(1 Petero 3:20-22)
“Ni zo z’abatumviye Imana Kera, hamwe ukwihangana kwayo kwari kukirorereye mu misi ya Nowa, bga bgato bukibazwa; muri bgo hārokokeye abantu bakeya, bashika umunani, bākirijwe mu mazi. Ayo ni yo abakiza namwe ubu, mu buryo bw’ikigereranyo c’ukubatizwa, s’ugukūrah’imvyiro zo ku mubiri, ariko n’isezerano ry’umutima utāgira ikibi usezeranye ku Mana, abakirisha ukuzuka kwa Yesu Kristo, ar’i buryo bw’Imana, kuko yagiye mw’ijuru, amaze guhabga gutwara abamarayika n’abanyabubasha n’abanyabushobozi.”
| Vyaciye hehe kugira ngo ducike abagororotsi? |
| Vyaciye mu buntu bw’Imana |
Twavukiye kuri iyi isi, ariko Imana yari isanzwe ituzi. Yarizi ko tuzovuka turi abanyavyaha kandi tugakizwa twese abizera biciye mu mubatizo wiwe, ukuraho ivyaha vyose vy’abari mw’isi. Yakijije abizera bose ibagira bose abantu bayo.
Ibi vyose ni ingaruka y’ubuntu bw’Imana. Nk’uko havuga muri Zaburi 8:4, “Umuntu n’iki ah’umwibuka.” Abakijijwe ivyaha vyose ni ibikoresho vy’urukundo rwayo rudasanzwe. Ni abana bayo.
Twari iki, abizera amaraso yiwe gusa na Mpwemu, imbere yuko ducika abana b’Imana, imbere yuko ducika abagororotsi, tugakizwa tugahambwa uburenganzira bwo kuyita Data? Twari abanyavyaha, abanyavyaha gusa bari babikiye kubaho kuri iyi isi imyaka 60 gushika kumyaka 70, canke 80 tugize amagara meza.
Imbere yuko twozwa ivyaha vyacu, n’imbere yuko twizera ubutumwa bwiza bw’umubatizo wa Yesu n’amaraso yiwe, twari abanyavyaha bokurimbuka atakabuza.
Intumwa Paulo yavuze ko ari kubw’ubuntu bwayo bwatumye aba ico ari. Ni kubw’ubuntu bwayo kuba turi ico turi uyu musi. Turayishimira kubw’ubuntu bwayo. Umuremyi yaje kuri iyi isi aradukiza, atugira abana bayo, abantu bayo. Turamushimira kubw’ubuntu bw’agakiza kabonekera mu mazi na Mpwemu.
Ni kubera iki itwemerera ko twitwa abana bayo, abagororotsi? Ni kubera ko duteye igomwe? Ni kubera ko tubikwiriye rwose? Canke ni ukubera ko tumeze neza rwose? Reka tuvyiyumvire hama dushimire uwo bikwiriye.
Impamvu nuko Imana yaturemye kugira ngo itugire abantu bayo kandi ngo itureke tubane nayo mu bwami bwo mw’ijuru. Imana yatugize abantu bayo kugira ngo tubana nayo ibihe bidashira. Ntayindi mpamvu yatumye Imana iduhezagiza ubuzima budashira. Ntiyatugize abantu bayo kubera ko turi beza, dukwiriye rwose, canke kubera ko tubayeho dufise ingeso nziza gusumba ibindi biremwa vyayo. Impamvu n’imwe yonyene nuko idukunda.
“Ayo ni yo abakiza namwe ubu, mu buryo bw’ikigereranyo c’ukubatizwa” (1 Petero 3:21). “Hārokokeye, abantu bakeya, bashika umunani, bākirijwe mu mazi” (1 Petero 3:20).
Bakeya gusa, umwe wo gisagara na babiri bo mu muryango nibo bakijijwe. Hari ahantu na hamwe turi beza gusumba abandi? Oya namba. Twese ntituri abigitangaza, ariko twarakijijwe uko biri kwose biciye mu kwizera amazi na Mpwemu.
Ni igitangaza mu bindi bitangaza vyose kuba twarakijijwe, kandi ni ingabire ataco ifatiyeko n’umugisha biva ku Mana kwumva ko dushobora kuyita Data, Umwami wacu. Twari kuyita Data canke Umwami wacu dute iyoba tukiri abanyavyaha?
Igihe twiyumviriye ivy’uko twakijijwe, tumenya yuko dukundwa n’Imana. Twari kuba twaravutse hama tugaca dupfa mu buryo butagira insobanuro n’imwe maze twese tukaja mu muriro iyo hataba urukundo rwayo n’imihezagiro yayo. Dushimire Imana cane rwose kubw’imihezagiro yayo n’urukundo vyatugize abana bayo n’abigiciro imbere y’inyonga zayo.
Agakiza k’igiciro twagahawe biciye mu mubatizo wa Yesu
| Kubera iki abantu b’igihe ca Nowa barandutse? |
| Kubera ko batizeye Amazi (umubatizo wa Yesu). |
“Ayo ni yo abakiza namwe ubu, mu buryo bw’ikigereranyo c’ukubatizwa.” Biranditswe muri 1 Petero ko abantu umunani gusa ko ari bo bakijijwe biciye mu mazi. Ni abantu bangani iki bari mu gihe ca Nowa? Nta buryo dufise bwo kumenya uko bangana, ariko reka dufate ko bari nk’umuriyoni. Abantu 8 bonyene bo mu muryango wa Nowa mu muriyoni nibo bakijijwe.
Ibitigiri vya kirya gihe bishobora kuba bimwe n’ivy’iki gihe. Biravugwa ko hari amamiriyaridi y’abantu arenga 8 kw’isi muri iki gihe. Ni bangahe bogejwe ivyaha vyabo mu bizera Yesu b’iki gihe? Turavye nko mu gisagara kimwe, twosanga ari bakeya cane muri bo.
Mu gisagara kirimwo abantu nka 250,000 ni bangahe muri bo bacunguwe ivyaha vyabo―n’imiburiburi ni 200? None, icegeranyo coca kimera gite? Coca gisigura ko abari musi y’umwe ku gihumbi ko ari bo bakiriye umuhezagiro wo gucungurwa.
Turagereranya yuko hari imiriyoni zababa 12 z’abakristo muri Koreya, harimwo n’abagatorika. Murizo, ni bangahe bavyawe ubwa kabiri n’amazi na Mpwemu? Turakwiye kuzirikana ko 8 bonyene ko aribo bakize mw’isinzi ry’abantu bari mu gihe ca Nowa. Turakwiye kumenya no kwizera ko Yesu yogeje ivyaha vy’abizera bose umubatizo wiwe, biciye muri wo yikoreye icaha cose.
Si benshi bizera ko Yesu yaducunguje twese umubatizo wiwe n’amaraso yiwe ku Musaraba. Raba ifoto rurangiranwa ‘y’ukuzuka kwa Yesu.’ Ni bangahe bazutse berekanwa ngaho? Ni bangahe muribo ari abahinga b’ivy’indoramana?
Muri iki gihe, hari isinzi ry’abahinga b’ivy’indoramana kw’isi, ariko dusanga ari bake cane bazi kandi bizera umubatizo wo gucungurwa. Bamwe mu bahinga b’ivy’indoramana bavuga yuko impamvu Yesu yabatijwe ko ari kubera ko yari yicishije bugufi, abandi nabo bakavuga ko yabatijwe kugira ngo acike co kimwe n’abantu.
Yamara biranditswe muri Bibiliya ko intumwa zose, harimwo Petero na Yohana, bashingiye intahe ukurungikwa kw’ ivyaha vyacu kuri Yesu biciye mu mubatizo wiwe, kandi natwe turavyizera.
Intumwa zirashinga intahe mu vyanditswe ko ivyaha vyacu vyarungitswe kuri Yesu n’umubatizo wiwe. Ni intahe itangaje y’ubuntu bw’Imana kwumva ko dushobora gukizwa biciye gusa mu kuwizera.
‘Ivyo arivyo vyose’ nta mubatizo wo gucungurwa uhari
| Ninde yakira urukundo rw’Imana rw’umusesekara? |
| Ni umuntu yizera umubatizo wa Yesu n’amaraso yiwe |
Amashengero yose aremezwa n’agakiza mu vyizerwa vyabo, kandi abantu benshi bibaza ko umubatizo wa Yesu ko ari inyigisho mpimbano gusa ziri mu bukristo. Ariko si ukuri. Mu bitabo ibihumbi nasomye, sindigera mbona igitabo na kimwe c’agakiza cerekana isano riri hagati y’ugucungurwa mu mubatizo n’amaraso vya Yesu hamwe n’agakiza.
Abantu 8 bonyene nibo bakijijwe mu gihe ca Nowa. Sinzi ngo ni bangahe bokizwa muri iki gihe, ariko birashoboka ko atari benshi. Abazokizwa ni abizera umubatizo n’amaraso vya Yesu. Igihe ngendeye amashengero menshi, ndatahura rwose ko atan’umwe yigisha ubutumwa bwiza bw’umubatizo wa Yesu, ari bwo butumwa bwiza nyakuri.
Nimba tutizera ugucungurwa kubonekera mu mubatizo n’amaraso vya Yesu, turacari abanyavyaha. (Nubwo twoba twitabira mw’ishengero n’ubwizigirwa.) Dushobora kuba twitabira mw’ishengero n’ubwizigirwa mu buzima bwacu bwose. Ariko nimba tugifise icaha mu mitima yacu, turacari abanyavyaha.
Nimba tumaze gutonda mw’ishengero imyaka 50, ariko tukaba tugifise icaha mu mitima yacu, ukwo kwizera kw’imyaka 50 ntaco kuba kuvuze kuba ari ikinyoma gusa. Wopfuma ugira ukwizera nyakuri umusi umwe gusa. Mu bizera Yesu, abizera mu buryo bubereye insobanuro y’umubatizo wa Yesu n’amaraso yiwe nibo bonyene bazokwemerwa mu bwami bwo mw’ijuru.
Ukwizera nyakuri ni ukwizera ivy’uko Umwana w’Imana yamanutse kw’isi kandi akabatizwa kugira ngo akureho ivyaha vyose vy’abari mw’isi. Ni kwo kwizera kuturongorera mu bwami bwo mw’ijuru. Turakwiye kwizera natwe ko Yesu yasheshe amaraso ku Musaraba kubwawe nanje. Turakwiye kubimenya kugira ngo tumushimire.
Turi iki? Turi abana b’Imana yadukirishije umubatizo wiwe n’amaraso. Ni gute tutoyishimira? Yesu yarabatijwe muri Yorodani igihe yari afise imyaka 30 kugira ngo adukize. Biciye muri wo, yatwaye ivyaha vyacu vyose kandi ahabwa urubanza ku Musaraba kubwacu.
Igihe tuvyiyumviriyeko, ntaco tworonka twokora atari guca bugufi tukamushimira. Turakwiye kumenya ko ivyo Yesu yakoze vyose muri iyi isi ko kwari kubw’agakiza kacu. Ubwa mbere, Yaraje kuri iyi isi. Arabatizwa, arabambwa ku Musaraba, arazuka avuye mu bapfuye ku musi ugira gatatu, ubu yicaye i buryo bw’Imana.
Ugucungurwa Imana yaguhaye buri umwe wese muri twebwe atawuvuyemwo. Agakiza ka Yesu kari kubwawe nanje. Dushimire Imana kubw’urukundo rwayo n’imigisha yayo.
Turazi indirimbo y’ubutumwa bwiza ivuga kuno. “♫Hari inkuru nziza. Mu bantu benshi bari mw’isi, ni jewe mfise urukundo rwayo n’agakiza kayo. O Mbega ukuntu urukundo rwayo rutangaje! Urukundo imfitiye, urukundo imfitiye. Hari inkuru nziza. Mu bantu benshi bari mw’isi, ni twebwe twakijijwe, tukaba abantu bayo. Twambaye urukundo rwayo. Mbega urukundo rw’Imana, mbega Ubuntu bw’Imana. Ese ukuntu urukundo rwayo rutangaje! Urwo imfitiye.♫”
Yesu yaraje kw’isi gukiza wewe nanje, kandi ugucungurwa kubonekera mu mubatizo wiwe nakwo nyene kuriho kubwawe nanje. Ubutumwa bwiza si igitito; ahubwo ni ukuri kwadukuye mu buzima bwacu bw’ubutame kudushira mu bwami bwiza bw’Imana. Ukwizera ni imigenderanire iri hagati y’Imana nanje ubwanje.
Yaraje kw’isi kugira ngo adukize. Yarabatijwe yongera ahabwa urubanza rwo ku Musaraba kugira ngo yoze ivyaha vyacu.
Ese ukuntu ari ivy’umuhezagiro igihe abizera bashobora guhamagara Imana ko ari Data! Gute twokwizera Yesu nk’Umukiza wacu kandi tugakizwa icaha n’ukwizera kwacu? Birashoboka vyose kubw’urukundo rwayo rw’umusesekara idufitiye. Twarakijijwe kubwiwe yadukunze ubwa mbere.
Yesu yogereje ivyaha vyacu vyose rimwe
“Kuko na Kristo yababajwe rimwe ahōrwa ivyaha, umugororotsi yababarijwe abagabitanya, kugira ngw adushikirize Imana” (1 Petero 3:18). Yesu Kristo yarabatijwe kubw’ugucungurwa kwacu kandi apfa rimwe ku Musaraba kugira ngo akize wewe nanje, abagabitanya.
| Dukizwa rimwe gusa canke tuguma dukizwa buhoro buhoro? |
| Dukizwa rimwe gusa |
Kugira ngo akureho igikenewe maze tubashe guhagarara imbere y’Imana kubw’urubanza rwacu, yapfuye rimwe muri iyi isi. Kugira ngo tubashe kuba mu bwami bwo mw’ijuru imbere y’Imana, yaraje muri iyi isi ari mu mubiri yoza ivyaha vyacu vyose burundu abikoze rimwe gusa akoresheje umubatizo wiwe, urupfu rwiwe rwo ku Musaraba, n’ukuzuka kwiwe.
Urizera ko Yesu Kristo yadukijije burundu akoresheje umubatizo wiwe n’amaraso yiwe? Nimba utizera ubutumwa bwiza bw’umubatizo wiwe n’amaraso, ntushobora gukizwa. Kubera ko turi abanyantege nke rwose, ntidushobora kuvuka ubwa kabiri nimba tutizera ko Yesu yatwogeje burundu ivyaha vyacu vyose rimwe gusa akoresheje umubatizo wiwe n’amaraso.
Yarabatijwe kugira ngo akureho ivyaha vyacu vyose kandi yaraciriwe urubanza ku Musaraba kubwacu. Yesu yarogeje ivyaha vyose vy’abanyavyaha rimwe gusa mu gucungurwa kubonekera mu mubatizo wiwe n’amaraso.
Ntivyodukundira twebwe nk’abantu buntu ko ducungurwa nimba vyodusaba kwihana imisi yose ducumuye, nimba vyodusaba kuba beza bitanga umwanya wose, kandi bashikana ibintu vyinshi mw’ishengero.
Ni yo mpamvu, ukwizera umubatizo wa Yesu n’amaraso yo ku Musaraba ari ngombwa kubw’agakiza kacu. Dutegerezwa kwizera amazi n’amaraso. Ntidushobora gukora ibikorwa vyiza kugira ngo tuvuke ubwa kabiri.
Ntaco bimara kugurira imyambaro myiza abakene canke kugaburira ibifungurwa biryoshe abungere. Yesu akiza abizera umubatizo wiwe n’amaraso gusa. Nimba twizera ko Imana yadukijije biciye muri Yesu akoresheje umubatizo wiwe n’amaraso yiwe rimwe gusa, tuzokizwa.
Bamwe bashobora kwiyumvira ko n’ubwo Imana yavuze atyo muri Bibiliya, ko bobo bategerezwa kuvyongerako. Ivyo bibavako. Ariko twebwe dukwiye kwizera ijambo ryayo nk’uko ryanditswe.
Mu Baheburayo 10:1-10, haranditswe ko yadukijije rimwe gusa. Ni ukuri ko Imana yabakirije rimwe rizima abizera umubatizo n’amaraso vya Yesu. Turakwiye natwe kuvyizera. “♫Yapfuye rimwe, adukiriza rimwe gusa. O benedata, nimwizere hama mubone gucungurwa. Nimushire imitwaro yanyu munsi y’umubatizo wa Yesu.♫” Yesu yadukijije ubugaba bwose n’ivyaha rimwe gusa biciye mu kubatizwa rimwe, no mu gusesa amaraso rimwe.
“Kuko na Kristo yababajwe rimwe ahorwa ivyaha, umugororotsi yababarijwe abagabitanya” (1 Petero 3:18). Yesu ni Imana ntagira icaha, kandi ntarigera acumura. Yaraje muri twebwe ari mu mubiri kugira ngo akize abantu ivyaha vyabo. Yarabatijwe kandi akuraho ivyaha vyacu vyose. Yaradukijije icaha n’ukugabitanya.
Ivyaha vyose vy’abantu vyo kuva ku musi bavutse gushika bapfuye vyarungitswe kuri Yesu igihe yabatizwa, kandi bose bakijijwe urubanza igihe yasesa amaraso agapfira ku Musaraba. Yarabatijwe kubw’abanyavyaha yongera arapfa mu gishingo c’abanyavyaha.
Uku ni kwo gucungurwa kubonekera mu mubatizo wiwe. Yesu yaradukijije rimwe rizima twese abari abanyavyaha. Ese ukuntu buri umwe wese muri twebwe ari umunyantege nke! Yesu yacunguye ivyaha vyacu vyose uhereye tukivuka gushika dupfuye kandi yaritanze ubwiwe ku Musaraba kubw’urubanza. Twebwe abizera Yesu turakwiye kwizera ko yadukijije rimwe gusa biciye mu mubatizo wiwe n’amaraso.
Turi abanyantege nke, ariko Yesu si umunyantege nke. Ntituri abizigirwa, ariko Yesu ni umwizigirwa. Imana yaradukijije rimwe gusa. “Kuk’urukundo Imana yakunze abari mw’isi ari rwo rwatumye itanga, Umwana wayo w’ikinege, ng’ūmwizera wese ntaz’apfe rubi, arikw ahabge ubugingo budashira” (Yohana 3:16). Imana yaraduhaye Umwana wayo w’ikinege. Yategetse Umwana wayo kubatizwa kugira ngo irungike ivyaha vyose vy’abari mw’isi kuri We, no kugira ngo abashe kwakira urubanza kubw’abantu buntu bose.
Mbega agakiza gatangaje! Mbega urukundo rutangaje! Turashimira Imana kubw’urukundo rwayo n’agakiza kayo. Imana ikiza abizera amazi n’amaraso vya Yesu: umubatizo wa Yesu n’ivy’uko Yesu ari Umwana w’Imana.
Ni co gituma, Abizera Yesu bashobora gukizwa biciye mu kwizera ukuri kw’umubatizo n’amaraso vya Yesu maze bakaronka ubuzima budashira nk’abagororotsi. Dutegerezwa twese kuvyizera.
Ninde yadukijije? Ni Imana yadukijije, canke ni kimwe mu vyaremwe vyayo cadukijije? Ni Yesu, ariwe Mana, niwe yadukijije. Twakijijwe kuko twizeye ugucungurwa twahawe n’Imana, kandi aka niko gakiza ko gucungurwa.
Yesu ni Umwami w’agakiza
| Ni iyahe nsiguro y’izina ‘Kristo’? |
| Umuherezi, umwami, N’intumwa |
Yesu Kristo ni Imana. Yesu risigura Umukiza, Kristo naryo risigura ‘uwasizwe amavuta.’ Nk’uko Samweli yasize amavuta Sauli mw’Isezerano rya Kera, abami barasigwa amavuta, abaherezi barasigwa amavuta kandi n’intumwa kugira ngo ikore igikorwa c’ubutumwa, yategerezwa gusigwa amavuta.
Yesu yaje kuri iyi isi asigirwa amavuta ibikorwa bitatu: ico kuba Umuherezi, Umwami, n’Intumwa. Nk’Umuherezi wo mw’ijuru, yarabatijwe kugira ngo yishireko ivyaha vy’umuntu kuri We.
Yumviye ubugombe bwa Se, yishikana ubwiwe nk’ikimazi c’icaha imbere ya Data. “Ni jewe nzira n’ukuri n’ubugingo: ntawushika kuri Data ntamujanye” (Yohana 14:6). Yesu yakijije abo muri twebwe bizera ko yatwaye ivyaha vyacu vyose biciye mu mubatizo wiwe n’ukubambwa kwiwe.
“Kuk’ubugingo bg’umubiri buba mu maraso” (Abalewi 17:11). Yesu yasheshe amaraso ku Musaraba amaze kubatizwa; maze ashikana ubugingo bwiwe imbere y’Imana nk’ingero y’ivyaha vyacu kugira ngo twebwe abizera dukizwe.
Yarazutse nyuma y’imisi itatu amaze gupfira ku Musaraba maze yigisha ubutumwa bwiza impwemu zari zugaraniwe mw’ibohero. Abataracungurwa bameze nk’imbohe z’impwemu ziri mw’ibohero ry’icaha, kandi bo, Yesu abigisha ubutumwa bwiza bw’ukuri, ubutumwa bwiza bw’amazi n’amaraso. Imana yaduhaye ubutumwa bwiza bubonekera mu mazi na Mpwemu kugira ngo dukizwe. Uwo ariwe wese avyizera avuka ubwa kabiri.
Umubatizo n’amaraso vya Yesu nivyo bikiza abanyavyaha
| Gute twogira agatima nama keza imbere y’Imana? |
| Biciye mu kwizera umubatizo n’amaraso vya Yesu |
Yesu Kristo ni Umukiza wacu, kandi birashingirwa intahe muri 1 Petero 3:21, ati, “Ayo ni yo abakiza namwe ubu, mu buryo bw’ikigereranyo c’ukubatizwa, s’ugukūrah’imvyiro zo ku mubiri, ariko n’isezerano ry’umutima utāgira ikibi usezeranye ku Mana.” Amazi y’umubatizo wa Yesu ni ngombwa kubw’agakiza ku banyavyaha.
Yesu yarogeje ivyaha vy’abanyavyaha bose mu kwishirako ivyo vyaha biciye mu mubatizo wiwe. Urizera umubatizo wa Yesu? Urizera ko imitima yacu yogejwe irezwa ivyaha vyose biciye mu mubatizo wa Yesu? Imitima yacu yarogejwe irezwa ivyaha vyose, ariko imibiri yacu iracacumura.
‘Umuntu yacunguwe’ ntibisigura ko uwo muntu atazocumura kandi. Turacumura. Ariko imitima yacu iguma yejejwe icaha kubw’ukwizera kwacu twizera umubatizo wiwe. Bisigura ko “Atari ugukūrah’imvyiro zo ku mubiri, ariko ni isezerano ry’umutima utāgira ikibi usezeranye ku Mana” (1 Petero 3:21).
Kuva Yesu yarogeje ivyaha vyanje, kandi kuva Imana yarakiriye urubanza mu gishingo canje, Noreka kumwizera nte? Ko namenye Yesu, ari we Mana, yankijije biciye mu mubatizo wiwe n’amaraso, noreka kumwizera nte? Twarakijijwe imbere y’Imana kandi ubu agatima nama kacu karejejwe. Ntitwoba tugishobora kuvuga imbere y’Imana ko Yesu atogeje ivyaha vyacu burundu nk’uko tutoshobora kuvuga ko Imana itadukunda.
Agatima nama kacu kariyumvamwo icaha cane kandi karatwongorera buri gihe uko dukoze amakosha. Nimba agatima nama kacu kagoka mbere no kubw’akantu gato, ntidushobora kubohoka icaha burundu tutizeye umubatizo wa Yesu. Niyo nzira yonyene dushobora kuronkeramwo agatima nama keza.
Igihe agatima nama kacu katugora, bisigura ko hari ikitameze neza. Amazi y’umubatizo wa Yesu yeza ikibi cose c’icaha. Yesu yakujeho ivyaha vyacu vyose umubatizo wiwe yongera aratwoza turera. Igihe tuvyizeye, agatima nama kacu karashobora nakwo nyene kwezwa vy’ukuri. Agatima nama kacu ko kwezwa gate? Ko kwezwa biciye mu kwizera umubatizo n’amaraso vya Yesu. Umwe wese arafise ikibi n’agatima nama kanduye uhereye akivuka. Ariko twizeye ko ivyaha vyacu vyose vyarungitswe kuri Yesu, turashobora guhanagura ivyaha vyacu vyose.
Uku ni ukwizera kw’uwavutse ubwa kabiri. Ntabwo ari ikintu ushobora kwemera mugatima nama. Mbega agatima nama kawe karejejwe? Kejejwe kubera ko wabayeho ubuzima bwiza, canke kejejwe kubera ko ivyaha vyawe vyose vyarungitswe kuri Yesu nawe ukaba umwizera? Biciye muri kuno kwizera gusa niho honyene ushobora kuronka agatima nama kejejwe.
Hari amajambo afise ubuzima n’amajambo atagira ubuzima. Agatima nama k’abantu bose ko kwezwa gate? Inzira yonyene dushobora kuba abagororotsi kandi tukagira agatima nama kejejwe ni mu kwizera ugucungurwa kwuzuye kubonekera muri Yesu.
Igihe twejejwe biciye mu kwizera umubatizo wiwe, ntibisigura ko ari ugukuraho imvyiro zo ku mubiri, ariko ni isezerano ry’agatima nama katagirizwa ikibi gasezenye ku Mana. Kubw’ico, Yaraje arabatizwa kandi apfira ku Musaraba yongera arazuka avuye mu bapfuye ubu yicaye i buryo bw’Imana.
Igihe nicagera, azoza kuri iyi isi kandi. “Azoboneka ubga kabiri, atazanywe n’ivyaha, abonekere gukiza abamwiteze” (Abaheburayo 9:28). Turizera ko azoza kudutora turamurindiranye igishika, abizera umubatizo wiwe n’amaraso.
Intambwe zo kuvura ukwizera
| Twokizwa atamubatizo wa Yesu? |
| Oya namba |
Twaragize igerageza rito ryo kuvura mu buryo tutari twiteze muri rimwe mu mashengero yacu.
Umwungere Park w’iryo shengero yabwiye abubakanye ko atacaha kiriho kw’isi, atavuze insiguro y’umubatizo wa Yesu. Umugabo yahora asinzira mu mwanya w’inyigisho igihe yaba yitabiriye ayandi mashengero kuko abandi bungere bose bigisha ubutumwa bagakuramwo ugucungurwa kuboneka biciye mu mubatizo wa Yesu, ivyo vyamusunikira ku kwihana imisi yose.
Ariko muri iryo shengero, yumvirije inyigisho yayakanuye yompi kuko yumvise bavuga ko ivyaha vyiwe vyose ko vyarungitswe kuri Yesu. Vyaciye vyorohera umugore wiwe ko amugobera ngo bazanane kw’ishengero.
Umusi umwe, yari yicaye mw’ishengero aca yumva bavuze Mu Baroma 8:1. “Nuko rero noneh’abari muri Kristo Yesu nta rubanza ruzobatsinda.” Hama, ubwo nyene aca yibwira, ati, ‘Ah, iyo umuntu yizeye Yesu, ntacaha aba afise. Kuva nizeye Yesu rero, nanje ntacaha mfise.’
Rero aca yakura muramu we n’abandi benshi mu bagenzi biwe umwe kuwundi ababwira, ati, “Urafise icaha mu mutima wawe? Rero ukwizera kwawe si ukw’ukuri.” Aho, Umwungere Park ntaco yari agifise yongerako. Umugabo ntiyarazi ivy’umubatizo wa Yesu, ariko yemeza buri umwe wese ko atacaha yari afise ico gihe.
Hama abo bubakanye batangura kugira ibibazo. Umugore yari yahoze ari umuntu yizera gusumba umugabo wiwe, ariko yari agifise icaha mu mutima wiwe, mugihe umugabo wiwe yavuga ko atacaha agifise. Umugabo yagiye kw’ishengero gake gusa, ariko aca atangura kuvuga ko atacaha afise.
Umugore we yarazi neza ko atakabuza bompi bagifise icaha mu mitima yabo. Baca batangura kubiharirako. Umugabo yashimangira ko atacaha afise kuko ‘Abari muri Kristo Yesu ata rubanza ruzobatsinda.’ Ariko umugore yaharira avuga ko agifise icaha mu mutima wiwe.
Hama umusi umwe, umugore wiwe biramurengera rwose gushika aho ahitamwo kuja kubaza Umwungere Park ico aba ashatse kuvuga igihe avuze ko ivyaha vyose vyarungitswe kuri Yesu.
Rero umusi umwe, nyuma y’ikoraniro ryo ku mugoroba, yarungitse umugabo wiwe muhira maze aca agenda kubonana n’umwungere Park kugira ngo abaze. Aca avuga, ati, “Ndazi ko uriko ugerageza kutubwira ikintu kanaka, kandi ndazi neza ko hari ikintu ngirakamaro cinyegejeyo. Ndakwinginze umbwire ico ari co.” Hama umwungere Park amubwira ivy’ukuvyarwa ubwa kabiri n’amazi na Mpwemu.
Aca aratahura impamvu handitswe mu Baroma 8:1, ngo, “Nuko rero noneh’abari muri Kristo Yesu nta rubanza ruzobatsinda.” Yarizeye rimwe arakizwa. Yaratahuye mu nyuma ko ivyaha vyacu vyose ko vyarungitswe kuri Yesu biciye mu mubatizo wiwe kugira ngo abari muri Kristo ntibatsindwe n’urubanza.
Yatanguye gutahura ivyanditswe. Yahavuye yubura mu nyuma ko ibanga ry’ugucungurwa ko ryari umubatizo wa Yesu kandi ko twacitse abagororotsi biciye mu gucungurwa kubonekera mu mubatizo.
Umugabo ntiyari yatashe muhira ariko yari amurindiririye hanze. Aca abaza, ati, “uracunguwe ubu rero?”
Ariko yari yumvirije ivyo umwungere wiwe yabwiye umugore wiwe nawe aca arazazanirwa. Ntiyari bwigere yumva ubutumwa bwiza bw’umubatizo wa Yesu ubwa mbere. Yarazi neza ko atagifise icaha mu mutima wiwe n’ubwo umubatizo wa Yesu utohaba. Rero bageze muhira, baca baraharira kandi.
Ico gihe, uruhigi rwari rwahindukiye. Umugore yabazagiza umugabo ko afise icaha mu mutima wiwe canke ko ataco afise. Yamubaza ukuntu yashoboye kubaho atacaha afise mugihe atarizera umubatizo wa Yesu. Aramugobera ngo arabe neza mu gatima nama kiwe. Yaratahuye asuzumye agatima nama kiwe asanga aracafise icaha mu mutima wiwe.
Rero yaciye agenda ku mwungere Park aratura ko afise icaha mu mutima wiwe. Aca arabaza, ati “Igihe barambika ibiganza ku mutwe w’impene yo gusendwa, haba ari imbere yuko bayica, canke nyuma yuko bayica.” Ntiyari bwigere yumva ubutumwa bwiza bw’amazi na Mpwemu. Rero aca arazazanirwa rwose.
Ico nico cari ikibazo c’ubu bushakashatsi bwo buryo bw’impwemu. Yesu yategerezwa kubatizwa kugira ngo ivyaha vyose vy’abari mw’isi bibashe kurungikwa kuri We. Aho honyene niho vyakunze ko apfa ku Musaraba kuko ingero y’icaha ari urupfu.
“Barambika ibiganza vyabo ku mutwe w’ikimazi imbere yuko cicwa, canke inyuma yuko cicwa?” Yamubajije kino kibazo kuko yari yazazaniwe n’ivy’ukurambika ibiganza hamwe n’umubatizo wa Yesu. Rero umwungere Park yaciye amusigurira ugucungurwa kubonekera mu mubatizo wa Yesu.
Uwo musi, umugabo ryabaye irya mbere yumva ubutumwa bwiza bw’amazi na Mpwemu kandi aca aracungurwa. Yumvirije ubutumwa bwiza rimwe gusa kandi aca arakizwa.
Iryo ryari isuzuma kubijanye no gukuramwo umubatizo wa Yesu. Dushobora kuvuga ko atacaha dufise ariko tugifise icaha vy’ukuri mu mitima yacu mugihe tutazi ivy’umubatizo wa Yesu. Abantu akenshi bavuga ko Yesu yahanaguye icaha cose mu gupfa ku Musaraba, ariko abizera umubatizo n’amaraso vya Yesu bonyene nibo bashobora kuvuga ko atacaha bafise imbere y’Imana.
Umwungere Park yaragaragaje ari kumwe n’aba bubatse urwabo ko tudashobora gucungurwa ivyaha vyacu burundu tutazi ugucungurwa kubonekera mu kwizera umubatizo wa Yesu.
Ikigereranyo c’agakiza: Umubatizo wa Yesu
| Ni icahe kigereranyo c’agakiza |
| Umubatizo wa Yesu |
“Ayo ni yo abakiza namwe ubu, mu buryo bw’ikigereranyo c’ukubatizwa.” Yesu yaje kw’isi yacu kugira ngo yoze ivyaha vyose vy’abari mw’isi, no kugira ngo yeze agatima nama kacu kere nka shelegi. Twarejejwe ivyaha vyose kuko Yesu yavyishizeko biciye mu mubatizo wiwe. Yadukirishije umubatizo wiwe n’amaraso yiwe. Ni yo mpamvu, ivyaremwe vyose bikwiye gupfukama imbere yiwe.
Dukizwa biciye mu kwizera Yesu. Ducika abana b’Imana tukaja mw’ijuru biciye mu kwizera Yesu. Ducika abagororotsi biciye mu kwizera Yesu. Turi abaherezi b’ubwami. Turashobora kwita Imana ko ari Data. Turi muri iyi isi, ariko turi abami.
Urizera vy’ukuri ko Imana yakijije abo muri twebwe bizera ugucungurwa kubonekera mu mazi na Mpwemu? Ugucungurwa kwacu ntigushobora kwuzura namba atamubatizo wa Yesu. Ukwizera kw’ukuri Imana na Yesu bemera ni ukwizera ubutumwa bwiza bwaho Yesu adukirisha umubatizo wiwe, umusaraba wiwe, na Mpwemu. Uku nikwo kwizera kwonyene kw’ukuri.
Ivyaha vyacu vyarogejwe igihe Yesu yavyishirako biciye mu mubatizo wiwe vyongera birihwa vyose igihe yasesa amaraso ku Musaraba. Kristo Yesu yadukirishije amazi na Mpwemu. Ego! Turavyizera!
Iyi nsiguro iraboneka kandi mu buryo bw’igitabu c’ubuhinga bwa none. Fyonda ku gipfukisho c’igitabu kiri aha hepfo.