Ibirimwo
Igice ca mbere — Inyigisho
1. Dutegerezwa kubanza kumenya ibijanye n’ivyaha vyacu kugira ngo ducungurwe (Mariko7:8-9, 20-23)
2. Abantu bavuka ari abanyavyaha (Mariko7:20-23)
3. Dukoze nk’uko ivyagezwe bivuga, vyodukiza? (Luka 10:25-30)
4. Ugucungurwa kw’ibihe bidashira (Yohana 8:1-12)
5. Umubatizo wa Yesu n’uguhongerwa kw’ ivyaha (Matayo 3:13-17)
6. Yesu Kristo yaraje aca mu mazi, mu maraso, na Mpwemu (1 Yohana 5:1-12)
7. Umubatizo wa Yesu ni ikigereranyo c’agakiza ku banyavyaha (1 Petero 3:20-22)
8. Ubutumwa bwiza bwo guhongerwa kw’umusesekara (Yohana 13:1-17)
Igice ca kabiri — Inyongera
1. Insiguro zongeweko
2. Ibibazo & Inyishu
(Kirundi)
Icigwa nyamukuru c’ijambo ry’umutwe ni Kuvuka ubwa kabiri mu mazi hamwe no muri Mpwemu. » Niyo ntumbero y’iki cigwa.Muyandi majambo, iki gitabo kiratubarira neza ic’arico kuvuka ubwa kabiri n’ingen’umuntu ashobora kuvuka ubwa kabiri mu Mazi hamwe no muri Mpwemu nk’uko Bibiliya ibivuga.Amazi agereranya ukubatizwa kwa Yesu kuri Yorodani kandi Bibiliya ivuga yuko ivyaha vyacu vyose vyashizwe kuri Yesu igihe yabatizwa na Yohani umubatizi.Yohani yaserukira ubwoko bwose bw ‘abantu kandi yava mu muryango wa Aroni umuherezi mukuru.Aroni yarambika ibiganza ku mutwe w’impene yo gusendwa hanyuma akayaturirako ivyaha ab’Isirayeli baba bakoze mu mwaka wose,ivyo akabikora ku musi mukuru w’impongano.Cari igitutu c’ivyiza vyagira bize.Umubatizo wa Yesu ni igishushanyo co kurambikako ibiganza.Yesu yabatijwe mu buryo bwo kurambikwako ibiganza kuri Yorodani.Gurtyo yakuyeho ibicumuro vyose vy’isi biciye m’umubatizo kandi yabambwe kugira arihe ikiguzi c’ivyaha.Ariko abakristo benshi ntibazi igituma yesu yabatijwe na yohani umubatizi kuri Yorodani.Umubatizo wa Yesu nico cigwa nyamukuru c’iki gitabo,kandi nirwo ruhande ntayegayezwa rw’Ubutumwa bw’Amazi hamwe na Mpwemu.Dushobora kuvuka gusa ubwa kabiri mu kwizera umubatizo wa Yesu hamwe n’umusalaba wiwe.
(French)
Le sujet principal de ce livre est « naître de nouveau de l’eau et de l’Esprit ». Il est original sur le sujet. En d’autres termes, ce livre nous dit clairement ce que signifie naître de nouveau et comment naître de nouveau de l’eau et de l’Esprit en stricte conformité avec la Bible. L’eau symbolise le baptême de Jésus au Jourdain et la Bible dit que tous nos péchés ont été transférés sur Jésus lorsqu’il a été baptisé par Jean-Baptiste. Jean était le représentant de toute l’humanité et un descendant d’Aaron, le grand prêtre. Aaron posa ses mains sur la tête du bouc émissaire et transféra sur elle tous les péchés annuels des Israélites le jour des expiations. C’est l’ombre des bonnes choses à venir. Le baptême de Jésus est l’antitype de l’imposition des mains. Jésus a été baptisé sous la forme de l’imposition des mains au Jourdain. Il a donc pris tous les péchés du monde par son baptême et a été crucifié pour payer pour les péchés. Mais la plupart des chrétiens ne savent pas pourquoi Jésus a été baptisé par Jean-Baptiste au Jourdain. Le baptême de Jésus est le mot-clé de ce livre et la partie indispensable de l’Évangile de l’eau et de l’Esprit. Nous ne pouvons naître de nouveau qu’en croyant au baptême de Jésus et à sa croix.
Next
Kirundi 2: GARUKA KU BUTUMWA BWIZA BUBONEKERA MU MAZI NA MPWEMU
French 2: RETOURNEZ À L’ÉVANGILE DE L’EAU ET DE L’ESPRIT