa kubw’ivyaha vya buri musi, muri ico kimazi co guhongerwa kubw’ivyaha vy’umwaka wose, umuherezi mukuru niwe yarambika ibiganza vyiwe ku kimazi c’icaha mu gishingo c’Abisirayeli bose akongera agacucagira amaraso amaja ruguru y’intebe y’imbabazi ibihetangabo indwi. Kandi, ukurambika ibiganza vyiwe ku mpene idora vyakorerwa imbere y’Abisirayeli ku musi w’icumi w’ukwezi kw’indwi buri mwaka (Abalewi 16:5-27).
| Ninde agereranywa n’ikimazi c’icaha c’Isezerano Rishasha? |
| Ni Yesu Kristo |
Ubu, Reka turabe ukuntu uburyo bwo gutanga ikimazi bwahindutse mw’Isezerano Rishasha n’ukuntu icagezwe c’ibihe bidashira c‘Imana cagumye cubahirijwe imyaka myinshi.
Kubera iki Yesu yategerezwa gupfira ku Musaraba? N’iki yari yakoze kibi kuri iyi isi catumye Imana ireka Umwana wayo ngo apfire ku Musaraba? Ninde yamugobereye kugira ngo apfire ku Musaraba? Igihe abanyavyaha bose bo kw’isi, nshatse kuvuga twese, igihe twari twaguye mu caha, Yesu yaraje kuri iyi isi kudukiza.
Yarabatijwe na Yohana Umubatizi ku ruzi Yorodani yongera atwara igihano c’ivyaha vyose ku Musaraba mu gishingo c’abantu bose. Uburyo Yesu yabatijwemwo, uburyo yasheshe amaraso ku Musaraba vyari bimeze nk’ikimazi co guhongerwako co mw’Isezerano rya Kera, ukurambika ibiganza ku kimazi c’icaha hamwe no gusesa amaraso yaco.
Uku niko vyakorwa mw’Isezerano rya Kera. Umunyavyaha yararambika ibiganza vyiwe ku kimazi c’icaha akacaturirako ivyaha vyiwe, akavuga, ati, “Mwami, nacumuye. Nakoze ubwicanyi n’ubusambanyi.” Aho ivyaha vyiwe vyaba birungitswe ku kimazi c’icaha.
Nk’uko umunyavyaha yakerera izosi ry’ikimazi c’icaha akagitanga imbere y’Imana, niko na Yesu yatanzwe kugira ngo ahongere ivyaha vyacu vyose. Yesu yarabatijwe kandi asesa amaraso ku Musaraba kugira ngo adukize kandi ahongere ivyaha vyacu vyose biciye mu kwitanga kwiwe.
Vy’ukuri, Yesu yapfuye kubwacu. Tuvyiyumviriyeko, n’iyahe yari insiguro yo gutanga ivyo bikoko bitagira agasembwa nk’ibimazi vy’ivyaha vyose vy’abantu? Ivyo bikoko vyoba vyari bizi icaha? ibikoko ntibizi icaha. Ntivyashobora gukuraho ivyaha vy’abantu bose.
Nk’uko ivyo bikoko bitagira agasembwa na gato, na Yesu nawe nta caha yari afise. Ni Imana Yera, Umwana w’Imana, kandi ntiyigeze akora icaha namba. Rero, yakuyeho ivyaha vyacu vyose biciye mu mubatizo wiwe ku ruzi Yorodani igihe yari afise imyaka 30.
Yarakuyeho ivyaha vyacu vyose, kandi yapfiriye ku Musaraba kubw’ivyaha yari yakuye kuri twebwe. Ryari ibango ryiwe kubw’agakiza kuba yarogeje ivyaha vyose vy’abantu. Vyanditswe muri Matayo 3.
Itanguriro ry’ubutumwa bwiza bwo guhongerwa kw’ivyaha
| Kubera iki Yesu yabatijwe na Yohana Umubatizi kuri Yorodani? |
| Kugira ngo bashitse ukugororoka kwose |
Biranditswe muri Matayo 3, “Ico gihe Yesu ava i Galilaya, aja kuri Yorodani aje kuri Yohana, azanywe no kubatizwa na we. Ariko Yohana agomba kumwankira, ati kw ari jewe nkwiye kubatizwa nawe: non’uje kuri jewe? Yesu aramwishura, ati Bikunde: ‘kukw ari vyo bidukwiye, ngo dushitse ukugororoka kwose.’” (Matayo 3:13-15).
Dutegerezwa kumenya kandi tugatahura icatumye Yesu abatizwa igihe yari afise imyaka 30. Yabatijwe kugira ngo ahongere ivyaha vy’abantu bose kandi yongere ashitse ukugororoka kwose kw’Imana. Kugira ngo akize abantu bose ivyaha vyabo, Yesu Kristo, umwe atagira agasembwa, yemeye kubatizwa na Yohana Umubatizi.
Kubw’ivyo, yatwaye ivyaha vy’abari mw’isi yongera aritanga ubwiwe kugira ngo ahongere ivyaha vy’abantu bose. Kugira ngo dukizwe icaha, turakwiye twese kumenya ukuri kandi tukakwizera. Bituvako kwizera agakiza kiwe hama tugakizwa.
Umubatizo wa Yesu usigura iki? Ufise insiguro imwe no kurambika ibiganza mw’Isezerano rya Kera. Mw’Isezerano rya Kera, ivyaha vy’abantu bose vyarungikwa ku mutwe w’ikimazi c’icaha biciye mu kurambika ibiganza. Co kimwe, mw’Isezerano Rishasha, Yesu yatwaye ivyaha vy’abari mw’isi mu kwishikana ubwiwe nk’ikimazi c’icaha akabatizwa na Yohana Umubatizi.
Yohana Umubatizi yari ahambaye mu bantu bose, yari umuserukizi w’abantu yatiwe n’Imana. Nk’umuserukizi w’abantu, umuherezi mukuru wa bose, yarambitse ibiganza vyiwe kuri Yesu arungika ivyaha vyose vy’abari mw’isi kuri We. ‘Umubatizo’ usigura, ‘kurungika, guhambwa, kwozwa.’
Urazi icatumye Yesu aza kuri iyi isi akabatizwa na Yohana Umubatizi? Urizera Yesu uzi n’insiguro y’umubatizo wiwe? Umubatizo wa Yesu kwari kugira ngo atware ivyaha vyacu vyose, ivyaha twebwe, abana b’inkozi z’ibibi, dukorera mu mibiri yacu mu buzima bwacu bwose. Yesu yabatijwe na Yohana Umubatizi kugira ngo buzuze ubutumwa bwiza nyakuri bwo guhongerwa ivyaha vyacu vyose.
Muri Matayo 3:13-17, handitswe, ngo, ‘Ico gihe,’ herekana igihe Yesu yabatizwa, igihe ivyaha vyose vy’abari mw’isi vyarungikwa kuri We.
‘Ico gihe,’ Yesu yatwaye ivyaha vyose vy’abantu, apfira ku Musaraba nyuma y’imyaka itatu, maze azuka ku musi ugira gatatu. Kugira ngo yoze ivyaha vyose vy’abari mw’isi, yarabatijwe rimwe gusa, apfira ku Musaraba rimwe gusa, yongera arazuka avuye mu bapfuye rimwe gusa. Ku bashaka bose gucungurwa ivyaha vyabo (gukurwako icaha) imbere y’Imana, yarabakijije bose rimwe gusa.
Kubera iki Yesu yategerezwa kubatizwa? Kubera iki yategerezwa kwambara urugori rw’amahwa akongera agacirwa urubanza kwa Pilato nk’umunyavyaha asanzwe? Kubera iki yategerezwa kubambwa ku Musaraba akongera agasesa amaraso gushika ku rupfu? Impamvu y’ivyo vyose nuko yari yatwaye ivyaha vyose vy’abari mw’isi, ivyaha vyawe n’ivyanje, avyishirako biciye mu mubatizo wiwe. Kandi kubw’ivyaha vyacu, yategerezwa gupfira ku Musaraba.
Dutegerezwa kwizera ijambo ry’agakiza ry’ukw’Imana yadukujije kandi tukayishimira. Atamubatizo wa Yesu, Umusaraba wiwe, n’ukuzuka kwiwe, nta gakiza tworonse.
Igihe Yesu yabatizwa na Yohana yatwaye ivyaha vyose vy’abari mw’isi, yatwaye ivyaha vyacu maze aradukiza twebwe abizera ubutumwa bwiza bwiwe bw’agakiza. Hariho abantu biyumvira, bati, “Yesu yatwaye icaha c’inyanduruko gusa, siko?” Ariko baribesha.
Biranditswe neza muri Bibiliya ko Yesu yatwaye ivyaha vyose vy’abari mw’isi rimwe rizima igihe yabatizwa. Ivyaha vyacu vyose, harimwo n’icaha c’inyanduruko, vyarogejwe. Yesu avuga muri Matayo 3:15, ati, “kukw ari vyo bidukwiye, ngo dushitse ukugororoka kwose.” Gushitsa ukugororoka kwose bisigura ko ivyaha vyose, atakivuyemwo, twabikuweko.
Yesu yoba yaranogeje ivyaha vyose vy’ubuzima bwacu bwose? Ego, yaravyogeje. Reka tubanze turabe icemezo cavyo mu gitabo c’Abalewi. Kitubwira ivy’umuherezi mukuru n’ivy’ikimazi co ku musi wo guhongerwako.
Ikimazi co guhongerwa kubw’ivyaha vy’umwaka vy’Abisirayeli bose
| Abisirayeli bari gushobora kugumana ukwezwa bahawe n’ikimazi c’icaha co kuri iyi isi? |
| Oya namba |
“Aroni aheze yigize hafi ya masa y’ikimazi co gutangirwa ivyaha, yo kwitangirira, yo kwitangirakw impongano bo n’urugo rwiwe. Maz’azane za mpene zompi, azihagarike imbere yanje ku muryango w’ihema ry’ibonaniro. Aroni aheze apfindire izo mpene zompi: ubupfindo bumwe bgerekane iyanje, ubundi bgerekane iyo gusendwa. Maze yigize hafi iyo mpene yerekanywe n’ubupfindo ko ar’iyanje, ayigerere kuba ikimazi co gutangirwa ivyaha. Arikw imwe yerekanywe kw ar’iyo gusendwa, ihagarikwe imbere yanje ikidora, kugira ngo yaturirwekw ivyaha, irungikwe kuba iyo gusendwa mu bugaragwa.” (Abalewi 16:6-10). Hano Aroni yatwara impene zibiri imbere y’umuryango w’ihema ry’ibonaniro kugira ngo ahongere ivyaha vy’umwaka vy’abisirayeli.
“Aroni aheze apfindire izo mpene zompi: ubupfindo bumwe bgerekane iyanje, ubundi bgerekane iyo gusendwa.” Impene yo gusendwa yari ikenewe kubw’uguhongerwa.
Kurundi ruhande, ikimazi co guhongerwa kubw’ ivyaha vya buri musi, kuri co umunyavyaha yakirambikako ibiganza vyiwe ku mutwe kugira ngo akirungikeko ivyaha vyiwe. Ariko kubw’ivyaha vy’umwaka vy’Abisirayeli, umuherezi mukuru, mu gishingo c’abantu bose, niwe yarungika ivyaha vy’umwaka ku kimazi c’icaha ku musi ugira cumi w’ukwezi kw’indwi buri mwaka.
Mu gitabo c’Abalewi 16:29-31, handitswe, ngo, “Mu kwezi kw’indwi, ku musi wakwo w’icumi, muze mwame mwibabaza; ntihaze hagire ūgira igikorwa awukorako, naho yoba imvukira, cank’umunyamahanga aba muri mwebge. Kuko kur’uwo musi ari ho muzotangirwa impongano, kugira ngo muhumanurwe: nuko muzoba muhumanuwe ivyaha vyanyu vyose imbere yanje, jewe Uhoraho. Uwo musi uze wame ubabera isabato yo kuruhuka bihebuje, muze mwame muwibabazako: ico n’icagezwe c’intahava.” (Abalewi 16:29-31).
Mw’Isezerano rya Kera, Umwisirayeli yazana ikimazi c’icaha kugira ngo gihongerwe kubw’ivyaha vya buri musi akongera akarungika ivyaha vyiwe ku mutwe waco, akatura, ati “Mwami, narakoze icaha iki na kiriya.” Hama agakerera izosi ry’ikimazi c’icaha, agahereza amaraso umuherezi, maze agaca ataha iwe, afise ubushizi bw’ubwoba ko yabohotse ivyaha vyiwe. Ikimazi c’icaha capfira umunyavyaha, gifise icaha ku mutwe waco. Ikimazi c’icaha cicwa mu gishingo c’umunyavyaha. Mw’Isezerano rya Kera, ikimazi c’icaha carashobora kuba impene, inyana y’inka, imasa, ibikoko bitagira agasembwa vyose, n’ivyejejwe Imana yari yaratoranije.
Mugishingo caho umunyavyaha yopfira ivyaha vyiwe, Imana, mu mpuhwe zayo zidashira, yemeye ko ubuzima bw’igikoko butangwa mugishingo c’umunyavyaha.
Muri ubwo buryo bw’Isezerano rya Kera, abanyavyaha barashobora guhongera ivyaha vyabo biciye mu kimazi co guhongerwako. Ibigabitanyo vy’umunyavyaha vyarungikwa ku kimazi c’icaha biciye mu kukirambikako ibiganza, hama amaraso yaco agahabwa umuherezi kugira ngo ahanagure ivyaha vy’umunyavyaha.
Yamara, ntivyashoboka ko bahongera ivyaha imisi yose. Ni co gituma, Imana yaciye yemerera umuherezi mukuru guhanagura ivyaha vy’umwaka wose, buri mwaka ku musi w’icumi w’ukwezi kw’indwi, akabikora mu gishingo c’Abisirayeli bose.
None ni icahe cari igikorwa c’Umuherezi Mukuru ku musi wo guhongerwako? Ubwa mbere, Aroni umuherezi mukuru yabanza akarambika ibiganza vyiwe ku kimazi c’icaha, akacaturirako ivyaha vy’abantu, ati, “Mwami, Abisirayeli barakoze ivyaha ibi na biriya, ubwicanyi, ubusambanyi, ubushakanyi, ubusuma, kwagiriza abandi ibinyoma, kurogota...”
Hama, agakerera izosi ry’ikimazi c’icaha, agafata amaraso yaco, agacucagizwa ibihetangabo indwi ku ntebe y’imbabazi mw’ihema ryera ry’ibonaniro. (Muri Bibiliya, igitigiri 7 gifatwa nk’igitigiri gitunganye.)
Cari igikorwa ciwe kurungika ivyaha vy’abantu bakoze mu kiringo c’umwaka ku mutwe w’ikimazi c’icaha akabikora mu gushingo c’Abisirayeli bose, kandi ikimazi c’icaha caca cicwa mu gishingo cabo.
Kubera ko Imana igororotse, kugira ngo ikize abantu bose ivyaha vyabo, yemeye ko ikimazi c’icaha gipfa mu gishingo c’abantu. Kubera ko Imana ari nyenimbabazi vy’ukuri, yemereye abantu ko batanga ubuzima bw’igikoko c’ikimazi mu gishingo c’ubuzima bwabo bwite. Umuherezi mukuru yaca acucagira amaraso mu ruhande rw’ubuseruko bw’intebe y’imbabazi bityo akaba ahongeye ivyaha vyose vy’Abisirayeli vy’umwaka uheze, yabikora ku musi wo guhongerwako, umusi w’icumi w’ukwezi kw’indwi.
| Ninde mwagazi w’intama nk’uko Isezerano Rishasha riri? |
| Ni Yesu uwutagira agasembwa |
Umuherezi mukuru yategerezwa gushikana impene zibiri ku musi wo guhongerwako kubw’Abisirayeli. Imwe muri izo yitwa impene yo gusendwa, bisobanura ‘gutabwa.’ Muri ubwo buryo nyene, impene yo gusendwa mw’Isezerano Rishasha ni Yesu Kristo. “Kuk’urukundo Imana yakunze abari mw isi ari rwo rwatumye itanga umwana wayo w’ikinege, ng’ūmwizera wese ntaz’apfe rubi, arikw ahabge ubugingo budashira.” (Yohana 3:16).
Imana yaduhaye umwana wayo w’ikinege nk’ikimazi c’umwagazi w’intama. We nk’ikimazi c’umwagazi w’intama co kubw’abantu bose, yarabatijwe na Yohana Umubatizi maze acika umukiza, Mesiya w’isi. Mesiya risobanura ‘Umukiza’ Yesu Kristo naryo risobanura ‘Umwami yaje kugira ngo adukize.’
Ni co gituma, nk’uko ivyaha vy’Abisirayeli vy’umwaka vyahanagurwa ku musi wo guhongerwako mw’Isezerano rya Kera, Yesu Kristo, nko mu myaka 2000 iheze, yaraje kuri iyi isi kubatizwa no gusesa amaraso gushika ku rupfu ari ku Musaraba kugira ngo ashitse ubutumwa bwiza bwo guhongerwa kw’ivyaha vyacu vyose.
Gushika ngaha, reka dusome umurongo mu gitabo c’Abalewi. “Uwo Aroni aheze arambike ibiganza vyiwe vyompi mu ruhanga rw’iyo mpene idora, ayaturireko ibigabitanyo vy’Abisirayeli vyose, n’ibicumuro vyabo vyose, n’ivyaha vyabo vyose, abiremeke mu ruhanga rw’iyo mpene, ayihe umuntu yari yibangikanije, ayijane mu bugaragwa. Iyo mpene igende yikoreye ibigabitanyo vyabo vyose, ibijane ahataba abantu; uwo muntu ayishiburire mu bugaragwa.” (AbalewiI 16:21-22).
Biranditswe ko ivyaha vy’abantu bose ko vyashirwa mu ruhanga rw’impene nk’uko vyanditswe mu gitabo c’Abalewi igice ca 16. ‘Ibigabitanyo vy’Abisirayeli vyose’ bisigura ivyaha vyose bakorera mu mitima yabo, ivyaha vyose bakorera mu mibiri yabo. Kandi ‘ivyo bigabitanyo vy’Abisirayeli vyose’ vyashirwa mu ruhanga rw’ikimazi c’icaha biciye mu kurambika ibiganza kw’umuherezi.
Biciye mu vyagezwe vy’Imana, dutegerezwa kuronka ubumenyi nyakuri bwo kumenya ivyaha vyacu vyose
| Kubera iki Imana yaduhaye ivyagezwe? |
| Kugira ngo iduhe ubwenge bwo kumenya icaha |
Ivyagezwe n’amabwirizwa vy’Imana bigizwe n’ingingo 613. Mu vy’ukuri, tuvyiyumviriyeko, dukora ico yatubujije gukora kandi bikanka ko dukora ico yadutegetse gukora.
Ni yo mpamvu, turi abanyavyaha. Biranditswe muri Bibiliya ko Imana yaduhaye ivyo vyagezwe kugira ngo dusobanukirwe ivyaha vyacu (Abaroma 3:20). Ibi bisigura ko yaduhaye ivyagezwe vyayo n’amabwirizwa yayo kugira itwigishe ko turi abanyavyaha. Ntiyabitanze kubera ko dushoboye kubeshwaho navyo, ariko ni kugira ngo tumenye ivyaha vyacu.
Ntiyaduhaye ivyagezwe vyayo n’amabwirizwa kugira ngo tubikurikize. Ntiwokwitega ko imbwa yobaho nk’umuntu. Nk’uko nyene, ntidushobora namba kubeshwaho n’Ivyagezwe vy’Imana ariko turashobora gusa gusobanukirwa ivyaha vyacu biciye mu vyagezwe vyayo n’amabwirizwa yayo.
Imana yaduhaye ivyagezwe, kubera ko twebwe ubwacu tudasobanukirwa ko twuzuye icaha. “Muri abicanyi, abashakanyi, inkozi z’ibibi,” Yatubwiye kutica, ariko turica mu mitima yacu rimwe rimwe tukica no mu bikorwa.
Yamara, kubera ko vyanditswe mu vyagezwe ko tudakwiye kwica, tumenya ko turi abicanyi, tukavuga, ngo, “Ah, nibeshe. Ndi umunyavyaha kuko nakoze ico ntari nkwiye gukora. Nacumuye.”
Ni co gituma, kugira ngo Imana ikize Abisirayeli icaha, yemereye Aroni ko ashikana ikimazi co guhongerwako mw’Isezerano rya Kera, kandi ni Aroni yahongera kubw’abantu rimwe mu mwaka.
Mw’Isezerano rya Kera, ibimazi bibiri vy’icaha vyategerezwa gutangwa ku Mana ku musi wo guhongerwako. Kimwe cashikanwa imbere y’Imana mugihe ikindi carungikwa gutabwa mu bugaragwa amaze kukirambikako ibiganza, kigatwara ivyaha vyose vy’Abisirayeli vy’umwaka wose. Imbere yuko impene irungikwa mu bugaragwa itwawe n’uwo yaba yibangikanije, umuherezi mukuru yabanza kurambika ibiganza vyiwe mu ruhanga rw’iyo mpene nzima akayaturirako ivyaha vy’Abisirayeli. “Mwami, abantu barishe, barashakanye, bongera bariba, banasenga ibigirwamana… Twaracumuye.”
Ubugaragwa ni igihugu c’umusenyi imvura itarangwayo. Impene yo gusendwa yarungikwa mu buragwa butagira iherezo hama ikazopfirayo. Igihe yaba irungitsweyo, Abisirayeli baguma bayiraba gushika irenze impinga, baca bizera ko ivyaha vyabo vyatwawe n’impene yo gusendwa. Abantu baca baronka amahoro yo mu mutima, maze impene yo gusendwa igapfira mu bugaragwa kubw’ivyaha vy’umwaka wose vy’Abisirayeli bose.
Kandi Imana yahongeye ivyaha vyacu vyose biciye mu Mwagazi w’intama w’Imana, Yesu Kristo. Ivyaha vyacu vyarogejwe burundu biciye mu mubatizo wa Yesu no mu maraso yiwe ku Musaraba.
Yesu ni Imana kandi ni Umukiza wacu. Ni Umwana w’Imana yaje gukiza abantu bose icaha kandi ni Umuremyi yaturemye mw’ishusho yayo. Yaraje kuri iyi isi kudukiza icaha.
Si ivyaha vy’umusi dukorera mu mibiri yacu gusa, ariko n’ivyaha vyose vyo muri kazoza, ivyaha vyose vy’imitima yacu n’ivy’imibiri yacu vyarungitswe kuri Yesu. Kubw’ivyo, yategerezwa kubatizwa na Yohana Umubatizi kugira ngo bashitse ukugororoka kwose kw’Imana, hamwe n’uguhongerwa burundu kw’ivyaha vyose vy’abari mw’isi.
Imyaka itatu imbere yuko Yesu abambwa, igihe yatangura igikorwa c’ibango ryiwe icese, yatwaye ivyaha vyose vy’abari mw’isi biciye mu kubatizwa na Yohana Umubatizi ku ruzi Yorodani. Agakiza kabonekera muri we yarafitiye abantu biciye mu guhongerwa ivyaha vyacu vyose katanguranye n’umubatizo wiwe.
Mu ruzi Yorodani, bari mw’ibenga aho amazi yabagera nko mu gikenyerero, Yohana Umubatizi yarambitse ibiganza vyiwe ku mutwe wa Yesu aca amwibiza mu mazi. Uyo mubatizo wari ufise insiguro imwe no kurambika ibiganza mw’Isezerano rya Kera kandi wakora co kimwe no kurungika ivyaha vyose.
Kwibizwa mu mazi vyasigura urupfu, ukuva mu mazi naho vyasigura ukuzuka. Kubw’ivyo, biciye mu kubatizwa na Yohana Umubatizi, Yesu yarujuje kandi aserura vyose bitatu: gukuraho ivyaha vyose, ukubambwa, n’ukuzuka.
Dushobora gukizwa mugihe honyene twumviye ijambo rivuga ko Yesu yadukijije icaha. Imana yari yarafashe ingingo yo kudukiza biciye muri Yesu, kandi isezerano yari yarasezeranye mw’Isezerano rya Kera ryarujujwe. Yesu yagiye ku Musaraba afise ivyaha vyacu vyose ku mutwe wiwe.
| N’icahe gikorwa dusigaranye ko Yesu yamaze guhanagura ivyaha vyacu vyose? |
| Ico dutegerezwa gukora ni ukwizera amajambo y’Imana. |
Muri Yohana 1:29, haranditswe, ngo, “Bukeye bg’aho abona Yesu aza kuri we, aravuga, ‘ati Nguyu Umwagazi w’intama w’Imana ukūraho icaha c’abari mw isi.’” Yohana Umubatizi yarashinze intahe, ati, “Nguyu Umwagazi w’intama w’Imana ukūraho icaha c’abari mw isi!” Ivyaha vyose vy’abantu vyarungitswe kuri Yesu igihe yabatizwa muri Yorodani. Vyizere! Hama uzohezagizwa uguhongerwa ivyaha vyawe vyose.
Dutegerezwa kwizera ijambo ry’Imana. Dutegerezwa gushira ku ruhande ivyiyumviro vyacu n’ububegito bwacu, maze tukizera ukuri kw’uko Yesu yakuyeho ivyaha vyose vy’abari mw’isi, kandi tukumvira ivyanditswe vy’Imana.
Kuvuga ko Yesu yatwaye ivyaha vyose vy’abari mw’isi, hamwe n’ukuvuga ko yujuje ukugororoka kw’Imana biciye mu guhongera ivyaha vyacu ni ikintu kimwe. ‘Ukurambika ibiganza’ hamwe ‘n’umubatizo’ na vyo nyene ni ikintu kimwe.
Tutitayeho ko twoba twavuze ‘vyose,’ ‘buri kimwe,’ canke ‘ibikenewe,’ insiguro iguma ari imwe. Insiguro y’ijambo, ‘ukurambika ibiganza’ mw’Isezerano rya Kera iguma ari imwe no mw’Isezerano Rishasha, kiretse ko ijambo ‘umubatizo’ ari ryo bakoresheje.
Bitwereka ukuri kw’uko Yesu yabatijwe akongera agacirwa urubanza ku Musaraba kugira ngo ahongere ivyaha vyacu vyose. Kandi dukizwa mugihe twizeye ubutumwa bwiza bw’umwimerere.
Iyo tuvuze ko Yesu yakuyeho ‘ivyaha vy’abari mw’isi’ (Yohana 1:29), ivyaha vy’abari mw’isi tuba dushatse kuvuga iki? Tuba dushatse kuvuga ivyaha vyose tuvukana, ivyiyumviro bibi vyose, ubusambanyi bwose, ubushakanyi bwose, ubwicanyi bwose, ubusuma bwose, ukwipfuza kwose, ubugunge bwose, ububeshi bwose, ivy’isoni nke vyose, ijisho ribi ryose, ibitutsi vyose, ubgibone bwose, n’ubupfu bwose biba mu mitima yacu. Bisigura ivyaha bibi vyose n’ibigabitanyo vyose biba mu mubiri no mu mutima.
“Ingero y’icaha ni urupfu; arikw ingabire y’Imana n’ubugingo budashira, bubonerwa muri Kristo Yesu Umwami wacu.” (Abaroma 6:23). “Kandi hatavuye amaraso ntihaba guharirwa ivyaha” (Abaheburayo 9:22). Biranditswe muri iyo mirongo, ko ivyaha vyose bitegerezwa kurihwa. Kandi Yesu Kristo, kugira ngo akize abantu bose icaha, yatanze ubuzima bwiwe bwite yongera aturihira ingero y’icaha rimwe gusa.
Ni yo mpamvu, ico dutegerezwa gukora ari ukwizera umubatizo wa Yesu n’amaraso yiwe, ubutumwa bwiza nyakuri, n’ukubaho kwa Yesu nk’Imana n’umukiza wacu kugira ngo tubohoke ivyaha vyacu vyose.
Uguhongerwa kw’ivyaha vy’ejo hazoza
| Twoba tugikeneye gushikana ikimazi c’ivyaha vyacu kandi? |
| Oya namba |
Ivyaha vy’ejo hazoza, n’ivya hirya y’ejo hazoza, hamwe n’ivyaha dukora gushika dupfuye navyo nyene biri mu ‘caha c’abari mw’isi,’ co kimwe n’ivyaha vy’uno musi, n’ivy’ejo haheze, hamwe n’ivya hirya y’ejo haheze biri mu ‘caha c’abari mw’isi.’ Ivyaha vy’abantu uhereye bakivuka gushika bapfuye vyose biri mu ‘caha c’abari mw’isi,’ kandi icaha c’abari mw’isi carungitswe kuri Yesu biciye mu mubatizo wiwe. Ni co gituma ivyaha vyose tuzokora gushika dupfuye vyamaze kudukurwako.
Dukeneye gusa kwizera ubu butumwa bwiza nyakuri, ivyanditswe vy’Imana, tukongera tukavyumvira kugira ngo dukizwe. Turakwiye gushira ku ruhande ivyiyumviro vyacu kugira ngo ducungurwe ivyaha vyacu vyose. Ushobora kubaza, uti, “Yatwaye ivyaha ate kandi bitarakorwa?” Hama, nanje noca ndakubaza, nti “Buri gihe ducumuye, Yesu yoza aragaruka kuri iyi isi kuguma asesa amaraso yiwe kandi?”
Mu butumwa bwiza bwo kuvuka ubwa kabiri, harimwo icagezwe co guhongerwa ivyaha vyacu. “Kandi hatavuye amaraso ntihaba guharirwa ivyaha” (ABaheburayo 9:22). Igihe umuntu yaba ashaka gucungurwa ivyaha vyiwe mugihe co mw’Isezerano rya Kera, yategerezwa kurungika ivyaha vyiwe biciye mu kurambika ibiganza vyiwe ku kimazi c’icaha, kandi ikimazi c’icaha categerezwa gupfira ivyaha vyiwe.
Ni muri ubwo buryo nyene, Umwana w’Imana yaje kuri iyi isi gukiza abantu bose. Yarabatijwe kugira ngo akureho ivyaha vyacu vyose kandi asesa amaraso ku Musaraba kugira ngo arihe ingero y’ivyo vyaha vyacu maze apfira ku Musaraba, aca avuga ati, “Birarangiye!” yarazutse avuye mu bapfuye nyuma y’imisi 3 ubu yicaye i buryo bw’Imana. Yacitse umukiza wacu ibihe bidashira.
Kugira ngo dukurweko ivyaha vyacu burundu (Twoze icaha) dutegerezwa guta ivyiyumviro vyacu dushimikiyeko tukongera tukavavanura n’ivyizerwa vyo mw’idini bitubwira ko dutegerezwa gucungurwa ivyaha buri musi. Kugira ngo ivyaha vy’abantu bihanagurwe, ikimazi categerezwa gutangwa, rimwe gusa. Imana iri mw’ijuru yarungitse ivyaha vy’abari mw’isi ku Mwana wayo bwite biciye mu mubatizo wiwe yongera iramureka abambwe kubwacu. Hamwe n’ukuzuka kwiwe avuye mu bapfuye, agakiza kacu kaciye kuzuzwa.
“N’ukuri n’izacu ntimba yishizeko, n’iyacu mibabaro yikoreye; ariko tweho twamwiyumviriye nk’uwakubiswe, nk’uwacumiswe n’Imana akicurikiriza n’akabonge. Yamara yacumitiwe ivyacu bicumuro, yajanjaguriwe ivyacu bigabitanyo… Uhoraho amuremēka ukugabitanya kwacu twese.” Muri Yesaya 53, havuga ko ibicumuro vyose n’ibigabitanyo vyose vy’abari mw’isi, vy’abantu bose ko vyarungitswe kuri Yesu Kristo.
Mw’Isezerano Rishasha, mu Banyefeso 1:4, haranditswe, ngo, “nk’uko yadutoranije muri we, itanguriro ry’isi ritarashirwaho.” Ibi bitubwira ko yadutoranije muri We imbere y’iremwa ry’isi. Imbere yuko n’isi iremwa, Imana yari yahisemwo kutugira abantu bayo, abagororotsi batagira agasembwa, muri Kristo. Ntaco bitwaye ivyo twoba twaribwiye ubwa mbere, ubu dukwiye kwizera tukongera tukumvira amajambo y’Imana, amajambo y’amazi, amaraso, na Mpwemu.
Imana yatubwiye ko Umwagazi wayo w’intama, Yesu Kristo, ko yatwaye ivyaha vy’abari mw’isi yongera ahongera abantu bose. Mu Baheburayo 10, handitswe, ngo, “Ivyagezwe ko bifise igitūtu c’ivyiza bizoza, bidafise ishusho bgite y’ivyo vyiza, nta ho bishobora guhingura abēgēra igicaniro, bibahingurisha ivyo bimazi nyene bahora batanga imyaka n’imyaka.” (Abaheburayo 10:1).
Hano havuga ko vya bimazi nyene bahora batanga ubudahesha imyaka n’imyaka, ko bidashobora namba kudutunganya. Ivyagezwe ni igitutu c’ivyiza bizoza, ntibifise ishusho bwite y’ivy’ukuri. Yesu Kristo, Mesiya uwari uwo kuza, yaradutunganije rimwe rizima (Nk’uko ivyaha vy’Abisirayeli vy’umwaka vyahongerwa rimwe rizima) biciye mu kubatizwa no mu kubambwa kugira ngo ahongerwe kubw’ivyaha vyacu vyose.
Ni yo mpamvu, Yesu yavuze mu Baheburayo 10, ati, “aherakw aravuga, at’Ehe nzanywe no gukora ivy’ugomba. Akūrah’ivya mbere ngw ashinge ivya kabiri. Ukwo kugomba kwayo ni kwo kwatumye twezwa, tubiheshwa n’uk’umubiri wa Yesu Kristo watanzwe rimwe gusa. Kand’umuherezi wese ahagarara uko bukeye akora ivy’ubuherezi, atanga kenshi ivyo bimazi nyene, ata ho vyoshobora gukūrah’ivyaha na mba. Arik’uwo we, amaze gutanga ikimazi kimwe c’ivyaha c’intahava, avyagira i buryo bg’Imana, ahēraho, arorēra igihe abansi biwe bazohindurwa indava yo musi y’ibirenge vyiwe. Kukw ikimazi kimwe ari co yatunganishije rwose abezwa, ukazoshitsa ibihe bidashira. Kandi na Mpwemu Yera ni we cabona kidushingira intahe y’ivyo. Amaze kuvuga, at’Iri ni ryo sezerano nzosezerana na bo Hanyuma y’iyo misi, ni jewe Uhoraho mbivuze; Nzoshira ivyagezwe vyanje mu mitima yabo, No mu bgenge bgabo kandi ni ho nzovyandika: arongera ati kand’ivyaha vyabo n’ukugabitanya kwabo sinzovyibuka ukundi. Ariko, ah’ivyo bihariwe, ntihaba hakiriho gutanga ikimazi c’ivyaha.” (Abaheburayo 10:9-18).
Turizera ko Yesu yadukijije ivyaha vyose vy’isi biciye mu mubatizo wiwe n’amaraso yiwe ku Musaraba.
Agakiza ko kuvyarwa ubwa kabiri n’Amazi na Mpwemu kanditswe mu mitima yacu no mu bwenge bwacu
| Mbega turi abagororotsi kubera ko tutagicumura ukundi? |
| Oya. Turi abagororotsi kubera ko Yesu yatwaye ivyaha vyacu vyose kandi natwe tukamwizera. |
Murizera mwese agakiza kiwe gatunganye? —Amen.— Urumvira mu kwizera amajambo y’Imana yuko Yesu Kristo ubwiwe yabatijwe yongera asesa amaraso ku Musaraba kugira ngo adukize? Dutegerezwa kwumvira kugira ngo tuvuke ubwa kabiri. Igihe twizeye ko Yesu Kristo, biciye mu butumwa bwiza ko (yakuyeho icaha) yogeje ivyaha vyacu vyose, n’ivyaha vyose vy’abari mw’isi, turashobora gukizwa.
Ntidushobora gutungana biciye mu kwumvira ivyagezwe vy’Imana, ariko dushobora gutungana biciye mu kwizera ibikorwa vya Yesu Kristo. Yesu Kristo yatwaye ivyaha vyacu vyose biciye mu mubatizo wiwe muri Yorodani yongera ababazwa n’urubanza hamwe n’igihano c’ivyaha vyacu vyose ku Musaraba. Biciye mu kwizera ubu butumwa bwiza n’imitima yacu yose, turashobora gucungurwa ivyaha vyacu vyose kandi tugacika abagororotsi. Uravyizera?
Umubatizo wa Yesu, ukubambwa kwiwe n’ukuzuka kwiwe ni kubw’imbabazi (Yahanaguye icaha) z’ivyaha vyose vy’abantu no kubw’icagezwe c’agakiza gishingiye ku rukundo rw’Imana ruhoraho. Imana idukunda uko turi kandi iragororotse, rero yabanje itugira abagororotsi. Yesu yatugize abagororotsi mu kwishirako ivyaha vyacu vyose biciye mu mubatizo.
Kugira ngo yoze ivyaha vyacu vyose, yarungitse Umwana wayo w’ikinege, Yesu, kuri iyi isi kubwacu. Yemeye ko Yesu atwara ivyaha vyose vy’abari mw’isi biciye mu mubatizo wiwe hama ishira urubanza ku Mwana wayo kubw’ivyaha vyacu vyose. Yatugize abana bayo babagororotsi biciye mu gakiza kabonekera mu mazi n’amaraso, urukundo rw’Imana rwa agape.
Handitswe mu Baheburayo 10:16, ngo, “Nzoshira ivyagezwe vyanje mu mitima yabo, No mu bgenge bgabo kandi ni ho nzovyandika.”
Mu mitima yacu no mu bwenge bwacu, turi abanyavyaha imbere y’Imana canke turi abagororotsi? Twizeye ijambo ry’Imana, ducika abagororotsi. Yesu Kristo yatwaye ivyaha vyacu vyose kandi acirwa urubanza kubw’ivyo vyaha. Yesu Kristo ni Umukiza wacu. Ushobora kwibaza, uti, “Ko ducumura imisi yose, twocika abagororotsi dute? Turi abanvyaha basa.” Ariko igihe twizeye ijambo ry’Imana, nk’uko Yesu Kristo yumviye Data, ducika abagororotsi.
Ego cane, nk’uko nari nabivuze, twari dufise icaha mu mitima yacu imbere yuko tuvuka ubwa kabiri. Mu nyuma tumaze kwakira ubutumwa bwiza bw’imbabazi (Yakuyeho icaha) z’ivyaha, twaciye dukizwa ivyaha vyacu. Igihe tutari tuzi ubutumwa bwiza, twari abanyavyaha. Ariko twacitse abagororotsi igihe twizera agakiza ka Yesu, maze ducika abana b’Imana babagororotsi. Uku niko kwizera kwo gucika umugororotsi intumwa Paulo yavuze. Ukwizera ubutumwa bwiza bw’imbabazi (Yogeje icaha) z’ivyaha vyatugize ‘abagororotsi.’
Haba intumwa Paulo canke Aburahamu canke abatwitangiye imbere mu kwizera ntibacitse abagororotsi biciye mubikorwa vyabo, ahubwo bacitse abagororotsi biciye mu kwizera no mu kwumvira ibikorwa vy’Imana, amajambo y’umugisha wayo.
Mu Baheburayo 10:18, “Ariko, ah’ivyo bihariwe, ntihaba hakiriho gutanga ikimazi c’ivyaha.” Nk’uko vyanditswe, Imana yaradukijije kugira ngo ntitubikirwe gupfa kubw’ivyaha vyacu. Uravyizera? —Amen.—
Ab’i Filipi 2, “Mugire wa mutima muri mwebwe wari muri Kristo Yesu. Uwo, naho yar’asanganywe ishusho y’Imana, ntiyiyumviriye yuko kuringanira n’Imana ar’ikintu co kwumirako: ariko yīsiga ubusa, yābira ishusho y’umugurano, acika ūsa n’abantu. Kand’abonetse afise ishusho nk’iy’umuntu, yicisha bugufi, araganduka no gushitsa ku rupfu, kand’urupfu, rwo ku Musaraba. Ni co catumye Imana imushira hejuru cane, ikamuha rya zina rirengeye ayandi mazina yose: Kugira ngw amavi yose az’apfukame mw izina rya Yesu, ay’ivyo mw’ijuru n’ay’ivyo mw’isi n’ay’ivy’i kuzimu, kand’indimi zose zize zature yuko Yesu Kristo ar’Uhoraho, ngo biheshe Imana Data wa twese icubahiro.” (Ab’i Filipi 2:5-11).
Yesu Kristo ntiyatanguje ukwizera mw’isi afise ubwibone na bumwe. Ahubwo, yambaye ishusho y’umugurano, acika uwusa n’umuntu. Yicishije bugufi arumvira gushika ku rupfu kugira ngo adukize.
Ni yo mpamvu, duhimbaza Yesu, “Ni Imana yacu, Umukiza n’Umwami.” Impamvu dushimagiza Imana kandi tugahimbaza Yesu nuko Yesu yumviye ubugombe bwa Se gushika ku musozo. Iyo atumvira, ntabwo ubu tuba turiko duhimbaza Umwana w’Imana. Ariko kubera ko Umwana w’Imana yumviye ubugombe bwa Se gushitsa ku rupfu, ivyaremwe vyose n’abantu bose bo kw’iyi isi baramuhimbaza kandi bazokora atyo ibihe bidashira.
Yesu Kristo yacitse Umwagazi w’intama w’Imana ukuraho icaha c’abari mw’isi, kandi biranditswe ko yabikuyeho biciye mu mubatizo wiwe. Ubu haciye nk’imyaka 2000 kuva apfiriye ivyaha vy’abari mw’isi. Wewe nanje turi muri iyi isi kuva tukivuka, kandi ivyaha vyacu vyose birimwo mu vyaha vy’abari mw’isi.
| Tuzocika abanyavyaha nitwacumura ejo hazoza? |
| Oya. Kuko Yesu yatwaye ivyaha vyacu vyose vya kahise, kubu, na kazoza. |
Tutarinze gukuramwo icaha c’inyanduruko mu buzima bwacu tubamwo bw’ibigabitanyo, mbega ntitwacumuye uhereye tukivuka?
Yesu yarazi ko ducumura uhereye ku musi tuvutse gushika dupfuye maze aca abanza gukuraho ivyaha vyacu vyose. Ubu urabitahura? Nimba twari abo kubaho imyaka mirongo 70, ivyaha vyacu vyoba bikwiye kwuzura amabeni y’umwanda arenga ijana. Ariko Yesu yakuriyeho icaha cose rimwe kubw’abantu bose akoresheje umubatizo wiwe, kandi atwara urubanza kubw’ivyaha vyacu ku Musaraba.
Nimba Yesu yatwaye icaha c’inyanduruko gusa, twopfa twese tugatererwa i kuzimu. N’ubwo twumva umengo ntiyari gushobora gukuraho ivyaha vyacu vyose, ntibishobora guhindura ukuri namba kw’uko Yesu yahanaguye ivyaha vyacu vyose.
Dukora ivyaha bingana iki muri iyi isi? Ivyaha vyose dukora biri mu vyaha vy’abari mw’isi.
Igihe Yesu yabwira Yohana kumubatiza, ico nico yashaka kuvuga vy’ukuri. Yesu yarishingiye intahe ubwiwe ko yatwaye ivyaha vyacu vyose. Imana yarungitse umukozi wayo imbere ya Yesu kandi imutegeka ko abatiza Yesu. Ni co gituma, biciye mu kubatizwa na Yohana umuserukizi w’abantu, biciye mu kwunamika umutwe wiwe imbere yiwe kugira ngo abatizwe, Yesu yakuyeho ivyaha vyose vy’abantu bose.
Ivyaha vyacu vyose kuva ku myaka 20 gushika ku myaka 30, kuva ku myaka 30 gushika ku myaka 40, ukabandanya; mbere n’ivyaha vy’abana bacu vyari mu vyaha vy’abari mw’isi, ivyo Yesu yatwara biciye mu mubatizo wiwe.
Ninde yovuga ko hakiri icaha kigisigaye muri iyi isi? Yesu Kristo yakuyeho ivyaha vyose vy’abari mw’isi. Turashobora twese gukizwa twizeye mu mitima yacu, tudakekeranya na gato, mu vyo Yesu yakoze kugira ngo ahongere ivyaha vyacu vyose: umubatizo wiwe n’ugusesa maraso yiwe y’igiciro.
Abantu benshi babayeho ubuzima buboshwe n’ivyiyumviro vyabo, bavuga ivy’ubuzima bwabo nk’aho umengo ubuzima bwabo ni bwo vyose. Yamara hariho benshi babayeho ubuzima buruhije. Benshi, nanje ndimwo, twarabayeho ubuzima buruhije. Gute utotahura canke utokwakira imbabazi (Guhanagura icaha) z’ivyaha, zibonekera mu mubatizo wa Yesu n’amaraso yiwe?
Agakiza kabanyavyaha karujujwe
| Kubera iki Yesu yogeje ibirenge vya Petero? |
| Kubera yashaka ko Petero agira ukwizera gukomeye mu kuri kw’uko yamaze kwoza ivyaha vyiwe vyose vyo muri kazoza biciye mu mubatizo wiwe. |
Reka dusome muri Yohana 19 “Avayo, yiyikorereye Umusaraba, ashika ahantu hitwa Nyabihanga, mu Giheburayo hitwa Gologota; bamubambaho, hamwe n’abandi babiri, umwe hirya, uwundi hino, Yesu yari hagati. Pilato yandika icandiko, agishira ku Musaraba; canditswe ngo YESU UMUNYANAZARETI UMWAMI W’ABAYUDA. Benshi mu Bayuda bāsoma ico candiko, kukw’aho hantu Yesu yabambwe hari hafi y’igisagara; kandi cari canditswe mu Giheburayo no mu Kiroma, no mu Kigiriki” (Yohana 19:17-20).
Ncuti nkunda, Yesu Kristo yishizeko ivyaha vyose vy’abari mw’isi yongera acirwa urubanza rwo kubambwa ku Musaraba mu rukinja kwa Pilato. Ubu reka twiyumvirire hamwe ukuntu vyagenze.
Guhera ku murongo wa 28, “Hanyuma y’ivyo Yesu amenye yuko noneho vyose birangiye, kugira ngw icanditswe gishike.” Yesu yakuyeho ivyaha vyacu vyose kugira ngo ashitse ivyanditswe. Aca avuga ngo “Mfise inyota!”
“Aho hantu hari hateretse inkono yuzuye inkarisha, nuko bashira sipongo yuzuyemw’inkarisha kw irenga, bayirungika ku munwa wiwe. Yesu amaze kuyihambga, aravuga, ati Birarangiye. Araheza ajondamika umutwe, umutima uraca.” (Yohana 19:28-30).
Nyuma y’imisi itatu, yarazutse avuye mu bapfuye.
Umubatizo wa Yesu yabatijwe na Yohana Umubatizi n’urupfu rwiwe ku Musaraba vy’ukuri birafatanye, kimwe ntigishobora kubaho ikindi kitariho. Nuko rero, reka duhimbaze Umwami Yesu kuba yaradukirishije ubutumwa bwiza bwiwe bw’imbabazi (Gukuraho icaha) z’ivyaha.
Umubiri w’umuntu imisi yose ukurikira ivyipfuzo vyawo, kandi ntaco twokora atari gucumurira muri uyu mubiri wacu. Yesu Kristo yaduhaye umubatizo wiwe n’amaraso yiwe kugira ngo bidukize ivyaha vy’umubiri wacu. Yadukijije ivyaha vy’umubiri wacu bwite akoresheje ubutumwa bwiza bwiwe.
Ababariwe ivyaha vyabo burundu (Guhanagura icaha) barashobora kwinjira mu Bwami bwo mw’Ijuru igihe icari co cose biciye mu kwizera Yesu, yavukiye i Betelehemu, akabatizwa muri Yorodani, agapfira ku Musaraba akongera akazuka nyuma y’imisi 3. Ni co gituma duhimbaza Umwami tukongera tugashimagiza izina ryiwe ibihe bidashira.
Mugice ca nyuma muri Yohana, Yesu yagiye i Galilaya amaze kuzuka avuye mu bapfuye. Yagiye kwa Petero aramubaza, “Simoni, mwene Yohana, mbeg’urankunda kurusha aba?” Petero aramwishura, “Ego, Mugenzi; wewe urazi ko nkunogera.” Hama Yesu aca amubwira, “Ahura imyagazi y’intama zanje.”
Petero yarasobanukiwe vyose, ubutumwa bwiza bw’umubatizo wa Yesu n’amaraso yiwe, imbabazi z’ivyaha (Guhanagura icaha). Ico gihe kuba yarizeye ubutumwa bwiza bw’amazi n’amaraso vyamuhaye imbabazi z’ivyaha (Yogejwe icaha), yongera aratahura impamvu Yesu yari yogeje ibirenge vyiwe, maze ukwizera kwiwe yizera Yesu kurakomera cane.
Reka dusome muri Yohana 21:15 kandi. “Nuko barangije kurya, Yesu abaza simoni Petero, ati Simoni mwene Yohana, mbeg’urankunda kurusha aba? Na we at’Ego, Mugenzi; wewe urazi ko nkunogera. Aramubgira, at’Ahura imyagazi y’intama zanje.” Yaragije Petero imyagazi y’intama ziwe kubera ko yari intumwa yiwe, kubera ko Petero yari yarakijijwe burundu, ikindi nuko Petero yari yaramaze gucika umugororotsi n’umukozi w’Imana atunganye.
Iyo Petero acika umunyavyaha kubw’ivyaha vyiwe vya misi yose, Yesu ntiyari kumubwira ngo yigishe ubutumwa bwiza bwo guhongerwa kw’ivyaha, kuko we, n’abandi bigishwa, ntayandi mahitamwo bari bafise atari gucumura mu mubiri imisi yose. Yamara Yesu yababwiye bigishe ubutumwa bwiza bwahanaguye ivyaha vyabo vyose kuko bizera umubatizo wa Yesu n’amaraso yiwe yo ku Musaraba, ubutumwa bwiza bwo guhongerwa kw’ivyaha.
“Mugenzi; wewe urazi ko nkunogera”
| Mbega uzocika ‘umunyavyaha’ kandi niwacumura? |
| Oya. Yesu yaramaze gutwara ivyaha vyawe vyose vyo muri kazoza kuri Yorodani. |
Reka twiyumvire amajambo ya Yesu yabwiye Petero. “Simoni mwene Yohana, mbeg’urankunda kurusha aba?” “Ego, Mugenzi; wewe urazi ko nkunogera.” Ukwatura urukundo kwiwe kwari ukuri, kwubuka kuvuye mu kwizera ubutumwa bwiza bwo guhongerwa kw’ivyaha vyose.
Iyo Yesu atigisha Petero n’izindi ntumwa ubutumwa bwiza bwo guharirwa (gukuraho icaha) ivyaha mu kwoza ibirenge vyabo, ntibari gushobora kwatura urukundo rwabo atyo.
Yamara, igihe Yesu yaza muri bo akababaza, ati, “Murankunda kurusha aba?” Petero yari guhava avuga, ati, “Mwami, ndi uwudakwiriye kandi ndi umunyavyaha. Ndi umunyavyaha adashobora kugukunda kurusha aba. Ndakwinginze undeke.” Petero yari kwiruka akinyegeza Yesu.
Ariko reka twiyumvire kunyishu za Petero. Yarahezagijwe ubutumwa bwiza bw’imbabazi z’ivyaha (Guhanagura icaha), ubutumwa bwiza bw’umubatizo wa Yesu n’amaraso yiwe bikiza abantu bose.
Ni yo mpamvu, yavuze, “at’Ego, Mugenzi; wewe urazi ko nkunogera.” Uku kwatura urukundo kwava mu kwizera kwiwe yizera ubutumwa bwiza bw’imbabazi za Yesu (Yogeje icaha). Petero yarizera ubutumwa bwiza bw’ukuri bw’imbabazi z’ivyaha (bwo gukurwako icaha), biciye muri bwo Yesu yakuyeho ivyaha vyose vy’abari mw’isi, mbere n’ivyaha vyo muri kazoza, ivyo abantu bari babohewe gukora babitewe n’ugukehanirwa n’ubunyantege nke bw’umubiri wabo.
Kubera ko Petero yizera yemye ubutumwa bwiza bwo guharirwa kw’ivyaha (bwo kwozwa icaha), kandi kuko nawe yizera ko Yesu yari Umwagazi w’intama w’Imana, yarashoboye kwishura Umwami ata gukekeranya. Agakiza kabonekera muri Yesu kavuye mu butumwa bwiza bw’imbabazi z’ivyaha (yakuyeho icaha), kandi muri bwo, Petero yarakijijwe ivyaha vyiwe vya misi yose, navyo. Petero yizera agakiza kabonekera mu butumwa bwiza bwo guharirwa (bwo guhanagurwa icaha) ivyaha vyose vy’abari mw’isi.
Nawe umeze co kimwe na Petero? Urashobora gukunda no kwizera Yesu, yakuyeho ivyaha vyacu vyose akoresheje ubutumwa bwiza bwiwe bw’imbabazi (Gukuraho icaha), umubatizo wiwe n’amaraso? Gute utomukunda canke ngo ntumwizere? Ntayindi nzira.
Nimba Yesu yakuyeho ivyaha vyo muri kahise n’ivya kubu gusa, hama akadusigira ivyaha vya kazoza, ntitwomuhimbaza nk’uko tubikora ubu. Vyongeye, twoja mu muriro atakabuza. Ni yo mpamvu, dukwiye twese kwatura ko twakijijwe n’ukwizera ubutumwa bwiza bw’imbabazi (Guhanagura icaha) z’ivyaha.
Umubiri imisi yose ukwegerwa kugucumura, kandi ducumura umwanya wose. Ni yo mpamvu, dutegerezwa kwatura ko twakijijwe biciye mu kwizera ubutumwa bwiza bw’imbabazi z’ivyaha z’umusesekara (Yogeje icaha) ubwo Yesu yaduhaye, aribwo mubatizo n’amaraso vya Yesu.
Tutizeye ubutumwa bwiza bwo guhongerwa kw’ivyaha, aribwo mubatizo n’amaraso vya Yesu, nta n’umwe yokizwa ivyaha vy’ubuzima bwiwe bwose. Vyongeye, nimba turi abo gucungurwa ivyaha vy’ubuzima bwacu bwose biciye mu kwatura no mu kwihana buri gihe, turashobora kuba abanebwe rwose bo kuguma turi abagororotsi ibihe vyose kandi twoguma dufise icaha mu mitima yacu.
Nimba vyogenda bityo, twoguma turi abanyavyaha kandi ntivyodushobokera ko dukunda Yesu canke ngo tube hafi yiwe. Kandi ntivyoshoboka ko twizera agakiza kabonekera muri Yesu ntivyoshoboka ko tumukurikira gushika kw’iherezo ry’ubuzima bwacu.
Yamara, Yesu yaraduhaye ubutumwa bwiza bw’imbabazi z’ivyaha (bwo guhanagurwa icaha) yongera akiza abizeye. Yacitse Umukiza atunganye yongera yoza ibicumuro dukora buri musi mu buzima bwacu kugira ngo tubashe kumukunda vy’ukuri.
Ni co gituma, Twebwe abizera ataco twokora atari gukunda ubutumwa bwiza bw’umubatizo n’amaraso vya Yesu, ubutumwa bwiza bw’imbabazi z’ivyaha vyacu (kwozwa icaha). Abizera bose barashobora gukunda Yesu ibihe bidashira kandi bagafatwa mpiri mu rukundo rw’agakiza biciye mu butumwa bwiza bwo guharirwa (bwo gukuraho icaha) kw’ivyaha Yesu yaduhaye.
Ncuti mukundwa. Iyo Yesu asigaza icaha na gito, ntiwoshobora kumwizera, canke ngo ushobore gushingira intahe ubutumwa bwiza bwo guharirwa ivyaha (bwo kwozwa icaha). Ntiwokora nk’umukozi w’Imana.
Ariko, nimba wizera ubutumwa bwiza bwo guharirwa ivyaha (Guhanagura icaha), urashobora gukizwa ivyaha vyose vy’isi. Arakwemerera ko ukizwa ivyaha vyose vy’isi igihe usobanukiwe ubutumwa bwiza nyakuri bw’imbabazi (Yogeje icaha) bwanditswe mw’ijambo rya Yesu.
“Urankunda kurusha Aba?”
| Ni igiki gituma dukunda Yesu gusumba ikindi kintu ico arico cose? |
| Ni urukundo adukunda biciye mu mubatizo wiwe yatwogeje ivyaha vyacu vyose, mbere n’ivyaha vyacu vyose vyo muri kazoza. |
Imana yajeje imyagazi y’intama ziwe abakozi bayo, bizera bikwiriye ubutumwa bwiza bw’imbabazi z’ivyaha (Yogeje ivyaha). Yesu yabajije incuro zitatu, ati, “Simoni mwene Yohana, mbeg’urankunda kurusha aba?” Petero buri mwanya yaguma yishura, “at’Ego, Mugenzi; wewe urazi ko nkunogera.” Ubu, reka twiyumvire ku nyishu za Petero. Turashobora kubona ko izi zitari inyishu zivuye mu bugombe bwiwe, ariko ko kwari ukwizera yizera ubutumwa bwiza bw’imbabazi (Yakuyeho icaha) z’ivyaha.
Igihe dukunze umuntu, hama urwo rukundo rukaba rushingiye ku bugombe bwacu, rurashobora kuyonga mugihe ducitse intege. Ariko iyo urwo rukundo rushingiye ku nkomezi z’urukundo rwiwe, urwo rwokwamaho ibihe bidashira. Urukundo rw’Imana, rwitwa, umusesekara wo guhongerwa kw’ivyaha vyacu vyose, ari rwo gakiza kabonekera mu mazi y’umubatizo wa Yesu na Mpwemu, nuko ruri.
Ukwizera kwacu twizera ubutumwa bwiza bw’imbabazi (Yakuyeho icaha) z’ivyaha gukwiye gukora nk’umushinge w’urukundo rw’Umwami adufitiye. Iyo tumukundishije ubugombe bwacu gusa nk’umushinge wacu, twotsitara ejo hama bikarangira twiyanse kubw’ibigabitanyo vyacu. Yamara, Yesu yarogeje ivyaha vyacu vyose: icaha c’inyanduruko, ivyaha vyacu vya misi yose vyo muri kahise, ivyaha vy’ejo hazoza, n’ivyaha vyacu vy’ubuzima bwacu bwose. Ntan’umwe yakumiriye kw’isi mu gakiza kiwe.
Ibi vyose ni ukuri. Iyo urukundo rwacu n’ukwizera kwacu bishingiye ku bugombe bwacu, tunanirwa mu kwizera kwacu. Ariko kubera ko urukundo rwacu rushingiye ku butumwa bwiza bw’imbabazi (Yogeje icaha) z’ivyaha Yesu yaduhaye, twaramaze kuba abana b’Imana, abagororotsi. Kubera ko twizera agakiza kabonekera mu mazi na Mpwemu, ntacaha dufise.
Kuva agakiza kacu karaje, katavuye mu kwizera kwacu bwite ariko kakava mu rukundo rw’Imana, mu cagezwe cayo c’agakiza kw’ukuri biciye mu mbabazi (Kwoza icaha) z’ivyaha vyacu, turi abagororotsi nubwo duhajije nubwo turi abanyantege nke muri ubu buzima bwa misi yose. Tuzogenda mu bwami bwo mw’ijuru kandi mu maherezo duhimbaze Imana ibihe bidashira. Uravyizera?
1 Yohana 4:10 handitswe, ngo, “Iki ni co kirimw’urukundo, s’uko twebge twakunze Imana, ariko n’ukw’ari yo yadukunze igatuma umwana wayo kuba impongano y’ivyaha vyacu.” Yesu yadukirishije amazi na Mpwemu, rero turakwiye kwizera ubutumwa bwiza bw’imbabazi (Gukuraho icaha) z’ivyaha, umubatizo wa Yesu n’amaraso yiwe.
Iyo Imana itadukirisha ubutumwa bwiza bwo guharirwa (Yakuyeho icaha) ivyaha, ntitwokijijwe, n’ubwo twokwizera Imana rwose. Ariko Yesu yogeje ivyaha vyose dukorera mu mitima yacu no mu mibiri yacu.
Kugira ngo twizere Imana, kugira ngo ducike abagororotsi, dutegerezwa kwemeza agakiza kacu biciye mu kwizera amajambo y’amazi na Mpwemu, ubutumwa bwiza bw’imbabazi (Yahanaguye icaha) z’ivyaha. Ubutumwa bwiza bw’imbabazi (Yakuyeho icaha) z’ivyaha vyose vy’abari mw’isi ni ukwizera umubatizo wa Yesu n’amaraso yiwe. Ubutumwa bwiza bw’imbabazi (Yogeje icaha) z’ivyaha ni ukwizera nyakuri, umushinge nyakuri w’agakiza, n’urupfunguzo kubutumwa bwiza bw’Imana.
Dutegerezwa kuzinukwa ukwizera kuva mu bugombe bwacu
| Ukwizera nyakuri kuva hehe? |
| Kuva mu rukundo rw’Umwami, yamaze kwoza ivyaha vyacu vyose vy’ubu n’ivyo muri kazoza. |
Ukwizera canke urukundo ruva mu bugombe bwite bw’umuntu ntabwo ari urukundo nyakuri kandi ntabwo ari ukwizera nyakuri. Hari benshi muri iyi isi babanza kwizera Yesu bakoresheje ubugombe, hama munyuma bagahagarika ukwo kwizera kwabo kubw’icaha kiri mu mitima yabo.
Ariko dutegerezwa kumenya ko Yesu yogeje ivyaha vyose vy’abari mw’isi: atari gusa ibigabitanyo bito bito, ariko ko yogeje n’ivyaha bikomakomeye bikorwa mu kutamenya.
Muri Yohana igice ca 13, kugira ngo Yesu yigishe intumwa ziwe ukuntu agakiza kiwe gakubiyemwo ibintu vyose, yabakoranirije hamwe imbere yuko abambwa. Ariko arasangira n’abigishwa biwe, yarahagurutse yoza ibirenge vyabo kugira ngo asobanure ukuri kw’agakiza kiwe. Turakwiye twese kumenya kandi tukizera ubutumwa bwiza bwo guharirwa (Yogeje icaha) kw’ivyaha, muri bwo Yesu yigishije abigishwa biwe mu kuboza ibirenge vyabo.
Ariko Petero yabanje kwanka yemye ko Yesu yoza ibirenge vyiwe “Nta ho uzokwigera unyoza ibirenge!” iyi yari imvugo y’ukwizera kwava mu bugombe bwiwe bwite. Ariko Yesu we yamubwiye, “at’Ico jewe ndiko ndakora, wewe nturibukimenye ubu: arik’uzokimenya hanyuma.”
Ubu, turi kumwe n’ubutumwa bwiza bw’amazi na Mpwemu, turashobora gutahura amajambo ya Yesu. Ni ijambo ry’ukuri, ubutumwa bwiza bw’amazi na Mpwemu, hamwe n’imbabazi z’ivyaha (Yakuyeho icaha), bituma umunyavyaha acika umugororotsi biciye mu kwizera n’umutima wiwe wose.
Petero yagiye kuroba ari kumwe n’abigishwa. Bariko bararoba nk’uko bahoze bakora imbere yuko bahura na Yesu. Yesu yarabiyeretse arabahamagara. Yesu yari yabateguriye ibifungurwa vyo mu gitondo, bariko barafungura, Petero aca arasobanukirwa insobanuro y’amajambo Yesu yari yavuze ubwa mbere. “At’Ico jewe ndiko ndakora, wewe nturibukimenye ubu: arik’uzokimenya hanyuma.” Munyuma yarasobanukiwe vy’ukuri ico Yesu yashaka kuvuga biciye mu kumwoza ibirenge vyiwe.
“Umwami yarogeje ivyaha vyanje vyose. Ivyaha vyose nkora kubw’ubunyantege nke bwanje, n’ivyaha vyose nzokora muri kazoza navyo nyene.” Ni co gituma Petero yahevye kwa kwizera kuva mu bugombe bwiwe maze atangura kwizera umubatizo n’amaraso vya Yesu, ubutumwa bwiza bwo guharirwa (Yogeje icaha) icaha.
Nyuma yo gufungura ivyo mu gitondo, Yesu yaciye abaza Petero, “Urankunda kuruta aba?” ico gihe, akomejwe n’ukwizera urukundo rwa Yesu, Petero yaratuye. “Ego, Mugenzi wewe urazi ko nkunogera.” Petero yavuze atyo kubera ko yari yatahuye ico Yesu yashaka kuvuga igihe yavuga, ati, “uzokimenya hanyuma.” Yarashoboye kwatura ukwizera kwiwe kw’ukuri, ukwizera umubatizo n’amaraso vya Yesu, ubutumwa bwiza bw’imbabazi (Yahanaguye icaha) z’icaha.
Nyuma yaho, yacitse umukozi nyakuri w’Imana
Ni co gituma, nyuma y’ivyo, Petero n’izindi ntumwa bigishije ubutumwa bwiza gushika kw’iherezo ry’ubuzima bwabo. Na Paulo, uwahama abakristo atakigongwe, yashingiye intahe ubutumwa bwiza muri ico gihe kigoye c’ingoma y’Abaroma.
| Gute wocika umukozi nyakuri w’Imana? |
| Biciye mu kwizera uguhongerwa kwiwe kw’ibihe bidashira kw’ivyaha vyose |
Mu bigishwa cumi na babiri ba Yesu, Yuda niwe yagurishije Yesu munyuma arimanika. Intumwa Paulo niwe yaciye asubirira ikibanza ciwe. Intumwa zari zatoye Matiyasi hagati yazo, ariko Paulo niwe Imana yari yatoye, rero Paulo yaciye acika intumwa ya Yesu yigisha ubutumwa bwiza bwo guharirwa (Yakuyeho icaha) kw’ivyaha hamwe n’abandi bigishwa bari basigaye.
Benshi mu ntumwa za Yesu bapfuye nk’abamaratiri. Mbere n’igihe baterwa ubwoba n’urupfu, babandanije bigisha ubutumwa bwiza nyakuri.
“Yesu Kristo yarogeje ivyaha vyose vy’umubiri wanyu biciye mu mubatizo wiwe n’amaraso yiwe, ubwo ni bwo butumwa bwiza bwiwe bwo guharirwa (Yakuyeho icaha) ivyaha. Yesu yakujeho ivyaha umubatizo wiwe kuri Yorodani acirwa urubanza rwo ku musaraba kubwanyu. Nimwizere ubutumwa bwiza bw’umubatizo wa Yesu n’amaraso yiwe yo ku Musaraba, hama mukizwe.”
Benshi barakijiwe vy’ukuri biciye mu kwumviriza ubutumwa bwiza no mu kubwizera. Bwari ubushobozi bw’ukwizera buri mu mubatizo wa Yesu, mu maraso yiwe, na Mpwemu.
Intumwa zigishije ubutumwa bwiza bw’amazi na Mpwemu, zivuga, ngo, “Yesu ni Imana kandi ni Umucunguzi.” Ni kubera ko zashingira intahe ubutumwa bwiza bw’amazi na Mpwemu, ari bwo wewe nanje ubu turiko twumva ubutumwa bwiza bw’umubatizo n’amaraso vya Yesu, ubutumwa bwiza bw’agakiza, maze tugakizwa icaha. Kubw’urukundo rw’Imana ruhoraho hamwe n’agakiza kanengesereye kabonekera muri Yesu, twaracitse intumwa za Yesu.
Muravyizera mwese? Yesu yaradukunze rwose gushika naho aduha ubutumwa bwiza bw’amazi na Mpwemu, uguharirwa icaha (Yakuyeho icaha), kandi twacitse intumwa za Yesu zigororotse. Kugira ngo Yesu yigishe ubutumwa bwiza nyakuri bwo guharirwa (Yogeje icaha) ivyaha, yogeje ibirenge vy’abigishwa biwe.
Yesu yogeje ibirenge vy’abigishwa biwe kugira ngo abigishe hamwe natwe ko ivyaha vyose vy’abari mw’isi, ivyaha vyose dukora mu buzima bwacu bwose, ko vyogejwe burundu igihe Yesu yabatizwa akongera agasesa amaraso ku Musaraba. Turashimira Yesu kubw’urukundo rwiwe n’ubutumwa bwiza bwo guharirwa ivyaha (Yakuyeho icaha).
Yesu yatwigishije ibintu bibiri biciye mu kwoza ibirenge vy’abigishwa. Ica mbere, kwari kugira ngo abigishe, nk’uko yari yavuze, “at’Ico jewe ndiko ndakora, wewe nturibukimenye ubu: arik’uzokimenya hanyuma.” Yashaka kuvuga ko ivyaha vyacu vyose ko vyogejewe n’ubutumwa bwiza bwo guharirwa (Yahanaguye icaha) ivyaha, ubutumwa bwiza bw’umubatizo wa Yesu n’amaraso yiwe.
Inyigisho ya kabiri kwari kubereka ko nk’uko We yicishije bugufi kugira ngo akize abanyavyaha kandi abagire abagororotsi, rero twebwe, abavutse ubwa kabiri, dukwiye gukorera abandi mu kwigisha ubutumwa bwiza bwo guharirwa (Yogeje icaha) kw’ivyaha. Birakwiye ko twebwe abaje ubwa mbere, dukorera abaza hanyuma.
Impamvu zibiri zatumye Yesu yoza ibirenge vy’abigishwa imbere y’umusi mukuru wa Pasika ziratomoye, kandi ziracagaragara mw’Ishengero.
Intumwa ntishobora kuruta umwigisha wayo namba. Ni yo mpamvu, twigisha ubutumwa bwiza kw’isi tukongera tukabukorera nk’abakorera Yesu. Kandi twebwe, abakijijwe ubwa mbere, dukwiye gukorera abaza inyuma yacu. Kugira ngo Yesu avyigishe, yogeje ibirenge vy’abigishwa. Vyongeye, mu kwoza ibirenge vya Petero, yaratweretse ko ari Umukiza wacu atunganye kugira ngo ntituze twigere duhendwa n’Umurwanizi kandi.
Murashobora gukizwa mwese biciye mu kwizera ubutumwa bwiza bwo guharirwa (Yakuyeho icaha) kw’ivyaha, ubutumwa bwiza bw’amazi na Mpwemu. Yesu yogeje ivyaha vyacu vyose biciye mu mubatizo wiwe, ukubambwa, n’ukuzuka, kandi abizera ubutumwa bwiza bwiwe bonyene nibo bashobora gukizwa ivyaha vy’isi ibihe bidashira.
Izere ubutumwa bwiza bwogeje ivyaha vyacu vyose vya misi yose
Turashobora gukuraho uruhendo rw’umurwanizi biciye mu kwizera ubutumwa bwiza bwo guharirwa kw’ivyaha (Yahanaguye icaha), amajambo y’amazi na Mpwemu. Abantu barahendwa n’umurwanizi vyoroshe kandi umurwanizi akongororera mu matwi yacu ubudahesha. Umenye ko imibiri y’abantu ikora icaha muri iyi isi, none boshobora bate kubaho atacaha bafise? Abantu bose ni abanyavyaha.
Ariko turazi inyishu. “Ni kumenye ko Yesu yakujeho ivyaha vyose vy’umubiri wacu umubatizo wiwe, uwuvyizera yogira icaha ate? Yesu yararihiye ikivunga ingero yose y’icaha, none ni icahe caha dusigaje kuriha?”
Iyo tutizeye ubutumwa bwiza bw’amazi n’amaraso, amajambo y’Umurwanizi aca agaragara nk’ayatahuritse. Ariko, iyo dufise ubutumwa bwiza mu ruhande rwacu, turonka ukwizera guhamye mu kuri kw’amajambo y’Imana.
Ni co gituma dutegerezwa kugira ukwizera, tukizera ubutumwa bwiza bwo kuvyarwa ubwa kabiri n’amazi n’amaraso. Ukwizera nyakuri ni ukwizera ubutumwa bwiza bw’umubatizo wa Yesu, amaraso yiwe yo ku Musaraba, urupfu rwiwe n’ukuzuka kwiwe.
Woba warigeze kubona ikigereranyo c’isanamu y’ihema ryera ry’ibonaniro? Igabuyemwo kubiri, ikibanza co hanze bacita ahera ikibanza c’imbere bacita Ahera Cane niho intebe y’imbabazi iri.
Hari inkingi zose hamwe 60 zishigikiye uruhande rwo hanze y’ibonaniro, kandi ahera hari hafise imbaho 48. Dutegerezwa gufata isanamu y’ihema ryera mu bwenge bwacu kugira ngo dutahure insiguro y’amajambo y’Imana.
Irembo ry’urugo rw’ihema ry’ibonaniro ryari rikozwe mu ki?
| Irembo ry’urugo rw’ihema ry’ibonaniro ryari rikozwe mu ki? |
| Ryari rikozwe mu gihuzu kijishwe mu nyuzi z’amasufe, z’amashigisha, z’agahama, no mu zera derere. |
Irembo ry’urugo rw’ihema ry’ibonaniro rirasigurwa mu gitabo co Kuvayo 27:16, “Kand’irembo ry’urwo rugo rize rigire igihuzu co kuhakinga c’amatambwe mirongwibiri, kijishwe mu nyuzi z’amasufe no mu z’amashigisha no mu zisa n’agahama, no mu zera derere nziza zihinzwe neza, kijererenzwekw amabara n’abahinga; bo n’ibirimbi bine bitambagije, n’ibitereko vyavyo bine nyene.” Ibikoresho vyakoreshejwe kw’irembo ry’urugo rw’ihema ry’ibonaniro vyari inyuzi z’amasufe, z’amashigisha, z’agahama, n’izera derere. Igihuzu cari kihivuye neza kijererejweko amabara.
Imana yari yarategetse Mose kujisha irembo rijererejweko inyuzi z’amabara y’amasufe, amashigisha, n’ayera derere kugira ngo vyorohere uwari we wese kubona ubwinjiriro. Kandi irembo ryari rijishwe mu nyuzi z’amabara y’amasufe, amashigisha, agahama, hamwe no mu yera derere ryamanikwa ku nkingi zine.
Ivyo bikoresho bine vyerekana integuro y’umugambi w’agakiza kava ku Mana, muri wo yari kuzokiza abizera bose Umwana wayo, abizera umubatizo n’amaraso vya Yesu, n’abizera ko ari Imana.
Buri gikoresho cakoreshejwe mu kwubaka ihema ryera gifise insiguro yiharije kandi gihagarariye imigambi yayo yo gukiza abantu biciye muri Yesu.
None, ni ibikoresho bingana iki vyakoreshejwe kw’irembo ry’urugo rw’ihema ryera ry’ibonaniro? Ni inyuzi z’amasufe, z’amashigisha, z’agahama, n’izera derere. Kandi ayo ane ni ngirakamaro rwose mu kudufasha gukomeza ukwizera kwacu mu butumwa bwiza bwo kuvuka ubwa kabiri. If it was not important, this information wouldn’t be recorded in the Bible in such great detail. Iyaba atari ngirakamaro, iyi nkuru ntiyari kwandikwa muri Bibiliya mu buryo bwagutse cane nk’uko.
Kuva ibikoresho vyose vyakoreshwa kw’irembo ry’ihema ry’ibonaniro vyari bifise igice ngirakamaro kugakiza, vyategerezwa gukorwa mu nyuzi z’amasufe, z’amashigisha, z’agahama, niz’ayera derere. Kano gakiza katwogeje ivyaha vyacu vyose vya misi yose, ivyaha vy’inyanduruko, n’ivyaha vyo muri kazoza. Ni co gituma, Imana yahishuriye ibi bintu Mose yongera imubwira kubikora nk’uko yari yabwiwe.
Bisigura iki inyuzi z’amasufe, z’amashigisha, z’agahama niz’ayera derere mu butumwa bwiza bw’Imana?
| Ibikoresho vyose vyakoreshejwe kw’ihema bihagarariye iki? |
| Bihagarariye agakiza kabonekera muri Yesu biciye mu mubatizo wiwe n’amaraso |
Indani mw’ihema ryera ry’ibonaniro, inyuzi z’amasufe, z’amashigisha, z’agahama, niz’ayera derere zarakoreshejwe kandi ku gihuzu cari kimanitswe hagati y’ahera n’Ahera Cane. Ivyo bikoresho nyene vyarakoreshejwe ku kanzo y’umuherezi mukuru, yakorera indani mw’ihema ryera ry’ibonaniro.
Urunyuzi rw’amasufe rwerekana umubatizo wa Yesu. Muri 1 Petero 3:21, havuga ngo, “Ayo ni yo abakiza namwe ubu, mu buryo bw’ikigereranyo c’ukubatizwa.” Umubatizo wa Yesu yikorereyemwo ivyaha vyose vy’abari mw’isi wemejwe na Petero muri uyu murongo avuga ko ari ikigereranyo c’agakiza ko guhongerwa. Ivyaha vyacu vyose, ivyaha vyose vy’abari mw’isi, vyarungitswe kuri Yesu ku musi w’umubatizo wiwe. Ni yo mpamvu, urunyuzi rw’amasufe, ari rwo mubatizo wa Yesu, ari uruhande ngirakamaro rwose rw’ijambo ry’agakiza.
Urunyuzi rusa n’agahama rwerekana amaraso ya Yesu, hama urunyuzi rusa n’amashigisha rwerekana Ubwami—ishusho ya Yesu nk’Umwami n’Imana. Ni co gituma, ayo mabara atatu y’inyuzi yari ngirakamaro kubw’ukwizera kwacu twizera Yesu no mu gakiza kabonekera muri We.
Umwambaro mwiza wambarwa n’Umuherezi Mukuru witwa Efodi, kandi iyo kanzo ya efodi yasa n’amasufe hose. Umuherezi Mukuru yambara igitambara, kuri co hariko akabāte gacuzwe mw’inzahabu iramuye kanditsweko, ati, ‘YEREJWE UHORAHO.’ Akabāte kari gafatanijwe n’igitambara hakoreshejwe akagozi k’amasufe.
Ukuri kwerekanwa n’urunyuzi rw’amasufe
| Urunyuzi rw’amasufe rwerekana iki? |
| Umubatizo wa Yesu |
Nararondeye insiguro y’urunyuzi rw’amasufe muri Bibiliya. N’iki Bibiliya ivuga kuvyerekeye amasufe? Dutegerezwa gutahura urunyuzi rw’amasufe, munyuzi z’amashigisha, n’iz’agahama.
Urunyuzi rw’amasufe rusigura umubatizo wa Yesu. Yesu Kristo yabatijwe na Yohana Umubatizi kugira ngo yishireko ivyaha vyose vy’abari mw’isi (Matatyo 3:15).
Iyo Yesu ataza kuba yarakuyeho ivyaha vyose vy’abari mw’isi biciye mu mubatizo wiwe, ntitwari kuba twarejejwe imbere y’Imana. Ni yo mpamvu, Yesu Kristo yategerezwa kuza kuri iyi isi kandi akabatizwa na Yohana Umubatizi mu ruzi Yorodani kugira ngo akureho ivyaha vyose vy’abari mw’isi.
Impamvu hategerezwa kuba urunyuzi rw’amasufe kw’irembo ry’urugo rw’ihema ryera ry’ibonaniro ni kubera ko tutashobora kwezwa atamubatizo wa Yesu.
Urunyuzi rw’agahama rwasigura urupfu rwa Yesu. Amashigisha ahagarariye Mpwemu, ishusho ya Yesu “nk’Inyabushobozi yonyene, ishemagizwa, Mwami w’abami, ūganza abaganza” (1 Timoteyo 6:15).
Urunyuzi rw’agahama rwasigura amaraso ya Kristo, yasheshe ku Musaraba kugira ngo arihire ingero y’icaha abantu bose. Yesu Kristo yaraje kuri iyi isi ari mu mubiri kugira ngo yishireko ivyaha vyose vy’abantu biciye mu mubatizo wiwe, imbere yo kwitanga ku Musaraba kubw’ukwuzuza imbabazi z’icaha (Yakuyeho icaha). Umubatizo wa Yesu ni ubutumwa bwiza bw’imbabazi (Yogeje icaha) z’ivyaha, buvugwa biciye mu mabara y’inyuzi zakoreshwa kw’ihema ryera ryo mw’Isezerano rya Kera.
Inkingi z’ihema ry’ibonaniro zari zikozwe mu giti c’umushita, ibitereko vyari bikozwe mu muringa, kandi ivyo bitereko vy’umuringa vyari bitwikiriwe n’imitambiko icuzwe mw’ifeza.
Abanyavyaha bose bategerezwa gucirwa urubanza kubw’ivyaha vyabo kuko ingero y’icaha ari urupfu. Imbere yuko umuntu ahezagirwa n’Imana ukuvuka ubwa kabiri, ategerezwa gusobanukirwa ko ategerezwa gucibwa urubanza kubw’ivyaha vyiwe.
Ni co gituma, umubatizo wa Yesu wo mw’Isezerano Rishasha, uhagarariwe n’urunyuzi rw’amasufe rwo kw’ihema ryera ry’ibonaniro ryo mw’Isezerano rya Kera, watwaye ivyaha vyacu vyose. Yesu yatwaye ivyaha vyacu ku Musaraba asesa amaraso kandi acirwa urubanza kubw’ivyo vyaha. Mu gukora atyo, yakijije twebwe twese abizera ubutumwa bwiza bwo guharirwa (Yarogeje icaha). Ni we aganza abaganza kandi n’Imana Yera.
Bakundwa, umubatizo wa Yesu kari agakiza kabonekera muri Yesu, yadukijije mu gukuraho ivyaha vyacu vyose. Yesu, ariwe Mana, yaraje kuri iyi isi ari mu mubiri; arabatizwa kugira ngo yishireko ivyaha vyose vy’abari mw’isi; yarabambwe yongera asesa amaraso ku Musaraba kugira ngo yakire urubanza mu gishingo cacu. Umubatizo wa Yesu utubwira atagitutu c’ugukekeranya ko yacitse Umukiza nyakuri w’abantu bose.
Turashobora no kubibona mu mabara yakoreshejwe kw’irembo ry’ihema ryera ry’ibonaniro. Ugukoresha urunyuzi rwera derere bisigura ko yadukijije vyose atakivuyemwo mu vyaha vyose vy’abari mw’isi.
Gushushanya ku gitambara co kw’irembo bakoresheje urunyuzi rw’amasufe, rw’amashigisha, n’urw’agahama, hamwe n’urwera derere kwari kutubwira mu buryo butomoye ukuri kw’agakiza k’Imana. Vyari ngirakamaro cane kugakiza kwo guhongerwa.
Turashobora kubona mu bikoresho vyakoreshejwe kw’irembo ry’ihema ryera ry’ibonaniro ko Yesu Kristo atadukijije giturumbuka, bitateguwe. We, akurikiye yitonze umugambi wagutse w’Imana, yarabatijwe yongera arabambwa, hama arazuka avuye mu bapfuye kugira ngo ashitse agakiza kubantu. Urunyuzi rw’amasufe, rw’amashigisha, n’urw’agahama, ni ibikoresho vy’ubutumwa bwiza bw’imbabazi (Yogeje icaha), z’ivyaha, Yesu yakijije abizera bose agakiza kiwe.
Igikarabiro c’umuringa co mw’Isezerano rya Kera cari igitutu c’umubatizo w’Isezerano Rishasha
| Kubera iki abaherezi boza ibiganza n’ibirenge vyabo imbere yuko binjira ahera? |
| Ni kubera ko bategerezwa guhagarara imbere y’Imana atacaha na kimwe bafise. |
Igikarabiro naco nyene cari gikozwe mu muringa. Umuringa uhagarariye urubanza Yesu yababajwe kubwacu. Amazi yo mu gikarabiro ahagarariye ijambo ry’ubutumwa bwiza, ritubwira ko ibigabitanyo vyacu vyose vyogejwe.
Kitwereka ukuntu ivyo kwoza ivyaha vyacu vyagenze. Ni igitutu c’ukuri cuko ivyaha vyose vy’abari mw’isi bishobora kwozwa biciye mu kwizera amajambo y’umubatizo wa Yesu.
Igicaniro co kwoserezako ibimazi gihagarariye urubanza. Kandi amazi ya Yesu, ariyo amasufe, ni ubutumwa bwiza bwo guhongerwa kw’ivyaha, umubatizo wa Yesu yabatijwe na Yohana Umubatizi (Matayo 3:15, 1 Yohana 5:5-10). Ni intahe y’ubutumwa bwiza bw’agakiza biciye mu guhongerwa.
Muri 1 Yohana 5, handitswe, ngo, “Iyi ni yo ntsinzi yacu yatsinze isi, n’ukwizera kwacu. Kukw ibishinga intahe ari bitatu, Mpwemu n’amazi n’amaraso: kand’ivyo bitatu bihurira hamwe.” Aratubwira kandi ko uwizera Umwana w’Imana afise igishingantahe kibonekera mu mazi, mu maraso, na Mpwemu muri we.
Imana yaratwemereye ko twezwa biciye mu kwizera ubutumwa bwiza bwo guhongerwa itwemerera no kwinjira mw’ihema ryera ry’ibonaniro. Ni yo mpamvu, ubu dushobora kubaho mu kwizera, tukagaburirwa amajambo y’Imana, tugahezagirwa na Yo, kandi tukabaho ubuzima bw’abagororotsi. Gucika umuntu w’Imana bisigura gukizwa biciye mu kwizera ubutumwa bwiza bwo guhongerwa kandi ukaba indani mw’ihema ryera ry’ibonaniro.
Abantu benshi muri iki gihe bavuga yuko kwizera utarinze no kwiyumvira insiguro y’inyuzi z’amasufe, z’amashigisha, n’iz’agahama zari kw’irembo ry’ihema ry’ibonaniro ko bikwiye. Iyo abantu bizeye Yesu batazi ibijanye n’ibi bintu, ukwizera kwabo ntikuba ari ukw’ukuri kuko haba hakiri icaha mu mutima yabo. Abantu nk’abo baracafise icaha mu mutima yabo kuko batizeye ukuri kwo kuvuka ubwa kabiri biciye mu butumwa bwiza bwo guhongerwa, ubutumwa bwiza bw’amazi, amaraso, na Mpwemu.
Hamwe umuntu yobazwa kuvuga uko azi uwundi, uwo muntu nawe akaba atazi neza uwo wundi, maze kugira ahimbare uwumwumviriza, agaca avuga, “Ego, ndizera uyu muntu. Sindigera mpura nawe, ariko ndamwizera uko biri kwose.” Wibaza ko uwumviriza yohimbarwa no kumwumva avuga atyo? Nibaza ko bamwe muri mwebwe vyobahimbara, ariko ukwo ntabwo arikwo kwizera Imana idushakako.
Imana ishaka ko twizera ubutumwa bwiza bwo kubabarirwa (bwo gukurwako icaha) ivyaha, agakiza kabonekera muri Yesu biciye mu masufe (umubatizo wa Yesu), mu mashigisha (Ubwami), mu gahama (amaraso ya Yesu). Turakwiye kumenya, imbere yuko twizera Yesu, ukuntu yadukijije icaha cose.
Igihe twizeye Yesu, turakwiye kumenya ukuntu yadukijije ivyaha vyacu vyose biciye mu mazi (umubatizo wa Yesu), mu maraso (Urupfu rwiwe), no mu Mpwemu (Ukuba Yesu ari Imana).
Igihe vy’ukuri tubitahuye, turashobora kubona ukwizera nyakuri tukongera tukagira ukwizera kwuzuye. Ukwizera kwacu ntigushobora kwuzura namba tutazi kuno kuri. Ukwizera nyakuri kuzanwa no gutahura gusa intahe y’agakiza ka Yesu, ubutumwa bwiza bwo guharirwa (Yakuyeho icaha), nuko Yesu ari Umukiza nyakuri w’abantu.
Hama, none, ukwizera gutera Yesu agahemo kwoba kumeze gute? Reka turabe.
Ukwizera gutera Yesu agahemo
| Ni igiki gikenewe rwose mu kwizera? |
| Ni ukumenya bikwiriye umubatizo wa Yesu |
Utegerezwa gutahura ko kwizera Yesu uko ugomvye ko ari ugutera Yesu agahemo. Hamwe wokwiyumvira, uti, “Nasanze bigoye kwizera,” ariko kuko ari Imana n’Umwana w’Imana, nzoyizera, aho uriko uratera Yesu agahemo. Utegerezwa kwizera umubatizo n’amaraso vya Yesu, ubutumwa bwiza bwo guhongerwa.
Kwizera Yesu utazi ubutumwa bwiza bwo guhongerwa (bwo guhagura icaha) ni bibi gusumba kutamwizera na gato. Kwigisha ubutumwa bwiza buvuga amaraso ya Yesu gusa ni ugukorera ubusa uba utazi ukuri.
Yesu ntashaka uwari we wese ko apfa kwizera uko yigombeye, canke atampamvu. Ashako ko tumwizera biciye mu kumenya ubutumwa bwiza bwo guhongerwa.
Igihe twizeye Yesu, tumenya ko ubutumwa bwiza bwo guhongerwa ko ari umubatizo n’amaraso vya Yesu. Igihe twizeye Yesu, dutegerezwa gutahura ubutumwa bwiza bwo guhongerwa biciye mu majambo yayo kandi tukamenya cane cane ukuntu yogeje ivyaha vyacu vyose.
Dutegerezwa kumenya kandi ico urunyuzi rw’amasufe, rw’amashigisha n’urw’agahama vyerekana kw’irembo ry’ihema ryera ry’ibonaniro. Aho, niho dushobora kugira ukwizera nyakuri kuzobaho ibihe bidashira.
Ntidushobora kuvuka ubwa kabiri tutizeye Yesu, agaragara mu runyuzi rw’amasufe, mu rw’amashigisha, no mu rw’agahama
| Ni igiki abaherezi bakora imbere yuko binjira ahera? |
| Boza ibiganza n’ibirenge vyabo mu mazi yo mu gikarabiro c’umuringa. |
Umwami wacu Yesu yaradukijije. Ntaco twokora atari kumuhimbaza igihe turavye ingene yadukijije mu buryo butunganye. Turakwiye kurabira kw’ihema ryera ry’ibonaniro. Yaduhaye amajambo y’ubutumwa bwiza bwo guhongerwa biciye mu nyuzi z’amasufe, z’amashigisha, niz’agahama zo mw’ihema ryera ry’ibonaniro kandi arazidukirisha. Turamushimira kandi turamuhimbaza Umwami.
Abanyavyaha ntibashobora kwinjira ahera. Umuntu afise icaha yokwinjira ahera ate? Ntivyashoboka. Uwumeze atyo yinjiye, yaca yicwa ubwo nyene. Ntivyoba ari umuhezagiro, vyaba ari umuvumo. Umunyavyaha ntiyashobora kwinjira ahera hama ngo yitege kubaho.
Umwami wacu yadukijije biciye mw’ibanga ryari rihishijwe kw’irembo ry’ihema ryera ry’ibonaniro. Hamwe n’inyuzi z’amasufe, z’amashigisha, n’iz’agahama hamwe n’izera derere, yaradukijije. Kandi yatubwiye ibanga ry’agakiza kiwe biciye muri ivyo bintu.
Twoba wewe nanje twarakijijwe muri ubwo buryo? Nimba tutizera amajambo y’urunyuzi rw’amasufe, rw’amashigisha, n’urw’agahama, ntagakiza koba kari mu butumwa bwiza bwo guhongerwa. Ibara ry’amasufe ntirisigura Imana; risigura umubatizo wa Yesu. Risigura umubatizo wa Yesu akuraho ivyaha vyacu vyose.
Umuntu arashobora kwinjira gushika ku gicaniro co kwoserezako ibimazi atizeye n’urunyuzi rw’amasufe. Yamara, ntashobora kwinjira ahera aho Imana ivyagiye.
Ni yo mpamvu, imbere yuko twinjira mw’irembo ry’ihema ryera, dutegerezwa kwizera urunyuzi rw’amasufe (umubatizo wa Yesu), urunyuzi rw’agahama (amaraso yiwe yo ku Musaraba), hamwe n’urunyuzi rw’amashigisha (ukuba Yesu ari Imana n’Umwana w’Imana). Igihe twizeye niho honyene dushobora kwemerwa n’Imana kandi ikatwemerera ko duca muri ca gitambara tuja Ahera Cane.
Bamwe binjira hanze mu rugo rw’ihema ry’ibonaniro bakibaza ko bari indani. Ariko ako s’agakiza. Dutegerezwa gushika hehe kugira ngo dukizwe? Dutegerezwa kuba abashobora kwinjira Ahera Cane.
Kugira ngo twinjire Ahera Cane, dutegerezwa guca ku gikarabiro c’umuringa. Igikarabiro c’umuringa gihagarariye umubatizo wa Yesu, kandi dutegerezwa kwogesha ivyaha vyacu vyose vya misi yose umubatizo wa Yesu tugacika abejejwe kugira ngo twinjire ahera.
Mw’Isezerano rya Kera, abaherezi bategerezwa gukaraba imbere yuko binjira, hama Mw’Isezerano Rishasha, Yesu yogeje ibirenge vy’abigishwa biwe kugira ngo yerekane ko yogeje ibicumuro vy’ubuzima bwabo bwose.
Icagezwe c’Imana kivuga, giti, “Ingero y’icaha n’urupfu; arikw ingabire y’Imana n’ubugingo budashira, bubonerwa muri Yesu Umwami wacu” (Abaroma 6:23). Imana icira urubanza ivyaha vy’umuntu atakivuyemwo, yamara yabirungitse ku Mwana wayo maze imucira urubanza mu gishingo cacu. Uru ni urukundo rw’Imana, agakiza kayo. Agakiza nyakuri kaboneka mugihe twizeye ubutumwa bwiza bwo guhongerwa, umubatizo, amaraso, urupfu, n’ukuzuka vya Yesu gusa.
Kugira ngo uvuke ubwa kabiri, utegerezwa kudakengera ijambo ry’Imana, ubutumwa bwiza bwo guhongerwa kw’ivyaha
| N’iki dusigaje gukora? |
| Ni ukwizera amajambo y’Imana. |
Sinigera nkengera abandi bantu. Igihe umuntu avuze ibijanye n’ibintu ntamenyereye, ndamusaba ko yonyigisha. Ariko igihe nabaza insiguro y’ihema ryera ry’ibonaniro, ntan’umwe yagize ico ambwira.
None nari gukora iki? Nategerezwa gusubira muri Bibiliya. Muri Bibiliya, ihema ryera ry’ibonaniro rivugwa hehe? Rivugwa mu buryo bwagutse mu gitabo co Kuvayo. Hamwe umuntu yosoma yitonze ico gitabo, arashobora gutahura insiguro yaryo biciye mu vyanditswe vy’Imana.
Ncuti nkunda, ntushobora gukizwa n’ukwizera Yesu nk’impumyi. Ntushobora kuvuka ubwa kabiri kubwo gutonda amakoraniro imisi yose. Turazi ivyo Yesu yabwiye Nikodemo. “N’ukuri, n’ukuri, ndakubgire: Iyo umuntu atavyawe ubwa kabiri n’amazi na Mpwemu, ntashobora kwinjira mu bgami bg’Imana… Ni wewe mwigisha w’abisirayeli, kandi ntutahure ivyo?” (Yohana 3:5, 10)
Abizera bose Yesu bategerezwa kwizera urunyuzi rw’amasufe (ko ivyaha vyose vy’abari mw’isi vyarungitswe kuri Yesu igihe yabatizwa), urunyuzi rw’agahama (ko urupfu rwa Yesu rwari kubw’ivyaha vyacu vyose), hamwe n’urunyuzi rw’amashigisha (ko Yesu ari Umukiza, Imana, akongera akaba Umwana w’Imana).
Dutegerezwa kwizera ko Yesu ari Umukiza w’abanyavyaha bose bo kw’isi. Udafise kuno kwizera, ntushobora kuvuka ubwa kabiri namba, canke ngo winjire ahera h’ubwami bw’Imana. Umuntu ntashobora kubaho ari umwizigirwa kuri iyi isi adafise ukwo kwizera.
Mbega vyokworoha ko umuntu avuka ubwa kabiri biciye gusa mu kwizera Yesu? —Ego.— “♫Warakijijwe. Narakijijwe. Twarakijijwe twese.♫” Ese ukuntu ari vyiza. Ariko hariho benshi cane bizera Yesu ‘bataravuka ubwa kabiri vy’ukuri.’
Umuntu ategerezwa kumenya ukuri kuri muri Bibiliya akongera akizera Yesu. Dutegerezwa kumenya ubutumwa bwiza bwo guharirwa (Yogeje icaha) icaha bwanditswe muri Bibiliya hamwe n’insiguro y’urunyuzi rw’amasufe, rw’amashigisha, n’urw’agahama kugira ngo twinjire mw’ihema ryera kandi tubane n’Imana mw’isi yo kwizera. Indani mw’ihema ry’ukwizera, turashobora kubaho tunezerewe gushika igihe gishitse co kuja mu bwami bwo mw’ijuru. Ni ngirakamaro ko tumenya ukuntu twizera Yesu mu buryo bubereye.
Ubutumwa bwiza nyakuri buvyara ukwezwa n’urunyuzi rw’amasufe
| Ni ikihe kintu ngirakamaro ku gakiza? |
| Ni umubatizo wa Yesu |
Rimwe rimwe umuntu arashobora kwiyumvira ko ashobora kubaho atunganye atamakosha akora. Yamara, amaze kugira ico agerageza gukora, aca atahura ubunyantege nke bwiwe vuba. Abantu barahajije, kandi ntivyobashobokera ko badacumura. Yamara, kubera ko Yesu yadukirishije urunyuzi rw’amasufe, rw’amashigisha, rw’agahama, ubutumwa bwiza bwo guhongerwa, turashobora kwezwa kandi tukinjira ahera h’Imana.
Iyo Imana itadukirisha urunyuzi rw’amasufe, rw’amashigisha, rw’agahama, ntitwari gushobora kwinjira ahera ubwacu. N’iyihe mpamvu yari kubitera? Nimba ababayeho batunganye mu mibiri yabo aribo boshobora kwinjira, ntan’umwe yoba abikwiriye. Igihe umuntu yizera Yesu atazi ubutumwa bwiza, yongereza ivyaha mu mutima wiwe gusa.
Yesu yaradukijije mu mugambi wiwe w’agakiza watunganijwe neza; ari wo gakiza kabonekera mu runyuzi rw’amasufe, rw’amashigisha, n’urw’agahama, hamwe n’urwera derere. Yarogeje ivyaha vyacu vyose. Uravyizera? —Ego.— Urafise ukuri kw’ubutumwa bwiza bwo guharirwa kw’ivyaha (Yogeje icaha) mu mutima wawe ukanabushingira intahe? —Ego.—
Igihe ushingiye intahe ubutumwa bwiza niho honyene ushobora gushira akabāte k’inzahabu mu ruhanga rwawe kanditsweko, ‘NEREJWE UHORAHO’ ukongera ugakoranywa no kuba ‘umwami n’umuherezi’ (1 Petero 2:9). Aho honyene ni ho ushobora guhagarara imbere y’abantu ukababwira ko uri umukozi w’Imana, akora nk’umuherezi mukuru.
Igitambara co kwambara mu mutwe c’umuherezi mukuru cari gifise akabāte k’inzahabu kandi ako kabāte kari gafatishijwe n’akagozi k’amasufe. Kubera iki bakoresha amasufe? Ni kubera ko Yesu yadukirishije ubutumwa bwiza bw’imbabazi z’ivyaha (Yogeje icaha), ni kubera ko yatwaye ivyaha vyacu vyose yongera atugira abatagira icaha biciye mu mubatizo wiwe (ukurambika ibiganza mw’Isezerano rya Kera, umubatizo mw’Isezerano Rishasha).
N’ubwo twoba twirizeye Yesu n’umwete, ntitwoshobora kuronka akabāte kanditseko ‘NEREJWE UHORAHO’ tutazi amajambo y’ibanga y’urunyuzi rw’amasufe, rw’amashigisha, n’urw’agahama.
Vyanditswe muri Matatyo 3:15, “kukw’ari vyo bidukwiye, ngo dushitse ukugororoka kwose.” Yesu yarabatijwe yongera aradukiza ivyaha vyose vy’isi. Kubera ko yabatijwe akongera agatwara ivyaha vyacu vyose, twebwe abizera twaracitse abagororotsi.
Twari kuvuga ko tutagira icaha dute iyo hataza kuba umubatizo wa Yesu? N’ubwo twokwizera Yesu, n’ubwo twoboroga, twiyumviriye ukubambwa kwiwe, ayo marira yose muri iyi isi ntiyotwoza ivyaha vyacu vyose. Oya. N’ubwo tworira rwose dute tukihana, ivyaha vyacu vyoguma muri twebwe.
‘NEREJWE UHORAHO.’ Kubera ko yakujeho ivyaha vyacu vyose umubatizo wiwe n’amaraso, kubera ko Imana yemeye ko ivyaha vyacu vyose twebwe abanyavyaha ko birungikwa kuri Yesu, kubera ko ijambo ry’agakiza ryanditswe muri Bibiliya, twaracitse abagororotsi biciye mu kwizera kwacu ubunyantege nke bwacu butarinze kwiyumvirwa.
Ni yo mpamvu, dushobora ubu guhagarara imbere y’Imana. Turashobora ubu kubaho nk’abagororotsi kandi tukigisha ubutumwa bwiza kw’isi. “♪Narakijijwe. Warakijijwe. Twese twarakijijwe.♪” Twarakijijwe nk’uko umugambi w’Imana wari.
Udafise ijambo ry’ubutumwa bwiza bwo guhongerwa mu mutima wawe, ntagakiza ufise, n’ubwo ugerageza rwose gute. Ni co kimwe n’indirimbo rurangiranwa ivuga ivy’urukundo rudahuje inyiyumvo “♫Oh, umutima wanje utera ningoga ntazi impamvu igihe cose ndamubonye, imisi yose nama ndi hafi yiwe. ntegerezwa kuba ndi mu rukundo.” Umutima wanje uratera ningoga, ariko ntabwo ari uwiwe. Ikibabaje, urukundo rwanje ntirwishurwa namba.
Abantu bagira intego yo kwiyumvira ko agakiza kava mu nzira nyinshi zitandukanye ku bantu benshi batandukanye. Barabaza, bati, “Kubera iki kova gusa mu butumwa bwiza bw’umubatizo gusa?” Iyo katavuye mu buumwa bwiza bw’umubatizo wa Yesu, ntabwo kaba ari agakiza kwuzuye. Ni yo nzira yonyene dushobora gucika abagororotsi imbere y’Imana kuko ariyo nzira yonyene dushobora kwezwa ivyaha vyacu vyose burundu.
N’akahe gakiza kabonekera mu runyuzi rw’amasufe Yesu yaduhaye?
| N’iki catugize abagororotsi? |
| Ubutumwa bwiza bw’inyuzi z’amasufe, z’amashigisha, n’iz’agahama |
Agakiza kaboneka biciye mu butumwa bwiza bw’inyuzi z’amasufe, z’amashigisha, n’iz’agahama ni ingabire Imana ironsa abantu bose. Iyi ngabire yadushoboje kwinjira mw’ihema ryera ry’ibonaniro kandi tuba mu mahoro. Yatugize abagororotsi. Yadushoboza kuba mw’ishengero yongera idushoboza kuguma mw’ishengero kugira ngo tumenyerezwe amajambo yera turi mw’ishengero.
Igihe cose tugiye imbere y’Imana gusenga, ubutumwa bwiza buduhezagiza urukundo rwayo. Ni co gituma agakiza ari ak’igiciro kuri twebwe. Yesu atubwira kwubaka inzu ‘ku rutare.’ Urutare ni umubatizo wa Yesu. Turakwiye gukizwa twese, tukabaho dufise agakiza, tukaja mw’ijuru, tukaronka ubuzima budashira, kandi tugacika abana b’Imana.
Ncuti nkunda, kubw’ubutumwa bwiza bwo guhongerwa, turashobora kwinjira mw’ihema ryera ry’ibonaniro n’ukwizera. Kubw’ukwoza ivyaha vyacu vyose (umubatizo wa Yesu) hamwe n’urubanza ku Musaraba, twarakijijwe kubw’ukwizera.
Uguhongerwa kw’umusesekara kw’ivyaha vyacu vyose, ari kwo mubatizo n’amaraso vya Yesu, nibwo butumwa bwiza bwogeje ivyaha vyacu vyose. Uravyizera? Ubutumwa bwiza nyakuri ni ubutumwa bwiza bwo guhongerwa bwo mw’ijuru bwatwogeje ivyaha vyacu vyose burundu.
Twaravutse ubwa kabiri mu kwizera ubutumwa bwiza bwo guhongerwa. Yesu yaraduhaye ubutumwa bwiza bwo guhongerwa, bwogeje ivyaha vyacu vya misi yose mbere n’ivyaha vya kazoza vyose. Umwami ashimwe. Haleluya! Amashimwe ni ay’Umwami.
Ubutumwa bwiza bw’amazi na Mpwemu (ubutumwa bwiza bw’amazi n’amaraso) ni ubutumwa bwiza nyakuri buvugwa na Yesu Kristo. Iki gitabo canditswe kugira ngo giserure ubutumwa bwiza bwa Yesu, ubutumwa bwiza bw’amazi na Mpwemu.
Kubera ko abantu benshi bizera Yesu batazi ukuri kwuzuye, ubu bariko bakorera gusa mw’isi y’inyigisho ndoramana rukristo (ntukamazina z’inyigisho ndoramana); muri make, bari mu kinyoma no mu kuzazanirwa. Ni yo mpamvu, dukwiye kugaruka tukizera ubutumwa bwiza bw’ukuri. Ntihararengerana.
Nshaka kuzokwandika mu buryo bwagutse rwose mu gitabo ca kabiri kubw’abafise ibibazo bijanye n’ubutumwa bwiza bwo kuvyarwa ubwa kabiri n’amazi na Mpwemu.
Iyi nsiguro iraboneka kandi mu buryo bw’igitabu c’ubuhinga bwa none. Fyonda ku gipfukisho c’igitabu kiri aha hepfo.